Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Umwamamaji w’igitsina-gore yoba akwiye gupfunga igitambara mu mutwe igihe ari kumwe n’umwamamaji w’igitsina-gabo ku nyigisho ya Bibiliya iyoborerwa imbere y’umuryango?
Igihe umwamamaji w’igitsina-gore ayobora inyigisho ya Bibiliya idahorereza kandi iri ku rutonde ari kumwe n’umwamamaji w’Ubwami w’igitsina-gabo, akwiye gupfunga igitambara mu mutwe. (1 Kor. 11:3-10) Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2002, urupapuro rwa 27, usigura uti: “Ivyo ni ibijanye n’ikiringo co kwiga mwumvikanyeko aho umuntu arongora iyo nyigisho ku bwa ngingo ari we ayihagarikira. Mu bihe nk’ivyo, inyigisho igirwa nk’uko bisanzwe bigirwa mw’ishengero. Niba Icabona w’umugore yabatijwe arongoye inyigisho nk’iyo hari Icabona w’umugabo yabatijwe, nya mugore vyoba bibereye ko yitwikira mu mutwe.” Vyogenda gutyo nyene inyigisho yaba iyoborerwa mu nzu, imbere y’umuryango canke ahandi hantu.
Ku rundi ruhande, niba inyigisho ya Bibiliya iyoborerwa imbere y’umuryango itarashinga imizi, si ngombwa ngo mushiki wacu apfunge igitambara mu mutwe igihe ari kumwe n’umwamamaji w’Ubwami w’igitsina-gabo, naho intumbero yo gusubira kugendera uwo muntu yoba ari ukumwereka ingene inyigisho ya Bibiliya iyoborwa canke kurimbura amayagwa yo muri kimwe mu bisohokayandikiro vyatowe ngo bikoreshwe mu kuyobora inyigisho ya Bibiliya. Kubera ko inyigisho ziyoborerwa imbere y’umuryango akenshi zigenda zirashinga imizi buhorobuhoro, biciye ku gusubira kugendera uwo muntu incuro zitari nke, abamamaji bazokenera kurimbura uko ibintu vyifashe no kugira ibitegereka mu guhitamwo igihe bopfunga igitambara mu mutwe.