ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 6 rup. 12-14
  • Bibiliya—Kuki hari izitandukanye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya—Kuki hari izitandukanye?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BIBILIYA YO MU NTANGO
  • BIBILIYA Y’IKIGIRIKI YITWA SEPTANTE
  • BIBILIYA Y’IKILATINI YITWA VULGATE
  • BIBILIYA NSHASHA ZIGWIRA
  • Impinduro Yitwa “Septante” Yari Ngirakamaro Muri Kahise Kandi Ni Ngirakamaro mu Gihe ca None
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Vyoba bikenewe ko wiga igiheburayo n’ikigiriki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yehova ni Imana iyaga n’abasavyi bayo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Bibiliya Iva ku Mana Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 6 rup. 12-14
Bibiliya zitandukanye, izacapuwe be n’izo mu buhinga bwa none

Bibiliya kuki ziri kwinshi?

Kubera iki hari ubwoko bwinshi cane bwa Bibiliya muri iki gihe? Woba ubona ko Bibiliya za vuba ziriho kugira zigufashe gutahura Ijambo ry’Imana canke uzibona nk’intambamyi? Kumenya abazishize mu zindi ndimi be n’icatumye babigira, bizogufasha kuzisuzuma witonze.

Ariko none, ni bande banditse Bibiliya ari bwo bwa mbere kandi hari ryari?

BIBILIYA YO MU NTANGO

Mu bisanzwe, Bibiliya igizwe n’ibice bibiri. Igice ca mbere kigizwe n’ibitabu 39 birimwo “amajambo meranda y’Imana.” (Abaroma 3:2) Imana yarahumekeye abagabo b’abizigirwa ngo bandike ivyo bitabu mu kiringo c’imyaka nka 1.100, kuva mu 1513 gushika mu 443 imbere ya Kristu. Ahanini banditse mu giheburayo. Ni co gituma ico gice citwa Ivyanditswe vy’igiheburayo, canke Isezerano rya kera.

Igice ca kabiri kigizwe n’ibitabu 27, na vyo nyene akaba ari “ijambo ry’Imana.” (1 Abatesalonika 2:13) Imana yarahumekeye abigishwa ba Yezu Kristu b’abizigirwa barandika ivyo bitabu mu kiringo kigufi c’imyaka hafi 60, kuva nko mu 41 gushika mu 98 inyuma ya Kristu. Ahanini banditse mu kigiriki. Ni co gituma ico gice citwa Ivyanditswe vy’ikigiriki, canke Isezerano rishasha.

Ivyo bitabu bigize Bibiliya vyose hamwe ni 66, akaba ari ubutumwa Imana yarungikiye abantu. Ariko none ni kubera iki hatunganijwe izindi Bibiliya zitandukanye? Hariho imvo nyamukuru zitatu.

  • Kuronsa abantu Bibiliya mu rurimi kavukire.

  • Gukosora amakosa yashizwemwo n’abimuzi, maze Bibiliya igasubira kuba nk’uko yari mu ntango.

  • Gukuramwo imvugo zataye igihe.

Reka turimbure ukuntu izo mvo zatumye hatunganywa Bibiliya zibiri za kera cane.

BIBILIYA Y’IKIGIRIKI YITWA SEPTANTE

Hagisigaye nk’imyaka 300 ngo Yezu aze kw’isi, incabwenge z’Abayuda zaratanguye gushira Ivyanditswe vy’igiheburayo mu kigiriki. Iyo Bibiliya yabo y’ikigiriki yahavuye yitwa Septante. Kubera iki none yatunganijwe? Kwari ukugira ngo Abayuda bavuga ikigiriki aho kuvuga igiheburayo, bashobore kuguma bisomera “ivyanditswe vyeranda.”​—2 Timoteyo 3:15.

Iyo Bibiliya yitwa Septante yarafashije n’abantu amamiliyoni atari Abayuda bavuga ikigiriki, kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Uti gute? Umuporofeseri yitwa W. F. Howard yavuze ati: “Kuva hagati mu kinjana ca mbere, iyo Bibiliya yacitse iy’ishengero rya gikirisu, iryari n’abamisiyonari bava mw’isinagogi baja mu yindi ‘kugira bemeze bisunze ivyanditswe yuko Mesiya yari Yezu.’” (Ivyakozwe 17:3, 4; 20:20) Umuhinga mu vya Bibiliya yitwa F. F. Bruce na we, avuga ko ico ari kimwe mu vyahavuye bituma Abayuda benshi “bataba bagihurumbira iyo Bibiliya Septante.”

Uko rero abigishwa ba Yezu bagiye bararonka ibitabu bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki, baca babishira hamwe n’ivyari bigize ya Bibiliya Septante y’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Ivyo ni vyo vyahavuye biba Bibiliya yuzuye dufise muri iki gihe.

BIBILIYA Y’IKILATINI YITWA VULGATE

Haciye nk’imyaka 300 Bibiliya imaze kwandikwa, umuhinga mu vy’amadini yitwa Jérôme yarasohoye Bibiliya y’ikilatini yahavuye yitwa Vulgate. None ko hari hasanzwe Bibiliya zitandukanye zo mu kilatini, iyo yindi yari ije gukora iki? Igitabu kimwe (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga ko Jérôme yashaka gukosora “imvugo zitari zo, amakosa agaragara be n’ivyongewemwo canke ivyakuwemwo atari ngombwa.”

Jérôme yarakosoye menshi muri ayo makosa. Ariko mu nyuma, indongozi za ekleziya zarakoze ikibi kibishe! Zavuze ko ya Bibiliya Vulgate yo mu kilatini ari yo gusa yari yemewe, kandi vyagumye ukwo ibinjana n’ibindi! Aho gufasha abantu batobato gutahura Ijambo ry’Imana, iyo Bibiliya Vulgate yatumye ridatahurwa, kubera ko ikilatini cari gisigaye kizwi n’abantu imparurwa.

BIBILIYA NSHASHA ZIGWIRA

Muri ico gihe nyene, abantu bagumye batunganya izindi Bibiliya, nk’imwe izwi cane yo mu gisiriyake yitwa Peshitta yasohowe nko mu kinjana ca gatanu inyuma ya Kristu. Ariko rero, mu kinjana ca 14 ni ho bagize utwigoro dukomeye mu gutuma abantu batobato baronka Bibiliya mu ndimi kavukire.

Mu mpera z’ikinjana ca 14, uwitwa John Wycliffe wo mu Bwongereza yaratanguye urugamba rwo kuvavanura n’indimi zitari zigikoreshwa. Yaciye asohora Bibiliya yo mu congereza, rukaba rwari ururimi abo mu karere iwabo batahura. Bidatevye, ubuhinga Johannes Gutenberg yatanguje bwo gucapura ibitabu, bwaratumye abahinga mu vya Bibiliya bacapura bongera barakwiragiza izindi Bibiliya nshasha mu ndimi zakoreshwa n’abantu benshi hirya no hino i Buraya.

Igihe Bibiliya z’icongereza zarushiriza kugwira, hari abaneguye igikorwa co gutunganya Bibiliya zitandukanye mu rurimi rumwe. John Lewis, umukuru mu vy’idini w’umwongereza wo mu kinjana ca 18, wewe yanditse ati: “Kubera ko ururimi rusaza ntirube rugitahurika, birakenerwa ko Bibiliya za kera zisubirwamwo kugira zikoreshe ururimi rugezweho, maze zitahurwe n’iyaruka rigezweho.”

Ubu abahinga mu vya Bibiliya baroroherwa cane no gusubiramwo Bibiliya za kera. Baratahura cane indimi Bibiliya yanditswemwo kera, kandi barafise ivyandikano kirumara vy’iminwe vya kera vya Bibiliya biherutse kwuburwa. Ivyo rero biratuma bashobora kumenya igisomwa ca Bibiliya co mu ntango ata kwihenda.

Ni vyiza rero kuba dufise izindi Bibiliya nshasha. Ego ni ko turakwiye kuba maso kuri zimwe muri zo.a Ariko rero, igihe abasubiyemwo Bibiliya kanaka baba babitumwe n’urukundo nyakuri bakunda Imana, turashobora kwungukira cane ku gikorwa cabo.

Urashobora gusoma Bibiliya yo mu rurimi rwawe kuri internet canke ku kuma kawe ngendanwa. Nuje kuri www.pr418.com, uce ahavuga ngo IVYASOHOWE > BIBILIYA.

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Wohitamwo gute impinduro nziza ya Bibiliya?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2008.

IZINA RYERANDA RY’IMANA MURI BIBILIYA

Izina ry’Imana riri ku dupande tw’icandikano c’iminwe co mu gihe ca Yezu, cavuye muri Bibiliya yitwa Septante

Izina ry’Imana riri ku gipande c’icandikano c’iminwe ca ya Bibiliya Septante co mu gihe ca Yezu

Bibiliya y’isi nshasha irakoresha izina ryeranda ry’Imana Yehova mu Vyanditswe vy’igiheburayo no mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Bibiliya nyinshi zo muri iki gihe zozo ntizirikoresha. Usanga zikoreshereza “Uhoraho” canke “Umukama.” Hari abahinduzi bavuga ko imvo imwe ituma babigenza gutyo ari uko izina ry’uruharo ry’Imana ari ryo Yehova, irigizwe n’indome zine z’igiheburayo (YHWH), ritigera riboneka muri ya Bibiliya y’ikigiriki Septante igizwe n’Ivyanditswe vy’igiheburayo. None ukwo ni ukuri?

Kuva mu 1940 gushika mu 1950, hari ibipandepande vya ya Bibiliya Septante vyo mu gihe ca Yezu vyubuwe. Birimwo izina ryeranda ry’Imana ryanditswe mu ndome z’igiheburayo. Biboneka ko mu nyuma, abimuzi bakuyemwo iryo zina ry’Imana barisubiriza ijambo ry’ikigiriki Kyʹri·os risobanura ngo “Umukama.” Mugabo Bibiliya y’isi nshasha irasubiza izina ry’Imana aho rikwiye kuba riri hose mu Vyanditswe.

BIBILIYA YOBA YARAGORETSWE?

Umuzingo wa Yesaya wo ku Kiyaga c’Umunyu

Umuzingo wa Yesaya wo ku Kiyaga c’Umunyu umaze imyaka 2000. Urahuye cane na Bibiliya yo muri iki gihe

Mu bisanzwe abimuzi ba Bibiliya barashizemwo amakosa. Ariko nta na rimwe muri ayo makosa ryagoretse Bibiliya. Igitabu kimwe (Our Bible and the Ancient Manuscripts) kigira giti: “Nta nyigisho nyamukuru ya gikirisu n’imwe igishingiye ku mpari z’abasomyi.”

Abimuzi b’Abayuda bakoze amakosa make abaho. Igitabu kimwe (Second Thoughts on the Dead Sea Scrolls) kigira giti: “Abimuzi b’Abayuda bo mu binjana vyo mu ntango y’ubukirisu, barimura bagasubira bakimura igisomwa ca Bibiliya c’igiheburayo n’ubwizigirwa ntangere.”

Nk’akarorero, umuzingo wa Yesaya basanze muri ya mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu, urusha imyaka 1.000 ibisomwa vyari bisanzwe biriho. None uhuriye he n’igisomwa dufise ubu? Igitabu kimwe (The Book. A History of the Bible) kigira giti: “Ni gake cane usanga amajambo yapfuye kwongerwamwo canke gukurwamwo.”

Amakosa y’abimuzi basamara, nko guhindura ikibanza c’indome, c’amajambo canke amungane, ubu aroroshe gutora no gukosora. Igitabu kimwe (The Books and the Parchments) kigira giti: “Kw’isi nta bisomwa vya kera na bimwe vyoronka ibintu vyinshi bibishigikira ukuraho nk’Isezerano rishasha.”

Ikindi gitabu (The Book. A History of the Bible) kigira giti: “Abemera bagifise amakenga bohumurizwa cane n’ukuntu ivyandiko vya Bibiliya vyo ku nkorogoto vya kera mu Misiri, bihuza cane n’igisomwa dufise ubu caciye mu minwe y’abimuzi n’abacapuzi badaharurika b’i Buraya.”

None Bibiliya yoba yaragoretswe? Uwokubesha!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika