Inkuru y’ubuzima
Hahirwa uwo Imana yiwe ari yehova
NK’UKO VYAVUZWE NA TOM DIDUR
Ingoro ya leta yari yamaze gukoteshwa. Abantu bashika nka 300 ni bo bari bitezwe kw’iteraniro ryabereye mu gisagara ca Porcupine Plain, mu ntara ya Saskatchewan muri Kanada. Ku wa gatatu hatanguye kugwa ivyitwa shelegi, maze ku wa gatanu vyari vyinshi ku buryo bituma umuntu atabona iyo aja. Ubukanye bwarongerekanye bushika kuri dogere 40 musi y’ubusa. Haje abantu 28 hakaba harimwo n’abana bakeyi. Iryo ni ryo ryari iteraniro rya mbere nagize ndi umucungezi mushasha w’umuzunguruko, kandi nari umusore w’imyaka 25 akunda guhagarika umutima. Imbere y’uko ndababwira ivyashitse, reka mbanze ndabiganire ukuntu nashitse kuri ako gateka kadasanzwe k’umurimo.
NGIRA indwi mu bana umunani, bose bakaba ari abahungu. Imfura yari Bill, hagakurikira Metro, John, Fred, Mike hamwe na Alex. Navutse mu 1925, uwabaye umuhererezi na we ni Wally. Twaba hafi y’igisagara ca Ukraina co mu ntara ya Manitoba, aho abavyeyi banje Michael Didur na Anna Didur, bari bafise iyororero-rimiro ritoyi. Dawe yakora kw’ibarabara ry’indarayi ari mu mugwi umwe w’abakozi bahawe gukora igice kinaka kuri iryo barabara. Kubera yuko akazu baha abakozi ngo babemwo kari kw’ibarabara ry’indarayi riri kure y’igisagara katari kabereye kurereramwo umuryango munini, twagumye kuri rya yororero-rimiro. Kubera yuko dawe akenshi wasanga ataba i muhira, mawe ni we yari afise igikorwa co kuturera. Rimwe na rimwe yaradusiga i muhira akaja kuraba dawe akamarayo indwi imwe canke irenga, ariko yararaba neza yuko tuzi guteka, gukora imikate no gukora ibikorwa vy’i muhira. Kandi kubera ko twari muri Ekeleziya gatolika y’Abagiriki, ukumenyerezwa mawe yaturonkeje mu ntango kwarimwo gufata ku mutwe ibisabisho hamwe no kugira uruhara mu bindi bikorwa bijanye no gusenga.
Ukuntu natanguye kumenya ukuri kwa Bibiliya
Icipfuzo nari mfise co gutahura Bibiliya catanguye gukura igihe nari umuyabaga. Hari umubanyi yari Icabona ca Yehova yakunda kugendera umuryango wacu akadusomera ibice vyo muri Bibiliya bivuga ivy’Ubwami bw’Imana, Harumagedoni hamwe n’imihezagiro izoba mw’isi nshasha. Mawe ntiyashimishwa na gato n’ivyo nya Cabona yavuga, mugabo ubwo butumwa bwarakwegereye Mike na Alex. Nkako, ivyo bize vyatumye banka kuja mu gisoda mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose bitumwe n’ukwemera kwabo. Mike yaciye acirwa umunyororo w’igihe gitoyi, mu gihe Alex yarungitswe mu ntara ya Ontario mw’ikambi ikorerwamwo ibikorwa biruhisha. Mu nyuma, Fred na Wally na bo nyene baremeye ukuri. Ariko rero, bakurwanje batatu baranse. Na mawe nyene yararwanije ukuri mu kiringo c’imyaka itari mike mugabo mu nyuma yaradutangaje twese igihe yafata ingingo yo kuja ku ruhande rwa Yehova. Yabatijwe afise imyaka 83. Mawe yari afise imyaka 96 igihe yapfa. Dawe na we nyene yapfuye asigaye akunda ukuri.
Igihe nari mfise imyaka 17, narafashe urugendo nja mu gisagara ca Winnipeg njanywe no kurondera akazi hamwe no kwifatanya n’abari gushobora kumfasha kwiga Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bari babujijwe ico gihe, mugabo amakoraniro yaraba ubudahorereza. Ikoraniro rya mbere nitavye ryabereye mu nzu y’umuntu. Kubera ko nari narerewe muri Ekeleziya gatolika y’Abagiriki, ivyo numvise ubwa mbere wamenga ni ibintu bitabaho. Ariko rero, buhorobuhoro naratahuye igituma indinganizo y’uko haba umugwi w’abakuru b’idini n’umugwi w’abayobokamana itari ishingiye ku Vyanditswe be n’igituma igihe abakuru b’idini bahezagiye indwano Imana itabishigikira (Yesaya 2:4; Matayo 23:8-10; Abaroma 12:17, 18). Kuba mw’Iparadizo kw’isi vyasa n’ibishoboka cane be n’ivyumvikana cane kuruta kuja kuba ibihe bidahera ahantu ha kure.
Kubera yuko nari narajijutse ko ukwo kwari ukuri, nariyeguriye Yehova hanyuma mbatizwa mu 1942 mu gisagara ca Winnipeg. Ivyabona vya Yehova bari barabujijwe muri Kanada baremerewe mu 1943, maze igikorwa co kwamamaza kiratera imbere nk’umuzinga. Ukuri kwa Bibiliya kandi kwariko kurarushiriza kunkora ku mutima. Naratewe agateka ko kuba umusuku w’ishengero, kugira uruhara mu masekeza y’amakoraniro y’icese be no gukorera mu cibare ata wuragikeberwa. Ukwitaba amahwaniro maninimanini muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyaraterereye ikintu kinini cane kw’iterambere ryanje ryo mu vy’impwemu.
Ukuntu naguye umurimo ndangurira Yehova
Mu 1950, narasavye kuba umutsimvyi, maze mu kwezi kwa Kigarama muri uwo mwaka nyene, bantumira gusukura ndi umucungezi w’umuzunguruko. Naratewe agateka ko kuronka ukumenyerezwa kwategekanirijwe abacungezi hafi y’i Toronto, nkaba namenyerejwe n’umuvukanyi azi utuntu n’utundi kandi w’intahemuka yitwa Charlie Hepworth. Nararonse kandi umunezero wo kumara indwi ya nyuma y’ukumenyerezwa kwanje ndi kumwe na mwenewacu Alex, uwari asanzwe ari mu gikorwa c’umuzunguruko mu gisagara ca Winnipeg.
Iteraniro ry’umuzunguruko rya mbere nagize, rimwe navuga mu ntango, sinzokwigera ndaryibagira. Mu bisanzwe, nari ndajwe ishinga no kumenya uko biza kugenda. Uko vyari biri kwose, umuvukanyi Jack Nathan, umucungezi wacu w’intara, yatumye twese tuguma dufise vyinshi dukora kandi tunezerewe. Twaragize mu ncamake porogarama y’iteraniro turi kumwe n’abari baje. Twarakurakuranwe mu kwigana ivyabonywe, mu kwerekana uburyo bwo gutanguza ibiganiro inzu ku nzu, kugira amasubirayo no mu kwerekana uburyo bwo kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Twararirimvye indirimbo z’Ubwami. Imfungurwa zari rya nawe. Uko haca nk’amasaha abiri, twarihereza ikawa n’umukate. Bamwebamwe baryama ku ntebe no ku mukiruruko, mu gihe abandi baryama hasi. Ku w’iyinga shelegi yaragabanutse gatoyi ku buryo bw’uko abantu 96 bitavye insiguro y’icese. Ivyo vyabaye vyaranyigishije kwihangana mu bihe bigoye.
Ahakurikira narungitswe gukorera igikorwa c’umuzunguruko ni mu Buraruko bwa Alberta, muri Kolombiya y’Abongereza no mu cibare ca Yukon, gitazirwa ngo igihugu c’izuba ryo mu gicugu. Kugendera mw’ibarabara ryuzuyemwo urubuye rya Alaska uvuye muri Dawson Creek ho muri Kolombiya y’Abongereza uja muri Whitehorse muri Yukon (ryareha n’ibilometero 1.477), no gushinga intahe mu nzira vyasaba ukwihangana n’ukwiyubara. Irundana rya shelegi, imisozi inyerera be no kutabona neza iyo uja kubera ukugwa kwa shelegi yari ingorane ihambaye.
Naratangajwe no kubona ukuntu ukuri kwashitse muri Alaska. Igihe kimwe, jewe na Walter Lewkowicz twararamukije ku kazu gaciriritse kari kegereye Lower Post muri Kolombiya y’Abongereza, kw’ibarabara rya Alaska hafi y’urubibe rw’icibare ca Yukon. Twari tuzi ko hari umuntu aba muri ako kazu kubera ko twabona agaco k’itara ducishije mu kadirisha gatoyi. Hari nk’isaha zitatu z’ijoro, maze turadodora ku rugi. Twumva ijwi ry’umugabo ritubwira kwinjira, duca turinjira. Ese ukuntu vyari bitangaje kubona umutama yigaramiye ku gitanda ariko arasoma ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi! Emwe yari afise inomero yari iherutse gusohoka nshasha kuruta iyo twariko turatanga. Yasiguye ko yaronka ibinyamakuru biciye mu ndege. Kubera yuko hari haciye imisi irenga umunani tutari mw’ishengero muri ico gihe, ntitwari bwaronke ibinyamakuru biheruka gusohoka. Nya mugabo yatubwiye ko yitwa Fred Berg, kandi naho yari amaze imyaka myinshi aronka ibinyamakuru biciye kuri abonema, bwari bwo bwa mbere agenderwa n’Ivyabona vya Yehova. Fred yaraduhaye indaro iryo joro. Twarashoboye gusangira na we ibintu vyinshi vyerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe be no gutunganya ivy’uko ibindi Vyabona bama baca muri ako karere bamugendera.
Mu kiringo c’imyaka myinshi, narakoreye mu mizunguruko itatu mitomito. Iyo mizunguruko yahera mu gisagara ca Grande Prairie muri Alberta amaja mu Buseruko, igashika mw’izinga rya Kodiak muri Alaska amaja mu Burengero, kikaba ari ikirere c’ibilometero birenga 3.500.
Naramenye mu buryo bw’akaroruhore yuko mu turere twa kure turi ukwa twonyene cokimwe n’ahandi hose, ubuntu tutabereye bwa Yehova bugirirwa abantu bose be n’uko impwemu y’Imana ivyurira ingiro imizirikanyi n’imitima y’abantu bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera. Umwe muri mwene abo bantu yari Henry Lepine wo mu gisagara ca Dawson co muri Yukon, ubu hitwa Dawson. Henry yaba mu karere kari ukwa konyene. Kukaba nkako, hari haciye imyaka irenga 60 atava aho bacukura ubutare bw’inzahabu. Ariko rero, impwemu ya Yehova yaratumye uwo mutama w’imyaka 84 agira urugendo rw’ibilometero birenga 1.600 kugenda gusa, aja i Anchorage kugira ngo yitabe iteraniro ry’umuzunguruko, naho atari bwigere yitaba ikoraniro na rimwe ry’ishengero. Porogarama yaramushitse ku mutima yongera aranezererwa no kuba ari kumwe n’abandi. Henry amaze gusubira mu gisagara ca Dawson, yagumye ari umwizerwa gushika apfuye. Abantu benshi bari bazi Henry baribajije icatumye uwo mutama agira urugendo rureha gutyo. Ukwo gushaka kumenya icabitumye vyashikanye abandi batama bakeyi ku kwemera ukuri. Henry rero yarashoboye gushinga intahe nziza atagize ico avuga.
Narungukiye ku buntu ntabereye bwa Yehova
Mu 1955, narahimbawe igihe naronka ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 26 w’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower. Ukwo kumenyerezwa kwarakomeje ukwizera kwanje kwongera kuramfasha kurushiriza kwiyegereza Yehova. Ivyigwa biheze, naciye ndungikwa kubandanya igikorwa c’umuzunguruko muri Kanada.
Namaze nk’umwaka nkorera mu ntara ya Ontario. Mu nyuma narongeye kurungikwa ha hantu heza cane muri Alaska. Ndacibuka amabarabara y’akaroruhore yubakiwe neza ku mpande, ibiyaga bica ibibatsi be n’ukuntu naduga urunani rw’imisozi ku masonga yayo usanga hariho shelegi. Mu ci, imyonga be n’imirima usanga bimeze nk’igisaso ciza cane kigizwe n’amashurwe yimeza y’amabara atandukanye. Akayaga karapfutse n’amazi ni umusarara. Amadubu, amabingira, ibikoko bimeze nk’ingeregere, ivyitwa caribou, be n’ibindi bikoko birayebayeba ata nkomanzi aho bisanzwe vyibera.
Ariko rero, gukorera muri Alaska ubudahorereza birimwo ingorane idashingiye gusa ku kirere gihindagurika ariko kandi ishingiye ku bunini bw’ako karere. Umuzunguruko nakoreramwo wari ufise ibilometero 3.200 kuva mu Buseruko gushika mu Burengero. Ico gihe, nta ntunganyo yari ihari y’uko umucungezi w’umuzunguruko agira umuduga. Abavukanyi bo muri ako karere baritanga bakantwara bankura mw’ishengero rimwe banjana mu rindi. Ariko rero, rimwe na rimwe nategerezwa gusaba abashoferi b’amakamyo canke abatwara ingenzi ngo banyunguruze.
Ikintu kimwe cabaye mu bihe mwene ivyo, ni icabereye mu gace kamwe ko kw’ibarabara rya Alaska kari hagati ya Tok muri Alaska n’akarere ka Mile 1202, ari ko karere ka Scotty Creek. Ibiro bijejwe imbibe vy’aho hantu habiri vyari bitandukanijwe n’ibilometero bishika nko ku 160. Nararenganye ibiro bijejwe imbibe vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika i Tok maze ndaronka umuduga unyunguruza nk’ibilometero 50. Inyuma y’aho nta muduga wongeye kuhaca, ari co gituma naciye ngira urugendo n’amaguru rw’amasaha nka cumi, ngenda ibilometero birenga 40. Mu nyuma ni ho naje kumenya yuko haciye akanya ndenganye izo mbibe, imiduga yose yahagaritswe muri iryo barabara kubera urenganye gatoya izo mbibe hari harundanye shelegi. Mu gicugu ubukanye bwashitse kuri dogere nka 23 musi y’ubusa, kandi nari ngisigaje ibilometero nka 80 kugira ngo nshikire ahantu hitwa ko ari ho hafi noronka aho kwikinga. Nari nkeneye cane kuronka aho noshobora kuruhukira.
Nkiriko ndagenda vyanka, nagiye mbona ikiduga bataye ku nzira, gitwikiriwe hose na shelegi. Nibaza ko nka hamwe noshobora kucinjiramwo nkaryama ku mido, nari gushobora kurokoka iryo joro ririmwo ubukanye. Naragerageje gukuraho shelegi itari nkeyi ndugurura umuryango, ntihagira ikindi nsangamwo atari ivyuma. Igishimishije, ni uko mbandanije kugenda gatoya muri iryo barabara naciye mbona akazu kagaragara. Maze kunyinyana ndondera ukuntu nokwinjira be n’ukuntu nocana umucanwa, narashoboye kuruhuka amasaha makeyi. Mu gatondo, narashoboye kuronka umuduga unyunguruza gushika aho nasubiye kwaka indaro, ndaharonkera ibifungurwa bikwiye nongera ndavura intoke zanje zari zakomeretse.
Yehova atuma muri Alaska haba iterambere
Urugendo rwa mbere nagize i Fairbanks rwarandemesheje rwose. Twarerewe mu busuku, abantu bashika nko kuri 50 na bo baritaba insiguro y’icese ku musi w’iyinga. Twakoraniye mu nzu ntoya y’abamisiyonari yabamwo Vernor Davis na Lorraine Davis. Abantu barungurukira mu gikoni, mu cumba, no mw’ikoridoro kugira ngo bumvirize iyo nsiguro. Dufatiye kuri ukwo kuntu abantu bavyakiriye neza, twari tuzi yuko Ingoro y’Ubwami yotumye igikorwa co kwamamaza gishinga imizi i Fairbanks. Tubifashijwemwo na Yehova rero, twaraguze inyubakwa nini, iyo bahora batambiramwo, maze turayisanura ivamwo ahantu hameze neza. Harimbwe ikinogo c’amazi, muri iyo nyubakwa barashiramwo ubwogero burimwo na surwumwe bongera barashiramwo ivyuma bizana ubushuhe. Mu mwaka umwe, Ingoro y’Ubwami yari ihagaze i Fairbanks. Bamaze gushiramwo igikoni, iyo ngoro yaragiriwemwo ihwaniro ry’intara mu 1958, ryitabwa n’abantu 330.
Mu ci ryo mu 1960, naragize urugendo rurerure mu muduga nja ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i New York kugira nitabe ivyigwa nkarishabwenge vyahabwa abacungezi b’ingenzi bose bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’abo muri Kanada. Igihe nari yo, umuvukanyi Nathan Knorr be n’abandi bavukanyi bajejwe igikorwa twaraganiriye barambaza nimba vyoshoboka ko muri Alaska hashingwa ibiro vy’ishami. Haciye amezi makeyi, twarahimbawe no kwumva yuko guhera ku wa 1 Nyakanga 1961, Alaska yobaye ifise ibiro vy’ishami vyayo bwite. Umuvukanyi Andrew K. Wagner ni we yagenywe ngo yitwararike ibikorwa vyo kw’ishami. We hamwe n’umukenyezi wiwe Vera, bari bamaze imyaka 20 basukurira i Brooklyn kandi bari bazi utuntu n’utundi mu vyerekeye igikorwa c’ubugenduzi. Ishingwa ry’ibiro vy’ishami vya Alaska yabaye intunganyo yakirijwe yompi, kubera yuko yagabanije ingendo umucungezi w’umuzunguruko yagira, maze bituma arushiriza kwibanda ku bintu kanaka amashengero yaba akeneye be no ku bintu ivyibare biri ukwa vyonyene vyaba bikeneye.
Ici ryo mu 1962 ryabaye igihe giteye umunezero muri Alaska. Ishami ryo muri Alaska ryarashikirijwe, hongera haba ihwaniro ry’intara i Juneau aho nyene muri Alaska. Ingoro z’Ubwami nshasha zarubatswe i Juneau be n’i Whitehorse muri Yukon, hongera kandi harashingwa imigwi mishasha iri ukwa yonyene itari mikeyi.
Nsubira muri Kanada
Nari maze imyaka itari mike nandikiranira na Margareta Petras wo muri Kanada. Reta, nk’uko bakunda kumwita, yatanguye umurimo w’ubutsimvyi mu 1947, arangiza ivyigwa vy’i Gileyadi mu 1955, hanyuma aca akorera ubutsimvyi mu Buseruko bwa Kanada. Naramureheje aremera. Ubugeni bwacu bwabereye i Whitehorse muri Ruhuhuma 1963. Mu gatasi k’uwo mwaka, narungitswe gukorera igikorwa c’umuzunguruko mu Burengero bwa Kanada, kandi twaragize umunezero wo gukorerayo imyaka 25 yakurikiye.
Kubera imvo z’amagara, mu 1988 twarungitswe gukorera igikorwa c’ubutsimvyi budasanzwe i Winnipeg, muri Manitoba. Ivyo vyarimwo no kubungabunga Ingoro y’Amateraniro mu kiringo c’imyaka nk’itanu. Turabandanya uko dushoboye kwose kugira uruhara mu gikorwa giteye umunezero co guhindura abantu abigishwa. Mu gikorwa c’umuzunguruko, twaratanguza inyigisho za Bibiliya nyinshi abandi bakazirongora. Ubu hoho, bivuye ku buntu tutabereye bwa Yehova, turazitanguza hanyuma tukarushiriza kugira agahimbare ko kubona abatohoji batera imbere gushika ku kwiyegura no kubatizwa.
Ndemera ntakeka ko gusukurira Yehova ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho. Biri n’ico bivuze kandi biraheza akanyota, bikongera bigatuma urukundo dukunda Yehova rurushiriza gukomera ku musi ku musi. Ivyo ni vyo bizana agahimbare nyakuri. Igikorwa ca gitewokarasi twahawe gukora ico ari co cose, canke aho turi hose, turemeranya n’umwanditsi wa Zaburi we yavuze ati: “Hahirwa ihanga rifise [Yehova] kw Imana yaryo”.—Zaburi 144:15.
[Ifoto ku rup. 24, 25]
Mu gikorwa c’umuzunguruko
[Ifoto ku rup. 25]
Igihe twari twagendeye Henry Lepine mu gisagara ca Dawson. Jewe ndi ibubamfu
[Ifoto ku rup. 26]
Ingoro y’Ubwami ya mbere y’i Anchorage
[Ifoto ku rup. 26]
Twe na Reta mu 1998