Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Ni mu buryo ki dukwiye kwiyubara igihe dushinga intahe ku bapfungiwe mu mabohero?
Kw’isi yose mu mabohero hapfungiwe n’imiburiburi abantu imiliyoni umunani, bamwebamwe muri bo bakaba bagaragaza ko bashimishwa n’inkuru nziza (1 Tim. 2:4). Hari ibiro vy’ishami uko ukwezi gutashe birungikirwa n’abapfunzwe be n’imiryango yabo nk’amakete 1.400 asaba ibisohokayandikiro canke asaba ko babagendera. Naho abapfunzwe benshi bashimishwa ata buryarya, ivyabonywe vyarerekanye yuko bamwebamwe biyorobeka, bakiyerekana nk’abashimishijwe yamara bironderera inyungu z’ubwikunzi bakura ku basavyi b’Imana. Ku bw’ivyo, twese turakwiye gukurikiza imburizi zikurikira zerekeye ivyo gushinga intahe ku bapfungiwe mu mabohero.
Kenshi abapfunzwe bamenyeshwa inkuru nziza biciye ku makete. Turasavye dushimitse ko abavukanyikazi batokwandikira abapfunzwe b’abagabo, naho boba bafise intumbero yo kubafasha mu vy’impwemu. Iryo banga rikwiye gushitswa gusa n’abavukanyi bakwije ibisabwa. Abavukanyikazi bakwije ibisabwa barashobora kugenwa kugira ngo bandikiranire n’abapfunzwe b’abakenyezi bagaragaza bivuye ku mutima ko bashimishwa n’ukuri kwa Bibiliya. Nta mahera canke ingabirano bikwiye kurungikirwa abantu bari mw’ibohero, naho vyoba bitabujijwe n’amategeko kandi bakaba babisavye.
Igihe umuntu apfunzwe agaragaje ugushimishwa, izina na aderese yiwe bikwiye gushikirizwa ishengero riri mu karere karimwo iryo bohero. Kenshi abavukanyi bakwije ibisabwa bo muri ako karere usanga bazi ukuntu bovyifatamwo mu gihe hoshika ibintu bitandukanye. Mu gihe mutazi iryo shengero, ayo makuru akwiye kurungikwa ku biro vy’ishami.
Nta kibi kiba kirimwo igihe abavukanyi bagenywe bagize amakoraniro bari kumwe n’abapfunzwe aho vyemewe, kugira ngo abo bapfunzwe bashobore kwigira hamwe Bibiliya. Ariko rero, ibiringo bidasanzwe aho abamamaji bifatanya ataco binona n’abapfunzwe, ntibikwiye kubera mu mabohero. Vyongeye, ntibibereye ko abamamaji bagendera ibohero bitatunganijwe neza imbere y’igihe gutyo bakifatanya cane n’imbohe.
Ese ‘twogira ubwenge nk’inzoka tukamera nk’inuma ata karohe’ igihe tubwira inkuru nziza abapfunzwe!—Mat. 10:16.