ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/6 rup. 12-13
  • Twoba dukwiye gusaba aberanda?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twoba dukwiye gusaba aberanda?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE BIBILIYA IBONA IVYO GUSABA ABERANDA
  • WOBA UKWIYE GUTINYA KWIYEGEREZA IMANA?
  • Aberanda b’Ukuri Bashobora Kugufasha Gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Isengesho
    Be maso!—2014
  • Noba nkwiye gusenga aberanda?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/6 rup. 12-13

Twoba dukwiye gusaba aberanda?

NI NDE bitarashika ngo ahagarike umutima bigatuma yumva akeneye umuntu yokwitura ngo amufashe? Bivanye n’icoba kiduhagaritse umutima, hari aho twoshima kwitura umugenzi adutahura kandi azi vyinshi ku bijanye n’ingorane iduhanze. Kuba adutahura no kuba azi vyinshi ku bijanye n’iyo ngorane biratuma aba vy’ukuri umugenzi kirumara.

Hariho ababona ko bakeneye umuntu nk’uyo ku bijanye no gusenga. Aho kwitura Imana, iyo bashobora kubona ko iri hejuru cane kuri bo kandi iteye akoba, boroherwa no kwitura umweranda kanaka. Biyumvira yuko aberanda borushiriza kubatahura kubera ko na bo nyene baciye mu bigeragezo no mu ngorane bishikira abantu. Nk’akarorero, abantu batakaje ikintu gihambaye cane boshobora guhitamwo kwitura “Umweranda” Antoni w’i Padu, uwusanzwe abonwa ko ari we canecane ashinzwe ivyatakaye canke ivyibwe. Iyo igitungwa cabo kirwaye, boshobora kwitura “Umweranda” Fransisko w’i Asizi canke bakitura “Umweranda” Yuda Tadeyo igihe bihebuye.

None twomenya gute nimba kwitura aberanda bihuje n’Ivyanditswe Vyeranda? Kubera yuko amasengesho yacu tuyatura Imana, birumvikana ko twipfuza kumenya nimba Imana yumva amasengesho yacu. Turakwiye kandi kwibaza duti: Imana ibona gute ivyo gusaba aberanda?

INGENE BIBILIYA IBONA IVYO GUSABA ABERANDA

Ivyo gusaba aberanda bishingiye ku nyigisho ya Ekleziya Gatolika ivuga yuko aberanda bashobora kudusabira ku Mana. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (New Catholic Encyclopedia) kivuga yuko iciyumviro nyamukuru co muri iyo nyigisho ari “ugusabirwa imbabazi n’umuntu Imana ibona ko yemerewe kuzisabira uwuzikeneye.” Uwusaba aberanda aba rero yizigiye yuko agirirwa ubwo butoni budasanzwe biciye kuri bo, kubera ikibanza giteye iteka bafise imbere y’Imana.

None Bibiliya yoba yigisha ikintu nk’ico? Hari abavuga yuko iyo nyigisho ishingiye ku vyo intumwa Paulo yanditse. Nk’akarorero, yandikiye abakirisu b’i Roma ati: “Ndabahimiriza rero, bene wacu, biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu no ku rukundo rw’impwemu, ngo mwihate hamwe nanje mu masengesho aturwa Imana ku bwanje.” (Abaroma 15:30) Paulo yoba yariko atura igisabisho abakirisu bagenziwe ngo bamusabire ku Mana? Habe namba. Iyo bija kuba bibereye, ni bo nyabuna bari gutura igisabisho Paulo ngo abasabire ku Mana narirya yari intumwa ya Kristu. Paulo yariko yerekana yuko bibereye gusaba abakirisu bagenzi bacu ngo badusengere. Ariko ivyo biratandukanye cane no gutura isengesho umuntu yitwa ko ari mw’ijuru ngo adusabire ku Mana. Uti kuki?

Mu Njili y’intumwa Yohani, Yezu avuga ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Avuga kandi ati: ‘Ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha.’ (Yohani 15:16) Yezu ntiyavuze ko ari we dukwiye gutura amasengesho maze ngo na we atuvugire ku Mana. Ahubwo riho, kugira ngo amasengesho yacu yumvirwe, dutegerezwa kuyatura Imana biciye kuri Yezu, atari ku wundi muntu n’umwe.

Igihe abigishwa ba Yezu bamusaba ngo abigishe gusenga, yabishuye ati: “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data, izina ryawe niryezwe.’” (Luka 11:2) Ni vyo, “igihe cose” dusenga, dukwiye kwitura Imana yonyene, aho kwitura Yezu canke uwundi muntu. Uravye izo nyigisho za Yezu zitomoye, ntivyumvikana none ko dukwiye gusenga Imana duciye kuri Yezu Kristu aho guca ku bitwa aberanda canke abandi bantu?

Isengesho ni ikintu Imana ibona ko gihambaye cane, kandi biratomoye yuko gusenga uwundi muntu atari Imana bidahuye n’ivyo Bibiliya yigisha. (Yohani 4:23, 24; Ivyahishuwe 19:9, 10) Ni co gituma Imana ari yo yonyene dukwiye gutura amasengesho yacu.

WOBA UKWIYE GUTINYA KWIYEGEREZA IMANA?

Muri ya Nsiguro Yezu yashikiriza ku Musozi, yaratanze akarorero k’umwana asaba se ikintu co gufungura. Ubwo hari se w’umwana yomuha ibuye aho kumuha umukate? Canke akamuha inzoka aho kumuha ifi? (Matayo 7:9, 10) Nta muvyeyi munyarukundo yokwubahuka gukora ikintu nk’ico!

Imana iripfuza ko tuvugana na yo, nka kurya kw’umuvyeyi munyarukundo n’umwana wiwe

Zirikana akarorero gasa n’ako. Dufate ko uri umuvyeyi, umwana wawe akaba afise ikintu yipfuza cane kugusaba. Waritwararitse kugiranira na we ubucuti bwiza kandi wamye uri umuntu yegereka. Yamara, kubera ko atinya ukuntu wovyakira kandi ata mvo afise yo gutinya, aciye aca ku wundi muntu kugira amusabire ico kintu. Wokwiyumva gute? Mbega hoho wovyakira gute hamwe yokwama akuvugisha abicishije gusa kuri uwo muntu, kandi bikaba biboneka ko afise intumbero yo kubandanya abigenza gutyo? Ubwo vyokunezera? Eka ntivyokunezera! Abavyeyi banyarukundo bipfuza ko abana babo babitura batarinze guca ku wundi muntu, ntibitinye kubasaba ikintu cose bakeneye.

Mu kwerekana icigwa kiri muri ako karorero k’umwana asaba imfungurwa, Yezu yabwiye iryo sinzi ati: “Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene So wo mw’ijuru azorushiriza guha ibintu vyiza ababimusaba!” (Matayo 7:11) Birazwi ko umuvyeyi yama afise icipfuzo gikomeye co guha umwana wiwe ibintu vyiza. Icipfuzo Data wa twese wo mw’ijuru afise co kwumviriza no kwishura amasengesho yacu coco kirakomeye cane kuruta ico.

Imana yipfuza yuko tuyitura mw’isengesho tutarinze guca ku wundi muntu naho twoba twumva ducitse intege kubera amakosa yacu. Nta we yashinze kwumviriza amasengesho yacu. Bibiliya iduhimiriza iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.” (Zaburi 55:22) Aho gusaba Imana ducishije ku beranda canke ku wundi muntu, vyoba vyiza turondeye kumenya neza Yehova Imana kugira turushirize kumwiyegereza.

Data wa twese wo mw’ijuru aratwitwararika umwe wese ukwiwe. Aripfuza kudufasha mu ngorane zacu kandi aradutera akamo ngo tumwiyegereze. (Yakobo 4:8) Ese ukuntu bihimbaye kuba dushobora kwiyegereza Imana yacu ikaba na Data wa twese, imwe “[y]umva amasengesho”!—Zaburi 65:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika