ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/9 rup. 4-7
  • Aberanda b’Ukuri Bashobora Kugufasha Gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aberanda b’Ukuri Bashobora Kugufasha Gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bagirwa Aberanda n’Imana
  • Ugutakambira Aberanda ngo Badufashe Bongere Batubere Abakandizi
  • Uruhara Abera Bafise
  • Imihezagiro mu Gihe c’Ubutegetsi bw’Ubwami
  • Twoba dukwiye gusaba aberanda?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Noba nkwiye gusenga aberanda?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abantu Benshi Muri Kino Gihe Barirukira “Aberanda”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Kuba mweranda bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/9 rup. 4-7

Aberanda b’Ukuri Bashobora Kugufasha Gute?

MU VYANDITSWE, ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “umweranda” mu mpinduro zimwezimwe, rishobora guhindurwa ngo “uwera.” Iryo jambo ryakoreshejwe kuri bande? Inyizamvugo imwe (An Expository Dictionary of New Testament Words) ivuga ibi: “Iyo rikoreshejwe mu bwinshi igihe ryerekeza ku bemera, rishaka kwerekana mwene abo bose, rikaba riterekeza gusa ku bantu bafise ubweranda budasanzwe canke abantu bapfuye baranzwe n’ugukora ibikorwa vy’ubweranda bidasanzwe.”

Ni co gituma intumwa Paulo yise Abakirisu bo mu ntango bose aberanda b’ukuri, canke abera b’ukuri. Nk’akarorero, mu kinjana ca mbere G.C., yararungikiye ikete “ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari mu [ntara ya Roma y’i] Akaya hose.” (2 Ab’i Korinto 1:1) Mu nyuma, Paulo yarandikiye ikete ‘abari i Roma bose bakundwa n’Imana, bahamagariwe kuba abera.’ (Abaroma 1:7) Abo bera biboneka ko batari bwapfe, eka mbere ntibari bwashirwe ku ruhande kubera ingeso nziza zibonekeje bafise ziruta iz’abandi bizera basigaye. None hishimikijwe iki kugira batandukanywe n’abandi yuko bo ari aberanda?

Bagirwa Aberanda n’Imana

Ijambo ry’Imana rirerekana ko umuntu atagirwa umweranda n’abantu canke n’ishirahamwe. Ivyanditswe bivuga biti: “[Imana] ya[ra]dukijije, [yongera] i[ra]duhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’utewe n’ubuntu bgayo.” (2 Timoteyo 1:9) Uwera yezwa kubera umuhamagaro wa Yehova, hishimikijwe ubuntu bw’Imana atabereye kandi mu buryo buhuye n’umugambi wayo.

Abera bo mw’ishengero rya gikirisu barafise uruhara mw’“isezerano risha.” Amaraso ya Yezu Kirisitu yasesetse ni yo yemeza iryo sezerano kandi akerandisha abarigiramwo uruhara. (Abaheburayo 9:15; 10:29; 13:20, 24) Kubera ko bejejwe mu nyonga z’Imana, bagize ‘ubuherezi bweranda, ngo batange ibimazi mu buryo bw’impwemu, bishimwa n’Imana ku bwa Yezu Kirisitu.’​—1 Petero 2:5, 9.

Ugutakambira Aberanda ngo Badufashe Bongere Batubere Abakandizi

Kubera bemera ko “aberanda” bashobora guha ububasha budasanzwe abemera, abantu amamiliyoni barabaha icubahiro cinshi mu gukoresha ibisigi vyabo canke mu kubambaza bwa bakandizi. Iyo yoba ari inyigisho yo muri Bibiliya? Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yarigishije abayoboke biwe ukuntu bokwiyegereza Imana, avuga ati: “Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe.” (Matayo 6:9) Amasengesho yerekezwa neza na neza kuri Yehova Imana wenyene.

Mu kigoro bagira ko gushigikira ivy’uko “aberanda” ari abakandizi, abanyatewolojiya bamwebamwe basubiramwo Abaroma 15:30, aho dusoma duti: “Ndabinginga, bene Data, kubg’Umwami wacu Yesu Kristo, no kubg’urukundo ruva ku [m]pwemu, murwanane nanje munsabire Imana.” Paulo yoba yariko araremesha abo bantu bemera ngo bamusenge canke ngo bambaze izina ryiwe mu kwegera Imana? Eka da! Naho muri Bibiliya haremesha gutura amasengesho ku bw’aberanda nyakuri canke ku bw’abera nyakuri, nta na hamwe Imana idutegeka gusenga abo beranda canke gusenga tubicishije kuri bo.​—Ab’i Filipi 1:1, 3, 4.

Ariko rero, Imana yaragenye Umukandizi ku bw’amasengesho yacu. Yezu Kirisitu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubu[zima]: nta wushika kuri Data ntamujanye.” Yezu yavuze kandi ati: “Ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana. Ni mwagira ico musaba mw izina ryanje, nzogikora.” (Yohana 14:6, 13, 14) Turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova yiteguriye kwumviriza amasengesho aturwa mw’izina rya Yezu. Ku vyerekeye Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire [canke abahuze].”​—Abaheburayo 7:25.

Niba Yezu yiteguriye kutubera umuhuza, ni kubera iki abo mu Biyita Abakirisu bambaza “aberanda” mu bisabisho? Umutohozakahise Will Durant, mu gitabu ciwe (The Age of Faith) arerekana inkomoko y’uwo mugenzo. Naho yerekanye ko Imana Mushoboravyose yatinywa, Yezu na we akaba ari we yasa n’uworoshe gushikira, Durant avuga ati: “Umuntu ntiyubahuka na gato kuvugisha [Yezu] amaso mu yandi kandi yamaze kwirengagiza amajambo yiwe bimwe bishitse. Vyasa n’ibirushirije kuba ibiranga ubukerebutsi gusenga umweranda yaba yaremejwe n’amategeko yuko ari mw’ijuru, no kumwinginga canke kumusaba ngo akubere umukandizi kuri Kirisitu.” Ukwo gutinya gusenga Imana baciye kuri Yezu kwoba kwari ukwumvikana?

Bibiliya itwigisha yuko, biciye kuri Yezu dushobora kuronka “ubushizi bg’ubgoba no gushikīra Imana tuyizigiye,” mw’isengesho tuyitura. (Abanyefeso 3:11, 12) Imana Mushoboravyose ntiri kure y’abantu ku buryo itokwumviriza amasengesho yacu. Dawidi, umwanditsi wa Zaburi yasenganye ukwizigira ati: “Wewe wumva ivyo usabga, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.” (Zaburi 65:2) Yehova, aho kurungika ububasha bwiwe abicishije ku bisigi vy’“aberanda” bapfuye, arasuka impwemu yiwe yera ku bantu bayimusabanye ukwizera. Yezu yazirikanye ati: “Ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?”​—Luka 11:13.

Uruhara Abera Bafise

Abera amakete ya Paulo yandikiwe ubu haraciye ibinjana n’ibindi bapfuye, kandi mu nyuma boronse “igitsibo c’ubu[zima],” ni ukuvuga ukuzukira kuba mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 2:10) Abasavyi ba Yehova Imana baratahura yuko gusenga abo beranda b’ukuri bidashingiye ku Vyanditwe kandi ko bidashobora kubakingira indwara, ivyago vy’ivyaduka, uguhungabana kwo mu vy’ubutunzi, ubusaza canke urupfu. Ku bw’ivyo, ushobora kwibaza uti: ‘Abera b’Imana boba batwitwararika vy’ukuri? Twoba dukwiye kwitega ko hari ikintu bodukorera?’

Abera baradondorwa mu buryo bwibonekeje mu buhanuzi bwanditswe na Daniyeli. Mu kinjana ca gatandatu B.G.C., yareretswe ibintu vy’igitangaza, iranguka ryavyo rikaba ribandanya no muri iki gihe cacu. Ibikoko bine biteye ubwoba vyiburutse biva mu kiyaga vyagereranya intwaro z’abantu, na zo zikaba zidashobora kuronsa umuryango w’abantu ibintu nyakuri ukenera. Daniyeli yaciye abura ati: “Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.”​—Daniyeli 7:17, 18.

Paulo yaremeje iyo “ntoranwa y’abera,” imwe y’ukuba abaraganwa na Kirisitu mw’ijuru. (Abanyefeso 1:18-21, NW) Amaraso ya Yezu yarugururiye inzira abera 144.000 kugira bazurirwe ubuninahazwa mw’ijuru. Intumwa Yohani yavuze iti: “Ūri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.” (Ivyahishuriwe 20:4, 6; 14:1, 3) Mu vyo Yohani yeretswe, yumvise amasinzi y’ibiremwa vyo mw’ijuru biririmbira imbere ya Yezu yaninahajwe biti: “[W]acunguri[ye] Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe, ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi.” (Ivyahishuriwe 5:9, 10) Ese ukuntu bikura amazinda! Yehova Imana ubwiwe yaratoranije abo bagabo n’abagore avyitondeye. Vyongeye, barasukuye ari abizerwa kw’isi, barahangana hafi n’ingorane yose ishikira abantu. (1 Ab’i Korinto 10:13) Ni co gituma dushobora kwizigira yuko abo bera ari bo beranda bazutse, bazoba ari abategetsi bafise ikigongwe n’impuhwe, batirengagiza ubugoyagoye bwacu be n’ubushobozi dufise.

Imihezagiro mu Gihe c’Ubutegetsi bw’Ubwami

Intwaro y’Ubwami vuba igiye guhaguruka kugira ikure kw’isi ububisha bwose n’ugucumukura kwose. Ico gihe, abantu bazokwiyegereza Imana kuruta uko bigeze kubigira. Yohani yanditse ati: “Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.” Ivyo bizozanira imihezagiro itavugwa umuryango w’abantu, kuko nya buhanuzi bubandanya buti: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”​—Ivyahishuriwe 21:3, 4.

Ese ukuntu kizoba ari igihe giteye umunezero! Ibintu bizova mu butegetsi butagira agahaze bwa Kirisitu Yezu na ba bera 144.000 biradondorwa kandi muri aya majambo yanditswe muri Mika 4:3, 4: “[Yehova] azocira imanza amoko menshi, ahane amahanga akomeye ya kure; inkota zabo bazozivunjavunja bazicuremw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjavunja bayakūremw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi. Arik’umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ingabo ari ko kabivuze.”

Ubutumire bwo kuronka kuri iyo mihezagiro butangwa n’abera. Kubera ko aberanda b’ukuri bagereranywa n’umugeni, baguma bavuga bati: “Ngwino.” Icanditswe kirabandanya giti: “Kand’uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubu[zima] ku buntu.” (Ivyahishuriwe 22:17) Mu ‘mazi y’ubuzima’ harimwo n’ibiki? Kimwe muri vyo ni ubumenyi ntagakosa bw’imigambi y’Imana. Mw’isengesho Yezu yatuye Imana, yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Ubwo bumenyi umuntu aburonka biciye ku kwiga Bibiliya ubudahorereza. Ese ukuntu dushobora kunezerwa kuba biciye kw’Ijambo ry’Imana dushobora gutahura akaranga nyakuri k’abera kandi tukamenya ukuntu Imana izobakoresha ku neza yamaho y’umuryango w’abantu!

[Ifoto ku rup. 4]

Paulo yarandikiye aberanda b’ukuri amakete yahumetswe

[Ifoto ku rup. 4, 5]

Intumwa za Yezu z’intahemuka zaracitse aberanda b’ukuri, canke abera b’ukuri

[Ifoto ku rup. 6]

Turashobora gutura isengesho Imana tubigiranye ukwizigira tudakeka, biciye kuri Yezu Kirisitu

[Ifoto ku rup. 7]

Aberanda canke abera bazuwe, bazoba abatware kw’isi bafise imbabazi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika