Umuriro Udahera Urabaho Koko?
IJAMBO “umuriro udahera” ryaba riguha ishusho iyihe mu muzirikanyi, abantu benshi biyumvira ko mu muriro udahera ari ahantu ho guhanira uwakoze icaha. Ku vyerekeye icaha n’ingaruka yaco, Bibiliya ivuga iti: “Ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha.” (Abaroma 5:12) Ivyanditswe kandi bivuga biti: “Ingero y’icaha n’urupfu.” (Abaroma 6:23) Kubera ko igihano c’icaha ari urupfu, ikibazo nyamukuru mu vyo kumenya nimba umuriro udahera ubaho ni iki: Ni ibiki bidushikira iyo dupfuye?
Hoba hari ubuzima bunaka, buri mu mero yinaka, bwoba bubandanya kubaho iyo umuntu apfuye? Hoba hari icizigiro na kimwe kihari ku bapfuye? Bibiliya iratanga inyishu z’ukuri kandi zimara akanyota kuri ivyo bibazo.
Hoba Hariho Ubuzima Inyuma yo Gupfa?
Hoba hariho ikintu kiri imbere muri twebwe, nk’ubugingo canke impwemu coba kibandanya kubaho iyo umuntu apfuye? Rimbura ukuntu vyagenze ngo umuntu wa mbere ari we Adamu abeho. Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubu[zima].” (Itanguriro 2:7) Naho uguhema kwabungabunga ubuzima bwiwe, gushira “impwemu y’ubu[zima]” mu mazuru yiwe ntikwari ugupfa guhuhira impemu mu mahaha yiwe. Bisobanura yuko Imana yafashe ikibiribiri ca Adamu kitagira ubuzima agishiramwo agasase k’ubuzima, ni ukuvuga ‘inguvu y’ubuzima’ ikorera mu biremwa vyose vyo kw’isi. (Itanguriro 6:17; 7:22) Bibiliya yerekeza kuri iyo nguvu y’ubuzima ivuga ko ari “impwemu.” (Yakobo 2:26) Iyo mpwemu ishobora kugereranywa n’umuyagankuba utuma imashini canke icuma kinaka gikora, kandi ukagishoboza kurangura igikorwa caco. Nk’uko nyene uwo muyagankuba utigera ufata akaranga k’igikoresho ukoresha, n’inguvu y’ubuzima ntifata namba akaranga k’ibiremwa ikoresha. Nta kamere-muntu canke ubushobozi bwo kwiyumvira ifise.
Ni ibiki bishikira iyo mpwemu iyo umuntu apfuye? Zaburi 146:4 ivuga iti: “Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.” Igihe umuntu apfuye, impwemu yiwe ntibandanya kuba mu kandi karere ari ikiremwa c’impwemu. ‘Isubira ku Mana yayitanze.’ (Umusiguzi 12:7) Ivyo bisobanura yuko icizigiro ico ari co cose c’uwo muntu co kuzosubira kubaho muri kazoza, kiba gihagaze ku Mana yonyene.
Abafilozofe ba kera b’Abagiriki Sokarate na Pulato bemera yuko hariho ubugingo buri mu muntu bubandanya kubaho iyo umuntu apfuye, kandi ko ngo butigera bupfa. Bibiliya yigisha iki ku vyerekeye ubugingo? Mw’Itanguriro 2:7 havuga yuko Adamu ‘yaciye aba ubugingo buzima.’ (NW) Ntiyaronse ubugingo; yari ubugingo, ni ukuvuga umuntu yuzuye. Ivyanditswe biravuga ivy’uko ubugingo bukora igikorwa, bwipfuza imfungurwa, butwarwa ku nguvu, bubura itiro, n’ibindi. (Abalewi 23:30; Gusubira mu Vyagezwe 12:20; 24:7; Zaburi 119:28) Vyemere, umuntu ubwiwe ni ubugingo. Igihe umuntu apfuye, ubwo bugingo buba bupfuye.—Ezekiyeli 18:4.
None rero abapfuye bamerewe gute? Igihe yakatira urubanza Adamu, Yehova yavuze ati: “Ur’umukungungu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) Adamu yari hehe imbere yuko Imana imurema imukuye mu mukungugu wo mw’ivu ikamuha ubuzima? Emwe, ntiyariho! Igihe yapfa, Adamu yasubiye muri iyo mero nyene yo kutagira ubuzima namba. Uko abapfuye bamerewe kuratomowe mu Musiguzi 9:5, 10, aho dusoma duti: “Abapfuye nta co baba bakizi, . . . [n]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāriye kuja.” Nk’uko Ivyanditswe bivuga, urupfu ni ukutabaho. Abapfuye nta co bazi, nta nyiyumvo bagira, ntibiyumvira.
Hoba Ari Aho Kubabarizwa Ibihe Bidahera Canke Ni Imva Rusangi?
Kubera abapfuye ataco bazi, aho bita mu muriro udahera ntihashobora kuba ari ahantu ho kubabariza abanyakibi bamaze gupfa. Gusuzuma ivyashikiye Yezu amaze gupfa biradufasha kwishura ico kibazo. Umwanditsi wa Bibiliya Luka yigana ati: ‘Yezu ntiyarekewe muri [“Hadesi,” NW] kandi n’umubiri wiwe nta ho wigeze ubora.’a (Ivyakozwe 2:31) Hadesi ni iki? Intumwa Paulo yanditse ati: “[Na]bashikiri[je] . . . yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga, agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga.” (1 Ab’i Korinto 15:3, 4) Yezu rero yari muri Hadesi, ni ukuvuga i kuzimu, mugabo ntiyarekeweyo, kubera ko yakuweyo, ari kwo kuzurwa.
Rimbura kandi ivyerekeye wa muntu w’umugororotsi Yobu yacumukuye cane. Kubera ko yipfuza gukira umubabaro yari arimwo, yinginze ati: “Icompa ukampisha i kuzimu [“muri Sheoli,” NW], ukandindira ahihishije, gushitsa ah’uburake bgawe buzoshirira.”b (Yobu 14:13) Ese ukuntu bitoba bitegereka kwiyumvira yuko Yobu yokwipfuje kuja ahantu h’umuriro ngo hamukingire! Yobu yipfuza gusa kuja mu “mva,” aho umubabaro wiwe wociye urangira. Muri Bibiliya rero, aho abantu bita mu muriro udahera ni imva rusangi y’abantu bose, aho ababi n’abeza baja.
Aho Bita mu Muriro Udahera Hoba Hariyo Umuriro Utongora?
Mu gutandukanya umuriro na Hadesi, Ivyanditswe bivuga biti: “Rupfu na Kuzimu b[i]tererwa muri ca kiyaga caka umuriro.” “Ico kiyaga” kivugwa hano ni ikigereranyo, kubera urupfu na kuzimu (Hadesi) bitererwa muri ico, bidashobora gusha bushe. “Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri,” ni ukuvuga urupfu umuntu apfa ata cizigiro kihari co gusubira kubaho.—Ivyahishuriwe 20:14.
Ikiyaga caka umuriro gifise insobanuro imwe na wa “muriro wa Gehinomu” Yezu yavuga. (Matayo 5:22; Mariko 9:47, 48) Gehinomu riboneka incuro 12 mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, rikaba ryerekeza ku mubande wa Hinomu, uwari inyuma y’impome za Yeruzalemu. Igihe Yezu yari kw’isi, uwo mubande wakoreshwa bwa kuburiro ry’umwavu, aho bata “imivyimba y’inkozi z’ikibi, be n’imivyimba y’ibikoko n’ikindi kintu ico ari cose c’umwanda.” (Smith’s Dictionary of the Bible) Umuriro waguma wegenyezwa mu kwongerwamwo amazuku kugira ngo aturire ibikuburwa vyatabwayo. Yezu yakoresheje uwo mubande bwa kigereranyo kibereye c’ukurandurwa buhere.
Cokimwe na Gehinomu, ca kiyaga caka umuriro kigereranya ukurandurwa buhere. Urupfu na Hadesi “b[i]tererwa muri” ico mu buryo bw’uko bizokurwaho igihe umuryango w’abantu uzobohorwa ugakurwako icaha be n’ugucirwa urwo gupfa. Abanyavyaha bacumura nkana ntibigaye na bo nyene barafise “umugabane” muri ico kiyaga. (Ivyahishuriwe 21:8) Na bo nyene bazokurwaho buhere. Ku rundi ruhande, abo Imana yibuka bari muri Sheoli, ni ukuvuga imva rusangi y’abantu bose, barafise kazoza keza igitangaza.
Mu Mva Hazosigara Hagaragara!
Mu Vyahishuriwe 20:13 havuga hati: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu [Hadesi] bigarukana abapfuye bo muri vyo.” Emwe, mu mva hazosigara hagaragara. Nk’uko Yezu yabisezeranye, “igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ry[a Yezu], bakazivamwo.” (Yohana 5:28, 29) Naho nyene ubu batakiriho mu buryo na bumwe, hariho amamiliyoni y’abantu bapfuye Yehova Imana yibuka bazozurwa, ni ukuvuga ko bazogarukanwa basubizwe ubuzima, mw’iparadizo yo kw’isi izoba yagarukanywe.—Luka 23:43; Ivyakozwe 24:15.
Mw’isi nshasha y’Imana, abantu bazozuka bagakurikiza amategeko yiwe agororotse, ntibazokwigera basubira gupfa. (Yesaya 25:8) Yehova “[a]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.” Kukaba nkako, “ivya mbere [bizoba vya]shize.” (Ivyahishuriwe 21:4) Ese ukuntu ari umuhezagiro mwiza ubikiwe abari mu mva, ni ukuvuga “abari mu mva z’icibutso”! (NW) Uwo muhezagiro mu vy’ukuri ni imvo ihagije kuri twebwe ituma twihereza ubumenyi bwinshi bwerekeye Yehova Imana n’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu.—Yohana 17:3.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri Luka 16:19-31 hahinduwe mu buryo havuga ukubabazwa, mugabo inkuru yose uko ingana insobanuro yayo ni iyo mu buryo bw’ikigereranyo. Raba igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose ikigabane ca 88, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Ijambo ry’Igiheburayo Sheol riboneka incuro 65 mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, rikaba rihindurwa “i kuzimu” n’“imva” muri Bibiliya Yera.
[Ifoto ku rup. 5]
Yobu yasenze asaba ko yohishwa i kuzimu
[Ifoto ku rup. 6]
Umuriro wo muri Gehinomu—ni ikigereranyo co kurandurwa ubutakigaruka
[Ifoto ku rup. 7]
‘Abari mu mva z’icibutso bazozivamwo’