ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/7 rup. 30-31
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Abakirisu Babona Imigenzo Ijanye n’Urupfu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Amaziko ya gikirisu ateye iteka, aciye bugufi kandi ahimbara Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyabona vya Yehova bagira gute amaziko?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/7 rup. 30-31

Ibibazo vy’Abasomyi

Niba umuntu yiyahuye, vyoba bibereye ko umusuku mukirisu atanga insiguro y’amaziko?

Umusuku mukirisu wese akwiye kwifatira ingingo niba yoshobora kurongora ibirori vy’amaziko ku bw’umuntu asa n’uwiyahuye, ijwi ryiwe ryo mu mutima ntirigire ico rimwagiriza. Igihe afata iyo ngingo, akwiye kurimbura ibibazo bikurikira: Ukwiyahura Yehova akubona gute? Urwo rupfu rwoba vy’ukuri rwavuye ku kwiyahura? Ukwo kwiyahura kwoba kwavuye ku ngorane yo mu mutwe canke yo mu mutima? Ukwiyahura kubonwa gute muri ako karere?

Kubera ko turi Abakirisu, turitwararika ukumenya ukuntu Yehova abona ivy’ukwiyahura. Kuri Yehova, ubuzima bw’umuntu ni ubw’agaciro kandi ni bweranda. (Itanguriro 9:5; Zaburi 36:9) Kwiyica n’ibigirankana ntaho bitaniye n’ukwiyahura, kandi ku bw’ivyo ntibihimbara mu nyonga z’Imana. (Kuvayo 20:13; 1 Yohana 3:15) Ivyo none vyoba bituma insiguro y’amaziko idatangwa ku bw’umuntu yiyahuye?

Rimbura ivyashitse ku Mwami wa Isirayeli Sauli. Igihe yabona ko atorusimvye mu ntambara ya nyuma yarwanye n’Abafilisitiya, aho kwemera gushinyagurirwa n’abansi biwe, “Sauli [yarafashe] iyiwe nkota, ayīsukako.” Igihe Abafilisitiya bubura umuvyimba wiwe, baciye bawumanika ku ruzitiro rw’igisagara c’i Beti-Shani. Ababa i Yabeshi-gileyadi babonye ivyo Abafilisitiya bakoze, baciye bamanura nya muvyimba hanyuma barawuturira. Maze bafata amagufa yiwe barayahamba. Mbere baciye bisonzesha imisi ndwi, ukaba wari umugenzo ujanye n’ikigandaro mu Bisirayeli. (1 Samweli 31:4, 8-13; Itanguriro 50:10) Igihe Dawidi, uwasizwe na Yehova, yamenya ivyo ababa i Yabeshi-gileyadi bari bakoze, yavuze ati: “Muragahezagirwa n’Uhoraho, kubg’ico kigongwe mwagiriye Sauli shobuja, mukamufuba! Nuko rer’Uhoraho abagirire ikigongwe ababere umwizigirwa.” (2 Samweli 2:5, 6) Ijambo ry’Imana ntiryerekana ko ab’i Yabeshi-gileyadi bagirijwe kubera bagiriye Umwami Sauli icobonwa nk’ibirori vy’amaziko. Nugereranye ivyo n’ivy’abatafubwe kubera ubukozi bw’ikibi bwabo. (Yeremiya 25:32, 33) Umusuku mukirisu arashobora kurimbura inkuru ivuga ivya Sauli mu gufata ingingo niba ashobora gutanga insiguro y’amaziko ku bw’umuntu yiyahuye.

Nya musuku arashobora kandi gushima kurimbura intumbero y’insiguro y’amaziko. Igihushanye n’abantu bemera ukudahwera kw’ubugingo, Ivyabona vya Yehova ntibagira amaziko bafise iciyumviro kitari co c’uko barungitse nyene gupfa mu yindi si. Intumbero nyamukuru y’ibirori vy’amaziko si iyo kwungura uwo yapfuye, ahubwo ni iyo guhumuriza ababuze no gushinga intahe ijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe ku bavyitavye. (Umusiguzi 9:5, 10; 2 Ab’i Korinto 1:3-5) Iyindi mvo ihambaye yo gutanga insiguro y’amaziko ni iyo gufasha abari ngaho bose kuzirikana ku vy’uko ubuzima bumara igihe gito. (Umusiguzi 7:2) Izo ntumbero zoba none zizoshikwako mu gushikiriza insiguro y’amaziko ku bw’umuntu yiyahuye?

Ego ni ko, bamwebamwe bashobora kwiyumvamwo ko nya muntu yiyishe n’ibigirankana, azi neza ko acumuye kuri Yehova. Vyoba vyama bishoboka kwemeza inyiyumvo nk’iyo? Coba ari ikintu cakozwe gihuruduka? Abantu bamwebamwe bagerageza kwiyahura baricuza maze ntibabe bakibikoze. Inyuma yo gupfa, umuntu ntashobora kwigaya ku vyo yakoze.

Ikindi kintu nyamukuru corimburwa ni uko abenshi mu biyahura baba barwaye mu mutwe canke bafise intuntu mu mutima. Abo vy’ukuri birashobora kuvugwa ko bahitanywe n’ukwiyahura. Nk’uko ibiharuro bimwebimwe bivyerekana, ibice 90 kw’ijana vy’abiyahura baba bafise ingorane kanaka yo mu mutwe, yo mu mutima canke biziziwe n’ibintu kanaka. Yehova yoba azoharira abantu nk’abo biyahuye bameze gutyo mu mutwe? Ntidushobora kumenya neza niba uwo yapfuye yakoze icaha kidashobora guharirwa mu nyonga za Yehova. Umusuku mukirisu arashobora kurimbura uko ibintu vyari vyifashe be n’uko ivy’amagara yiwe vyari bimeze igihe arimbura niba yoshikiriza insiguro y’amaziko ku bw’umuntu yiyahuye.

Hariho uwundi muce wo kurimbura: Abantu bo muri ako karere babona gute ivy’ukwiyahura be n’urupfu rw’uwo muntu? Ico ni co canecane abakurambere bakwiye kwitwararika kubera ko barazwa ishinga n’ukuntu ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri ako karere rivugwa. Bivanye n’uko ivy’ukwiyahura bibonwa muri rusangi muri ako karere, canecane ukuntu ivyo vyashitse bibonwa, abakurambere barashobora guhitamwo kudashigikira ku mugaragaro ivyo birori vy’amaziko canke ngo insiguro y’amaziko itangirwe ku Ngoro y’Ubwami.

Ariko rero, niba umusuku mukirisu yasabwe guhagarikira nya birori, arashobora kwumva ko ku giti ciwe ashobora kubigira. Mu gihe ahisemwo kubigira, akwiye kwiyubara ntihagire amajambo avuga yemeza atomora niba izuka ryoshoboka. Icizigiro ico ari co cose co muri kazoza kuri uwo yapfuye kiri mu minwe ya Yehova, kandi nta n’umwe ashobora kuvuga niba uwo yapfuye azozuka canke atazozuka. Nya musuku akwiye gushingira ivyo avuga ku kuri kwo muri Bibiliya ku bijanye n’abapfuye akongera agahumuriza ababuze.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika