Gutanga Gushika Aho Wikokora
“URASHOBORA kunyita umusezi; ivyo ntibimbabaza. Ndiko nsega kubera Yesu.” Ayo majambo afise ico yerekana yavuzwe n’umukuru w’Umuporotisanti, arashimika ku mpari zishingiye ku hantu hova amahera idini rikoresha. Idini iyo rimaze gushingwa bisa n’uko ribandanya gukora igihe gusa rironka amahera menshi yo kurishigikira. Harakenerwa kuriha imishahara y’abakozi, amasengero arakenera kwubakwa no kubungabungwa, harakenerwa n’amahera yo gukoresha mu masekeza yo gukwiza ubutumwa. None ayo mahera akenewe aboneka gute?
Amadini menshi yishura ko ari ugutanga ikigiracumi.a Umuvugabutumwa umwe yitwa Norman Robertson yirarira avuga ati: “Gutanga ikigiracumi ni bwo buryo bwashinzwe n’Imana kugira haboneke amahera yo guteza imbere ubwami bwayo kw’isi. Ni bwo buryo Imana yashinze bwo kuronka ubutunzi butuma Injili yamamazwa.” Aributsa abayoboke biwe ata n’udusoni agira ibanga bajejwe ryo gutanga, akavuga ashimika ati: ‘Gutanga ikigiracumi si ikintu mugira kubera yuko mubishoboye. Ni igikorwa kiranga ukugamburuka. Kudatanga ikigiracumi ni ukurenga bimwe biboneka ku mabwirizwa y’Imana. Ni ukugunga.’—Tithing—God’s Financial Plan.
Ushobora kuba wemera yuko gutanga bikwiye kuba umuce w’ugusenga kwa gikirisu. Ariko rero, woba ubona ko kuguma hasabwa amahera bibuza umuntu amahoro, kumbure mbere bikanababaza? Umunyatewolojiya wo muri Berezile yitwa Inácio Strieder yagiriza amadini yuko asaba ikigiracumi kugira “atorere umuti ingorane zo mu nzego zayo,” kandi akavuga yuko iyo ngeso “itajanye n’amategeko, yononekaye, kandi ko iteye kubiri na tewolojiya.” Avuga yuko ingaruka bivamwo ari uko “abashomeri, abapfakazi, ababa mu turere dukenye cane be n’abadashobora kwiyumvira ibintu nk’uko biri baca bashika ku ciyumviro c’uko Imana yabahevye be n’uko bahatirwa guha amahera menshi ‘umuvugabutumwa’ ku buryo imiryango yabo bwite isigara yishwe n’ikigoyi.”
Woshobora kwibaza uti: ‘Amadini agobera abantu gutanga ikigiracumi, yoba vy’ukuri ariko akurikiza neza Ivyanditswe? Canke amadini amwamwe yoba ariko atera ubwoba abayoboke bayo yuko bazohanwa n’Imana kugira abarye imitsi? Imana yoba mu vy’ukuri yiteze ko dutanga gushika aho twikokora?’
[Akajambo k’epfo]
a Ikigiracumi casiguwe ko ari ibice 10 kw’ijana vy’ivyo umuntu aronka vyose.