“Ni Muze Kuri Jewe, . . . Ndabaruhura”
“Tugirire Bose Neza”
KWAMAMAZA no kwigisha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni co gikorwa nyamukuru Yezu yakora. (Mariko 1:14; Luka 8:1) Kubera abayoboke ba Kirisitu bipfuza kumwigana, babona igikorwa co kwigisha ubutumwa bwa Bibiliya bwerekeye Ubwami bw’Imana ko ari co gikorwa cabo ca mbere na mbere mu buzima. (Luka 6:40) Mu vy’ukuri bireza umutima Ivyabona vya Yehova kubona ukuntu ubutumwa bw’Ubwami buzana ukuruhurirwa kwamaho ku babwemera, nk’uko nyene bwabigira igihe Yezu yari kw’isi.—Matayo 11:28-30.
Uretse ukwigisha Ijambo ry’Imana, Yezu yarakoze ibindi bikorwa vyiza, nk’ugukiza abarwaye no guhaza abashonje. (Matayo 14:14-21) Nk’ukwo nyene, turetse igikorwa cabo co kwigisha Bibiliya, Ivyabona vya Yehova barakora n’ibikorwa bifasha abantu bari n’ivyo bakeneye. Nakare, Ivyanditswe biraronsa ivyagombwa Abakirisu ngo “[b]akore igikorwa ciza cose,” bikanabahimiriza kugirira “bose neza.”—2 Timoteyo 3:16, 17; Ab’i Galatiya 6:10; ni twe tubihiritse.
“Abavukanyi Bacu Bari Bamaze Kuhashika”
Muri Nyakanga 1999, igihugu ca Tayiwani caranyiganyijwe bitewe na nyamugigima simusiga. Haciye amezi makeyi, imvura y’igihuhusi be n’imivo y’isegenya vyarateye icago c’icaduka kibi kiruta ivyari vyarabaye vyose muri Venezuwela. Ejobundi na ho, imyuzure ikaze yaratikije inganda mu gihugu ca Mozambike. Muri ivyo bihe bitatu vyose, Ivyabona vya Yehova ntibatebaganye kuhashika bazanye imfungurwa, amazi, imiti, ivyambarwa, amahema n’ibikoresho bakoresha mu guteka vy’abantu bamerewe nabi muri ivyo vyago. Abakora bavyishakiye bafise ubuhanga mu vy’ubuvuzi barashinze amavuriro y’imfatakibanza yo kuvura abakomeretse, abubatsi bavyishakiye na bo barubaka amazu mashasha y’abataye izabo batakigira aho baba.
Abari bahuye n’ivyo vyago barakozwe ku mutima n’iyo mfashanyo baronse yari ije hageze. Umupfasoni yitwa Malyori, inzu yiwe ikaba yarahitanywe n’umuvovo w’isegenya wabaye i Venezuwela, avuga ati: “Igihe twari dusigaye twifumbereje, abavukanyi bacu bari bamaze kuhashika.” Abubatsi bavyishakiye bamaze kwubakira umuryango wiwe akazu keza gashasha, Malyori yarikuguye ati: “Ntitwoshobora kwigera dushimira Yehova bimwe bihagije ku bw’ibintu vyose yadukoreye!” Igihe abari bashikiwe n’umwuzure muri Mozambike na bo baronka impfunguruzo z’inzu bahejeje kwubakirwa, uwo mugwi wose uko ungana waciye uturikisha uraririmba rwa ruririmbo rw’Ubwami ruvuga ngo “Yehova Ni Ubuhungiro Bwacu.”a
Gufasha abari n’ivyo bakeneye cari ikintu ceza umutima no kuri bene gukora bavyishakiye. Marcelo yakoze bwa muganga mw’ikambi ry’impunzi muri Mozambike, yavuze ati: “Numvise mpimbawe no kugira ico marira abo bavukanyi bari bababaye cane gutyo.” Uwitwa Huang yakoze avyishakiye muri Tayiwani yavuze ati: “Wari umunezero mwinshi kugira uruhara mu gutanga imfungurwa n’amahema ku bavukanyi bari n’ivyo bakeneye. Vyari ibintu bikomeza ukwizera.”
Porogarama y’Abakora Bavyishakiye Iragira Ico Ivuyemwo
Igikorwa c’abakora bavyishakiye carazaniye kandi abanyororo ibihumbi n’ibihumbi kw’isi yose ukuruhurirwa mu vy’impwemu. Gute? Muri iyi myaka iheruka, Ivyabona vya Yehova baratanze ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya babiha abantu barenga 30.000 bapfungiwe mu mabohero nk’4.000 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene. Ikigeretseko, aho bishoboka, Ivyabona ubwabo baragendera amabohero kugira ngo bigane Bibiliya n’abanyororo bongere barongore amakoraniro ya gikirisu. Mbega izo mbohe zoba zihungukira?
Abanyororo bamwebamwe biga Bibiliya baratangura gusangira izo nyigisho zeza umutima z’Ijambo ry’Imana n’abanyororo bagenzi babo. Ico bivamwo ni uko mu mabohero atari make kw’isi yose hariho ubu imigwi y’abanyororo basengera hamwe Yehova. Umunyororo umwe wo mw’ibohero ryo muri Oregon, aho hakaba ari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu 2001 yavuze ati: “Umugwi wacu uriko urasagamba. Dufise abamamaji b’Ubwami 7, tukaba kandi turongora inyigisho za Bibiliya 38. Abantu barenga 25 baritaba insiguro y’icese n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, abantu 39 na bo bakaba ari bo bari bitavye Icibutso [c’urupfu rwa Kirisitu]. Abandi bantu batatu bazobatizwa vuba!”
Ivyiza n’Iminezero
Abahagarikiye amabohero barabonye ko iyo porogarama y’abakora bavyishakiye igira ico ivuyemwo. Ikintu gitangaza abo bahagarikizi b’amabohero kuruta ibindi, ni ivyiza vy’igihe kirekire biva muri iyo porogarama y’abakora bavyishakiye. Raporo imwe ivuga iti: “Mu myaka cumi iyo porogarama imaze itanguye gukora, nta munyororo n’umwe yabatirijwe mw’ibohero agacika Icabona ca Yehova yarekuwe ngo aheze asubizwe mu munyororo, ivyo bikaba binyuranye n’ukuntu usanga ibice 50 gushika kuri 60 kw’ijana bo mu yindi migwi bagarukanwa mu munyororo.” Akozwe ku mutima n’ico Ivyabona bakora bavyishakiye bashitseko, umwigisha umwe w’ivy’Imana mw’ibohero ry’i Idaho yavuze mw’ikete yandikiye icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova ati: “Naho ubwanje ntemera ivyo mwemera, ndatangazwa rwose n’ishirahamwe ryanyu.”
Gufasha abari mu munyororo biragaragara kandi ko bigirira akamaro abakora bavyishakiye. Uwakoze avyishakiye umwe, aho amariye kurongora ikoraniro rigizwe n’umugwi w’abanyororo waririmvye indirimbo y’Ubwami ari bwo bwa mbere, yanditse ati: “Vyari ibintu biremesha kwihweza abagabo 28 bifatanya mu kuririmbira amashemezo Yehova. Kandi baririmba bashira ijwi hejuru! Ese ukuntu ari agateka kuba ari ho twari turi ico gihe!” Hari uwundi muntu yakora avyishakiye mu kugendera amabohero yo mu ntara ya Arizona yavuze ati: “Ese ukuntu vyabaye umuhezagiro kugira uruhara muri ico gikorwa kidasanzwe!”
Ivyabona bakora bavyishakiye hirya no hino kw’isi baremeranya na Yezu n’umutima ukunze, we yavuze ati: “Gutanga kuzana [agahimbare], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe 20:35) Baremeza kandi yuko gukurikira impanuro ya Bibiliya yo kugirira neza bose vyeza umutima koko.—Imigani 11:25.
[Akajambo k’epfo]
a Raba ururirimbo nomero 11 mu gatabu Ririmbira Amashemezo Yehova, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 8]
Venezuwela
[Ifoto ku rup. 8]
Tayiwani
[Ifoto ku rup. 8]
Mozambike