Ntiduhebe Gukoranira Hamwe
Ivyanditswe bivuga biti: “Twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.” (Abaheburayo 10:25) Abasavyi b’ukuri biragaragara ko bategerezwa guhurira hamwe mu kibanza co gusengeramwo kugira ngo “[ba]rwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza.”—Abaheburayo 10:24.
IGIHE intumwa Paulo yandika ayo majambo duhejeje kuvuga mu kinjana ca mbere mu Gihe Cacu, urusengero ruteye igomwe rw’i Yeruzalemu ni rwo rwari ikibanza Abayuda basengeramwo. Hariho kandi amasinagogi. Yezu yahora “[y]igishiriza mu masinagogi no mu rusengero ah’Abayuda bose bakoranira.”—Yohana 18:20.
Ni ibibanza bwoko ki vyo gukoraniramwo Paulo yari afise mu muzirikanyi igihe yakebura Abakirisu gukoranira hamwe kugira ngo baremeshanye? Mbega inyubakwa amahero z’idini z’Abiyita Abakirisu zoba zihuye n’uko urusengero rw’i Yeruzalemu rwari rutunganijwe? Ni ryari abivuga ko ari Abakirisu batanguje inyubakwa amahero z’idini zikwegera?
‘Inzu Yitirirwa Izina ry’Imana’
Inyobozo za mbere zijanye n’ikibanza co gusengeramwo Imana tuzisanga mu gitabu ca Bibiliya co Kuvayo. Yehova Imana yategetse igisata ciwe yitoranirije, ari bo Bisirayeli, kwubaka “ihema” canke “ihema ry’ibonaniro.” Isandugu y’isezerano be n’ibikoresho vyeranda bitandukanye ni ho vyategerezwa kubikwa. “Ubgiza bg’Uhoraho bg[ar]uz[uye] [mw i]hema ry’imbere” rimaze kurangira mu 1512 B.G.C. Iryo hema bimukana, ryakora bwa muce nyamukuru w’indinganizo Imana yagize yo kuyiyegereza mu binjana birenga bine. (Kuvayo, ikigabane ca 25-27; 40:33-38) Bibiliya kandi yerekeza kuri iryo hema bwa “rusengero rw’Uhoraho” be n’“ingoro y’Uhoraho.”—1 Samweli 1:9, 24.
Mu nyuma, igihe Dawidi yari umwami i Yeruzalemu, yaraseruye icipfuzo gikomeye yari afise co kwubaka inzu yokwamye ininaharizwamwo Yehova. Ariko rero, kubera ko Dawidi yari yahoze ari umuntu arwana intambara, Yehova yamubwiye ati: “Ntuzokwubakira ingoro izina ryanje.” Mu gishingo ciwe, yahisemwo Salomo umuhungu wa Dawidi kugira ngo yubake urwo rusengero. (1 Ngoma 22:6-10) Salomo yinjiye urwo rusengero mu 1026 B.G.C., inyuma y’ikiringo c’imyaka indwi n’igice cari kihaciye rwubakwa. Yehova yarashimye iyo nyubakwa, mu kuvuga ati: “Nejeje iyi ngoro wubakiye izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose; nzoyihozakw amaso n’umutima na ntaryo.” (1 Abami 9:3) Igihe cose Abisirayeli bogumye ari abizerwa, Yehova yogumye araba ryiza iyo ngoro. Ariko rero, baramutse bakebeje bakareka gukora ibigororotse, Yehova ntiyogumye araba ryiza ico kibanza, kandi ‘iyo ngoro yocitse ibirundo vy’amasakamburira.’—1 Abami 9:4-9, NW; 2 Ngoma 7:16, 19, 20.
Haciye igihe, Abisirayeli barakebeje bata ugusenga kw’ukuri. (2 Abami 21:1-5) “Ni co catumye [Yehova] abatēza umwami w’Abakaludaya . . . [ag]aturira n’ingoro y’Imana, [ag]asangangura n’uruzitiro rw’amabuye rw’i Yerusalemu, [ag]aturira n’ingoro zaho zose, [ak]īca n’ivyiza-vyiza vyaho vyose. Abācitse bagakira inkota, uwo mwami abajana i Babuloni, abagira abaja biwe n’ab’abahungu biwe.” Twishimikije Bibiliya, ivyo vyabaye mu 607 B.G.C.—2 Ngoma 36:15-21; Yeremiya 52:12-14.
Nk’uko vyari vyarabuwe n’umuhanuzi Yesaya, Imana yarahagurukije Umwami Kuro w’i Buperesi kugira ngo abohoze Abayuda, abakure mu bubasha bwa Babuloni. (Yesaya 45:1) Inyuma y’imyaka 70 bamaze mu buhabisho, baragarutse i Yeruzalemu mu 537 B.G.C. kugira basubire kwubaka urusengero. (Ezira 1:1-6; 2:1, 2; Yeremiya 29:10) Haraheze igihe kirekire urwo rusengero rwubakwa, amaherezo rurarangira mu 515 B.G.C., maze ugusenga Imana gutyoroye guca kuragarukanwa. Naho rutari rushajije nk’urusengero rwa Salomo, iyo nyubakwa yamaze nk’imyaka 600. Ariko rero, vyarabaye nkenerwa ko urwo rusengero na rwo nyene rusanurwa kubera Abisirayeli bafashe minenegwe ugusenga Yehova. Igihe Yezu Kirisitu yaboneka kw’isi, urwo rusengero rwariko rurasubira kwubakwa buhorobuhoro n’Umwami Herode. Ni ibiki vyoshikiye urwo rusengero?
“Ntihazosigazwa Ibuye Rigeretse ku Rindi”
Mu kuvuga ivy’urusengero rw’i Yeruzalemu, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.” (Matayo 24:1, 2) Mu buryo buhuje n’ayo majambo, ikibanza cari kizwi mu binjana n’ibindi ko ari co cicaro gikuru co gusengeramwo Imana carasanganguwe mu 70 G.C. n’inteko z’Abaroma zaje kurangiza ubugarariji bw’Abayuda.a Urwo rusengero ntirwigeze rusubira kwubakwa. Mu kinjana kigira indwi, urusengero rw’Abisilamu ruzwi ko ari Dôme du Rocher rwarubatswe, kandi gushika n’ubu ruracari hamwe Abayuda bahora basengera.
Abayoboke ba Yezu bari gusengera hehe? Abakirisu bo mu ntango bamuka mu Bayuda boba bari kubandanya gusengera Imana ku rusengero rwari rugiye gusangangurwa? Abakirisu batari Abayuda bosengeye Imana hehe? Inyubakwa z’idini z’Abiyita Abakirisu zoba zari gukoreshwa mu gishingo c’urwo rusengero? Ikiganiro Yezu yagiranye na wa Musamariyakazi kiratuma dutahura ico kintu.
Abasamariya bamaze ibinjana n’ibindi basengera Imana ku rusengero runini rwo ku Musozi Gerizimu i Samariya. Nya Musamariyakazi yabwiye Yezu ati: “Ba sogokuruza bacu bāsengera kur’uyu musozi, ariko mweho mugira ngw i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.” Mu kwishura, Yezu yavuze ati: “Nyizera nyina wanje; igihe kija kuza, si kur’uyu musozi cank’i Yerusalemu muzosengera Data.” Urusengero nya rusengero ntirwobaye rugikenewe mu gusenga Yehova, kubera yuko Yezu yasiguye ati: “Imana ni [im]pwemu, kand’abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.” (Yohana 4:20, 21, 24) Intumwa Paulo mu nyuma yabwiye Abanyatenayi ati: “Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, iyo, kukw ari yo Mwami w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zubatswe n’amaboko.”—Ivyakozwe 17:24.
Biragaragara ko inyubakwa z’idini z’Abiyita Abakirisu ata sano zifitaniye n’indinganizo y’urusengero yo mu Kiringo c’Imbere y’Ubukirisu. N’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere nta mvo bari bafise yo kwubaka ibibanza nk’ivyo. Ariko rero, intumwa zimaze gupfa, ugukevya bagata inyigisho z’ukuri ari bwo buhakanyi kwari kwarabuwe, kwaradutse. (Ivyakozwe 20:29, 30) Imyaka itari mike imbere yuko Umwami w’Abami w’Umuroma Konsitantino avugwa ko yahindukiriye Ubukirisu mu 313 G.C., abivugisha ko ari Abakirisu bari baratanguye gutera ibitugu ivyo Yezu yari yarigishije.
Konsitantino yaragize ico aterera mu kuvanga “Ubukirisu” n’idini ya gipagani y’Abaroma. Igitabu kimwe (The Encyclopædia Britannica) kivuga giti: “Konsitantino ubwiwe yategetse ko hubakwa amasengero amahero atatu y’Abakirisu i Roma: isengero yitiriwe Petero Mweranda, isengero y’Inyuma y’Impome yitiriwe Paulo Mweranda be n’isengero yitiriwe Yohani Mweranda i Latran. Yaracapuye . . . umugero w’inyubako, uwo amasengero yo mu Buraya bwo mu Burengero yahavuye afatirako mu Kiringo cose co hagati y’ikinjana ca 5 gushika mu ca 15.” Isengero yitiriwe Petero Mweranda y’i Roma yasubiye kwubakwa iracafatwa ko ari yo ntimatima ya Ekeleziya Gatolika ya Roma.
Umutohozakahise Will Durant avuga ati: “Ekeleziya yakurikiye imigenzo y’ivy’idini imwimwe be n’uburyo bwo gusenga bumwebumwe vyari bigwiriye muri Roma [y’Abapagani] y’imbere y’Ubukirisu.” Ivyo vyarimwo “inyubako y’urusengero.” Guhera mu kinjana ca 10 gushika mu ca 15, harabaye iyongerekana mu vy’ukwubaka amasengero n’amakatederale, ikintu cashimikwako cane ikaba yari inyubako. Ico ni co gihe nyinshi mu nyubakwa amahanga z’Abiyita Abakirisu zatanguriyeko, ubu zifatwa ko ari ivyibutso bihinguwe.
Abantu boba nantaryo bama baronkera ukuruhurirwa be n’indemesho vyo mu vy’impwemu mu gusengera mu rusengero? Francisco wo muri Berezile avuga ati: “Kuri jewe, isengero cari ikigereranyo c’ibintu vyose bitera ubuyega kandi biruhisha mw’idini. Imisa cari ikintu ata co kivuze, ibirori vyama ari vya bindi, nta kintu na kimwe vyakora kugira ngo bindonse ivyo numva ko nkeneye koko. Irangiye numva nduhutse.” Ariko rero, abizera b’ukuri bategekwa gukoranira hamwe. Ni indinganizo iyihe ijanye n’amakoraniro bakwiye gukurikira?
“Ishengero ryo mu Nzu Yabo”
Uburyo Abakirisu bokurikiza mu vyo gukoranira hamwe twobumenya twihweje ukuntu abemera bo mu kinjana ca mbere bakorana. Ivyanditswe vyerekana yuko akenshi bakoranira hamwe mu mazu y’abantu. Nk’akarorero, intumwa Paulo yanditse ati: “Muntahirize Purisikila na Akwila abākoranye nanje muri Kristo Yesu. Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo.” (Abaroma 16:3, 5; Ab’i Kolosayi 4:15; Filemoni 2) Ijambo ry’Ikigiriki rikoreshwa kw’“ishengero” (ek·kle·siʹa) rihindurwa ngo “ekleziya” mu mpinduro zimwezimwe z’Ikirundi, nk’Ubwuzure Bushasha. Mugabo iryo jambo ryerekeza ku mugwi w’abantu bakoraniye hamwe bafise umugambi umwe, ntiryerekeza ku nyubakwa. (Ivyakozwe 8:1; 13:1) Ugusenga Abakirisu b’ukuri bagira ntigusaba ko barinda kugira inyubakwa z’idini zisharijwe.
Amakoraniro yarongorwa gute mu mashengero ya gikirisu yo mu ntango? Umwigishwa Yakobo akoresha imero y’ijambo ry’Ikigiriki sy·na·go·geʹ mu kwerekeza kw’ikoraniro rya gikirisu. (Yakobo 2:2) Iryo jambo ry’Ikigiriki risobanura “kuzana hamwe” be na ek·kle·siʹa, ayo majambo uko ari abiri arashobora gukoreshwa rimwe mu kibanza c’irindi. Ariko rero, uko igihe cagiye kihaca, iryo jambo “isinagogi” ryahavuye rigira insobanuro y’ikibanza canke inyubakwa yagirirwamwo iteraniro. Abakirisu b’Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bamenyereye ibintu vyabera mw’isinagogi.b
Naho Abayuda bakoranira ku rusengero i Yeruzalemu ku bw’imisi mikuru yabo yo ku mwaka ku mwaka, amasinagogi yarakoreshwa bwa bibanza biri aho baba vyo kwigiramwo ivyerekeye Yehova bakongera bakabironkeramwo inyigisho yo mu Vyagezwe. Imyimenyerezo yagirirwa ku masinagogi bisa n’uko yari igizwe n’isengesho no gusoma Ivyanditswe, hamwe n’ibiganiro bishingiye ku vyanditswe be no gukeburana. Igihe Paulo n’abandi bari kumwe na we baja mw’isinagogi imwe y’i Antiyokiya, “Abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.” (Ivyakozwe 13:15) Igihe Abakirisu b’Abayuda bo mu ntango bakoranira hamwe mu mazu y’abantu, nta nkeka ko bakurikira icitegererezo nk’ico nyene, bagatuma amakoraniro yabo aba ayigisha mu buryo bw’Ivyanditswe kandi yubaka mu buryo bw’impwemu.
Amashengero Agenewe Kuremesha
Nka kumwe kw’Abakirisu bo mu ntango, Ivyabona vya Yehova muri iki gihe bakoranira mu bibanza vy’ugusengeramwo bisanzwe kugira ngo baronke amacishabwenge muri Bibiliya no kugira ngo binovore ubugenzi bwiza. Baramaze imyaka myinshi bakoranira gusa mu mazu y’abantu kandi baracabigira mu mihingo imwimwe. Mugabo ubu igitigiri c’amashengero carongerekanye kirarenga amashengero 90.000 kandi ibibanza vyabo nyamukuru bakoraniramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami. Izo nyubakwa si uz’ugutangaza abantu, eka mbere ntizimeze nk’isengero. Ni inyubakwa z’ingirakamaro kandi ziciye bugufi zituma amashengero rimwerimwe ryose rigizwe n’abantu 100 gushika ku 200 bikoranirizamwo ku bw’amakoraniro agirwa ku ndwi ku ndwi kugira ngo bumvirize bongere bige ibiva mw’Ijambo ry’Imana.
Amashengero atari make y’Ivyabona vya Yehova akorana incuro zitatu mu ndwi. Ikoraniro rimwe ni insiguro y’icese ishingiye ku kiganiro gishimishije gihuje n’igihe. Rikurikirwa n’inyigisho ishingiye ku mutwe shimikiro wakuwe muri Bibiliya canke mu buhanuzi, hakoreshejwe ikinyamakuru citwa Umunara w’Inderetsi bwa soko ry’amayagwa. Irindi koraniro ni ishure rigenewe gutanga ukumenyerezwa mu vyo gushikiriza ubutumwa bwo muri Bibiliya. Rikurikirwa n’ikoraniro canecane ryitunira ku gutanga inama ngirakimazi ku bw’ubusuku bwa gikirisu. Rimwe mu ndwi, Ivyabona barakoranira hamwe kandi ku bw’inyigisho ya Bibiliya bari mu migwi mitomito mu mazu y’abantu. Umuntu wese arahabwa ikaze kuri ayo makoraniro yose. Nta mahera yigera atozwa.
Francisco, umwe yavugwa kare, yasanze amakoraniro abera ku Ngoro y’Ubwami ari ngirakamaro cane. Avuga ati: “Ikibanza ca mbere kiberamwo amakoraniro nagendeye, yari inyubakwa imeze neza yo mu gisagara hagati, kandi navuye muri iyo ngoro numva ntangaye. Abari bahari bifata kigenzi, kandi narashoboye gutahura urukundo rwari muri bo. Nari nshashaye gusubirayo. Kukaba nkako, sinasiba ikoraniro na rimwe kuva ico gihe. Ayo makoraniro ya gikirisu arangwa n’igishika, kandi arandonsa ivyo nkeneye mu vy’impwemu. Mbere n’igihe numva ncitse intege kubera imvo kanaka, ndagenda ku Ngoro y’Ubwami, nizigiye ntakeka yuko nza gusubira muhira ndemeshejwe.”
Inyigisho ya Bibiliya, ukwifatanya n’abandi kwubaka be n’akaryo ko gushemeza Imana birakurindiriye na wewe nyene ku makoraniro ya gikirisu y’Ivyabona vya Yehova. Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uyitabe ku Ngoro y’Ubwami ikwegereye. Niwabigira uzohimbarwa.
[Utujambo tw’epfo]
a Urwo rusengero Abaroma bararusambuye n’agasya n’akarenge. Igihome c’Ugucurirako Intimba, Abayuda benshi baza gusengerako bavuye mu mihingo ya kure, si igihimba c’urwo rusengero. Ni igihimba gusa c’igihome c’urugo rw’urwo rusengero.
b Bisa n’uko amasinagogi yatangujwe mu gihe ca ya myaka 70 y’ubuhabisho bamara i Babiloni, aho ata rusengero rwari ruhari canke inyuma gatoyi y’aho bagarukiye bavuye mu buhabisho igihe urusengero rwariko rusubira kwubakwa. Mu kinjana ca mbere, igisagara cose c’i Palesitina cari cifitiye isinagogi yaco, ibisagara bininibinini bikaba bitarimwo isinagogi imwe gusa.
[Amafoto ku rup. 4, 5]
Ihema be n’urusengero rwo mu nyuma vyakora bwa huriro ribereye ryo gusenga Yehova
[Ifoto ku rup. 6]
Isengero y’i Roma yitiriwe Petero Mweranda
[Ifoto ku rup. 7]
Abakirisu bo mu ntango barakoranira hamwe mu mazu y’abantu
[Amafoto ku rup. 8, 9]
Ivyabona vya Yehova bagirira amakoraniro ya gikirisu mu mazu y’abantu be no ku Ngoro z’Ubwami