Kumenya ukuri ku bijanye n’umuriro bishobora kugira ico bikoze gute kuri wewe?
ABIGISHA yuko umuriro udahera ari ahantu ho kubabarizwa batuma abantu babona nabi cane Yehova Imana be na kamere ziwe. Ego ni ko, Bibiliya iravuga yuko Imana izohonya abanyakibi. (2 Abanyatesalonika 1:6-9) Ariko ishavu rigororotse si yo kamere nyamukuru y’Imana.
Imana ntifise umutima wo gukora ikibi canke ngo ibe iyikunda kwihora. Mbere ibaza iti: “Mugira ngo mpimbarwa n’uk’umunyavyaha apfa?” (Ezekiyeli 18:23) Nimba Imana idahimbarwa n’uko abanyavyaha bapfa, yoshobora gute guhimbarwa no kwitegereza abo bantu bariko barababazwa ibihe vyose?
Kamere nyamukuru y’Imana ni urukundo. (1 Yohani 4:8) Nkako, “UMUKAMA ni mwiza kuri bose; agirira impuhwe ivyo yaremye vyose.” (Zaburi 145:9, The Holy Bible—New International Version) Imana yipfuza rero ko na twebwe tuyikunda urukundo ruvuye ku mutima.—Matayo 22:35-38.
Ni igiki kikuvyurira ingiro, ni ugutinya umuriro canke ni urukundo ukunda Imana?
Inyigisho yuko ngo ubugingo bubabarizwa mu muriro ituma abantu batinya Imana mu buryo butabereye. Mu buryo butandukanye n’ubwo, umuntu yiga ukuri kwerekeye Imana maze akayikunda azotsimbataza ukuyitinya kubereye. Muri Zaburi 111:10 hasigura hati: “Ugutinya UMUKAMA ni yo ntango y’ubukerebutsi; abiyubara ni bo babaho bakwisunga.” (The New American Bible) Ukwo gutinya Imana si uguhinda agashitsi, ahubwo ni ukugirira Umuremyi akoba be n’icubahiro kigera kure. Gutuma tugira akoba kabereye ko kutayihimbara.
Rimbura ukuntu kumenya ukuri ku bijanye n’umuriro vyagize ico bikoze kuri Kathleen, uno akaba afise imyaka 32 kandi akaba yahora anywa ibiyayuramutwe. Ubuzima bwiwe bwarangwa no kuja mu misi mikuru, ubukazi, ukwumva yiyanse be n’ubuhumbu. Yiyemereye ati: “Narashobora kuraba agakobwa kanje k’umwaka umwe maze nkiyumvira nti, ‘Raba ivyo ndiko ndakagirira. Ibi bizotuma nturirirwa mu muriro udahera.’” Kathleen yaragerageje guhagarika kunywa ibiyayuramutwe, ariko vyaramunaniye. Yavuze ati: “Naripfuza kuba umuntu ameze neza, ariko ibintu vyose mu buzima bwanje no mw’isi vyari bibi cane. Vyasa n’uko ata mpamvu n’imwe yariho yo kuba umuntu ameze neza.”
Kathleen yahavuye ahura n’Ivyabona vya Yehova. Yavuze ati: “Naratahuye yuko umuriro udahera utabaho. Ibimenyamenya bishingiye mu Vyanditswe banyeretse, vyarumvikana bimwe bitagira agahaze. Kumenya yuko ntazoturirirwa mu muriro vyaranduhuriye bimwe bikomeye.” Ariko kandi yaramenye umuhango Imana yatanze w’uko abantu bazoshobora kuba ibihe bidahera kw’isi izoba yarakuwemwo ubukozi bw’ikibi. (Zaburi 37:10, 11, 29; Luka 23:43) Yavuganye ugutangara ati: “Ubu ndafise icizigiro nyakuri, ico na co kikaba ari ico kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo!”
Kathleen yoba yari gushobora guheba kunywa ibiyayuramutwe atabitumwe no gutinya guturirirwa mu muriro? Yiganye ati: “Igihe naba nipfuje cane kunywa ibiyayuramutwe, narashobora gusenga ntakambira Yehova Imana ngo amfashe. Narazirikana ku kuntu abona izo ngeso zihumanye, kandi sinipfuza kumubabaza. Yarishuye amasengesho yanje.” (2 Abakorinto 7:1) Ukwo gutinya ko yohava adahimbara Imana kwaratumye Kathleen ashobora kuvavanura n’ivyo bintu vyari vyaramwiziziye.
Vy’ukuri, gutsimbataza ugukunda Imana be n’ukuyitinya mu buryo bubereye, atari ugutinya ukubabazwa mu muriro udahera, birashobora kutuvyurira umutima wo gukora ivyo Imana igomba kugira tuze tunezerwe ibihe bidahera. Umwanditsi wa zaburi yanditse ati: “Harahiriwe umuntu wese atinya Yehova, akagendera mu nzira ziwe.”—Zaburi 128:1, American Standard Version.
[Ifoto ku rup. 9]
NI BANDE BAZOZURWA BAGAKURWA MU KIBANZA CISWE NGO NI UMURIRO?
Impinduro zimwezimwe za Bibiliya ziratuma abantu bavurugwa ubwenge igihe amajambo abiri atandukanye y’ikigiriki ari yo Geʹen·na be na Haiʹdes, ziyahindura mw’ijambo rimwe gusa ari ryo “umuriro.” Muri Bibiliya, ijambo Geʹen·na ryerekeza ku gusangangurwa buhere, ata cizigiro c’izuka umuntu afise. Igitandukanye n’ivyo, abantu bari muri Haiʹdes, canke Hadesi, barafise icizigiro co kuzurwa.
Ku bw’ivyo, inyuma y’aho Yezu apfiriye maze akazurwa, intumwa Petero yarakuye amazinda abariko baramwumviriza yuko Yezu “atarekewe mu muriro.” (Ibikorwa 2:27, 31, 32; Zaburi 16:10; King James Version) Ijambo ryahinduwe ngo “umuriro” muri uwo murongo, ni rya jambo ry’ikigiriki Haiʹdes. Yezu ntiyagiye mu kibanza kinaka kirimwo umuriro. Hadesi, ari ryo rya jambo ryahinduwe ngo “umuriro,” yari imva. Ariko rero, Yezu si we wenyene Imana izura mu kumukura muri Hadesi.
Ku bijanye n’izuka, Bibiliya ivuga iti: “Urupfu n’umuriro bigarukana abapfuye bari muri vyo.” (Ivyahishuwe 20:13, 14, KJ) Gukura abantu bose muri ico kibanza ciswe ngo ni “umuriro” bizoba bisobanura gusubiza ubuzima abo bose Imana ibona ko bakwiye kuzurwa. (Yohani 5:28, 29; Ibikorwa 24:15) Ese ukuntu ari icizigiro ciza cane dufise ku bijanye na kazoza, ni ukuvuga kubona abacu bapfuye bagaruka bavuye mu mva! Yehova, ya Mana ifise urukundo ntangere, azobikora.