Ibibazo vy’Abasomyi
Ni ryari umukenyezi mukirisu akwiye kwitwikira mu mutwe bivuye ku mvo z’ivy’impwemu?
Intumwa Paulo yanditse ati: “Umugore wese iy’asenga cank’avugishwa n’Imana, adatwikiriye umutwe, aba awuteye isoni.” Kubera iki? Kubera iyi ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya yerekeye ububemutwe igira iti: “umutwe w’umugore [ni] umugabo.” Gusenga canke kwigisha mw’ishengero rya gikirisu mu bisanzwe ni ibanga ry’umugabo. Ku bw’ivyo igihe umukenyezi mukirisu yitwararika ibintu bijanye n’ugusenga mu bisanzwe vyogizwe n’umugabo wiwe canke umugabo yabatijwe, akwiye kwitwikira mu mutwe.—1 Ab’i Korinto 11:3-10.
Harashobora gushika ibihe umukenyezi mukirisu akwiye kuba yitwikiriye mu mutwe mu mubano wiwe w’ababiranye. Nk’akarorero, igihe umuryango ukoraniye hamwe ku nyigisho ya Bibiliya canke ku bifungurwa, umugabo mu bisanzwe ni we aja imbere mu kubigisha no mu kubaserukira mw’isengesho batura Imana. Ariko rero, niba ari umugabo atizera, iryo banga ryoshobora guca rirangurwa n’umukenyezi wiwe. Ku bw’ico, igihe atura isengesho n’ijwi ryumvikana ku bwiwe no ku bw’abandi canke igihe arongora inyigisho ya Bibiliya ari kumwe n’abana biwe umugabo ari ho ari, birabereye ko umuvukanyikazi mukirisu yitwikira mu mutwe. Niba umugabo wiwe atari ho ari, umukenyezi si ngombwa ngo yitwikire mu mutwe, kubera ko Imana imuha uburengazira bwo kwigisha abana biwe.—Imigani 1:8; 6:20.
Tuvuge iki mu gihe umuhungu akiri muto mu muryango ari umusavyi wa Yehova Imana yiyeguye kandi yabatijwe? Kubera ko uwo muhungu ari umwe mu bagize ishengero rya gikirisu, akwiye guhabwa inyigisho n’abagabo bagize ishengero. (1 Timoteyo 2:12) Nimba se yizera, uwo muhungu akwiye kwigishwa na se. Ariko rero, nimba sebibondo atari ho ari, ico gihe inabibondo akwiye kwitwikira mu mutwe nimba arongora inyigisho ya Bibilya ari kumwe n’umuhungu akiri muto yabatijwe be n’abandi bana. Ivyo gusaba ko nya muhungu wiwe yabatijwe atura isengesho kuri iyo nyigisho canke mu gihe co gufungura bimuvako. Arashobora kwumva yuko nya muhungu wiwe atavyo arashobora neza, maze agashobora guhitamwo kuritura ubwiwe. Nimba ahisemwo gutura isengesho muri ico gihe, akwiye kwitwikira mu mutwe.
Mu gihe bagira uruhara mu bikorwa bimwebimwe vyo mw’ishengero, abakenyezi bakirisu vyokenerwa ko bitwikira mu mutwe. Nk’akarorero, kw’ikoraniro ry’umurimo wo mu ndimiro rigirwa hagati mu ndwi, hashobora kuba hari abavukanyikazi bakirisu gusa, ata bagabo babatijwe bahari. Hashobora kuba ibindi bihe aho abagabo babatijwe bataba bahari kw’ikoraniro ry’ishengero. Nimba umuvukanyikazi ategerezwa kurangura amabango mu bisanzwe arangurwa n’umuvukanyi kw’ikoraniro ryaringanijwe mw’ishengero canke kw’ikoraniro ry’umurimo wo mu ndimiro, uwo muvukanyikazi akwiye kwitwikira mu mutwe.
Mbega abakenyezi bakirisu boba bategerezwa kwitwikira mu mutwe igihe bahindura bavuga canke bakoresheje imvugo y’ibimenyetso insiguro zishingiye kuri Bibiliya canke igihe basoma ku mugaragaro ingingo zivuye mu gitabu gifasha kwiga Bibilya kiba kiriko kirakoreshwa kw’ikoraniro ry’ishengero? Oya. Abavukanyikazi barangura ayo mabango ntibaba bariko barayahagarikira canke bigisha. Muri ubwo buryo nyene, abavukanyikazi ntibasabwa kwitwikira mu mutwe igihe bagira uruhara mu myerekano, bigana ivyabonywe canke bashikiriza insiguro z’abanyeshure mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.
Naho ivyo kwigisha mw’ishengero bitegerezwa kugirwa n’abavukanyi babatijwe, abagabo n’abagore bompi barafise ibanga ryo kwamamaza no kwigisha abatari abo mw’ishengero. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Igihe rero umukenyezi mukirisu ariko arayagira abatari ivyabona ivyerekeye Ijambo ry’Imana hari Icabona ca Yehova w’umugabo, ntibikenewe ko yitwikira mu mutwe.
Ariko rero, ivyo biratandukanye n’igihe ari inyigisho ya Bibiliya yama igirwa, iri ku rutonde iriko irarongorerwa ku muhana kandi hakaba hari umugabo yabatijwe. Ivyo ni ibijanye n’ikiringo co kwiga mwuvikanyeko aho umuntu arongora iyo nyigisho ku bwa ngingo ari we ayihagarikira. Mu bihe nk’ivyo, inyigisho igirwa nk’uko bisanzwe bigirwa mw’ishengero. Niba Icabona w’umugore yabatijwe arongoye inyigisho nk’iyo hari Icabona w’umugabo yabatijwe, nya mugore vyoba bibereye ko yitwikira mu mutwe. Ariko rero, umuvukanyi yiyeguye ni we akwiye gutura isengesho. Umuvukanyikazi ntiyosenga hari umuvukanyi yiyeguye kiretse mu gihe hoba hariho imvo yinaka idasanzwe, nk’igihe uwo muvukanyi yoba adashoboye kuvuga.
Umuvukanyikazi mukirisu yoshobora mu gihe kinaka guherekezwa ku nyigisho ya Bibiliya n’umugabo w’umwamamaji w’Ubwami atarabatizwa. Nimba nya muvukanyikazi avyipfuza, yoshobora kumusaba kurongora iyo nyigisho. Mugabo, kubera yuko atoshobora guserukira mu buryo bubereye uwo muvukanyikazi yabatijwe mw’isengesho atura Yehova, vyoba bibereye ko ari uwo muvukanyikazi atura isengesho kuri iyo nyigisho. Igihe nya muvukanyikazi arongora iyo nyigisho n’igihe asenga muri ivyo bihe, akwiye kwitwikira mu mutwe. Naho uwo mwamamaji w’umugabo aba atarabatizwa, abo hanze bamubona ko yifatanije n’ishengero kubera igikorwa ciwe co kwamamaza.
Intumwa Paulo yanditse ati: “Umugore akwiye kwambara mu mutwe ikimenyetso co kugabga, kubg’abamarayika.” Egome, abavukanyikazi bakirisu barafise agateka ko kuba uturorero twiza ku bamarayika amamiliyoni n’amamiliyoni babandanya kugamburukira Yehova badahemuka. Ese ukuntu bibereye yuko abagore bubaha Imana bitwararika bimwe bikwiriye ivyo kwitwikira mu mutwe igihe ibintu barimwo bisaba ico kintu!
[Amafoto ku rup. 26]
Ukwitwikira mu mutwe ni ikimenyetso kiranga ukwubaha ububemutwe