Inyigisho ikwiye hose
“Naza ndarota ibintu biteye ubwoba, nkabona ndiko ndahira mu muriro udahera! Nararota ndiko ntererwa ahantu harurumba umuriro maze nkikangura nkoma induru. Uca wumva nawe ko naca ngerageza gukora uko nshoboye kwose kugira ngo sincumure.”—Vyavuzwe na Arline.
WOBA wemera ko umuriro udahera ari ahantu ho kubabarizwa hagenewe abacumuzi? Abantu benshi baravyemera. Nk’akarorero, mu 2005, incabwenge imwe yo kuri kaminuza y’i St. Andrews muri Ekose yasanze ica gatatu c’abakuru b’idini bo muri Ekose bemera ko abatandukanije n’Imana bazogira “umubabaro wo mu bwenge w’ibihe bidahera bari mu muriro.” Ica gatanu cabo bemera yuko abari mu muriro udahera bazobabazwa ku mubiri.
Mu bihugu vyinshi, inyigisho y’umuriro udahera iramenyerewe cane. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, itohoza rimwe ryagizwe mu 2007 ryerekanye yuko nk’ibice 70 kw’ijana vy’abanyagihugu baho babajijwe ibibazo bemera inyigisho y’umuriro udahera. Mbere no mu bihugu usanga abantu benshi batitaho ivy’idini, iyo nyigisho y’umuriro udahera barayemera. Itohoza rimwe ryagizwe mu 2004 ryerekanye yuko muri Kanada, ibice 42 kw’ijana vy’abanyagihugu baho bemera inyigisho y’umuriro udahera. Mu Bwongereza na ho, ibice 32 kw’ijana baremera badakeka ko umuriro udahera uriho.
Ivyo abakuru b’amadini bigisha
Abakuru b’amadini benshi ntibacigisha yuko umuriro udahera ari ahantu h’umuriro nya muriro ho kubabarizwa. Ahubwo, bashigikira insobanuro imeze cokimwe n’iyiboneka mu gitabu kimwe c’abagatolika (Catechism of the Catholic Church) casohowe mu 1994. Ico gitabu kivuga giti: “Igihano nyamukuru c’umuriro udahera, ni ugutandukanywa n’Imana ibihe bidahera.”
Naho ari ukwo, abantu baracemera inyigisho ivuga yuko umuriro udahera ari ahantu ho kubabarizwa mu bwenge canke ku mubiri. Abashigikira iyo nyigisho bavuga yuko ishingiye kuri Bibiliya. Uwitwa R. Albert Mohler, umukuru w’Iseminari y’ivya tewolojiya y’ishengero ry’Ababatisita ryo mu Bumanuko, yemeza ati: “Ni ikintu gusa gishingiye ku Vyanditswe.”
Ni kubera iki ivyo wemera biri n’ico bivuze?
Nimba vy’ukuri umuriro udahera ari ahantu ho kubabarizwa, nta nkeka ko ukwiye kuwutinya. Ariko nimba iyo nyigisho atari iy’ukuri, abakuru b’amadini bayigisha batuma abemera ivyo bigisha bavurugwa mu bwenge bakongera bagatekerwa n’ubwoba bitari bikenewe. Bisubiye, barasiga iceyi Imana.
None Ijambo ry’Imana Bibiliya rivuga iki ku bijanye n’ico kintu? Ibiganiro bikurikira biraza gukoresha impinduro za Bibiliya zahinduwe n’abagatolika be n’abaporotisanti mu kwishura ibi bibazo bitatu: (1) Ni ibiki vy’ukuri bishikira umuntu iyo apfuye? (2) Ni ibiki Yezu yigishije ku bijanye n’umuriro? (3) Kumenya ukuri ku bijanye n’umuriro bishobora kugira ico bikoze gute kuri wewe?