“Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”
Uravye ingene yari ameze kera n’ingene ameze ubu, ubuzima bwiwe bwarahindutse rwose
ESE ukuntu ubuzima bwa Matsepang bwari bubabaje kandi butagira intumbero! Yari umwigeme aba muri Lesotho, kikaba ari igihugu kiri hagati na hagati muri Afirika y’Epfo. Matsepang yakuze ari Umugatolika. Ariko rero, aho kugira ngo ababikira bamufashe kwiyegereza Imana, bamaze imyaka n’iyindi bamwonona, bakamuhendahendesha amahera kugira ngo akore ubushegabo.
Ivyo vyatumye Matsepang abona nabi idini maze ntiyaba acemera Umuremyi munyarukundo yitwararika vy’ukuri ibiremwa-bantu vyiwe. Kubera ukuntu Matsepang batamwitaho kandi bakamwonona, yaragize inkovu zikomeye mu mutima be n’inyiyumvo z’uko ata co amaze na gato. Amaze gukura, yabaye inkazi. Ivyo vyatumye agira inyifato y’ubukozi bw’ikibi.
Amaherezo, Matsepang yaragiye mu kagwi k’inkozi z’ikibi kambura abantu mu magarimoshi. Yarafashwe maze acirwa urubanza rwo gupfungirwa muri Afirika y’Epfo. Mu nyuma, baramwirukanye asubira mu gihugu ciwe c’amavukiro ari co Lesotho, aho yabandanije kubaho ari inkozi y’ikibi, imborerwa, inkazi n’igihumbu.
Ubuzima bwiwe bugeze habi, Matsepang yarasenze Imana n’umwiheburo mwinshi ayisaba ngo imufashe. Yayisezeraniye ati: “Mana, ninabandanya kubaho, nzokora uko nshoboye kwose ndagusukurire.”
Bidatevye, abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova baregereye Matsepang, bamusaba kwigana na we Bibiliya. Ivyo yariko ariga vyatumye atahura yuko Imana itari sindabinezwe kandi ko yitwararikana. Nkako, yaratahuye yuko Shetani, we ‘se w’ibinyoma’ akoresha urwenge n’uruyeri kugira ngo atsimbataze muri bamwebamwe inyiyumvo zo kubona ko ata co bamaze, hanyuma atume bemera yuko Yehova adashobora kwigera abona yuko ari abantu b’igikundiro.—Yohana 8:44; Abanyefeso 6:11.
Igihushanye n’ivyo, urazi ukuntu Matsepang yahumurijwe igihe yamenya yuko dushobora kuba abantu biyubashe mu bijanye n’inyifato runtu turamutse twigaye ivyaha twakoze, tukarondera guharirwa n’Imana hanyuma tukihatira kuyihimbara! Baramufashije gutahura yuko “Imana iruta imitima yacu” be n’uko itubona mu buryo butandukanye cane n’uko ubwacu twibona.—1 Yohana 3:19, 20.
Matsepang yaranezerejwe cane no gusoma aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi Dawidi, agira ati: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.” (Zaburi 34:18) Kubera yuko Matsepang yari umwe muri abo bafise “imitima ijanjaguritse,” yaratahuye ko Yehova adaheba abasavyi biwe, no mu gihe bamwebamwe baba bihebuye canke bakumva ko ata co bamaze. Kumenya yuko Imana yitwararika intama zayo zose ikongera ikazishigikira mu bihe bigoye, vyarashwangamuye umutima wiwe. (Zaburi 55:22; 1 Petero 5:6, 7) Yakozwe ku mutima canecane n’aya majambo agira ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.”—Yakobo 4:8.
Ububasha bw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya ntibwatevye kwigaragaza mu buzima bwa Matsepang. Yaciye atangura kwitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza yongera araheba ingeso yari afise zidahuje n’Ivyanditswe. None ingaruka yabaye iyihe? Ntacumva ko atabereye gukundwa n’Imana canke gutoneshwa na yo. Kuva aho abatirijwe akaba Icabona ca Yehova, aramaze kumara amasaha ibihumbi n’ibihumbi mu busuku bwa gikirisu ari umwamamaji w’inkuru nziza y’Ubwami. Naho Matsepang agifise za nkovu za kera mu mutima, ubu afise ubuzima buhimbaye kandi buri n’intumbero. Ese ukuntu ari ikimenyamenya c’ububasha Bibiliya ifise bwo kuryohora ubuzima!—Abaheburayo 4:12.
[Iciyumviro ku rup. 9]
“Mana, ninabandanya kubaho, nzokora uko nshoboye kwose ndagusukurire”
[Uruzitiro ku rup. 9]
Ingingo ngenderwako za Bibiliya ziragira ico zikoze
Mu ngingo ngenderwako za Bibiliya zahumurije abakorewe amabi, harimwo izi zikurikira:
“Iy’amazinda abaye isinzi muri jewe ivyo [wewe Mana] umpumuriza binezereza ubugingo bganje.” (Zaburi 94:19) ‘Impumurizo’ za Yehova ziri mw’Ijambo ryiwe ni isoko ry’indemesho zikomeye. Umuntu azirimbuye igihe azirikana n’igihe asenga, biramufasha kugabanya ivyiyumviro bitesha umutwe bikongera bigatuma yizigira ko Imana ari Umugenzi atahurana.
“[Yehova] akiza abafise imitima imenetse, apfuka inguma zabo.” (Zaburi 147:3) Niba dukenguruka ikigongwe ca Yehova be n’intunganyo yashizeho y’ugupfuka ivyaha vyacu biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu, turashobora kwegera Imana ata gutinya, tutumva ko hari ikindi twiyagiriza mu mutima. Ivyo birashobora kuturonsa impumurizo ntangere be n’amahoro yo mu mutima ata co yogereranywa.
“Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe [Yezu Kirisitu] Data yantumye atamukwegereye; nanje nzomuzura ku musi w’iherezo.” (Yohana 6:44) Yehova, abicishije ku mpwemu yiwe yera no ku gikorwa c’ukwamamaza Ubwami, aradukwegera ku Mwana wiwe akongera akaduha icizigiro c’ubuzima budahera.