Umuriro Udahera—Woba Ujanye n’ubutungane bw’Imana?
Woba urigera ubona umuntu ariko arasinzikarizwa ubuzima? Turizigiye ko atavyo urabona. Gusinzikaza ubuzima n’ibigirankana ni ikintu giteye ikinya kandi gisesemye. Bite ho mu gihe ugusinzikaza ubuzima kwoba kugirwa n’Imana? Woba ushobora kwiyumvira ikintu nk’ico? Yamara, ivyo nyene ni vyo inyigisho y’umuriro udahera ishaka kuvuga, ikaba ari inyigisho yemewe mu madini menshi.
Iyumvire gatoyi uriko uritegereza ibintu biteye ubwoba bikurikira: Umuntu bariko baramutara ku ziko. Muri uwo mubabaro ukomeye, aguma ataka atakamba asaba uwomwumvira akagongwe, mugabo nta n’uwumwumviriza. Ukwo gusinzikarizwa ubuzima kurabandanya amasaha n’amasaha, imisi n’imisi, ata gahengwe!
Naho uwo muntu yoba yakoze ikibi kingana iki, ubwo ntiwomwumvira akagongwe? Tuvuge iki ku watanze iryo tegeko ryo kumusinzikariza ubuzima? Yoba ari umuntu w’umunyarukundo? Nta na gato! Urukundo ruragira imbabazi kandi rukagaragaza ikigongwe. Umuvyeyi munyarukundo yoshobora guhana abana biwe, ariko ntiyokwigera abasinzikariza ubuzima!
Naho ari ukwo, amadini menshi yigisha yuko Imana isinzikaza ubuzima bw’abacumuye mu muriro udahera. Bavuga yuko ivyo biranga ubutungane bw’Imana. Nimba ari ukwo biri, ni nde yateguye ico kibanza giteye ubwoba co kubabarizwamwo ibihe bidahera? Kandi ni nde yobazwa imibabaro y’akaburarugero itezwa abariyo? Inyishu kuri ivyo bibazo ziratomoye. Asangwa vy’ukuri ico kibanza coba kiriho, Imana rero ni yo yoba yaragiteguye, kandi ni yo yoca ibazwa ibihabera.
Ivyo woba wovyemera? Bibiliyaa ivuga yuko ‘Imana ari urukundo’ (1 Yohana 4:8). Imana y’urukundo yoba yosinzikariza ubuzima mu mubabaro n’abantu bafise impuhwe zisanzwe babona ko batosabirako? Ntiyovyubahuka!
Inyigisho itumvikana
Yamara, abantu benshi bemera yuko abanyakibi bazoja mu muriro udahera, aho bazobabarizwa ibihe bidahera. Iyo nyigisho yoba itegereka? Ubuzima bw’umuntu bugarukira ku myaka 70 canke 80. Naho umuntu yoba yakoze ububisha burenze urugero mu buzima bwiwe bwose, kumubabaza ibihe bidahera coba ari igihano bikwiranye? Nta na gato. Kubabaza umuntu ibihe bidahera umuhora ibicumuro ashobora gukora mu kiringo ciwe c’ukubaho, koba ari akarenganyo k’agahomerabunwa.
Ni nde azi uko bitugendera inyuma y’urupfu? Imana yonyene ni yo ishobora guhishura ayo makuru, kandi yarayahishuye mw’Ijambo ryayo ryanditse, ari yo ya Bibiliya twavuga aho haruguru. Raba ico Bibiliya ivuga: “Nk’uko [abantu] bapfa, ni ko [ibikoko] bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe, . . . Vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene” (Umusiguzi 3:19, 20). Nta muriro udahera uvugwa ngaha. Igihe abantu bapfuye, basubira mu mukungugu, ni ukuvuga ko baba batakiriho.
Kugira ngo umuntu ashobore kubabazwa, ategerezwa kuba ari muzima. None abapfuye boba ari bazima? Ekaye. “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana” (Umusiguzi 9:5). Ntibishoboka ko abapfuye ‘ataco baba bakizi’, bumva imibabaro yo mu muriro udahera.
Inyigisho yonona
Bamwebamwe bemeza yuko inyigisho y’umuriro udahera ari ngirakamaro, yaba ari iy’ukuri canke atari iy’ukuri. Kubera iki? Bavuga yuko ituma abantu badakora ibibi. Ivyo vyoba ari vyo? None, ubukozi bw’ikibi mu mihingo ibamwo abantu bemera iyo nyigisho y’umuriro udahera, bwoba ari buke ugereranije n’ahandi? Habe namba! Kukaba nkako, iyo nyigisho y’umuriro udahera ironona cane. Mbega umuntu yemera yuko Imana ibabaza abantu, yoba ashobora kubona ko gusinzikaza ubuzima bw’abandi ari ikintu co kwanka urunuka? Yovyanka gute? Abemera imana ifata abantu bunyamaswa kenshi na bo nyene baca bafata abandi bunyamaswa nk’iyo mana yabo.
Umuntu yiyumvira neza, uko yozirikana kwose kuri ico kibazo, ntiyokwemera ko hariho umuriro udahera wo kubabarizwamwo. Iyo nyigisho ntiyumvikana na gato. Iyo nyigisho ntihuza na kamere-muntu. Ikiruta vyose, Ijambo ry’Imana ntirivuga yuko ikibanza nk’ico kibaho. Igihe umuntu apfuye “[y]isubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira”.—Zaburi 146:4.
Igicumuro gihanwa gute?
Ivyo vyoba bisigura ko tudahanirwa ibicumuro vyacu? Oya si ko biri. Imana yacu nyeranda irahana abacumuzi, yamara ntibasinzikariza ubuzima. Kandi igihe abacumuzi bigaye, irabaharira. Igicumuro gihanwa gute? Bibiliya iratanga inyishu idakikiriza igira iti: “Ingero y’icaha n’urupfu” (Abaroma 6:23). Ubuzima ni ingabirano iva ku Mana. Igihe dukoze icaha, ntituba tukibereye guhabwa iyo ngabirano, ku bw’ico turapfa.
Woshobora kwibaza uti: ‘None ubwo ni bwo butungane? Ko mbona abantu bose bapfa!’ Twese turapfa kubera turi abacumuzi. Kukaba nkako, nta n’umwe abereye ubuzima. “Icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha”.—Abaroma 5:12.
Gushika ubu, ushobora kuba uriko uribaza uti: ‘Nimba twese ducumura, gutyo twese tukaba dupfa, ni kubera iki dukwiye kugerageza kugira ingeso nziza? Bisa n’uko umunyakibi afatwa co kimwe n’umuntu agerageza gusukurira Imana’. Mugabo si ukwo biri. Naho twese turi abacumuzi, Imana iraharira abigaya bivuye ku mutima kandi bakagerageza guhindura ingendo yabo. Iraduha impera ku bw’utwigoro tugira kugira ‘duhinduke rwose’ maze dukore iciza (Abaroma 12:2). Ukwo kuri ni ryo shingiro ry’icizigiro c’akaroruhore.
Impera y’iciza
Igihe dupfuye, ntidusubira kubaho. Mugabo ivyo ntibisigura ko ibintu vyose biba bihereye aho. Wa mugabo w’umwizerwa Yobu yari azi ko apfuye yogiye mu mva (sheoli). Ariko, umve iri sengesho yatuye Imana: “Icompa ukampisha i kuzimu, ukandindira ahihishije, gushitsa ah’uburake bgawe buzoshirira; ukanshingira igihe, kand’ukazonyibuka. Umuntu niyapfa, mbeg’azosubira kubaho? . . . Wompamagaye nkakwitaba”.—Yobu 14:13-15.
Yobu yaremera yuko mu gihe yogumye ari umwizerwa gushika ku gupfa, yokwibutswe n’Imana kandi ikamuzura. Ivyo ni vyo abasavyi b’Imana bose bo mu bihe vya kera bemera. Yezu ubwiwe yaremeje ico cizigiro igihe yavuga ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira ubu[zima], abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka”.—Yohana 5:28, 29.
Iryo zuka rizotangura ryari? Bibiliya ivuga yuko ari ubu bwa vuba. Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwerekana yuko mu 1914, iyi si yinjiye mu “misi [yayo] y’iherezo” (2 Timoteyo 3:1). Imana igiye vuba gukuraho ububisha maze ishireho isi nshasha iganzwa n’intwaro yo mw’ijuru, kuri ca gihe abantu benshi bita ngo ni ‘umuhero w’isi’.—Matayo, ikigabane ca 24; Mariko, ikigabane ca 13; Luka, ikigabane ca 21; Ivyahishuriwe 16:14.
Hazoca habaho Iparadizo ikwiye kw’isi yose izobamwo abagerageje gukorera Imana n’umutima wabo wose. Abanyakibi ntibazoturirirwa mu muriro udahera. Naho ari ukwo nta kibanza bazoronka muri iyo paradizo igiye kuza. Muri Zaburi 37:10, 11, tuhasoma ibi: “Umunyakibi [ntazongera kubaho]; mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure. Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara”.
Ubwo ivyo vyose vyoba ari indoto nsa? Habe namba. Ivyo ni vyo Imana yasezeranye. Muri Bibiliya tuhasoma duti: “Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”.—Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Ayo majambo woba uyemera? Urakwiye kuyemera. Ivyo Ijambo ry’Imana rivuga vyama nantaryo biranguka (Yesaya 55:11). Turakwinginze wige vyinshi ku bijanye n’imigambi Imana ifitiye abantu. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha. Niwaba wipfuza ko bagufasha, turagusavye ubandikire ukoresheje aderese ibereye mu zishikirijwe aha hepfo.
Ivyanditswe vyose vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera.
[Akajambo k’epfo]
a Abisilamu bavuga ko Bibiliya igizwe n’ibitabu vyitwa Torati, Zaburi n’Injili. N’imiburiburi, imirongo 64 ya Korowani ivuga yuko ivyo bitabu ari Ijambo ry’Imana kandi igashimika ko bikenewe kubisoma be no gukurikiza amabwirizwa arimwo. Abantu bamwebamwe baremeza yuko Torati, Zaburi be n’Injili vyagoretswe. Abavuga ivyo, baba bashaka kuvuga yuko Imana idashobora kuzigama Ijambo yaryo.