Impinduro Yitwa “Septante” Yari Ngirakamaro Muri Kahise Kandi Ni Ngirakamaro mu Gihe ca None
UMUGABO akomeye aturuka muri Etiyopiya yari ku rugendo atahutse avuye i Yeruzalemu. Igihe yari ku rugendo mu mukogote wiwe mu nzira ica mu bugaragwa, yariko asoma n’ijwi rirenga umuzingo wanditsemwo ibintu vy’idini. Insobanuro y’amajambo yariko arasoma, yarakoze ikintu gikomeye kuri we ku buryo ubuzima bwiwe bwaciye buhinduka kuva ico gihe. (Ivyakozwe 8:26-38) Uwo mugabo yariko asoma muri Yesaya 53:7, 8 mu mpinduro ya mbere na mbere ya Bibiliya, ari yo mpinduro y’Ikigiriki yitwa Septante. Iyo mpinduro yaragize uruhara ruhambaye mu gukwiragiza ubutumwa bwa Bibiliya mu binjana n’ibindi, ku buryo yiswe impinduro ya Bibiliya yahinduye isi.
Ni ryari iyo mpinduro yateguwe, kandi yateguwe ibintu vyifashe gute? Ni kubera iki impinduro nk’iyo yari ikenewe? Yagaragaye gute ko ari ngirakamaro mu binjana n’ibindi? Hoba hari ikintu iyo mpinduro ishobora kutwigisha muri iki gihe?
Yateguriwe Abayuda Bavuga Ikigiriki
Mu 332 B.G.C., igihe Alegizandere Mukuru yigarurira Misiri amaze gusangangura igisagara ca Tiro c’Abanyafoyinike, bamwakiriye nk’umurokozi. Aho yarahashinze igisagara citwa Alegizandiriya, kiba ihuriro ry’abaza guca ubwenge mu gihe ca kera. Kubera yari afise icipfuzo co gukwiragiza imico kama y’Abagiriki mu bantu baba mu bihugu yigaruriye, Alegizandere yaratanguje Ikigiriki gisanzwe (citwa koinè) mu karere kose yaganza.
Mu Kinjana ca gatatu B.G.C., igisagara c’i Alegizandiriya cahavuye kibamwo Abayuda benshi. Abayuda benshi, abo inyuma y’uguhabishwa i Babiloni bagiye baragerera hamwe mu turere dusabagiye hirya no hino hanze ya Palesitina, barimukiye i Alegizandiriya. Abo Bayuda bari bazi ururimi rw’Igiheburayo ku rugero rungana iki? Inkoranyabumenyi imwe ya McClintock na Strong ivuga iti: “Birazwi neza yuko inyuma y’aho Abayuda bagarukiye bavuye mu bunyagano i Babiloni, kubera yuko bari baratakaje ku rugero runini ubumenyi bw’ururimi kavukire ari co ca Giheburayo ca kera, ivyasomwa mu bitabu vya Musa mu masinagogi y’i Palesitina barabisobanurirwa mu rurimi rw’Abakaludaya. . . . Abayuda b’i Alegizandiriya kumbure mbere bari bazi Igiheburayo gike kuruta; ururimi bakuriramwo cari Ikigiriki c’i Alegizandiriya.” Bigaragara yuko uko ibintu vyari vyifashe i Alegizandiriya vyatuma bishoboka ko Ivyanditswe vy’Igiheburayo bihindurwa mu Kigiriki.
Arisitobulo, Umuyuda yabayeho mu kinjana ca kabiri B.G.C., yanditse yuko impinduro y’ivyagezwe vy’Igiheburayo yagizwe mu Kigiriki maze irangizwa mu gihe c’ingoma ya Ptolémée Philadelphe (285-246 B.G.C.). Ivyiyumviro biratandukanye ku biraba ico Arisitobulo yashaka kuvuga igihe yavuga ngo “ivyagezwe.” Bamwe biyumvira ko yariko yerekeza gusa kuri vya bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya, mu gihe abandi bavuga yuko yoba yashaka kuvuga Ivyanditswe vy’Igiheburayo vyose uko bingana.
Uko vyoba bimeze kwose, inkuru mpererekano ivuga yuko incabwenge z’Abayuda 72 ari bo bagize uruhara muri iyo mpinduro ya mbere yanditse y’Ivyanditswe vyakuwe mu Giheburayo bishirwa mu Kigiriki. Mu nyuma, hatanguye gukoreshwa igitigiri 70, ni ukuvuga 72 bakuyeko kabiri. Ni co gituma iyo mpinduro yiswe Septante, ibisobanura “70,” ikimenyetso cayo na co kiba LXX, bukaba bwari uburyo Abaroma bandika 70. Mu mpera y’ikinjana ca kabiri B.G.C., ibitabu vyose vy’Ivyanditswe vy’Igiheburayo vyarashobora gusomwa mu Kigiriki. Ni co gituma izina Septante ryahavuye risobanura Ivyanditswe vy’Igiheburayo vyahinduwe mu Kigiriki, vyose uko bingana.
Yari Ngirakamaro mu Kinjana ca Mbere
Iyo mpinduro yarakoreshwa cane n’Abayuda bavuga Ikigiriki imbere y’igihe ca Yezu Kirisitu n’intumwa ziwe, be no mu gihe cabo. Benshi mu Bayuda be no mu bahindukiriye idini y’Abayuda bari batororokaniye i Yeruzalemu ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C. bavuye mu ntara ya Aziya, mu Misiri, muri Libiya, i Roma n’i Kirete, akaba ari intara abantu bavuga Ikigiriki. Bategerezwa kuba bari bafise akamenyero ko gusoma ya mpinduro yitwa Septante. (Ivyakozwe 2:9-11) Ni co gituma iyo mpinduro yakoze ikintu kinini mu gukwiragiza inkuru nziza mu kinjana ca mbere.
Nk’akarorero, igihe umwigishwa Sitefano yariko aganira n’abantu b’i Kurene, b’i Alegizandiriya, b’i Kilikiya n’abo muri Aziya, yavuze ati: “Yosefu atumiza se Yakobo n’abo mu nzu yabo bose, ukw ari mirongwirindwi na batanu.” (Ivyakozwe 6:8-10; 7:12-14) Mu gisomwa c’Igiheburayo, mw’Itanguriro ikigabane ca 46 havuga yuko igitigiri c’incuti za Yozefu cari mirongo indwi. Mugabo, impinduro Septante ikoresha igitigiri mirongo indwi na batanu. Bigaragara yuko Sitefano yavuze ayo majambo ayakuye muri iyo mpinduro.—Itanguriro 46:20, 26, 27.
Igihe intumwa Paulo yagira ingendo muri Aziya Ntoyi no mu Bugiriki mu gihe c’urugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira kabiri n’urugira gatatu, yaramenyesheje inkuru nziza Abanyamahanga benshi batinya Imana n’“[Ab]agiriki [basenga] Imana.” (Ivyakozwe 13:16, 26; 17:4) Abo bantu bari barashitse ku gutinya Imana canke ku kuyisenga, kubera bari bararonse ubumenyi kanaka buyerekeye bivuye kuri iyo mpinduro. Igihe Paulo yamenyesha inkuru nziza abo bantu bavuga Ikigiriki, akenshi yasubiramwo uduce tw’ibiri muri iyo mpinduro canke agatanga ivyiyumviro ku duce twayo.—Itanguriro 22:18, NW, akajambo k’epfo; Ab’i Galatiya 3:8.
Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu bisubiramwo neza na neza Ivyanditswe vy’Igiheburayo incuro 320, kumbure incuro 890 na zo bigashikiriza ivyiyumviro bishingiye ku vyavuzwe muri vyo. Vyinshi muri ivyo bishingiye kuri ya mpinduro Septante. Ico vyavuyemwo ni uko amajambo yakuwe muri iyo mpinduro mugabo atakuwe mu vyandikano vy’Igiheburayo vyandikishijwe iminwe yabaye mu yagize Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu vyahumetswe. Ese ukuntu ico cari ikintu kiri n’ico kivuze! Yezu yari yabuye yuko inkuru nziza y’Ubwami yokwamamajwe kw’isi yose ibako abantu. (Matayo 24:14) Kugira ngo ivyo biranguke, Yehova yoretse Ijambo ryiwe ryahumetswe rigahindurwa mu ndimi zitandukanye zisomwa n’abantu kw’isi yose.
Ni Ngirakamaro Muri Iki Gihe
Impinduro Septante iguma ifise agaciro muri iki gihe, vyongeye irakoreshwa mu gufasha guserura udukosa tw’abimuzi b’igisomwa dushobora kuba twarisobetse mu vyandikano vy’Igiheburayo vyandikishijwe iminwe vyimuwe mu bihe vyakurikiye. Nk’akarorero, inkuru iri mw’Itanguriro 4:8, ivuga iti: “Nuko Kayini abarira Abeli murumuna we, ati Ngo dusohoke tuje mu gahinga. Maze bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli murumuna we, aramwica.”
Amajambo “dusohoke tuje mu gahinga” ntaboneka mu vyandikano vy’Igiheburayo vyandikishijwe iminwe vyo guhera mu kinjana c’icumi G.C. Ariko rero, araboneka mu vyandikano vyandikishijwe iminwe vy’impinduro Septante be no mu bindi vyandikano bikeyi vyo mu ntango. Igisomwa c’Igiheburayo kirimwo amajambo atangurira ivyo kayini yavuze, mugabo amajambo akurikira yavuze ntarimwo. Bishobora kuba vyagenze gute? Mw’Itanguriro 4:8 harimwo ibice vy’iryungane bibiri bikurikirana birangizwa n’imvugo “mu gahinga.” Ya nkoranyabumenyi ya McClintock na Strong ivuga iti: “Ijisho ry’umwimuzi w’Igiheburayo kumbure ryarahenzwe n’uko hari amajambo [asa] . . . arangiza ivyo bice vyompi vy’amungane.” Ku bw’ivyo, umwimuzi ategerezwa kuba yarasimvye aho igice c’iryungane kirangizwa n’imvugo ngo “dusohoke tuje mu gahinga,” giseruka ubwa mbere. Biragaragara yuko impinduro Septante, be n’ibindi vyandikano bikiriho vyandikishijwe iminwe, ishobora kuba ngirakamaro mu kwerekana udukosa turi mu makopi yo mu nyuma y’igisomwa c’Igiheburayo.
Ku rundi ruhande, amakopi y’iyo mpinduro Septante arashobora kubamwo udukosa, bigatuma rimwe na rimwe bikora ku gisomwa c’Igiheburayo kugira ngo bakosore Ikigiriki. Gutyo, kugereranya ivyandikano vy’Igiheburayo vyandikishijwe iminwe hamwe n’Ikigiriki, be no kubigereranya n’impinduro zo mu zindi ndimi, bituma hatorwa udukosa tw’ubuhinduzi be n’ukwihenda kw’abimuzi, bigaca bidusubiriza umutima mu nda yuko Ijambo ry’Imana ryahinduwe ata gakosa kagiyemwo.
Amakopi yuzuye y’impinduro Septante ariho muri iki gihe ni ayo guhera mu kinjana ca kane G.C. Ivyandikano nk’ivyo vyandikishijwe iminwe be n’ayandi makopi yo hanyuma, ntibirimwo izina ry’Imana, Yehova, iryerekanwa na za ndome zine z’Igiheburayo (YHWH). Ahantu hose izo ndome zine ziboneka mu gisomwa c’Igiheburayo, ayo makopi yahasubirije amajambo y’Ikigiriki asobanura ngo “Imana” na “Umukama.” Ariko rero, ibintu vyubuwe muri Palesitina ubu hakaba haciye imyaka 50, vyaragize ico bihishura kuri ico kibazo. Hari umugwi wariko uragira ubushakashatsi mu masenga yo mu micungararo y’inkengera yo mu burengero y’Ikiyaga c’Umunyu, wubuye uduhimbahimba tw’ikizingo c’urushato kirimwo vya bitabu vy’abahanuzi 12 (kuva kuri Hoseya gushika kuri Malaki) vyanditse mu Kigiriki. Izo nyandiko zabonetse ko ari izo hagati y’umwaka wa 50 B.G.C n’uwa 50 G.C. Muri utwo duhimbahimba twa kera, za ndome zine z’Igiheburayo zari zigize izina ry’Imana ntizari zarasubirijwe n’amajambo y’Ikigiriki asobanura ngo “Imana” na “Umukama.” Gutyo, vyari vyemejwe yuko izina ry’Imana ryakoreshwa mu Vyanditswe vyo mu mpinduro Septante yasohowe mu ntango.
Mu mwaka w’1971, harashizwe ku mugaragaro uduhimbahimba tw’ikizingo c’inkorogoto co mu bihe vya kera (ciswe Papyrus Fouad 266). Ivyo bice vy’impinduro Septante vyo mu kinjana ca kabiri canke ca mbere B.G.C., vyahishuye iki? Izina ry’Imana ryarazigamwe no muri vyo. Ivyo bihimba vyo mu ntango vy’impinduro Septante, biratanga ikimenyamenya gikomeye c’uko Yezu n’abigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere bari bazi izina ry’Imana be n’uko barikoresha.
Muri iki gihe, Bibiliya ni co gitabu cahinduwe mu ndimi nyinshi kuruta ibindi vyose vyigeze guhindurwa. Ibice birenga 90 kw’ijana vy’umuryango w’abantu birashobora kuronka n’imiburiburi igice ca Bibiliya mu rurimi bonse. Turakenguruka canecane impinduro itagira agakosa yo mu ndimi za none, ari yo Les Saintes Écritures – Traduction du monde nouveau, ubu iboneka yose uko ingana canke igice mu ndimi zirenga 40. Iyindi nteguro yayo (Les Saintes Écritures – Traduction du monde nouveau – avec notes et références), mu tujambo tw’epfo irimwo amarabiro amajana n’amajana yerekeza kuri ya mpinduro Septante no ku bindi vyandikano vya kera. Emwe, ya mpinduro Septante irabandanya kuba iyishimishije kandi y’agaciro ku batohoji ba Bibiliya bo mu gihe cacu.
[Amafoto ku rup. 26]
Umwigishwa Filipo yarasiguye igisomwa cari casomwe mu mpinduro “Septante”
[Ifoto ku rup. 29]
Intumwa Paulo kenshi yaravuga amajambo akuye mu mpinduro “Septante”