Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zikwiye guhimbazwa gute?
MU GUSIGURA ido n’ido ry’ukuntu Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zohimbazwa, intumwa Paulo mukirisu yandika ati: “Ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’Umwami Yesu mw ijoro yaguzwemwo yābiriye umutsima, akawushimira Imana, akawumanyagura, akavuga, at’Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe, murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje. N’igikombe akigenza artyo, bahejeje kurya, arababgira, at’Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje; murahora mugira murtya uko muzonywako, kugira ngo kibe icibutso canje. Uko murya uwo mutsima kand’uko munywera kur’ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugeza ah’azozira”.—1 Ab’i Korinto 11:23-26.
Nk’uko Paulo abivuga, Yezu yatanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba ‘mw’ijoro yari agiye kugurwamwo’ na Yuda Isikariyoti ku ndongozi z’idini y’Abayuda, izagobereye Abaroma kumanika Kirisitu. Izo mfungurwa zafunguwe ku wa kane igenekerezo rya 31 Ntwarante 33 G.C. buhwibiriye. Yezu yapfiriye ku giti co kubabarizwako ku wa gatanu igenekerezo rya 1 Ndamukiza, ku muhingamo. Kubera ko imisi y’ikirangamisi c’Abayuda yatangura ku mugoroba w’umusi ikarangira ku mugoroba w’umusi ukurikira, duca tubona ko Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba be n’urupfu rwa Yezu Kirisitu vyabereye ku musi umwe, ni ukuvuga ku wa 14 Nisani 33 G.C.
Abafashe ku mukate no ku muvinyu bategerezwa ‘guhora bagira batyo’ mu kwibuka Yezu. Twisunze iyindi mpinduro, Yezu yavuze ati: “Ivyo murabigire ku bw’icibutso canje” (1 Ab’i Korinto 11:24, The Jerusalem Bible). Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zitwa kandi Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu.
Ni kubera iki duhimbaza urupfu rwa Yezu?
Inyishu dushobora kuyironka mu kurimbura ico urwo rupfu rusobanura. Yezu yapfuye azira ko ari we muntu nyamukuru mu vy’ugushigikira ubusegaba bwa Yehova. Gutyo yaragaragaje ko Shetani yabeshe igihe yagiriza abantu ko basukurira Imana babitumwe gusa n’ubwikunzi (Yobu 2:1-5; Imigani 27:11). Mu gupfa ari umuntu atagira agasembwa, Yezu kandi ‘yaratanze ubuzima bwiwe kw’incungu ya benshi’ (Matayo 20:28). Igihe Adamu yacumura ku Mana, yaratakaje ubuzima bwiwe butagira agasembwa yongera atakaza icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Ariko “urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira” (Yohana 3:16). Nakare “ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu”.—Abaroma 6:23.
Ku bw’ivyo rero, insobanuro y’urupfu rwa Yezu Kirisitu irafitaniye isano n’ubwo buryo bubiri buhambaye cane bwo kugaragaza urukundo, ni ukuvuga urukundo ruhambaye Yehova yakunze abantu mu gutanga Umwana wiwe be n’urukundo ruranga ukwitanga Yezu yakunze abantu mu gutanga ubuzima bwiwe bw’umuntu abikunze. Icibutso c’urupfu rwa Yezu kirahayagiza ubwo buryo bubiri bwo kugaragaza urukundo. Kubera yuko twagaragarijwe urwo rukundo, ntidukwiye none kwerekana ko turukenguruka? Uburyo bumwe twokwerekana ko turukenguruka ni mu kuba tuhari igihe c’uguhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba.
Insobanuro y’umukate n’umuvinyu
Igihe Yezu yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, yakoresheje ibimenyetso bigizwe n’umukate be n’igikombe c’umuvinyu utukura. Yezu yarakiriye umukate, hanyuma “[a]wushimira Imana, a[ra]wumanyagura, [a]vuga, at’Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe” (1 Ab’i Korinto 11:24). Uwo mukate wategerezwa kumanyagurwa kugira ngo ushobore kugabanganywa ngo bawurye, kubera ko wari usanzwe ari umukate ukecagurika wakozwe mw’ifu ivanze n’amazi ata mwambiro bashizemwo. Mu Vyanditswe, umwambiro ugereranya icaha (Matayo 16:11, 12; 1 Ab’i Korinto 5:6, 7). Yezu nta caha yakora. Umubiri wiwe rero utagira agasembwa ni wo wabaye inkuka y’incungu ikwiriye ku bantu (1 Yohana 2:1, 2). Ese ukuntu ari ibibereye kubona hakoreshwa umukate utambiwe mu kugereranya umubiri w’inyama utagira icaha wa Kirisitu!
Yezu yarongeye ashimira Imana ku bw’igikombe c’umuvinyu utukura utyoroye hanyuma avuga ati: “Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje” (1 Ab’i Korinto 11:25). Uwo muvinyu utukura uri mu gikombe ugereranya amaraso ya Yezu. Nk’uko nyene amaraso y’amashuri be n’impene vyatangwako ibimazi yemeza isezerano ry’Ivyagezwe Imana yagiranye n’ihanga rya Isirayeli mu 1513 B.G.C., ni ko n’amaraso ya Yezu yasesetse igihe yapfa yemeje isezerano rishasha.
Ni bande bakwiye gufata ku bimenyetso?
Kugira ngo tumenye neza ababereye gufata ku bimenyetso vy’Icibutso, turakeneye gutahura isezerano rishasha ico ari co be n’abarigize abo ari bo. Bibiliya ivuga iti: “Eh’imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda: . . . nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje. . . . Nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’icaha cabo sinzocibuka ukundi”.—Yeremiya 31:31-34.
Isezerano rishasha rituma umuntu agiranira na Yehova Imana ubucuti budasanzwe. Biciye kuri iryo sezerano, hari umugwi w’abantu bacika abasavyi bayo, maze na we akaba Imana yabo. Icagezwe ca Yehova canditswe muri bo, ni ukuvuga mu mutima wabo, kandi n’abatari abo mu ruhongore rw’Abayuda bakebwe ku mubiri barashobora kugiranira n’Imana ubwo bucuti bushingiye kw’isezerano rishasha (Abaroma 2:29). Wa mwanditsi wa Bibiliya Luka arandika ivyerekeye umugambi w’Imana wo “kugendera abanyamahanga ngw ibarobanuremw’ubgoko bg’izina ryayo” (Ivyakozwe 15:14). Nk’uko muri 1 Petero 2:10 habivuga, ‘kera nta bantu barimwo, ariko ubu ni abantu b’Imana’. Ivyanditswe bibita “Israeli y’Imana”, ni ukuvuga Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu (Abagalati 6:16, UB; 2 Ab’i Korinto 1:21). Isezerano rishasha rero, ni isezerano rigirwa hagati y’Imana na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.
Mw’ijoro rya nyuma yamaranye n’abigishwa biwe, Yezu na we ubwiwe yaragiranye na bo irindi sezerano. Yababwiye ati: “Ngiranye namwe isezerano, nk’uko nyene Data yagiranye isezerano nanje, ku bw’Ubwami” (Luka 22:29, NW). Iryo ni isezerano ry’Ubwami. Igitigiri c’abantu b’abanyagasembwa bashizwe muri iryo sezerano ry’Ubwami ni 144.000. Nibamara kuzukira ijuru, bazofadikanya na Kirisitu kuganza ari abami n’abaherezi (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1-4). Gutyo, abari mw’isezerano rishasha bagiraniye n’Imana, bari no mw’isezerano ry’Ubwami bagiraniye na Yezu Kirisitu. Abo ni bo bonyene babereye gufata ku bimenyetso vy’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba.
Abo bantu bemererwa gufata ku bimenyetso vy’Icibutso, bamenya gute none ko bafitaniye ubucuti budasanzwe n’Imana kandi ko ari abaraganwa na Kirisitu? Paulo asigura ati: “[Im]pwemu [yera] ubg[ayo i]bgiririkanya n’impwemu yacu [ni ukuvuga inyifato yacu y’umuzirikanyi], ar’icabona, yuko tur’abana b’Imana. Ariko ko tur’abana bayo, tur’abaragwa; tur’abaragwa b’Imana, tur’abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we”.—Abaroma 8:16, 17.
Imana ikoresheje impwemu yera yayo, ari zo nguvu zayo zikora, irasiga abo baraganwa na Kirisitu. Ivyo biratuma badakeka ko ari abaragwa b’Ubwami. Bituma abakirisu basizwe bagira muri bo icizigiro c’ijuru. Barumva yuko ivyo Bibiliya ivuga vyose ku vyerekeye ubuzima bwo mw’ijuru ari bo biraba. Vyongeye, bariteguriye guheba ikintu ico ari co cose kijanye n’isi, ushizemwo ubuzima bwo kw’isi be n’incuti zabo zose. Naho nyene abakirisu basizwe impwemu batahura ko ubuzima bwo kw’isi izoba yahindutse Iparadizo buzoba ari bwiza cane, ico si co cizigiro cabo (Luka 23:43). Bafise icizigiro kidahinduka co kuba mw’ijuru gutyo bigatuma baba ababereye gufata ku bimenyetso vy’Icibutso, kubera yuko impwemu y’Imana yagize ico ikora kuri bo, atari kubera ko bafise ivyiyumviro bitari vyo vy’amadini.
Dufate yuko umuntu atazi neza nimba ari canke atari mw’isezerano rishasha no mw’isezerano ry’Ubwami. Vyongeye, tuvuge iki mu gihe impwemu y’Imana itamushingira intahe ko ari uwuraganwa na Kirisitu? Muri ico gihe vyoba ari bibi afashe ku bimenyetso vy’Icibutso. Si ivy’imbeshere ko Imana itohimbarwa mu gihe umuntu yigize n’ibigirankana uwahamagariwe kuba umwami n’umuherezi ariko mu vy’ukuri adafise mwene uwo muhamagaro.—Abaroma 9:16; Ivyahishuriwe 22:5.
Rwohimbazwa kangahe?
Urupfu rwa Yezu rwoba rukwiye guhimbazwa ku ndwi ku ndwi canke kumbure mbere ku musi ku musi? Emwe, Kirisitu yatanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba yongera yicwa ahorwa ubusa ku Musi wa Pasika. Iyo Pasika, iyahimbazwa rimwe gusa mu mwaka ku wa 14 Nisani, yibutsa ukuntu Isirayeli yacunguwe igakurwa mu buja bwo mu Misiri (Kuvayo 12:6, 14; Abalewi 23:5). Ku bw’ivyo rero, urupfu rwa “Kristu Pasika yacu” rukwiye kwibukwa rimwe gusa uko umwaka utashe, si ku ndwi ku ndwi canke ku musi ku musi (1 Abakorenti 5:7, UB). Mu guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, abakirisu babigenza nk’uko Yezu yabigenjeje igihe yazitanguza.
Ariko none amajambo ya Paulo avuga ngo “Uko murya uwo mutsima kand’uko munywera kur’ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugeza ah’azozira”, afise insobanuro iyihe (1 Ab’i Korinto 11:26)? Muri iki canditswe, Paulo yakoresheje ijambo risobanura “igihe cose” canke “igihe ico ari co cose”. Ku bw’ivyo, yariko avuga ko igihe cose abakirisu basizwe bofashe kuri ivyo bimenyetso, bobaye batangaje ko bizera inkuka y’incungu ya Yezu.
Abakirisu basizwe bohimbaje urupfu rwa Kirisitu “kugeza ah’azozira”. Iryo himbaza ryobandanije gushika Yezu ashitse akakira mw’ijuru abayoboke biwe basizwe mu kubazurira ubuzima bwo mu buryo bw’impwemu, mu gihe c’“ukuhaba” kwiwe (1 Ab’i Tesalonike 4:14-17, NW). Ivyo birahuje n’amajambo Kirisitu yabwiye za ntumwa ziwe z’intahemuka 11 agira ati: “Ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba”.—Yohana 14:3.
Icibutso gisigura iki kuri wewe?
Kugira ngo twungukire ku nkuka ya Yezu maze tuze turonke ubuzima budahera bwo kw’isi, vyoba bisaba ko turinda gufata ku bimenyetso vy’Icibutso? Oya. Nta na hamwe muri Bibiliya havuga yuko abantu batinya Imana nka Nowa, Aburahamu, Sara, Isaka, Rebeka, Yozefu, Musa be na Dawidi nibamara kuzukira kw’isi, umusi uri izina bazofata kuri ivyo bimenyetso. Yamara, bo hamwe n’abandi bose bipfuza kubaho ibihe bidahera kw’isi, bazotegerezwa kugaragaza ukwizera Imana na Kirisitu no kugaragaza ukwizera intunganyo Yehova yagize yo gutanga Yezu kw’inkuka y’incungu (Yohana 3:36; 14:1). Na wewe, kugira ngo uronke ubuzima budahera, utegerezwa kugira ukwizera nk’ukwo. Kuba ari ho uri mu gihe c’ihimbaza ry’urupfu rwa Kirisitu riba uko umwaka utashe bizokwibutsa ko iyo nkuka ihambaye vyongere bitume urushiriza kuyikenguruka.
Intumwa Yohani yarashimitse ku kamaro k’inkuka ya Yezu igihe yavuga ati: “Mbandikiye [basizwe bagenzanje] ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi, kand’uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ivyacu twenyene, ariko n’iy’ivy’abari mw isi bose” (1 Yohana 2:1, 2). Abasizwe barashobora kuvuga ko inkuka ya Yezu ari impongano y’ivyaha vyacu. Ariko kandi ni inkuka y’ivyaha vy’abari mw’isi bose, ituma abantu bagamburuka bashobora kuzoronka ubuzima budahera.
Woba ari ho uzoba uri ku wa 4 Ndamukiza 2004 kugira ngo uhimbaze urupfu rwa Yezu? Iryo himbaza rizogirwa kw’isi yose n’Ivyabona vya Yehova, ribere aho basanzwe bakoranira. Niwitaba urwo rubanza, uzokwungukira ku nsiguro ihambaye cane ishingiye kuri Bibiliya. Uzokwibutswa ibintu vyinshi cane Yehova Imana be na Yezu Kirisitu batugiriye. Bizokugirira kandi akamaro mu vy’impwemu guhurira hamwe n’abantu bubaha bimwe bigera ibwina Imana na Kirisitu hamwe n’inkuka y’incungu ya Yezu. Urwo rubanza rushobora kuzokomeza icipfuzo ufise co kwironkera ubuntu tutabereye bw’Imana bujana mu buzima budahera. Ntureke ngo hagire ikintu na kimwe kigusivya. Uritaba iryo himbaza rikora ku mutima ritera iteka Data wa twese wo mw’ijuru Yehova Imana, rikongera rikamuhimbara.
[Ifoto ku rup. 5]
Insobanuro y’urupfu rwa Yezu ifitaniye isano n’uburyo bubiri buhambaye cane bwo kugaragaza urukundo
[Ifoto ku rup. 6]
Umukate utambiwe be n’umuvinyu ni ibimenyetso bibereye vy’umubiri utagira icaha wa Yezu be n’amaraso yiwe yasesetse