Woba Uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Emwe, raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• “Ubushobozi bwo kwiyumvira” bushobora kugaragara gute ko ari uburinzi? (Imigani 1:4)
Burashobora kutuburira ingeramizi zo mu vy’impwemu maze bugatuma dutegekanya ingendo iranga ubukerebutsi twokurikira, nk’ukwirinda inyosha mbi z’ubushegabo ku kazi. Buradufasha gutahura yuko Abakirisu bagenzi bacu ari abanyagasembwa, ivyo na vyo bikaba bishobora gutuma twirinda guca tugira ico dukoze ubwo nyene igihe hagize ikidushavuza. Burashobora kandi kudufasha kwirinda imikazo y’amaronko yoshobora gutuma duta inzira mu buryo bw’impwemu.—15/8, urupapuro 21-24.
• Umuntu ashobora gute gucika umubanyi kirumara?
Uburyo bubiri bwo kuba umubanyi mwiza ni ukuba uwukunda gutanga no kuba uwakirana ugukenguruka ivyo ahabwa. Ni ikintu gihambaye kuba umubanyi mwiza igihe icago giteye. Ivyabona vya Yehova barihatira kuba ababanyi beza mu kuburira abandi ikintu cimirije gushika, ni ukuvuga igikorwa Imana izokora co kurangiza ubukozi bw’ikibi.—1/9, urupapuro 4-7.
• Nk’uko Bibiliya ibivuga, ni bande ari aberanda b’ukuri, kandi bazofasha umuryango w’abantu gute?
Abakirisu bose bo mu ntango bari aberanda b’ukuri canke abera b’ukuri bagizwe aberanda n’Imana, si abantu canke amashirahamwe. (Abaroma 1:7) Abera ni bamara kuzukira ubuzima bwo mw’ijuru, bazofashanya na Kirisitu mu guhezagira abantu b’abizerwa bazoba bari kw’isi. (Abanyefeso 1:18-21)—15/9, urupapuro 5-7.
• Abakirisu bagize ico bamenya ku vyerekeye ibirori vy’ubunonotsi vyagirwa mu Bugiriki bwa kera, bishobora kubamarira iki?
Ivyo intumwa Petero n’intumwa Paulo banditse birimwo ibigereranirizo bishingiye ku nkino za kera canke vyerekeza kuri zo. (1 Ab’i Korinto 9:26; 1 Timoteyo 4:7; 2 Timoteyo 2:5; 1 Petero 5:10) Ku munonotsi wa kera, vyari bihambaye kugira umumenyereza mwiza, kugaragaza ukwigumya no kuyobora utwigoro twiwe neza. Ivyo ni ko biri no ku vyerekeye utwigoro two mu vy’impwemu Abakirisu bagira muri iki gihe.—1/10, urupapuro 28-31.
• Ni ingorane izihe be n’ivyiza ibihe biri mu kurerera abana mu kindi gihugu?
Abana benshi bamenya ningoga ururimi rushasha kurusha abavyeyi babo, abo bavyeyi bagashobora gusanga uburyo abana babo biyumvira be n’uburyo bifata bigoye gutahura. Kandi, abana bishobora kutaborohera gutahura inyigisho za Bibiliya mu rurimi rw’abavyeyi babo. Yamara, ubucuti bwo mu muryango burashobora gukomera uko abavyeyi bigisha ururimi kavukire rwabo abana babo, gutyo bagashobora kumenya indimi zibiri, maze bakamenyera imico kama y’ibihugu bibiri.—15/10, urupapuro 22-26.
• Ni kubera iki kwiga gusaba imbabazi bihambaye?
Ugusaba imbabazi kutarimwo uburyarya akenshi ni uburyo bwo gutuma ubucuti bwononekaye busubira kumera neza. Bibiliya iratanga uburorero bwerekana ukuntu ugusaba imbabazi bishobora kugira ububasha. (1 Samweli 25:2-35; Ivyakozwe 23:1-5) Akenshi, igihe abantu babiri badahuza, bompi bashobora kuba babifisemwo ikosa. Ku bw’ico, kwumvikana no gusabana imbabazi birakenewe.—1/11, urupapuro 4-7.
• Ni kubera iki kuja mu vy’akamari ari bibi, n’aho amahera yo gukinira yoba ari makeyi?
Kuja mu vy’akamari birashobora kuremesha ukwigungirako, agatima ko guhiganwa be n’umwina, ivyo bintu Bibiliya ikaba ivyiyamiriza. (1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Benshi mu biziziwe n’ivy’akamari babitanguye kuva bakiri bato cane, batangurira ku gushinga amahera yo gukinira makeyi.—1/11, urupapuro 31.
• Naho ibitabu vyinshi vya Bibiliya vyanditswe mu Kigiriki, ni kubera iki vyabaye nkenerwa ko Bibiliya ihindurwa mu Kigiriki, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
Ikigiriki ca none kiratandukanye cane n’Ikigiriki cakoreshejwe muri ya mpinduro yitwa Septante y’Ivyanditswe vy’Igiheburayo be n’icakoreshejwe mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu. Mu binjana vya vuba, harabaye utwigoro twinshi two kugerageza guhindura ibitabu vya Bibiliya bimwebimwe canke vyose mu Kigiriki cavugwa. Muri iki gihe, hari nk’impinduro 30 za Bibiliya, yose canke igice, Abagiriki basanzwe bashobora gusoma kandi bagatahura, iyibonekeje muri zo ikaba ari Les Saintes Écritures – Traduction du monde Nouveau, yasohowe mu 1997.—15/11, urupapuro 26-29.
• Ni kubera iki gutanga ikigiracumi bidasabwa ku Bakirisu?
Mu gihe c’Ivyagezwe vyari vyarahawe Isirayeli ya kera, gutanga ikigiracumi bwari uburyo bwo gushigikira umuryango wa Lewi no kwitwararika abakene. (Abalewi 27:30; Gusubira mu Vyagezwe 14:28, 29) Urupfu rwa Yezu rw’ukwitangako inkuka rwarakuyeho Ivyagezwe be n’itegeko ryari muri vyo ryasaba gutanga ikigiracumi. (Abanyefeso 2:13-15) Mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango, icitegererezo cakurikizwa ku Mukirisu wese cari ic’uko atanga akurikije uburyo afise kandi nk’uko yabigabiye mu mutima wiwe. (2 Ab’i Korinto 9:5, 7)—1/12, urupapuro 4-6.
• Mu Vyahishuriwe 20:8 hoba hashaka kuvuga yuko mu kigeragezo ca nyuma, Shetani azozimiza igitigiri kinini cane c’abantu?
Ico canditswe kivuga ko abazozimizwa bazoba bangana “nk’umusenyi wo ku kiyaga.” Muri Bibiliya, iyo mvugo akenshi isobanura igitigiri kitazwi, idashaka kuvuga yuko ari kinini birenze. Urubuto rwa Aburahamu, urwotegerejwe kungana n’“umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga,” vyahavuye biboneka ko ari abantu 144.000 Yezu atarimwo. (Itanguriro 22:17; Ivyahishuriwe 14:1-4)—1/12, urupapuro 29.