Nugire Umutima Uhimbara Yehova
“Mana, undememw’umutima utunganye: unsubizemw’umutima uhamye.”—ZABURI 51:10.
1, 2. Ni kuki dukwiye kwitwararika umutima wacu?
YARI muremure mu gihagararo kandi yari uw’akaranga. Umumenyeshakazoza Samweli amubonye, vyaramukoze ku mutima ku buryo yavuze yuko uwo muhungu w’imfura wa Isayi ari we Imana yari yarobanuye ngo abe umwami mu gishingo ca Sauli. Mugabo Yehova yavuze ati: “Nta co urāba ishusho y’[uwo muhungu], cank’ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; . . . abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.” Yehova yari yahisemwo umuhungu w’umuhererezi wa Isayi, ari we Dawidi, “umuntu ameze nk’uk’umutima wiwe ugomba.”—1 Samweli 13:14; 16:7.
2 Imana irashobora gusoma umutima w’umuntu, nk’uko mu nyuma yabitomoye iti: “Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ibikorwa vyiwe vyeze.” (Yeremiya 17:10) Egome, ‘Uhoraho ni we [asuzuma] imitima.’ (Imigani 17:3) None ni umutima bwoko ki uri mu muntu Yehova asuzuma? Kandi dushobora gukora iki kugira ngo turonke umutima umuhimbara?
“Umuntu Ahishijwe wo mu Mutima”
3, 4. Ahanini ijambo “umutima” rikoreshwa mu buryo ki muri Bibiliya? Tanga uturorero.
3 Ijambo “umutima” riboneka nk’incuro igihumbi mu Vyanditswe Vyera. Ahatari hake rikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’akarorero, Yehova yabwiye umumenyeshakazoza wiwe Musa ati: “Barira Abisirayeli bankoranirize amashikanwa; muze mwākīrire umuntu wese aritanze rivuye ku mutima.” Kandi abatanga amashikanwa “baraza, umuntu wese asunitswe n’umutima wiwe.” (Kuvayo 25:2; 35:21) Biragaragara ko kimwe mu bigize umutima w’ikigereranyo ari imvo isunikira umuntu ku gukora ikintu, ni ukuvuga inguvu yo mu mutima iduhimiriza kugira ico dukoze. Umutima wacu w’ikigereranyo kandi uragaragaza akanyengetera kacu n’inyiyumvo zacu, ivyipfuzo vyacu be n’ivyo dukunda. Umutima urashobora gutwarwa n’ishavu canke ukuzura ubwoba, ukicwa n’intuntu canke ukuzura umunezero. (Zaburi 27:3; 39:3; Yohana 16:22; Abaroma 9:2) Urashobora kwishima canke ukicisha bugufi, ukarangwa n’urukundo canke urwanko.—Imigani 16:5; Matayo 11:29; 1 Petero 1:22.
4 Muri ubwo buryo nyene, “umutima” kenshi ufitaniye isano n’imvo umuntu akorana be n’akanyengetera, mu gihe “umuzirikanyi” ufitaniye isano canecane n’ubwenge. Ukwo ni ko ayo majambo umuntu akwiye kuyatahura igihe yompi akoreshejwe ahantu hamwe mu Vyanditswe. (Matayo 22:37; Ab’i Filipi 4:7) Mugabo umutima n’umuzirikanyi ntibitandukanye cane. Nk’akarorero, Musa yahimirije Abisirayeli ati: “Mubishirekw imitima [canke, “mutegerezwa kwibuka mu muzirikanyi wanyu,” NW akajambo k’epfo], yuk’Uhoraho ari we Mana mw ijuru no mw isi, ata yindi.” (Gusubira mu Vyagezwe 4:39) Yezu yabwiye abanyabwenge b’ivyanditswe bariko bigira imigambi yo kumurwanya ati: “N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?” (Matayo 9:4) “Ugutahura,” “ukumenya” be n’“ukuzirikana” birashobora na vyonyene kujana n’umutima. (1 Abami 3:12; Imigani 15:14; Mariko 2:6) Umutima w’ikigereranyo rero, urashobora kujamwo kandi ubwenge, nk’akarorero, ivyiyumviro vyacu canke ugutahura kwacu.
5. Umutima w’ikigereranyo ni iki?
5 Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, umutima w’ikigereranyo ni “igihimba nyamukuru muri rusangi, c’imbere ukaba kandi ari umuntu w’imbere nk’uko yigaragariza mu bikorwa vyiwe bitari bimwe, mu vyipfuzo vyiwe, mu kanyengetera kiwe, mu nyiyumvo ziwe, mu vyo ahurumbira, mu migambi yiwe, mu vyiyumviro vyiwe, mu bwenge bwiwe, mu kuntu abona ibintu, mu bukerebutsi bwiwe, mu bumenyi bwiwe, mu buhanga bwiwe, mu vyo yemera no mu vyo azirikana, mu vyo yibuka no mu vyo yitwararika.” Ugereranya mu vy’ukuri uko tumeze imbere muri twebwe, ni ukuvuga “wa muntu ahishijwe wo mu mutima.” (1 Petero 3:4) Uwo ni wo Yehova araba akongera agasuzuma. Ni co gituma Dawidi yashoboye gusenga ati: “Mana, undememw’ umutima utunganye: unsubizemw’ umutima uhamye.” (Zaburi 51:10) Tworonka gute umutima utunganye?
“Mushire Imitima Yanyu” kw’Ijambo ry’Imana
6. Ni inkeburo iyihe Musa yahaye Abisirayeli igihe bari bacumbitse mu mahema mu Biyaya vy’i Mowabu?
6 Igihe Musa yakebura abahungu b’Abisirayeli batororokaniye mu Biyaya vy’i Mowabu imbere yuko binjira mu Gihugu c’Isezerano, yavuze ati: “Mushire imitima yanyu ku majambo yose mbabariye uyu musi, muze muyatoze abana banyu kugira ngo baze bitondere amajambo yose y’ivyo vyagezwe, babishitse.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:46) Abisirayeli bategerezwa ‘kubishirako umutima.’ Bamenye mu buryo bunogangije amabwirizwa y’Imana ni ho gusa boshoboye kuyigisha abana babo.—Gusubira mu Vyagezwe 6:6-8.
7. ‘Gushira umutima wacu’ kw’Ijambo ry’Imana harimwo n’ibiki?
7 Ikintu nyamukuru gisabwa kugira ngo umuntu agire umutima utyoroye ni ukuronka ubumenyi ntagakosa bwerekeye ukugomba kw’Imana be n’imigambi yayo. Hari isoko rimwe rudende ry’ubwo bumenyi, ni ukuvuga Ijambo ry’Imana ryahumetswe. (2 Timoteyo 3:16, 17) Mugabo kugira ubumenyi gusa, ntibidufasha kuronka umutima uhimbara Yehova. Kugira ngo ubumenyi bugire akosho vy’ukuri ku kuntu tumeze imbere muri twebwe, dutegerezwa ‘gushira umutima wacu’ ku vyo turiko turiga canke ‘tukabifata nka nkama.’ (Gusubira mu Vyagezwe 32:46) Ivyo bigirwa gute? Umwanditsi wa Zaburi Dawidi asigura ati: “Nibutse imisi ya kera; ndimbūra ivyo wakoze vyose: ngereranya igikorwa c’amaboko yawe.”—Zaburi 143:5.
8. Ni ibibazo ibihe dushobora kuzirikanako mu gihe twiga?
8 Na twebwe dukwiye kuzirikana ku gikorwa ca Yehova mu buryo buranga ugukenguruka. Igihe dusoma Bibiliya canke ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo, dukeneye kuzirikana kuri mwene ibi bibazo: ‘Ivyo binyigishije iki ku vyerekeye Yehova? Ni kamere izihe mbona Yehova yagaragaje hano? Iyo nkuru inyigishije iki ku vyerekeye ivyo Yehova akunda n’ivyo yanka? Ni ingaruka izihe ziva ku gukurikirana ingendo Yehova akunda tuzigereranije n’iziva ku gukurikirana izo yanka? Iyi nkuru ifitaniye isano gute n’ivyo nari nzi?’
9. Ukwiyigisha no kuzirikana bifise agaciro akahe?
9 Lisaa amaze imyaka mirongo itatu n’ibiri y’amavuka arasigura ukuntu yashitse ku gukenguruka agaciro k’ukwiga no kuzirikana abigiranye intumbero. Agira ati: “Maze kubatizwa mu 1994, nari mfise umwete mwinshi mu kuri nko mu myaka ibiri. Naritaba amakoraniro yose ya gikirisu, nkamara amasaha ashika kuri 30 canke 40 ku kwezi mu busuku bwo mu ndimiro, kandi nkifatanya n’Abakirisu bagenzanje. Maze natanguye gutwarwa akayombekere. Narasubiye inyuma ku buryo narenze no kw’itegeko ry’Imana. Mugabo narisubiyeko maze mfata ingingo yo guhumanura ubuzima bwanje. Ese ukuntu mpimbawe kubona Yehova yaremeye ukwigaya kwanje maze akemera gusubira kunyakira! Kenshi nama nibaza nti: ‘Ni kuki naguye?’ Inyishu yaguma iza mu muzirikanyi ni iy’uko nafashe minenegwe ukwiga no kuzirikana ndabigiranye intumbero. Ukuri kwa Bibiliya gusa ntikwanshitse ku mutima. Guhera ubu, ukwiyigisha no kuzirikana bizokwama ari umuce uhambaye mu buzima bwanje.” Uko dukura mu bumenyi dufise bwerekeye Yehova, Umwana wiwe n’Ijambo ryiwe, ese ukuntu bihambaye ko twibikira umwanya wo kuzirikana bimwe bikomeye!
10. Ni kuki ari ivyihutirwa ko twibikira umwanya wo kwiyigisha no kuzirikana?
10 Muri iyi si ifise vyinshi yirukangamwo, kuronka umwanya wo kwiga no kuzirikana mu vy’ukuri ni urugamba. Ariko rero, Abakirisu muri iki gihe bari kw’iyinjiriro ry’Igihugu c’Isezerano ciza igitangaza, ni ukuvuga isi nshasha y’Imana igororotse. (2 Petero 3:13) Ibintu biteye ubwoba, nk’isangangurwa rya “Babuloni Hahambaye” be n’igitero “Gogi wo mu gihugu c’i Magogi” azogira ku basavyi ba Yehova, biri hafi. (Ivyahishuriwe 17:1, 2, 5, 15-17; Ezekiyeli 38:1-4, 14-16; 39:2) Ibiraririye gushika vyoshobora gutuma urukundo dukunda Yehova rugeragezwa. Birihutirwa yuko ubu ducungura umwanya ubereye kandi tugashira umutima wacu kw’Ijambo ry’Imana!—Abanyefeso 5:15, 16.
‘Nutegure Umutima Wawe Kwitwararika Ijambo ry’Imana’
11. Umutima wacu ushobora gute gusanishwa n’ivu?
11 Umutima w’ikigereranyo ushobora gusanishwa n’ivu bashobora guteramwo imbuto z’ukuri. (Matayo 13:18-23) Ivu nya vu kenshi bararitegura kugira ngo ibiterwa bikure neza. Muri ubwo buryo nyene, umutima ukwiye gutegurwa kugira ngo urushirize kwakiriza yompi Ijambo ry’Imana. Umuherezi Ezira “[yarateguye] umutima [wiwe] kwitwararika ivyagezwe vy’Uhoraho ngw abishitse.” (Ezira 7:10) Twotegura umutima wacu gute?
12. Ni igiki kizofasha umutima kwitegurira kwiga?
12 Ugutegura umutima neza igihe turimbura Ijambo ry’Imana ni ugutura isengesho rivuye ku mutima. Amakoraniro ya gikirisu y’abasenga b’ukuri atangurwa n’isengesho agasozerwa n’isengesho. Ese ukuntu bibereye yuko dutangura ikiringo cose c’ukwiyigisha Bibiliya n’isengesho rivuye ku mutima kandi tukaguma dushira imbere isengesho mu gihe twiyigisha!
13. Kugira ngo tugire umutima uhimbara Yehova, dutegerezwa gukora iki?
13 Umutima w’ikigereranyo utegerezwa gutegurwa kugira ngo wikuremwo ivyiyumviro vyari biwurimwo. Indongozi z’idini zo mu gihe ca Yezu ntizari zifise umutima ukunze wo kubigira. (Matayo 13:15) Ku rundi ruhande, nyina wa Yezu, Mariya, yiyumvira “mu mutima wiwe” ibintu bishingiye ku kuri yari yarumvise. (Luka 2:19, 51) Yacitse umwigishwa w’umwizerwa wa Yezu. Ludiya w’i Tuwatira yarumvirije Paulo, maze “[“Yehova,” NW] amwugurura umutima kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.” Nawe nyene yarizeye. (Ivyakozwe 16:14, 15) Ese tutokwigera twumira ku vyiyumviro vyacu canke ngo dukunde inyigisho z’abantu. Ahubwo, nimuze tugire umutima ukunze wo kureka ngo “Imana iboneke kw ar’inyakuri, n’iy’umuntu wese yoba ar’ umubeshi.”—Abaroma 3:4.
14. Twotegura gute umutima wacu kugira ngo wumvirize ku makoraniro ya gikirisu?
14 Gutegura umutima kugira ngo wumvirize ku makoraniro ya gikirisu birahambaye cane. Gusamara vyoshobora gutuma tutitwararika ibiriko biravugwa. Amajambo yavuzwe ashobora kutugirako akosho gatoyi mu gihe twitwararika ibintu vyabaye kuri uwo musi canke turajwe ishinga n’ibintu biturindiriye ku musi ukurikira. Dukeneye kwiyemeza kwumviriza no kwiga dushikamye nimba dushaka kwungukira ku biriko biravugwa. Ese ivyiza dushobora kuhakura mu gihe twiyemeje gutahura ivyanditswe biriko biravugwa be n’ukuntu biriko birasobanurwa!—Nehemiya 8:5-8, 12.
15. Ukwicisha bugufi kudufasha gute kurushiriza kuba abantu boroshe kwigisha?
15 Nka kurya umuntu atabiye isi bishobora gutuma irushiriza kuryoha, ni ko n’ugutsimbataza ukwicisha bugufi, inzara y’ivy’impwemu, ukwizigira, ugutinya kuranga ukwubaha Imana be n’urukundo tuyikunda bishobora kuryohora umutima wacu w’ikigereranyo. Ukwicisha bugufi kurorosha umutima, bikadufasha kurushiriza kuba abantu boroshe kwigisha. Yehova yabwiye Umwami w’i Yudaya Yosiya ati: “Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere y[anje], igihe wumva ivyo [na]vuze . . . ukaririra imbere y[anje], . . . [nanje nda]kwumvise.” (2 Abami 22:19) Umutima wa Yosiya waricisha bugufi kandi warakiriza yompi impanuro. Ukwicisha bugufi kwatumye abigishwa ba Yezu “batigishijwe [kandi] atar’abanyabgenge” bashobora gutahura no gushira mu ngiro ukuri kwo mu vy’impwemu abantu b’“abanyabgenge n’abahanga” bananiwe gutahura. (Ivyakozwe 4:13; Luka 10:21) Ese “[two]kwicish[a] bugufi imbere y’Imana yacu” mu gihe tugerageza kugira umutima uhimbara Yehova.—Ezira 8:21.
16. Ni kuki akigoro gakenewe kugira ngo dutsimbataze inzara y’imfungurwa z’ivy’impwemu?
16 Yezu yavuze ati: “Hahirwa [“abazi ko bakeneye ivy’impwemu,” NW].” (Matayo 5:3) Naho twahawe ubushobozi bwo kugira kamere y’ivy’impwemu, imikazo iva muri iyi si mbi canke ingeso nk’ubunebwe vyoshobora kutuzibira ntitwitwararike ivyo dukeneye. (Matayo 4:4) Dutegerezwa gutsimbataza akayabagu keza k’imfungurwa z’ivy’impwemu. Naho ubwa mbere bitoduhimbara gusoma Bibiliya no kwiyigisha, dukomeye ku muheto tuzosanga ukumenya ‘guhimbara ubugingo’ ku buryo turindirana igishika ibindi biringo vyo kwiga.—Imigani 2:10, 11.
17. (a) Ni kuki Yehova akwiriye ko tumwizigira bimwe bishitse? (b) Dushobora gute gutsimbataza ukwizigira Imana?
17 Umwami Salomo yadukebuye ati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe.” (Imigani 3:5) Umutima wizigira Yehova urazi yuko ikintu ico ari co cose asaba canke ategeka biciye mw’Ijambo ryiwe cama kigororotse. (Yesaya 48:17) Mu vy’ukuri, Yehova arakwiriye ko tumwizigira bimwe bishitse. Arashobora kurangura ibintu vyose yagabiye. (Yesaya 40:26, 29) Kanatsinda, izina ryiwe urudome ku rundi risobanura “Atuma Biba,” rituma twizigira ubushobozi afise bwo kurangura ivyo yasezeranye! “Agororoka mu nzira ziwe zose, n’umunyabuntu mu bikorwa vyiwe vyose.” (Zaburi 145:17) Birumvikana, kugira ngo dutsimbataze ukumwizigira, dukeneye “kwumvirizako, [t]umenye yuk’Uhoraho aryoshe” mu gukurikiza mu buzima bwacu ivyo twiga muri Bibiliya no mu kuzirikana ku ciza ivyo bivamwo.—Zaburi 34:8.
18. Ugutinya kurimwo ukwubaha Imana kudufasha gute kwakiriza yompi ubuyobozi bw’Imana?
18 Mu kudoma urutoke ku yindi kamere ituma umutima wacu wakiriza yompi ubuyobozi bw’Imana, Salomo yavuze ati: “Utinye Uhoraho, uve mu bibi.” (Imigani 3:7) Ku vyerekeye Isirayeli ya kera, Yehova yavuze ati: “Icompa bagahorana ben’uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!” (Gusubira mu Vyagezwe 5:29) Egome, abatinya Imana barayigamburukira. Yehova arafise ubushobozi bwo “[kw]erekan[a] ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye” no gutanga igihano ku bamugambararira. (2 Ngoma 16:9) Ese ugutinya kudahimbara Imana kwogenga ivyo dukora vyose, ivyo twiyumvira vyose n’akanyengetera kacu kose.
‘Nukundishe Yehova Umutima Wawe Wose’
19. Ni uruhara uruhe urukundo rugira mu gutuma umutima wacu wakiriza yompi ubuyobozi bwa Yehova?
19 Urukundo mu vy’ukuri ruratuma umutima wacu wakiriza yompi ubuyobozi bwa Yehova kuruta izindi kamere zose. Umuntu afise umutima ubogaboga urukundo akunda Imana biratuma ashashara kumenya ibihimbara Imana n’ibitayihimbara. (1 Yohana 5:3) Yezu yavuze ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose.” (Matayo 22:37) Ese twotsimbataza urukundo dukunda Imana mu kugira akamenyero ko kuzirikana ku kugira neza kwayo, mu kuyiyagira ubudahorereza nk’umukunzi somambike, no mu kuyagira abandi ibiyerekeye tubigiranye igishika.
20. Tworonka gute umutima uhimbara Yehova?
20 Mu buryo bw’isubiramwo: kugira umutima uhimbara Yehova birimwo kureka Ijambo ry’Imana rikagira akosho ku kuntu tumeze imbere muri twebwe, ni ukuvuga kuri wa muntu ahishijwe wo mu mutima. Ukwiyigisha Ivyanditswe bimwe bikomeye be n’ukuzirikana kuranga ugukenguruka ni ntahara. Ivyo umuntu abigira neza kuruta akoresheje umutima uteguye, ukaba ari umutima umuntu yakuyemwo ivyiyumviro vyari biwurimwo. Ese ukuntu uba ari umutima ubogaboga kamere zituma tuba abantu boroshe kwigisha! Egome, dufashijwe na Yehova, umutima mwiza turashobora kuwuronka. Ariko none, twoshobora gukora iki kugira ngo turinde umutima wacu?
[Akajambo k’epfo]
a Izina ryarahinduwe.
Wovyishura Gute?
• Ni umutima w’ikigereranyo uwuhe Yehova asuzuma?
• ‘Twoshira umutima wacu’ gute kw’Ijambo ry’Imana?
• Dukwiye gutegura gute umutima wacu kwitwararika Ijambo ry’Imana?
• Duhejeje kurimbura aya mayagwa, wumvise uvyuriwe umutima wo gukora iki?
[Ifoto ku rup. 12]
Dawidi yarazirikanye ku bintu vy’impwemu mu buryo buranga ugukenguruka. Weho woba ubizirikana?
[Amafoto ku rup. 16]
Nutegure umutima wawe imbere yuko wiga Ijambo ry’Imana