ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/8 rup. 9-14
  • Yehova, ya Mana y’ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova, ya Mana y’ukuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arazi ukuri
  • Yehova ni umunyakuri
  • Yehova arahishura ukuri
  • Gumya ukuri
  • Yehova asaba “ukwizera kutar’ukw’uburyarya”
  • Twigane ya Mana y’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Tube imvugakuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Vyoba bigikenewe ko tumenya ukuri?
    Ibindi biganiro
  • Nuvugane ukuri na mugenzawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/8 rup. 9-14

Yehova, ya Mana y’ukuri

“Warancunguye [Yehova], we Mana y’ukuri”.​—ZABURI 31:5.

1. Ibintu vyari bimeze gute mw’ijuru no kw’isi igihe ata kinyoma cariho?

HARIGEZE kuba igihe ata kinyoma cariho. Ico gihe mw’ijuru haba ibiremwa vy’impwemu bitagira agasembwa, vyasukurira Umuremyi wavyo, “we Mana y’ukuri” (Zaburi 31:5). Nta kinyoma be n’uruhendo vyariho. Yehova yarabwira ibintu vy’ukuri abana biwe b’ibiremwa vy’impwemu. Yabigenza gutyo kubera ko yabakunda be no kubera ko yitwararika cane ineza yabo. No kw’isi ni uko vyari bimeze. Yehova yararemye umugabo n’umugore ba mbere, kandi abicishije ku muhora yari yarashinze, yama nantaryo aganira na bo mu buryo butomoye, burashe kandi burangwamwo ukuri. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyari vyiza igitangaza!

2. Ni nde yatanguje ikinyoma, kandi kubera iki?

2 Ariko rero, mu nyuma umwana umwe w’Imana w’ikiremwa c’impwemu yarigize imana ata n’isoni, arwanya Yehova. Ico kiremwa c’impwemu, icahavuye citwa Shetani wa Mucokoranyi, cashaka ko abandi bagisenga. Kugira ngo Shetani ashike ku mugambi wiwe, yaratanguje ikinyoma kiba ari co akoresha mu kwigarurira abandi. Mu kubigira gutyo, yacitse ‘umunyabinyoma na se wavyo’.​—Yohana 8:44.

3. Adamu na Eva bakiriye gute ibinyoma vya Shetani, kandi ingaruka zabaye izihe?

3 Abicishije ku nzoka, Shetani yabwiye wa mugore wa mbere Eva yuko arenze kw’itegeko ry’Imana, akarya icamwa kibujijwe, atopfuye. Ico cari ikinyoma. Yongeye kumubwira yuko akiriye yobaye nk’Imana, akamenya iciza n’ikibi. N’ico nyene cari ikinyoma. Naho Eva atari bwigere abeshwa na rimwe, yari gutegerezwa gutahura yuko ivyo yumvise kuri iyo nzoka bitari bihuje n’ivyo Imana yari yarabwiye umugabo wiwe Adamu. Ariko rero, yahisemwo kwemera ivya Shetani, aho kwemera ivya Yehova. Amaze guhendwa bimwe bishitse, yarafashe nya camwa arakirya. Mu nyuma, Adamu na we nyene yarariye kuri nya camwa (Itanguriro 3:1-6). Cokimwe na Eva, Adamu ntiyari bwigere yumva ikinyoma; Adamu rero ntiyahenzwe (1 Timoteyo 2:14). Biciye ku vyo yakoze, yarerekanye yuko ateye akagere Umuremyi wiwe. Inkurikizi zashikiye umuryango w’abantu zabaye agahomerabunwa. Kubera yuko Adamu yagambaraye, icaha n’urupfu, hamwe n’ukwononekara be n’amarushwa atavugwa, vyarashikiye uruvyaro rwiwe rwose.​—Abaroma 5:12.

4. (a) Ibinyoma vyavugiwe muri Edeni vyari bwoko ki? (b) Dutegerezwa gukora iki kugira ngo ntituzimizwe na Shetani?

4 Vyongeye, ikinyoma carakwiragiye. Dutegerezwa kumenya yuko ivyo binyoma vyavuzwe mw’itongo ry’i Edeni vyari ibirwanya ubunyakuri bwa Yehova ubwiwe. Shetani yemeje yuko Imana ibigiranye urwenge yariko yima umugabo n’umugore ba mbere ikintu ciza. Birumvikana ko ivyo atari ukuri. Adamu na Eva nta kunguko bakuye ku kugambarara kwabo. Barapfuye, nk’uko nyene Yehova yari yarabivuze. Yamara rero, ibitero vya Shetani bisiga iceyi Yehova vyarabandanije, ku buryo bw’uko haciye ibinjana n’ibindi intumwa Yohani yahumekewe kwandika yuko Shetani “[a]zimiza abari kw isi bose” (Ivyahishuriwe 12:9). Kugira ngo twirinde kuzimizwa na Shetani wa Mucokoranyi, dutegerezwa kwizigira tugaherezako yuko Yehova ari umunyakuri kandi ko Ijambo ryiwe ari ukuri. Wokora iki kugira urushirize gutsimbataza ukwizigira Yehova kwawe wongere wikomeze kugira ngo urwanye uruhendo be n’ibinyoma biremeshwa na wa Mwansi wiwe?

Yehova arazi ukuri

5, 6. (a) Yehova afise ubuhe bumenyi? (b) Ubumenyi umuntu afise bungana gute ubugereranije n’ubwo Yehova afise?

5 Bibiliya yama yerekana ko Yehova ari we “Muremyi wa vyose” (Abanyefeso 3:9). Ni we “[y]aremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose” (Ivyakozwe 4:24). Kubera ko Yehova ari we Muremyi, arazi ukuri kwerekeye ibintu vyose. Tubitangire akarorero: dufate umuntu acapa umugero hanyuma akiyubakira inzu, mu gushinga inkingi zose no mu gukora ibikorwa vyose bikenewe kuri iyo nzu. Aba azi iyo nzu imbere n’inyuma kandi aba ayizi kuruta umuntu uwo ari we wese ayihweza. Abantu baramenya ibintu bahinguye. Nk’ukwo nyene, Umuremyi arazi akantu kose ku vyerekeye ivyo yaremye.

6 Umumenyeshakazoza Yesaya yaraseruye mu buryo bw’akaroruhore ukuntu ubumenyi bwa Yehova bungana. Dusoma duti: ‘Ni nde yigeze kugera amazi y’ikiyaga ku rushi, akageresha ijuru itambwe ry’intoke, akaronka ingero yokwirwamwo umukungugu wo kw’isi, akagera imisozi ku munzane, n’uturambi ku ngero? Ni nde yigeze kurongora impwemu ya Yehova, akayigisha nk’aho ari umujanama wayo? Ni nde impwemu yigeze kugisha inama, kandi ni nde yigeze kuyigisha, akayigisha kuroranya, akayigisha ubwenge, akayereka uburyo bwo gutahura?’ (Yesaya 40:12-14). Vy’ukuri, Yehova “[ni] Imana izi vyose” kandi “[a]fise ubgenge bushitse” (1 Samweli 2:3; Yobu 36:4; 37:16). Ese ukuntu tuzi ibintu bikeyi tugereranije na Yehova! Naho abantu birundanirije ubumenyi buteye ubwoba, ukuntu dutahura ivyaremwe ntikunashikira “ubusunwa . . . bg’inzira [z’Imana]”. Ni nk’“utwongorerano” ugereranije n’“imyasano y’ububasha”.​—Yobu 26:14.

7. Dawidi yatahura iki ku vyerekeye ubumenyi Yehova afise, kandi ku bw’ivyo ni igiki dutegerezwa kwemera icese?

7 Kubera ko Yehova ari we yaturemye, birumvikana yuko atuzi neza. Wa Mwami Dawidi ivyo yari abizi. Yanditse ati: “Uhoraho waransuzumye, urammenya, urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, umenyera kure ivyo niyumvira. Usorongora inzira zanje n’iryama ryanje, urazi iminyuro yanje yose. Kukw ata jambo riza mu rurimi rwanje wewe Uhoraho utararimenya rwose” (Zaburi 139:1-4). Ariko ntiwumve, Dawidi yaratahura yuko abantu bakoresha uburenganzira bwo kwihitiramwo, ni ukuvuga ko Imana yaduhaye ubushobozi bwo guhitamwo kuyigamburukira canke kutayigamburukira (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20; Yosuwa 24:15). Yamara rero, Yehova aratuzi neza cane kuruta uko twiyizi. Adushakira ineza, kandi ni we ashoboye kuyobora inzira zacu (Yeremiya 10:23). Kukaba nkako, nta mwigisha ariho, nta muhanga ariho, nta muhanuzi ariho afise ivyangombwa bikwiye kugira ngo atwigishe ukuri yongere atume tugira ubukerebutsi n’agahimbare.

Yehova ni umunyakuri

8. Tuzi dute ko Yehova ari umunyakuri?

8 Kumenya ukuri ni kimwe, ariko kwama uvuga ukuri, ukaba umunyakuri ni ikindi. Nk’akarorero, Shetani yahisemwo ‘kudahagarara mu kuri’ (Yohana 8:44). Igihushanye n’ivyo, Yehova we “agwije . . . ukuri” (Kuvayo 34:6, NW). Ivyanditswe vyama bishingira intahe ubunyakuri bwa Yehova. Intumwa Paulo yavuze yuko ‘Imana idashobora kubesha’ be n’uko Imana “itazi kubesha” (Abaheburayo 6:18; Tito 1:2). Ubunyakuri ni umuce uhambaye wa kamere z’Imana. Turashobora kwiheka kuri Yehova kandi tukamwizigira kubera ko ari umunyakuri; ntiyigera abesha intahemuka ziwe.

9. Izina Yehova rifitaniye isano gute n’ukuri?

9 Izina Yehova ubwaryo rirashingira intahe ubunyakuri bwiwe. Izina ry’Imana risobanura ngo “atuma biba”. Ivyo vyerekana ko Yehova agenda ararangura intambwe ku yindi ivyo asezerana vyose. Nta wundi muntu n’umwe abishoboye. Kubera ko Yehova ari we Musumbavyose, nta na kimwe gishobora kubuza imigambi yiwe kuranguka. Yehova si umunyakuri gusa ariko kandi ni we wenyene afise ububasha n’ubukerebutsi bwo gutuma ivyo avuga vyose biranguka.

10. (a) Yosuwa yiboneye gute yuko Yehova ari umunyakuri? (b) Ni imihango ya Yehova iyihe umaze kubona iranguka?

10 Yosuwa ni umwe mu bantu benshi biboneye ibintu bitangaje bishingira intahe ubunyakuri bwa Yehova. Yosuwa yari mu Misiri igihe Yehova yateza iryo hanga ivyago cumi, kimwekimwe cose akaba yakivuga imbere y’igihe. Mu bindi bintu vyarangutse, Yosuwa yariboneye ishitswa ry’imihango Yehova yatanze yo kubohoza Abisirayeli bakava mu Misiri no kubarongora gushika mu Gihugu c’Isezerano, babanje kunesha ingabo zikomeye z’Abanyakanani zabarwanya. Ari hafi yo gupfa, Yosuwa yabwiye abagabo b’inararibonye bo mw’ihanga rya Isirayeli ati: “Mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse” (Yosuwa 23:14). Naho utiboneye ibitangaro Yosuwa yabonye, woba none umaze kwibonera mu buzima bwawe yuko imihango Imana itanga ari iy’ukuri?

Yehova arahishura ukuri

11. Ni igiki cerekana yuko Yehova ashaka kumenyesha ukuri abantu?

11 Iyumvire umuvyeyi afise ubumenyi bwinshi cane mugabo akaba adakunda kuganiriza abana biwe. Ubwo none ntukenguruka kubona Yehova atameze gutyo? Yehova araganiriza abantu abigiranye urukundo, kandi ivyo akabigira atiziganya. Ivyanditswe bimwita ‘Umucishabwenge Mukuru’ (Yesaya 30:20, NW). Abigiranye ubuntu-mvarukundo, arashikira n’abadafise umutima wo kumwumviriza. Nk’akarorero, Ezekiyeli yashinzwe igikorwa co kwigisha abantu Yehova yari azi yuko batomuteze yompi. Yehova yavuze ati: “Genda, ushikīre ab’inzu ya Isirayeli, ubabarire amajambo yanje”. Yaciye amugabisha ati: “Nti[ba]zokwumvira, kuko nanje banse kunyumvira: kukw ab’inzu ya Isirayeli bose mu ruhanga rwabo ar’abanyakadāda, bikomantaje imitima”. Ico cari igikorwa kitoroshe, mugabo Ezekiyeli yarakiranguranye ubwizerwe, kandi mu kubigira gutyo yagaragaje imbabazi za Yehova. Niwaba ufise igikorwa co kwamamaza kigoye, hanyuma ukiheka ku Mana, urashobora kwizigira udakeka yuko azogukomeza nk’uko yakomeje uwo mumenyeshakazoza wiwe Ezekiyeli.​—Ezekiyeli 3:4, 7-9.

12, 13. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Imana yaganirije abantu?

12 Yehova yipfuza ko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Timoteyo 2:4). Yaravuze abicishije ku bamenyeshakazoza, ku bamarayika eka mbere no ku Mwana wiwe mukundwa ari we Yezu Kirisitu (Abaheburayo 1:1, 2; 2:2). Yezu yabwiye Pilato ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ukuri wese yumva ijwi ryanje”. Pilato yari aronse akaryo kadasanzwe ko kumenya ukuri kwerekeye intunganyo Yehova yagize yerekeye ubukiriro avyibwiriwe n’Umwana wiwe. Ariko rero, Pilato ntiyari ashigikiye ukuri, kandi ntiyashaka kukumenya biciye kuri Yezu. Ahubwo riho, Pilato yishuranye akagaye ati: “Mbeg’ukuri n’iki?” (Yohana 18:37, 38). Mbega ukuntu yihombeje! Yamara rero, benshi barumvirije ukuri Yezu yamamaza. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Amaso yanyu arahiriwe, kukw abona, n’amatwi yanyu, kuko yumva”.​—Matayo 13:16.

13 Yehova yarazigamye ukuri akoresheje Bibiliya kandi yaratumye abantu bo mu mihingo yose bashobora kuyironka. Bibiliya irahishura ibintu nk’uko biri koko. Iradondora kamere z’Imana, imigambi yayo be n’amategeko yayo, hamwe n’ukuntu ibintu vyifashe koko mu bantu. Mw’isengesho Yezu yatuye Yehova, yavuze ati: “Ijambo ryawe ni ryo kuri” (Yohana 17:17). Kubera ico, Bibiliya ni igitabu ntangere. Ni co conyene canditswe gihumetswe n’Imana izi ibintu vyose (2 Timoteyo 3:16). Ni ingabirano y’agaciro yahawe abantu, abasavyi b’Imana bakaba bayifatana uburemere. Tuba tubaye inkerebutsi iyo tuyisomye ku musi ku musi.

Gumya ukuri

14. Ni ibintu bimwebimwe ibihe Yehova avuga ko azokora, kandi ni kubera iki dukwiye kumwizigira?

14 Dukwiye gufatana uburemere ivyo Yehova atubwira mw’Ijambo ryiwe. Ari ico avuga ko ari, kandi azokora ico avuga ko azokora. Turafise imvo yumvikana yo kwizigira Imana. Turashobora kwizigira Yehova igihe avuga ko azocira urubanza rw’“uguhanwa abatamenye Imana n’abatumviye inkuru nziza y’Umukama wacu Yezu” (2 Abanyatesalonika 1:8, UB). Turashobora kandi kwizigira Yehova igihe avuga yuko akunda abakurikirana ukugororoka, igihe avuga yuko azoha ubuzima budahera abamwizera, n’igihe avuga yuko azokuraho imibabaro, amaborogo eka mbere n’urupfu. Yehova yarashimitse ku vy’uko uwo muhango duhejeje kubona ari uwo kwizigirwa mu guha iyi nyobozo intumwa Yohani: “Andika, kukw ayo majambo ar’ayo kwizerwa n’ay’ukuri”.​—Ivyahishuriwe 21:4, 5; Imigani 15:9; Yohana 3:36.

15. Ni ibinyoma bimwebimwe ibihe Shetani aremesha?

15 Shetani arahushanye koko na Yehova. Aho kugira ngo amurikire abantu, arabahenda. Kugira ngo ashike ku mugambi wiwe wo gukura abantu ku gusenga gutyoroye, Shetani araremesha ibinyoma vy’ubwoko bwinshi. Nk’akarorero, Shetani yipfuza ko twemera yuko Imana itatunezwe kandi ko itanezwe ugucumukura kuri ngaha kw’isi. Yamara, Bibiliya irerekana ko Yehova ababaye bimwe bigera ibwina ibiremwa vyiwe kandi ko ababazwa n’ububisha hamwe n’ugucumukura (Ivyakozwe 17:24-30). Shetani kandi ashaka ko abantu bemera yuko gukurikirana ivy’impwemu ari uguta umwanya. Igihushanye n’ivyo, Ivyanditswe bidukura amazinda ko “Imana [ita]gabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo”. Vyongeye, biravuga mu buryo butomoye yuko Imana ‘iha impera abayirondera’.​—Abaheburayo 6:10; 11:6.

16. Ni kubera iki abakirisu bategerezwa kuguma barikanuye kandi bakagumya ukuri?

16 Ku vyerekeye Shetani, intumwa Paulo yanditse ati: “Imana y’iki gihe yahumye imitima [y’abatizera], ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana” (2 Ab’i Korinto 4:4). Nk’uko vyagendeye Eva, abantu bamwebamwe barahendwa buhere na Shetani wa Mucokoranyi. Abandi bakurikira ingendo ya Adamu, atahenzwe ariko yahisemwo n’ibigirankana inzira yo kugambarara (Yuda 5, 11). Kubera ivyo, birahambaye yuko abakirisu baguma barikanuye kandi bakagumya ukuri.

Yehova asaba “ukwizera kutar’ukw’uburyarya”

17. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo dutoneshwe na Yehova?

17 Kubera ko Yehova ari umunyakuri mu nzira ziwe zose, yitega ko abamusenga na bo nyene baba abanyakuri. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerēra ku musozi wawe wera? N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka, akavuga ukuri mu mutima wiwe” (Zaburi 15:1, 2). Ku Bayuda baririmba ayo majambo, igihe baba bavuze umusozi wera wa Yehova nta nkeka ko baca babona mu bwenge Umusozi Siyoni, hamwe wa Mwami Dawidi yajana isandugu y’isezerano kw’ihema yari yarahubatse (2 Samweli 6:12, 17). Uwo musozi be n’iryo hema vyarabibutsa aho Yehova yaba mu buryo bw’ikigereranyo. Aho ni ho abantu bashobora kwegerera Imana kugira ngo bayisabe gutoneshwa na yo.

18. (a) Kugiranira ubucuti n’Imana bisaba iki? (b) Ni ibiki vyihwezwa mu kiganiro gikurikira?

18 Umuntu wese ashaka kugiranira ubucuti na Yehova ategerezwa kuvuga ukuri “mu mutima wiwe”, atari ku munwa gusa. Abakunzi nyakuri b’Imana bategerezwa kugira umutima uzira ubugunge kandi bategerezwa gutanga ikimenyamenya c’uko bafise “[u]kwizera kutar’ukw’uburyarya”, kubera ko ibikorwa biranga yuko umuntu ari umunyakuri biva mu mutima (1 Timoteyo 1:5; Matayo 12:34, 35). Umukunzi w’Imana ntabesha canke ngo ahendane, kubera ko “Uhoraho yanka urunuka . . . ingunge” (Zaburi 5:6). Ivyabona vya Yehova kw’isi yose barihatira kuba abanyakuri mu kwigana Imana yabo. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ico ciyumviro.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki Yehova azi ukuri kwerekeye ibintu vyose?

• Ni igiki cerekana ko Yehova ari umunyakuri?

• Yehova yahishuye gute ukuri?

• Ni igiki dusabwa ku bijanye n’ukuri?

[Amafoto ku rup. 10]

Ya Mana y’ukuri irazi akantu kose ku vyo yaremye

[Amafoto ku rup. 12, 13]

Ivyo Yehova yasezeranye bizoranguka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika