Twihweze Twitonze Ivyiyumviro Bimwebimwe Bitari vyo Vyerekeye Urupfu
MURI kahise kose, umuntu yamye azazanirwa akagira n’ubwoba akubitije agatima mpembero ku ciyumviro c’uko umusi uri izina azopfa. Ikirushirije, ni uko gutinya urupfu vyamye vyunyurwa n’ivyiyumviro vy’amadini bitari vyo, imigenzo ikundwa n’abantu benshi, be n’ivyiyumviro vyashinze imizi mu bantu. Ingorane iri mu gutinya urupfu, ni uko bishobora gutuma umuntu atagishobora kwinovora ubuzima, bigatitura kandi icizigiro yari afise c’uko ubuzima buri n’ico buvuze.
Idini yijukiwe na benshi ni yo canecane yobazwa itsimbatazwa ry’ivyiyumviro bitari bike vyerekeye urupfu. Twihweje bikeyi muri ivyo vyiyumviro twishimikije ukuri kwo muri Bibiliya, nurabe niba ushobora kubona urupfu mu buryo butomoye.
Iciyumviro ca 1: Urupfu mu bisanzwe ni ryo herezo ry’ubuzima.
Igitabu kimwe (Death—The Final Stage of Growth) kivuga giti: “Urupfu . . . ni umuce ugize ubuzima bwacu.” Amajambo nk’ayo aragaragaza iciyumviro c’uko urupfu ari ryo herezo risanzwe ry’ibifise ubuzima vyose. Ico vyavuyemwo ni uko iciyumviro nk’ico catsimbataje filozofiya y’ukuba sindabibazwa ituma kandi abantu bifata uko bishakiye.
Ariko none, vy’ukuri urupfu rwoba mu bisanzwe ari ryo herezo ry’ubuzima? Si abashakashatsi bose bavyemera gutyo. Nk’akarorero, uwitwa Calvin Harley, umuhinga mu bijanye n’ibifise ubuzima yatohoje ibijanye n’ikura ry’umuntu, mu kiganiro cagizwe bamubaza ibibazo yavuze ko atemera yuko abantu “bagenewe gupfa.” Umuhinga mu vy’ukwirwanira kw’umubiri, William Clark yavuze ibi: “Kuvuga urupfu ntibisobanura ko umuntu aca abona n’ubuzima.” Hanyuma uwitwa Seymour Benzer, wo mw’Ishakashakiro ry’Ubuhinga ry’i Kaliforoniya avuga avyitondeye yuko “gusaza gushobora kudondorwa neza kuruta ko atari igitigiri kinaka c’imyaka umuntu azobaho ariko ko ari urukurikirane rw’ibintu dushobora kwizigira guhindura.”
Igihe abanyasiyansi biga ukuntu abantu baremwe, baratangara. Basanga twaremanywe ibintu be n’ubushobozi birengeye kure n’iyo ivyo dukeneye mu buzima bwacu bumara kuva ku myaka 70 gushika kuri 80. Nk’akarorero, abanyasiyansi basanze ubwonko bw’umuntu bufise ubushobozi bwinshi cane bwo kubika amakuru. Umushakashatsi umwe yagereranije yuko ubwonko bwacu bushobora kubika amakuru “yoshobora kwuzura ibitabu imiliyoni mirongo ibiri, ibingana n’ibiri mu bubiko bw’ibitabu buruta ubundi bwose kw’isi.” Abahinga mu vy’ibihimba nsozabwenge bemera yuko mu kiringo gisanzwe c’ubuzima bw’umuntu, akoresha gusa igice kimwe ku bihumbi cumi vy’ubushobozi ubwonko bushobora kugira. Birabereye ko twibaza duti: ‘Ni kuki dufise ubwonko buri n’ubushobozi bwinshi nk’ubwo, mu gihe dukoresha gusa agace inzatsa kabwo mu kiringo gisanzwe c’ubuzima?’
Rimbura kandi ukuntu abantu bavyifatamwo mu buryo budasanzwe ku bijanye n’urupfu! Kuri benshi urupfu rw’umukenyezi, rw’umunega canke rw’umwana rushobora kuba ikintu kibabaza kuruta ibindi vyose bishika mu buzima. Inyuma y’urupfu rw’umukunzi pfampfe, kenshi abantu basigarana imvune mu mutima imara igihe kirekire. Mbere n’abavuga ko urupfu ari urusanzwe ku bantu, basanga bigoye kwemera iciyumviro c’uko urupfu rwabo ruzoba rusobanura ko vyose birangiye. Ikinyamakuru kimwe (British Medical Journal) kivuga ivy’“iciyumviro abahinga bahurirako c’uko umuntu wese ashaka kubaho igihe kirekire gishoboka.”
Uravye inyifato muri rusangi umuntu agira ku rupfu, ubushobozi butangaje afise bwo kwibuka no kwiga, be n’icipfuzo kiri muri we co kubaho ibihe vyose, si ibigaragara none ko yari yaremewe kubaho? Kukaba nkako, ubusanzwe Imana ntiyaremye abantu kugira bashikirwe n’urupfu, ariko yabaremye bafise icizigiro co kubaho ibihe vyose. Raba kazoza Imana yashize imbere ya wa mugabo n’umugore ba mbere: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubu[zima] vyose bigendagenda kw isi.” (Itanguriro 1:28) Ese ingene ako ari kazoza k’igitangaza kandi karamba!
Iciyumviro ca 2: Imana iratwara abantu biciye ku rupfu bakaja kubana na yo.
Inabibondo umwe w’imyaka 27 yariko acikana, agiye gusiga abana batatu yabwiye umubikira w’Umugatolika ati: “Ntiwinjire umbwira ko Imana ari yo ishaka ko mpfa . . . biramvuruga umutwe igihe hagize uwundi muntu ambwira ivyo.” Yamara rero, ivyo ni vyo amadini menshi yigisha ku vyerekeye urupfu, yuko ngo Imana itwara abantu kugira babane na yo.
None Umuremyi yoba akora ikibi bigeze iyo hose, ku buryo bw’uko yotuma dupfa ata n’akagongwe kandi azi yuko ivyo bidutuntuza? Eka da! Si Imana ivugwa muri Bibiliya. Nk’uko muri 1 Yohana 4:8 habivuga, “Imana [ni] urukundo.” Urabona yuko hatavuga ko Imana ifise urukundo canke ko Imana ari inyarukundo, ariko havuga ko Imana ari urukundo. Urukundo rw’Imana rurakomeye, ntirugira akarohe, ruratunganye, kandi ruranyengetera mu buryo bushitse muri kamere zayo be no mu bikorwa vyayo, ku buryo bikwiriye ko ivugwa ko ari urukundo ubwarwo. Iyo si yo Mana itwara abantu biciye ku rupfu kugira babane na yo.
Idini y’ikinyoma yarajuragije abantu benshi ku bijanye n’aho abapfuye bari be n’uko bamerewe. Ijuru, umuriro udahera, ipurugatori, Irimbi, aho hantu be n’ahandi hatandukanye abapfuye ngo bashikira, si ibintu bidatahurika gusa, ariko kandi biratera n’ubwoba bimwe bikomeye. Ku rundi ruhande, Bibiliya itubwira ko abapfuye ata co bumva; bameze neza na neza nk’abasinziriye. (Umusiguzi 9:5, 10; Yohana 11:11-14) Gutyo, ntidukwiye kurazwa ishinga n’ibidushikira iyo dupfuye, nk’uko nyene tutorazwa ishinga n’ukubona kanaka yisinziririye umukondorazosi. Yezu yaravuze ivy’igihe “abari mu mva bose” bazoshobora “[ku]zivamwo” kugira basubire kugira ubuzima kw’isi y’iparadizo.—Yohana 5:28, 29; Luka 23:43.
Iciyumviro ca 3: Imana itwara utwana dutoduto kugira ducike abamarayika.
Uwitwa Elisabeth Kübler-Ross, uwatohoje abarwaye bari mu gucikana, yarerekeje ku kindi ciyumviro ceze mu bantu bo mu madini. Mu kudondora ikintu cashitse vy’ukuri, yavuze yuko “bitaranga ubukerebutsi kubarira akana gato kabuze gasaza kako yuko Imana yakunze cane utwana dutoduto tw’uduhungu ku buryo bw’uko yatwaye na ka Johnny mw’ijuru.” Imvugo nk’izo zirasiga Imana iceyi kandi, ntibijanye na kamere zayo be n’inyifato yayo. Muganga Kübler-Ross yabandanije ati: “Igihe ako gakobwa kari kamaze gukura kakaba umugore, ntiyigeze atsinda ishavu afitiye Imana, ivyo bituma yicwa n’intuntu aho aburiye akana kiwe k’agahungu hashize imyaka mirongo itatu.”
Ni kuki Imana yorinda gutwara umwana kugira ironke uwundi mumarayika, nk’aho Imana ikeneye umwana kuruta uko abavyeyi biwe bari bamukeneye? Iyo biba ari ivy’ukuri yuko Imana itwara abana, mbega none ivyo ntivyoca bituma iba Umuremyi atagira urukundo, yikwegerako? Igihushanye n’ubwo buryo bwo gutahura ibintu, Bibiliya ivuga iti: “Urukundo ruva ku Mana.” (1 Yohana 4:7) Imana y’urukundo yoba ishobora gutuma umuntu abura uwiwe, ikintu mbere abantu n’iyo boba bameze gute mu vy’ukwigenza runtu badashobora kwihanganira?
None ni kuki abana bapfa? Igihimba c’inyishu Bibiliya itanga kiri mu Musiguzi 9:11: “Ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.” Muri Zaburi 51:5 na ho hatubwira yuko twese tudatunganye, turi abanyavyaha guhera igihe c’agasamo, kandi kuva ico gihe abantu bose amaherezo yabo akaba ari urupfu ruturutse ku bintu vyinshi. Rimwe na rimwe urupfu rushika imbere y’ivuka, ivyo bikavamwo kuvyara uwapfuye. Ahandi na ho, abana bapfa bahitanywe n’ivyago canke bagashikirwa n’impanuka hanyuma bagapfa. Imana si yo yobazwa ibintu nk’ivyo vyoshika.
Iciyumviro ca 4: Abantu bamwebamwe barababazwa inyuma y’ugupfa.
Amadini menshi yigisha yuko ababisha bazoja mu muriro udahera hanyuma bababazwe ibihe bidahera. Inyigisho nk’iyo yoba yumvikana kandi ihuye n’Ivyanditswe? Imyaka abantu bamara igarukira ku myaka 70 canke 80. Mbere naho umuntu yoba yagirizwa ububisha bw’akaburarugero mu buzima bwiwe bwose, ubwo none ukubabazwa ibihe bidahera coba ari igihano kiranga ubutungane? Habe namba. Koba ari akarenganyo karengeje kubabaza umuntu ibihe vyose umuhora ivyaha yakoze mu buzima bw’igihe gitoyi.
Imana ni yo yonyene ishobora guhishura ibishika inyuma y’ugupfa kw’abantu, kandi ivyo yarabigize mw’Ijambo ryayo ryanditswe, Bibiliya. Ehe raba ivyo Bibiliya ivuga: “Nk’uko [abantu] bapfa ni ko [ibikoko] bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe. . . . Vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.” (Umusiguzi 3:19, 20) Aha nta muriro udahera wavuzwemwo. Igihe abantu bapfuye, basubira mu mukungugu, ni ukuvuga ukutabaho.
Kugira ngo umuntu ababazwe, ategerezwa kuba yumva. Abapfuye none boba bumva? Bibiliya irongera igatanga inyishu iti: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.” (Umusiguzi 9:5) Abapfuye, abo “[a]ta co baba bakizi,” ntibishoboka ko haba ahantu bocumukurira.
Iciyumviro ca 5: Urupfu rusigura ko tugiye akagirire.
Turareka kubaho igihe dupfuye, ariko ivyo ntibisobanura ko ari ngobwa yuko vyose biba birangiye. Umugabo w’umwizerwa Yobu yari azi ko aramutse apfuye yogiye mu mva, ari yo Sheoli. Ariko rero, umviriza isengesho yatuye Imana: “Icompa ukampisha i kuzimu, ukandindira ahihishije, gushitsa ah’uburake bgawe buzoshirira; ukanshingira igihe, kand’ukazonyibuka. Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho? . . . Wompamagaye nkakwitaba.”—Yobu 14:13-15.
Yobu yaremera ko niba agumye ari umwizerwa gushika ku gupfa, Imana yomwibutse hanyuma haciye igihe ikamuzura. Ivyo ni vyo abasuku bose b’Imana bo mu bihe vya kera bemera. Yezu ubwiwe yaremeje ico cizigiro, arerekana kandi ko Imana yomukoresheje mu kuzura abapfuye. Amajambo Kirisitu ubwiwe yavuze aradukura amazinda, agira ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ry[a Yezu], bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira ubu[zima], abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka.”—Yohana 5:28, 29.
Ubu bwa vuba, Imana igiye gukuraho ububisha bwose maze ishireho isi nshasha izoba iri munsi y’ubutegetsi bwo mw’ijuru. (Zaburi 37:10, 11; Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe 16:14, 16) Ico bizovamwo, ni iparadizo ikwiye kw’isi yose izoba ibamwo abantu basukurira Imana. Dusoma muri Bibiliya duti: “Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Ubwoba Turabaza
Ukumenya icizigiro c’izuka bifatanije n’ukumenya Umwe ari isoko ry’iyo ntunganyo birashobora kuguhumuriza. Yezu yasezeranye ati: “Muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohana 8:32) Ivyo birimwo kudukurako ivyo gutinya urupfu. Yehova ni we wenyene ashobora vy’ukuri guhindura ibintu vyose bijana ku busaza no ku rupfu maze akaduha ubuzima budahera. Woba ushobora kwemera imihango y’Imana? Egome, urashobora kuyemera kubera ko Ijambo ry’Imana ryama riranguka. (Yesaya 55:11) Turakwinginze wige vyinshi ku bijanye n’imigambi Imana ifitiye abantu. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha.
[Iciyumviro ku rup. 6]
Ingorane iri mu gutinya urupfu, ni uko bishobora gutuma umuntu atagishobora kwinovora ubuzima
[Igicapo ku rup. 7]
IVYIYUMVIRO BIMWEBIMWE BITARI IVYANDITSWE BIBIVUGAKO IKI?
VYO BIKWIYE HOSE VYEREKEYE URUPFU
● Urupfu mu bisanzwe ni Itanguriro 1:28; 2:17; Abaroma 5:12
ryo herezo ry’ubuzima
● Imana iratwara abantu biciye Yobu 34:15; Zaburi 37:11,29; 115:16
ku rupfu bakaja kubana na yo
● Imana itwara utwana dutoduto Zaburi 51:5; 104:1, 4; Abaheburayo 1:7, 14
kugira ducike abamarayika
● Abantu bamwebamwe barababazwa Zaburi 146:4; Umusiguzi 9:5, 10; Abaroma 6:23
inyuma y’ugupfa
● Urupfu rusigura ko tugiye Yobu 14:14, 15; Yohana 3:16; 17:3;
akagirire Ivyakozwe 24:15
[Ifoto ku rup. 8]
Kumenya ukuri ku vyerekeye urupfu biratubohora ugutinya
[Abo dukesha ifoto ku rup. 5]
Barrators—Giampolo/The Doré Illustrations For Dante’s Divine Comedy/Dover Publications Inc.