Ibibazo vy’Abasomyi
Vyoba vyemerwa n’Ivyanditswe ko muri sentare Umukirisu ashira ukuboko kuri Bibiliya, maze akarahira ko ariko avugisha ukuri?
Umuntu wese ategerezwa kwifatira ingingo muri ivyo. (Ab’i Galatiya 6:5) Ariko rero, Bibiliya ntibuza kurahira muri sentare kugira ngo umuntu yemeze ko avugishije ukuri.
Kuva kera na rindi kurahira wamye ari umugenzo ukwiye hose. Nk’akarorero, mu bihe vya kera, Abagiriki baramanika ukuboko hejuru canke bagakora ku gicaniro igihe baba bariko bararahira. Igihe Umuroma yarahira, yarafata ibuye mu ntoke maze akarahira ati: “Niba mbeshe n’ibigirankana, mu gihe [imana] Jupiter (Zeyu) ari yo igikingiye igisagara be n’uruzitiro, irakanta kure nk’uko ntaye iri buye, inkure mu bintu vyose vyiza mfise.”—Cyclopedia of Biblical, Theological, and Ecclesiastical Literature, canditswe na John McClintock be na James Strong, Imbumbe y’7, urupapuro rwa 260.
Ibintu nk’ivyo abantu bagira birerekana yuko basa n’abemera ko hariho ububasha bunaka bw’imana ishobora kwitegereza abantu, kandi bakagira n’ico babazwa kuri yo. Kuva mu bihe vya kera, abasavyi ba Yehova b’ukuri baratahura yuko azi ivyo bavuga be n’ivyo bakora. (Imigani 5:21; 15:3) Ni nk’aho umuntu yovuga ko barahirira imbere y’Imana, canke ari yo cabona cabo. Nk’akarorero, Bowazi, Dawidi, Salomo be na Zedekiya ivyo barabigize. (Rusi 3:13; 2 Samweli 3:35; 1 Abami 2:23, 24; Yeremiya 38:16) Abasavyi b’Imana y’ukuri bararetse kandi abandi barabarahiza. Ivyo ni ko vyagenze kuri Aburahamu na Yezu Kirisitu.—Itanguriro 21:22-24; Matayo 26:63, 64.
Umuntu yaba ariko ararahira imbere ya Yehova rimwe na rimwe yabijanisha n’ikimenyetso. Aburamu (Aburahamu) yabwiye umwami w’i Sodomu ati: “Narahiye Uhoraho mmanitse ukuboko, ni we Mana Isumba vyose, Nyen’ijuru n’isi.” (Itanguriro 14:22) Umumarayika yariko avugana n’umuhanuzi Daniyeli “[y]amani[tse] ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; [y]umva arahira Ībaho ibihe bitazoshira.” (Daniyeli 12:7) Mbere Imana ivugwa ko imanika ukuboko mu buryo bw’ikigereranyo mu kurahira.—Gusubira mu Vyagezwe 32:40; Yesaya 62:8.
Ivyanditswe ntibibuza kurahira. Ariko rero, si ngombwa ko Umukirisu arahira kugira yemeze ikintu cose avuze ko ari ic’ukuri. Yezu yavuze ati: “Arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya: ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.” (Matayo 5:33-37) Umwigishwa Yakobo yashikirije iciyumviro nk’ico nyene. Igihe yavuga ngo “ntimukarahire,” yariko aragabisha ku vyerekeye indahiro ata co zimaze. (Yakobo 5:12) Yaba Yezu canke Yakobo, nta n’umwe yavuze yuko ari bibi kurahira kugira ngo wemeze ko uvugishije ukuri muri sentare.
Tuvuge iki none, hamwe Umukirisu yosabwa kurahira muri sentare kugira ngo yemeze yuko ivyo ashingiye intahe ari ivy’ukuri? Yoshobora kwumva yuko ashobora kugira indahiro nk’iyo. Bitagenze ukwo, yoshobora kurekurirwa gutanga igihinyuza c’uko atariko arabesha.—Ab’i Galatiya 1:20.
Igihe ukwo bisanzwe bigenda muri sentare birimwo kumanika ukuboko canke kukurambika kuri Bibiliya mu gihe c’ukurahira, Umukirisu yoshobora guhitamwo kubigira. Yoshobora kuba afise mu muzirikanyi uburorero bwo mu Vyanditswe buvuga ivy’ukurahira kujana n’ikimenyetso kinaka. Ku Mukirisu, igihambaye si uko agira ikimenyetso kinaka mu kurahira, ahubwo ni uko yibuka yuko ariko ararahira ari imbere y’Imana kugira yemeze ko avugishije ukuri. Ukurahira nk’uko ni ikintu co gufatana uburemere. Umukirisu yumva ko ashobora canke akwiye kwishura ikibazo aba abajijwe mu bihe nk’ivyo, ico gihe akwiye kugumiza mu muzirikanyi yuko ariko ararahira kugira yemeze ko avugishije ukuri, kanatsinda kuvuga ukuri ni co kintu Umukirisu akwiye kwama agira ibihe vyose.