Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zirafise insobanuro ihambaye kuri wewe
IMFUNGURWA z’Umukama zo ku Mugoroba zoba zifise insobanuro iri n’ico ivuze kuri wewe kandi yamaho? Kugira tubitore, reka tubanze tumenye insobanuro Yezu Kirisitu ubwiwe yahaye urwo rubanza rudasanzwe.
Ku mugoroba wo ku wa 14 Nisani mu 33 G.C., Yezu yarahuriye hamwe n’intumwa ziwe 12 mu cumba co hejuru i Yeruzalemu kugira bahimbaze Pasika yagirwa uko umwaka utashe. Bamaze gufungura imfungurwa za Pasika, wa muguranyi Yuda yaciye ava muri nya cumba, aja kugura Yezu. (Yohana 13:21, 26-30) Yezu yaciye atanguza “imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba” ku ntumwa 11 zari zisigaye. (1 Ab’i Korinto 11:20, NW) Izo mfungurwa zitwa kandi Icibutso kubera yuko Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje.” Ico ni co kintu conyene Abakirisu bategetswe kwibuka.—1 Ab’i Korinto 11:24.
Ahantu henshi, abantu barubaka icibutso canke bagashinga umusi udasanzwe wo kwibuka canke guhimbaza umuntu kibure ikintu kiri n’ico kivuze. Mu bijanye n’ivyo, Yezu yaratanguje imfungurwa zobaye nk’icibutso, ikintu cofashije abigishwa biwe kuguma bibuka ibintu bihambaye cane vyabaye kuri uwo musi w’agakura. Ku bogiye bararuka bose, izo mfungurwa z’Icibutso zokwibukije abazihimbaza insobanuro igera kure y’ivyo Yezu yakoze muri iryo joro, na canecane insobanuro y’ibimenyetso yakoresheje. Ni ibimenyetso canke ibigereranyo ibihe Yezu yakoresheje kandi bisobanura iki? Reka twihweze inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivyabaye muri iryo joro ryo mu 33 G.C.
Bigereranya ibintu vyeranda
“Yābīra umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababgira, at’[“Iki gisobanura,” “NW”] umubiri wanje ubatangiwe: [“Muragume mugira ibi,” “NW”] kugira ngo kibe icibutso canje.”—Luka 22:19.
Igihe Yezu yakira umukate hanyuma akavuga ngo ‘iki gisobanura umubiri wanje,’ yariko yerekana yuko umukate utambiwe wagereranya umubiri wiwe bwite w’inyama utagira icaha, uwo yatangiye “abari mw isi ngo bagire ubu[zima].” (Yohana 6:51) Naho impinduro za Bibiliya zimwezimwe zivuga ngo “uyu ni [mu Kigiriki, es·tinʹ] umubiri wanje,” hari igitabu kimwe (Greek-English Lexicon of the New Testament) c’uwitwa Thayer kivuga yuko iryo rivuga akenshi risigura “gushaka kwerekana, gusobanura, gushaka kuvuga.” Rishikiriza iciyumviro co kugereranya.—Matayo 26:26.
Ni ko vyari biri no ku gikombe c’umuvinyu. Yezu yavuze ati: “Iki gikombe [“gisobanura,” “NW”] isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.”—Luka 22:20.
Mu nkuru ya Matayo, Yezu yavuze ku bijanye n’igikombe ati: “Iki [“gisobanura,” “NW”] amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.” (Matayo 26:28) Yezu yariko akoresha umuvinyu wari mu gikombe bwa kigereranyo canke ikimenyetso c’amaraso yiwe bwite. Amaraso yiwe yasesetse ni yo yobaye ishingiro ry’“isezerano risha” ku bigishwa basizwe impwemu botegetse bari kumwe na we mw’ijuru ari abami n’abaherezi.—Yeremiya 31:31-33; Yohana 14:2, 3; 2 Ab’i Korinto 5:5; Ivyahishuriwe 1:5, 6; 5:9, 10; 20:4, 6.
Uwo muvinyu wari mu gikombe ni icibutsa kandi c’uko amaraso ya Yezu yasesetse yobaye ryo shimikiro ry’‘uguharirwa ivyaha,’ gutyo bikugururira inzira ababifungurako yo guhamagarirwa ubuzima bwo mw’ijuru ari abaraganwa na Kirisitu. Birumvikana ko abafise uwo muhamagaro w’ijuru, bakaba ari igitigiri ntarengwa, ari bo gusa bafungura ku mukate n’umuvinyu ku Cibutso.—Luka 12:32; Abanyefeso 1:13, 14; Abaheburayo 9:22; 1 Petero 1:3, 4.
Mugabo tuvuge iki ku bayoboke bose ba Yezu batari muri iryo sezerano risha? Abo ni “izindi ntama” z’Umukama, ico biteze kikaba atari ukuzoganza hamwe na Kirisitu mw’ijuru, ariko bakaba biteze kuzokwinovora ubuzima budahera mw’isi izoba yabaye iparadizo. (Yohana 10:16; Luka 23:43; Ivyahishuriwe 21:3, 4) Bwa “shengero ryinshi” ry’Abakirisu b’abizerwa ‘barangurira Imana umurimo mweranda ku murango no mw’ijoro,’ barahimbarwa no kuba abarorerezi bakenguruka kuri izo Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba. Amajambo yabo n’ibikorwa vyabo bivuga koko biti: “Agakiza n’ak’Imana yacu ivyagiye kur’irya ntebe n’ak’Umwagazi w’intama.”—Ivyahishuriwe 7:9, 10, 14, 15.
Zihimbazwa kangahe?
“[“Muragume mugira ibi,” “NW”] kugira ngo kibe icibutso canje.”—Luka 22:19.
Icibutso gikwiye guhimbazwa kangahe kugira ngo urupfu rwa Kirisitu rugume rwibukwa? Yezu ntiyabivuze abitomora. Ariko rero, kubera yuko yatanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba ku wa 14 Nisani, ku mugoroba wa Pasika, iyo Abisirayeli bahimbaza uko umwaka utashe, biribonekeza yuko Yezu yashaka kwerekana ko Icibutso gikwiye guhimbazwa muri ubwo buryo nyene. Mu gihe kera Abisirayeli bahimbaza uko umwaka utashe ugukurwa kwabo mu buja bwo mu Misiri, Abakirisu bo bibuka uko umwaka utashe ugukurwa kwabo mu buja bw’icaha n’urupfu.—Kuvayo 12:11, 17; Abaroma 5:20, 21.
Iciyumviro co kugira ihimbaza uko umwaka utashe kugira ngo twibuke ikintu cabaye gihambaye, mu vy’ukuri si ikintu kitamenyerewe. Fata nk’akarorero, igihe umugabo n’umugore bibuka umusi wabo w’ubugeni, canke igihe igihugu kanaka cibuka ikiringo gihambaye cabaye muri kahise kaco. Iryo himbaza mu bisanzwe riba rimwe mu mwaka, kw’igenekerezo nyene ico kintu cabereyeko. Igishimishije, ni uko mu binjana bitari bike inyuma ya Kirisitu, abenshi mu bavuga ko ari Abakirisu bamye bitwa ko ari aba Quartodecimanus [soma ngo karitodesimanusi] bisigura ngo “ab’umusi w’14,” bivanye n’uko bahimbaza urupfu rwa Yezu rimwe mu mwaka, ni ukuvuga ku wa 14 Nisani.
Ni ibirori vyoroheje mugabo bifise insobanuro igera kure
Intumwa Paulo yasiguye yuko guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba vyotumye abigishwa ba Yezu ‘babandanya kumenyekanisha urupfu rw’Umwami.’ (1 Ab’i Korinto 11:26) Ku bw’ivyo, iryo himbaza ryoshimitse ku ruhara ruhambaye Yezu yagize mw’ishitswa ry’umugambi w’Imana biciye ku rupfu rwiwe.
Mu kuguma ari umwizerwa gushika ku gupfa, Yezu Kirisitu yaremeje ko Yehova Imana ari Umuremyi w’inkerebutsi kandi w’umunyarukundo, akaba na Segaba agororotse. Igihushanye n’ivyo Shetani yivugishije, kandi aho kuba nka Adamu, Yezu yaragaragaje ko bishoboka yuko umuntu aguma ari umwizerwa ku Mana, naho yoba ari mu mikazo ikomeye cane.—Yobu 2:4, 5.
Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zituma kandi tuguma twibukana ugukenguruka urukundo rw’ukwitanga rwa Yezu. Naho Yezu yahuye n’ibigeragezo bikomeye, yagumye agamburukira Se wiwe bimwe bitagira agahaze. Gutyo, yarashoboye gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa kugira ngo agarure ibintu bitagira uko bingana vyononywe n’icaha ca Adamu. Nk’uko Yezu ubwiwe yabisiguye, yaje “gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Ku bw’ivyo rero, abizera Yezu bose barashobora guharirwa ivyaha kandi bakaronka ubuzima budahera mu buryo buhuje n’umugambi Yehova yari afitiye abantu mu ntango.—Abaroma 5:6, 8, 12, 18, 19; 6:23; 1 Timoteyo 2:5, 6.a
Ivyo vyose birashira ahabona kandi ukumera neza kwinshi kwa Yehova be n’ubuntu tutabereye yatugiriye, mu gutunganya ivy’uko abantu baronka ubukiriro. Bibiliya ivuga iti: “Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubu[zima] na we. Iki ni co kirimw’urukundo, s’uko twebge twakunze Imana, ariko n’ukw ari yo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba impongano y’ivyaha vyacu.”—1 Yohana 4:9, 10.
Emwe, ese ukuntu Icibutso ari ihimbaza ryiza igitangaza! Kiroroheje kandi kirabangutse bihagije ku buryo cohimbazwa kw’isi yose uko ibintu vyoba vyifashe kwose, yamara ni ikigereranyo bihagije ku buryo kizoguma cibutsa mu gihe kirekire ibintu biri n’ico bivuze.
Insobanuro kigufitiye
Urupfu rw’ukwitangako inkuka rw’Umukama wacu Yezu Kirisitu, we be na Se wiwe Yehova rwabasavye guheba ibintu vyinshi ntangere. Kubera ko Yezu yari umuntu atagira agasembwa, ntiyashikiwe n’urupfu abantu barazwe, nk’uko twese rudushikira. (Abaroma 5:12; Abaheburayo 7:26) Yari ashoboye kubandanya kubaho ibihe vyose. Ubuzima bwiwe ntiyari gushobora kubwakwa, naho hobaye agahato gute, atari we abirekuye. Yavuze ati: “Nta n’umwe abunyaka, kuko mburekura kubganje.”—Yohana 10:18.
Yamara, Yezu yaremeye gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa kw’inkuka kugira ngo “urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi, kandi ngw arokore abājakariye ubgoba bg’urupfu bose, imisi yose y’ukubaho kwabo.” (Abaheburayo 2:14, 15) Urukundo rw’ukwitanga rwa Kirisitu, ruragaragarira kandi mu kuntu yemeye gupfa. Yari azi neza uburyo yobabajwe be n’uburyo yopfuye.—Matayo 17:22; 20:17-19.
Icibutso kiratwibutsa kandi uburyo buhambaye kuruta Data wa twese wo mw’ijuru Yehova yaseruye urukundo. Ibaze ukuntu vyatuntuje Yehova, umwe “yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe,” igihe yumva akanabona ingene Yezu ‘yatakamba cane arira’ ari mw’itongo ry’i Getsemane, ingene yatonagurwa ata kigongwe, akamanikwa runyamaswa hanyuma agapfa buhorobuhoro asambagirika n’umubabaro. (Yakobo 5:11; Abaheburayo 5:7; Yohana 3:16; 1 Yohana 4:7, 8) Kuvyiyumvira vyonyene n’ubu haciye ibinjana n’ibindi, biravyurira abantu benshi intuntu mu mutima.
Ibaze kubona Yehova Imana na Yezu Kirisitu batanga ikiguzi kingana gityo ku bwa twebwe abacumuzi! (Abaroma 3:23) Nta musi wijana tutiboneye ibintu bibabaje bituruka ku kuba turi abacumuzi no ku kuba turi abanyagasembwa. Ariko rero, twishimikije ukwizera inkuka y’incungu ya Yezu, turashobora kwitura Imana ngo iturekurire ibicumuro. (1 Yohana 2:1, 2) Ivyo bituma dushobora kugira umwidegemvyo wo kuvuga imbere y’Imana, tukagira n’ijwi ryo mu mutima rityoroye. (Abaheburayo 4:14-16; 9:13, 14) N’ikindi kandi, turashobora kwitega kuzobaho ibihe vyose kw’isi izoba yahindutse iparadizo. (Yohana 17:3; Ivyahishuriwe 21:3, 4) Iyo mihezagiro be n’iyindi myinshi, ituruka yose ku kwitanga kwa Yezu kutagira urugero.
Tugaragaze ko dukenguruka Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba
Nta nkeka ko Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba ari inseruro nziza igitangaza y’‘ubuntu bw’Imana burushirije.’ Vyongeye, intunganyo ijanye n’inkuka y’incungu Yehova Imana yashizeho, iyashobotse biciye ku rukundo rw’ukwitanga rwa Yezu, vy’ukuri ni ‘ingabire yiwe nziza itovugwa.’ (2 Ab’i Korinto 9:14, 15) Ubwo buryo bwo guserura ukumera neza kw’Imana biciye kuri Yezu Kirisitu, ntibukwiye none gutuma wumva ukengurutse ukongera ugakura ubwatsi bimwe bigera kure kandi vy’igihe kirekire?
Turizigiye tudakeka ko vyatumye umererwa gutyo. Ni co gituma rero tugutumiye n’igishika cinshi kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova mu guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Uyu mwaka, Icibutso kizoba ku wa Gatatu, igenekerezo rya 16 Ndamukiza izuba rirenze. Ivyabona vya Yehova bo mu karere ubamwo bazohimbarwa no kukumenyesha igihe urwo rubanza ruhambaye cane ruzoberako, be n’aho ruzobera.
[Akajambo k’epfo]
a Kugira ngo umenye vyinshi ku bijanye n’incungu, turakwinginze ngo urabe igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 6]
“UYU N’UMUBIRI WANJE” CANKE ‘IKI GISOBANURA UMUBIRI WANJE’ DUFATE IKI?
Igihe Yezu yavuga ngo “ni jewe rembo” akongera akavuga ngo ‘jewe ndi umuzabibu w’ukuri,’ nta n’umwe yiyumviriye ko yari irembo nya rembo canke umuzabibu nya muzabibu. (Yohana 10:7; 15:1, ni twe tubihiritse.) Mu buryo nk’ubwo nyene, igihe Bibiliya yitwa La Bible de Jérusalem isubiramwo amajambo ya Yezu ariko avuga ngo “Iki gikombe ni isezerano rishasha,” ntiduca tubona yuko ico gikombe ubwaco cari co sezerano risha. N’igihe rero yavuga yuko umukate ‘wari’ umubiri wiwe, nta nkeka ko nya mukate wasigura canke wagereranya umubiri wiwe. Ku bw’ivyo, impinduro y’uwitwa Charles B. Williams ivuga iti: “Iki kigereranya umubiri wanje.”—Luka 22:19, 20.
[Ifoto ku rup. 5]
Umukate utambiwe be n’umuvinyu ni ibimenyetso bibereye vy’umubiri wa Yezu utagira icaha be n’amaraso yiwe yasesetse
[Ifoto ku rup. 7]
Icibutso kiratwibutsa urukundo ruhambaye Yehova Imana be na Yezu Kirisitu bagaragaje