ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/02 rup. 7
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Amaziko ya gikirisu ateye iteka, aciye bugufi kandi ahimbara Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ukuntu Abakirisu Babona Imigenzo Ijanye n’Urupfu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ivyabona vya Yehova bagira gute amaziko?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 5/02 rup. 7

Inyishu ku Bibazo Vyanyu

◼ Igihe ishengero risabwe gufasha mu kuringaniza ivy’amaziko ibibazo bikurikira birashobora kuvyuka:

Ni nde akwiye gushikiriza insiguro y’amaziko? Iyo ni ingingo ifatwa n’abagize umuryango. Boshobora gutora umuvukanyi uwo ari we wese yabatijwe ahagaze neza mu kuri. Igihe inama y’abakurambere isabwe gutanga umushikirizansiguro, kenshi batora umukurambere abishoboye kugira ngo atange insiguro ishingiye ku rucacagu rwa Sosiyete. Naho umuntu atoja mu vyo guhayagiza uwo yasandavye, vyoshobora kuba bibereye kuvuga kamere nziza uwo yasandavye yagaragaza.

Ubwo Ingoro y’Ubwami yoba yoshobora gukoreshwa? Ivyo birashoboka igihe inama y’abakurambere yatanze uruhusha kandi igihe bidahurirana n’amakoraniro asanzwe ahagirirwa. Ingoro yoshobora gukoreshwa igihe uwo yasandavye yari azwi neza kandi akaba yari uwo mu bagize ishengero canke yari umwana akiri mutoya w’umwe mu bagize ishengero. Mu gihe bizwi na bose yuko uwo muntu yahora atigenza rukirisu, canke nimba hoba hariho izindi mpamvu zotuma ishengero rivugwa nabi, abakurambere boshobora gufata ingingo yo kudatanga uruhusha rwo gukoresha ingoro.—Raba igitabu Ubusuku Bwacu ku rupapuro rwa 62-63.

Mu bisanzwe, Ingoro y’Ubwami ntikoreshwa ku bw’amaziko y’abatizera. Ivyo vyemerwa gusa igihe abo mu muryango w’uwo yasandavye ari abamamaji babatijwe bashirutse ubute, uwo yasandavye akaba yari azwi n’abatari bake mw’ishengero yuko yari umuntu afise agatima keza ku bijanye n’ukuri kandi ko yahora yigenza neza mu kibano, bisubiye nta migenzo yo mw’isi izoshirwa kuri porogarama.

Igihe abakurambere bemeye yuko Ingoro y’Ubwami ikoreshwa, bakwiye kurimbura nimba bisanzwe vyitezwe ko isandugu iba ari ho iri. Nimba ari uko biri, boshobora gutanga uruhusha ikazanwa mu ngoro.

Twovuga iki ku vy’amaziko y’abantu batari Ivyabona vya Yehova? Igihe uwo muntu yasandavye yari azwi neza mu kibano, umuvukanyi yoshobora gushikiriza insiguro yirura ishingiye kuri Bibiliya akayishikiririza aho ikiziga kibitswe, canke ku ruhafu. Ishengero ntirizokwemera guhagarikira amaziko y’umuntu yari azwi ko yahora yigenza mu buryo bw’ubushegabo, mu buryo butajanye n’amategeko canke akaba yabaho mu buryo bunyuranye n’ingingo ngenderwako za Bibiliya bimwe vyibonekeza. Birumvikana ko ata muvukanyi yoja hamwe n’umukuru w’idini kugira ngo bagirire hamwe ibirori bihuza amadini atandukanye canke ngo aje mu birori vy’amaziko bigiriwe mw’isengero rya Babiloni Hahambaye.

Hogirwa iki igihe uwo yasandavye yari yaraciwe? Muri rusangi ishengero ntirikwiye kubijamwo. Ingoro y’Ubwami ntikwiye gukoreshwa. Igihe uwo muntu yari yarerekanye ko yigaye kandi akaba yagaragaza icipfuzo co kugarukanwa mw’ishengero, ijwi ryo mu mutima ry’umuvukanyi munaka ryoshobora kumwemerera gushikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya aho ikiziga c’uwo yasandavye kibitswe canke ku ruhafu, kugira ngo ashinge intahe ku bantu batari Ivyabona, yongere yirure incuti z’uwasandavye. Ariko rero, imbere yo gufata iyo ngingo, vyoba biranga ubukerebutsi uwo muvukanyi abiganiriye n’inama y’abakurambere kandi agafata nka nkama ivyo boshobora kumugira inama. Mu bihe bitoba biranga ubukerebutsi ko uwo muvukanyi abijamwo, vyoshobora kuba vyiza ko umuvukanyi wo mu muryango w’uwo yasandavye ashikiriza insiguro kugira yirure incuti.

Izindi nyobozo murashobora kuzisanga mu nomero z’Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) zo ku wa 15 Gitugutu 1990, urupapuro rwa 30-31; 15 Kigarama 1981, urupapuro rwa 29-30; 15 Ruheshi 1980, urupapuro rwa 5-7; 1 Nyakanga 1978, urupapuro rwa 5-8; 1 Nyakanga 1977, urupapuro rwa 539-540; 1 Nzero 1971, urupapuro rwa 31-32; na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nyakanga 1990, urupapuro rwa 22-23 n’iyo ku wa 22 Mukakaro 1977, urupapuro rwa 12-15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika