Kurerera Abana mu Kindi Gihugu, Ingorane be n’Ivyiza Birimwo
ABANTU amamiliyoni barimuka bakava mu gihugu cabo c’amavukiro bizigiye yuko bagiye kubaho neza mu kindi gihugu bagiyemwo. Uburaya ubu buhaye indaro abantu barenga imiliyoni 20 bimukiyeyo, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zihaye indaro abantu barenga imiliyoni 26 bavukiye mu bindi bihugu, mu gihe ibice birenga 21 kw’ijana vy’abanyagihugu bo muri Ostraliya bavukiye mu bindi bihugu. Akenshi, iyo miryango ija kugerera mu bindi bihugu itegerezwa kwihata kugira ngo imenye ururimi rushasha kandi igategerezwa kugira ivyo ihindura kugira ihuze n’imico kama mishasha.
Akenshi, abana baramenya ningoga ururimi rw’ico gihugu gishasha bagiyemwo, maze bagatangura kwiyumvira muri urwo rurimi rushasha. Ku bavyeyi babo, bishobora gutwara igihe kirekire. Mu gihe abana bakuriye mu gihugu kitari igihugu c’amavukiro c’abavyeyi babo, ingorane z’ururimi zishobora gutuma uguseruriranira akari ku mutima hagati y’abavyeyi n’abana babo biba ingorane, na zo ugasanga ntivyoroha kuzitorera umuti.
Ururimi rushasha si rwo gusa rugira ico rukoze ku buryo abana biyumvira, ahubwo n’imico kama y’igihugu gishasha irashobora kandi kugira ico ikoze ku buryo biyumva. Abavyeyi bashobora gusanga inyifato abana babo bagira igoye gutahura. Ni co gituma abavyeyi bagerereye mu kindi gihugu bariko bagerageza kurera abana babo “[ba]bahana [ba]bahanūra, uk’Umwami wacu agomba” bahangana n’ingorane zidasanzwe.—Abanyefeso 6:4.
Ingorane yo Gushikira Umuzirikanyi n’Umutima
Abavyeyi bakirisu barafise icipfuzo be n’ibanga vyo kwigisha abana babo “ururimi rut[yoro]ye” rwerekeye ukuri kwa Bibiliya. (Zefaniya 3:9) Yamara, nimba abana bafise gusa ubumenyi bukeyi bw’ururimi rw’abavyeyi babo, kandi nimba abavyeyi badashoboye ubwabo kuvuga neza mu rurimi abana babo bamenyereye, boshobora bate kwinjiza ivyagezwe vya Yehova mu mitima y’abana babo? (Gusubira mu Vyagezwe 6:7) Abana boshobora gutahura amajambo abavyeyi babo bavuga, mugabo nimba ibiriko biravugwa bidashikira imitima, abana bashobora gucika nka bakavantara mu nzu iwabo bwite.
Pedro na Sandra barimukiye muri Ostraliya bavuye muri Amerika yo mu Bumanuko, kandi barahanganye n’iyo ngorane mu gihe barera abahungu babo babiri b’imiyabaga.a Pedro avuga ati: “Igihe uvuga ivyerekeye ibintu vy’impwemu, umutima n’inyiyumvo birajamwo. Urakeneye guserura ivyiyumviro birushirije kuba ivyimbitse kandi bifise ikintu kinini bivuze kuruta, ari na co gituma bikenewe ko umuntu amenya amajambo menshi y’ururimi.” Sandra yongerako ati: “Nimba abana bacu badatahura bimwe bishitse ururimi rwacu kavukire, ico gihe ubuzima bwabo bwo mu vy’impwemu bwoshobora kumererwa nabi. Bashobora kutiyumvamwo ukuri, ntibatahure ingingo ngenderwako nyamukuru ziri mu vyo bariko bariga. Ubukerebutsi bwabo bwo mu vy’impwemu bwoshobora kunyohwa, maze ubucuti bafitaniye na Yehova bugashobora kumererwa nabi.”
Gnanapirakasam na Helen bimukiye mu Budagi bavuye muri Sri Lanka maze ubu bakaba bafise abana babiri. Biyemerera ibi: “Twiyumvira ko bihambaye cane yuko abana bacu bavuga ururimi rwacu kavukire mu gihe biga Ikidagi. Birahambaye kuri bo ko bashobora kuduserurira inyiyumvo zabo, kuvuga ata kurya umunwa kandi bagaserura ibiri muri bo.”
Miguel na Carmen, abimukiye muri Ostraliya bavuye mu gihugu ca Uruguay, bavuga bati: “Abavyeyi bari mu bintu nk’ivyo turimwo bategerezwa gukora cane. Bategerezwa kwiga ururimi rushasha neza ku buryo bashobora gutahura no gusigura ibintu vy’impwemu muri urwo rurimi eka kandi no kwigisha abana babo kumenya neza ururimi rw’abavyeyi.”
Ingingo Umuryango Ufata
Ikintu gihambaye ku bijanye n’amagara yo mu vy’impwemu y’umuryango uwo ari wo wose wagerereye mu kindi gihugu ni ugufata ingingo yerekeye ururimi uwo muryango uzokoresha kugira ‘wigishwe na Yehova.’ (Yesaya 54:13) Niba ishengero rikoresha ururimi kavukire rw’uwo muryango riri hafi y’aho, uwo muryango ushobora guhitamwo gushigikira iryo shengero. Ku rundi ruhande, bashobora guhitamwo kuja mw’ishengero rikoresha ururimi ruvugwa n’abantu benshi bo muri ico gihugu bagerereyemwo. Ni ibintu ibihe bazokwisunga mu gufata iyo ngingo?
Demetrios na Patroulla, abimukiye mu Bwongereza bavuye muri Chypre, maze bakaharerera abana batanu, barasigura ikintu bisunze mu gufata ingingo bati: “Mu ntango, umuryango wacu waja mw’ishengero rikoresha Ikigiriki. Naho ivyo vyadufashije cane twebwe abavyeyi, vyarabereye intambamyi ugukura kwo mu vy’impwemu kw’abana bacu. Naho bari bafise ubumenyi bw’ishimikiro bw’ururimi rw’Ikigiriki, bari bafise ingorane yo gutahura ibintu vy’ido n’ido vyo mu vy’impwemu bigera ibwina. Ivyo vyagaragariye ku kuntu iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu ryagenda buhorobuhoro ugereranije. Uko twari tugize umuryango, twarimukiye mw’ishengero rikoresha Icongereza, kandi ingaruka nziza vyagize ku bana bacu zisa n’izaciye zigaragaza ubwo nyene. Barakomejwe mu vy’impwemu. Ingingo yo kwimuka ntiyari iyoroshe, mugabo ku bitwerekeye, vyarabonetse ko ari iyiranga ubukerebutsi.”
Umuryango wagumye utahura ururimi kavukire rw’abavyeyi kandi waraharonkeye ivyiza vyinshi. Abana babo bavuga bati: “Kumenya indimi nyinshi ni kirumara. Naho Icongereza ari rwo rurimi rwacu rwa mbere, twasanze ko kuba tuzi Ikigiriki vyatumye ubucuti bw’umuryango bukomera kandi buguma ari ubwa hafi, canecane kuri ba sogokuru na ba nyogokuru. Vyatumye kandi turushiriza kugirira impuhwe abavuye mu bindi bihugu, biranaduha icizigiro c’uko twari gushobora kwiga urundi rurimi. Ni co gituma tumaze gukura umuryango wacu wimutse kugira uje gufasha ishengero rikoresha Ikinyalubaniya.”
Christopher na Margarita na bo nyene bimukiye mu Bwongereza bavuye muri Chypre maze baharerera abana batatu. Bahisemwo gushigikira ishengero rikoresha Ikigiriki. Umuhungu wabo Nikos ubu akora ari umukurambere mw’ishengero rikoresha Ikigiriki, yibuka ibi: “Twararemeshejwe kwifatanya n’ishengero ryari riherutse gushingwa rikoresha Ikigiriki. Umuryango wacu wabibonye ko ari igikebere ushinzwe co mu vya gitewokarasi.”
Margarita avuga ati: “Igihe abahungu bacu babiri bari bamaze gushikana umwe imyaka indwi uwundi imyaka umunani y’amavuka, baciye binjira mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. Bwa bavyeyi, hari ukuntu twitwararika ivy’uko batatahura cane Ikigiriki. Ariko rero, ikigabu cose bashinzwe caba ari ikintu gitegerezwa kurangurwa n’umuryango, kandi twaramara amasaha menshi tubafasha gutegura insiguro zabo.”
Umukobwa wabo Joanna avuga ati: “Ndibuka dawe ariko atwigisha Ikigiriki mu kwandika urutonde rw’indome zigize ururimi ku kibaho i muhira, kandi twategerezwa kuziga mu buryo bunogangije. Abantu benshi bamara imyaka n’imyaka biga ururimi, mugabo, tubifashijwemwo na mawe be na dawe, twaramenye Ikigiriki bitarinze kudutwara umwanya munini cane.”
Imiryango imwimwe ihitamwo gushigikira ishengero rikoresha ururimi rwabo kavukire kubera yuko abavyeyi bumva ko kugira batsimbataze “[ugutahura] ivy’impwemu” bongere batere imbere, bakeneye kwigishwa mu rurimi rwabo kavukire. (Ab’i Kolosayi 1:9, 10; 1 Timoteyo 4:13, 15) Canke nya muryango ushobora kubona ko ubuhanga bafise mu rurimi rwabo ari kirumara kugira bafashe kwiga ukuri abandi bimutse bava mu bindi bihugu aho bavuga ururimi rwabo.
Ku rundi ruhande, umuryango ushobora kwumva yuko vyowubera kirumara cane ugiye mw’ishengero rikoresha ururimi ruvugwa cane muri ico gihugu bagerereyemwo. (Ab’i Filipi 2:4; 1 Timoteyo 3:5) Serugo amaze kuganira ico kintu n’umuryango, ategerezwa guca afata ingingo abishize no mw’isengesho. (Abaroma 14:4; 1 Ab’i Korinto 11:3; Ab’i Filipi 4:6, 7) Ni inama izihe zoshobora gufasha iyo miryango?
Inama Ngirakimazi Zimwezimwe
Pedro na Sandra bamaze kuvugwa, bavuga bati: “Dufise itegeko ryo kuvuga Igisupanyoli gusa i muhira kugira turabe neza yuko ururimi rwacu kavukire tutorwibagira. Ni itegeko rigoye kugenderako, kubera yuko abahungu bacu bazi ko dutahura Icongereza. Mugabo, iyo tutagendera kuri iryo tegeko, bari gushobora kwibagira Igisupanyoli ningoga.”
Miguel na Carmen bavuzwe muri iki kiganiro, bahanura ibi: “Nimba abavyeyi barongora inyigisho y’umuryango idahorereza kandi ku musi ku musi bakaganira ku canditswe c’umusi mu rurimi rwabo kavukire, ico gihe abana bazomenya vyinshi uretse ibintu vy’ishimikiro bigize nya rurimi: bazomenya guserura ivyiyumviro vyo mu vy’impwemu muri urwo rurimi.”
Miguel kandi atanga iyi nama: “Nutume ugushinga intahe kuba uguhimbaye. Icibare cacu kigizwe n’igice kitari gito c’igisagara kinini, kandi umwanya munini tuwumara turiko tugenda n’umuduga kugira tumenye aho abantu bavuga ururimi rwacu baba. Uwo mwanya tuwukoresha mu gukina udukino two muri Bibiliya no mu kuvuga ivyerekeye ibintu bihambaye. Ndagerageza gutegekanya ingendo zo gushinga intahe kugira ngo dushobore kugira amasubirayo kirumara menshi. Hanyuma ku mpera y’umusi, abana baba bagize uruhara n’imiburiburi mu kiyago kimwe kiri n’ico kivuze.”
Ingorane y’Ukudahuza Imico Kama
Ijambo ry’Imana riremesha abakiri bato riti: “Mwana wanje, umva inyigisho ya so, kandi ntute ibgirizwa rya nyoko.” (Imigani 1:8) Ariko rero, ingorane zirashobora kuhaba igihe uburyo bwo gutoza indero serugo afatirako be n’“ibgirizwa” inarugo atanga bigirwa hisunzwe imico kama itandukanye n’iyo abana babo barimwo.
Ego ni ko, serugo ni we ashinga ukuntu azohagarikira urugo rwiwe bwite, kandi ntakwiye kwoshwa n’iyindi miryango mu buryo burenze urugero. (Ab’i Galatiya 6:4, 5) Naho biri ukwo, uguseruriranira akari ku mutima kwiza hagati y’abavyeyi n’abana gushobora gutuma birushiriza kworohera abavyeyi kwemera imico kama mishasha.
Ariko rero, myinshi mu mico kama canke ingeso bigwiriye mu bihugu biteye imbere ni ivyonona amagara yo mu vy’impwemu y’Abakirisu. Ubushegabo, umwina be n’ukugarariza usanga akenshi biremeshwa biciye mu miziki be no mu kwisamaza bikundwa n’abantu benshi. (Abaroma 1:26-32) Abavyeyi bakirisu ntibakwiye kwirengagiza ibanga bafise ryo gukontorora imiziki be n’ivy’ukwinezereza abana babo bahitamwo ngo ni uko gusa nya bavyeyi bafise ingorane yo gutahura urwo rurimi. Bategerezwa gushinga inyobozo zishikamye. Yamara, ivyo bishobora gutera ingorane.
Carmen avuga ati: “Kenshi ntidutahura amajambo ari mu muziki abana bacu bumviriza. Nya muziki ushobora kuba wumvikana ko uhibongojwe neza, mugabo niba amajambo afise insobanuro zibiri canke niba harimwo imvugo mbi zirimwo ubushegabo, ntitwobimenya.” None bashoboye gute guhangana n’ivyo bintu? Miguel avuga ati: “Turamara umwanya munini twigisha abana bacu ivyerekeye ingeramizi ziri mu miziki y’ubushegabo, maze tukagerageza kubafasha guhitamwo umuziki Yehova yokwemera.” Vyemere, kuba maso no kugira ibitegereka birakenewe kugira ngo ushobore guhangana n’ukudahuza imico kama.—Gusubira mu Vyagezwe 11:18, 19; Ab’i Filipi 4:5.
Ukuronka Ivyiza
Kurerera abana mu kindi gihugu bisaba umwanya n’akigoro vyiyongereye. Ivyo nta wobiharira. Mugabo abavyeyi n’abana bompi barashobora kuharonkera ibindi vyiza kubera akigoro bagira.
Azzam n’umukenyezi wiwe Sara bimukiye mu Budagi bavuye muri Turukiya, bakaba baharereye abana batatu. Umuhungu wabo w’imfura ubu akorera ku biro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Selters mu Budagi. Azzam avuga ati: “Inyungu nini abana baronka ni uko bashobora gutsimbataza kamere kirumara muri iyo mico kama yompi.”
Antonio na Lutonadio bimukiye mu Budagi bavuye muri Angola, bakaba baharereye abana icenda. Umuryango uvuga Ilingala, Igifaransa n’Ikidagi. Antonio avuga ati: “Ubushobozi umuryango wacu ufise bwo kuvuga indimi zitandukanye burawufasha gushinga intahe ku bantu bava mu bihugu vyinshi. Ivyo biraturonsa agahimbare kenshi koko.”
Abana babiri b’umugabo n’umugore bo mu Buyapani, abo bana bakaba bimukiye mu Bwongereza bumva ko ari inyungu nini kuba bazi Ikiyapani be n’Icongereza. Umutoyi avuga ati: “Kumenya indimi zibiri vyaramfashije kuronka akazi. Twarungukiye ku mahwaniro maninimanini yakoresha Icongereza. Muri ico gihe nyene, turafise agateka ko gukorera mw’ishengero rikoresha Ikiyapani, ahakenewe gukorerwa cane kurusha ahandi.”
Urashobora Kwererwa
Kurera abana mu gihe uba mu bantu mudasangiye imico kama ni ingorane abasavyi b’Imana bahanganye kuva mu bihe vya Bibiliya. Abavyeyi ba Musa barerewe, naho yarerewe mu Misiri. (Kuvayo 2:9, 10) Abayuda batari bake bari bajanywe inyagano i Babiloni barareze abana bari bafise umutima ukunze wo gusubira i Yeruzalemu kugira bahagarukane ugusenga kw’ukuri.—Ezira 2:1, 2, 64-70.
Cokimwe no muri kino gihe, abavyeyi bakirisu barashobora kwererwa. Boshobora kuronka impera yo kwumva abana babo bavuga ivyo umugabo n’umugore wiwe bumvise abana babo bavuga bati: “Turi umuryango ufatanye mu nda cane kubera ubwitwararitsi buranga urukundo dawe na mawe bagize, abo twagumye duseruriranira neza akari ku mutima. Turahimbawe kuba turi mu bagize umuryango ukwiye kw’isi yose uriko usukurira Yehova.”
[Akajambo k’epfo]
a Amazina amwamwe yarahinduwe.
[Ifoto ku rup. 24]
Kuvuga mu rurimi rwanyu kavukire gusa i muhira bituma abana banyu bagira ubumenyi bw’ishimikiro bw’urwo rurimi
[Ifoto ku rup. 24]
Ururimi muhurizako rurazigama ubucuti hagati y’abuzukuru be na ba sekuru na ba inakuru babo
[Ifoto ku rup. 25]
Kwigana Bibiliya n’abana banyu biratsimbataza “[ugutahur]a ivy’impwemu”