Inkuru y’ubuzima
Kuba nahisemwo neza vyatumye ngira imihezagiro mu buzima bwanje bwose
Nk’uko vyavuzwe na Paul Kushnir
MU 1897 sokuru na nyokuru barimutse bava muri Ukraine baja muri Kanada maze baba hafi y’i Yorkton, muri Saskatchewan. Bashitseyo bafise abana bane, abahungu batatu n’umukobwa umwe. Mu 1923 uwo mukobwa, uwitwa Marinka, yahavuye aba mawe; nkaba nari umwana wiwe agira indwi. Ico gihe, uburyo bwo kubaho bwari busanzwe ariko bwarangwa amahoro. Twari dufise ibifungurwa vyiza, ivyambarwa bisusurutsa, kandi Leta yararonsa abantu ibintu vya nkenerwa. Ababanyi b’umutima mwiza bama biteguriye gufashanya mu bikorwa bihambaye. Mu rushana rwo mu 1925, umwe mu Batohoji ba Bibiliya, ukwo kukaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, yaratugendeye. Ukwo kutugendera kwatumye tugira amahitamwo n’ubu nkikenguruka.
Ukuri kwa Bibiliya kwinjira mu rugo iwacu
Mawe yarakiriye udutabu uwo mutohoji wa Bibiliya amuhaye, kandi ntiyatevye kubona ko ukwo ari ukuri. Yarateye imbere mu buryo bwihuta hanyuma mu 1926 arabatizwa. Igihe mawe yacika Umutohoji wa Bibiliya, vyatumye umuryango wacu wose utangura kubona ubuzima mu bundi buryo. I muhira iwacu hacitse ahantu ho kwakirira abantu, kandi bakumva bisanze. Abacungezi b’ingenzi be n’abandi batohoji ba Bibiliya barakunda kuba iwacu. Mu 1928, umucungezi w’ingenzi umwe yaratweretse isenema yitwa “Eurêka-Drame” ikaba yari incamake ya rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivy’irema”. Twebwe abana yaradusavye ngo tumutize agakinisho kameze nk’igikere kajwira. Igihe kaba kajwiriye haba hageze gushiramwo iyindi diyapozitive. Twaranezerewe cane no kubona twaragize ico duterereye.
Hari umucungezi w’ingenzi yitwa Emil Zarysky yakunda kutugendera ari mu muduga yari yagize inzu. Rimwe na rimwe yaza ari kumwe n’umuhungu wiwe akuze, uno akaba yaraturemesha twebwe abana, kwiyumvira ibijanye no kuba abasuku b’igihe cose, ari bo batsimvyi. Abatsimvyi batari bake na bo nyene barakunda kumara imisi iwacu. Igihe kimwe, mawe yaratije umutsimvyi umwe ishati mu gihe yari akiriko aramubaririra rwiwe. Igihe uno yagenda yagiye ayitwaye atabizi. Hashize igihe, yarayirungitse arasaba n’imbabazi kuba yarayitebanye. Yanditse ati: “Sinari bwaronke amasenti cumi (nk’amarundi adashika 120) yo kuriha iposita”. Twibaza yuko iyo shati yari yarayigumanye. Naciye nizigira yuko umusi uri izina nanje nokwiganye mwene abo batsimvyi bitanga. Ndakenguruka agatima k’ubwakiranyi mawe yari afise, akatumye tugira ubuzima bumeze neza kandi kagatuma turushiriza gukunda umuryango w’abavukanyi.—1 Petero 4:8, 9.
Dawe ntiyabaye Umutohoji wa Bibiliya, yamara ntiyigeze aturwanya. Mu 1930, yaremereye mbere abavukanyi gukoresha ikizu yashinguramwo ibintu kugira bakigiriremwo iteraniro ry’umusi umwe. Naho nari mfise imyaka indwi gusa, umunezero be n’urupfasoni vyari bihari ico gihe vyarankoze ku mutima. Dawe yapfuye mu 1933. Mawe, uwari apfakaranye abana umunani, ntiyigeze akevya na buhoro ngo ave ku mwiyemezo wiwe wo kuturerera mu nzira y’ugusenga kw’ukuri. Yaranjana ku makoraniro. Ico gihe, amakoraniro yasa n’ayadahera, kandi nishakira kwifatanya n’abandi bana baba bemerewe gukinira hanze. Yamara rero, kubera ko nubaha mawe naguma mu makoraniro. Igihe mawe yaba ariko arateka yarakunda gusubiramwo icanditswe kanaka maze akambaza aho kiboneka muri Bibiliya. Mu 1933, twararonse umwimbu mwinshi cane, maze mawe aca akoresha amahera yarenga ku yo twari dusanzwe turonka, ayagura umuduga. Ababanyi bamwebamwe baramuneguye ngo yapfishije amahera ubusa, yamara we yari yizigiye ko uwo muduga woshoboye kudufasha mu bikorwa vyacu vya gitewokarasi. Emwe, ntiyari yihenze!
Abandi baramfashije guhitamwo neza
Haragera igihe aho uwukiri muto abwirizwa kugira amahitamwo azogira ico akoze kuri kazoza kiwe. Aho ico gihe cagera kuri bashikanje bakuru, ari bo Helen na Kay, baciye batangura gukora ubutsimvyi. Umutsimvyi umwe twari twarakiriye iwacu yari umusore ameze neza yitwa John Jazewsky. Mawe yamusavye kuhaguma igihe gito kugira ngo adufashe ibikorwa vyo mw’iyororero-rimiro. Mu nyuma, John yarubakanye na Kay, maze baca bakora ari abatsimvyi ahantu hatari kure y’i muhira. Igihe nari mfise imyaka 12, baransavye kujana na bo mu murimo wo mu ndimiro mu gihe c’uburuhuko. Ivyo vyarandonkeje akaryo ko guhonja ubutsimvyi.
Amaherezo, twe na mukurwanje yitwa John twarashoboye kwitwararika rya yororero-rimiro ku rugero runaka. Ivyo vyatumye mawe ashobora gukora mu gihe c’ici ari uwo bita umutsimvyi mufasha muri iki gihe. Yakoresha umukogote w’amakurudumu abiri ukwegwa n’ifarasi ishaje. Iyo farasi ishaje y’intagondwa dawe yari yarayise Saul, ariko kuri mawe cari ikiremwa gitekereza yashobora kuyobora ata ngorane. Twe na John twarakunda rya yororero-rimiro, ariko igihe cose mawe yaba atashe avuye mu busuku bwo mu ndimiro maze akatwiganira ivyo yabonye, urwo twakunda iyororero-rimiro rwaca rurushiriza kuja ku murimo w’ubutsimvyi. Mu 1938, nararushirije gukora vyinshi mu murimo wo mu ndimiro nca mbatizwa ku wa 9 Ruhuhuma 1940.
Haciye igihe, naragenywe kuba umusuku mw’ishengero. Nitwararika ibijanye n’inyandiko z’ishengero kandi nararyoherwa cane igihe cose mbonye ikintu cerekana ko ririko riratera imbere. Nari mfise icibare canje bwite namamarizamwo mu gisagara cari nko ku birometero 16 uvuye i muhira. Mu rushana, nama njayo n’amaguru buri ndwi maze nkamara ijoro rimwe canke abiri ndara mu cumba co hejuru c’inzu y’umuryango umwe washimishwa na Bibiliya. Maze kuganira n’umupasitori wo mw’idini ry’abaluteri, bikaba vyarashitse muri ico kiyago sinakoresha ubukerebutsi, yaciye ankangisha guhamagara abapolisi ngo nintaramuka ndetse kugora abayoboke biwe. Ivyo nta co vyambwiye, ahubwo riho vyatumye ndushiriza kugira umwiyemezo wo gukomera ku muheto.
Mu 1942, mushikanje Kay be n’umunega wiwe John baratunganije ivyo kwitaba ihwaniro ry’i Cleveland, i Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Narahimbawe no kuba naratumiwe ngo tujane. Nta kintu na kimwe nari bwigere mbona gisumba iryo hwaniro. Ryarakomeje imigambi yanje yo muri kazoza. Igihe umuvukanyi Nathan Knorr, akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa kirangurirwa kw’isi yose ico gihe yatera akamo gakora ku mutima k’uko hakenewe abatsimvyi 10.000, naciye ubwo nyene mfata ingingo yo kuba umwe muri bo.
Muri Nzero 1943, uwitwa Henry, akaba yari umusuku w’ingenzi, yaragendeye ishengero ryacu. Yaratanze insiguro ikabura yatumye twumva twuzuye umunezero. Ku musi wakurikiye iyo nsiguro, ubukanye bwari ku rugero rwa dogere 40 munsi y’ubusa, kandi umuyaga w’igihuhusi wava mu Buraruko bushira Uburengero watuma mbere harushiriza gukanya. Mu bisanzwe twari dukwiye kuguma mu nzu muri ico kiringo c’ibihuhusi bikanye, yamara Henry yari ashashaye kuja mu busuku. We hamwe n’abandi, bagiriye mu kantu kameze nk’akazu gakwegwa n’ifarasi kari gafise ahantu bacana inkwi kugira umuntu asusuruke, baja mu gasagara kari nko ku rugendo rw’ibirometero 11. Jewe narijanye kuraba umuryango warimwo abahungu batanu. Baremeye ko twokwigana Bibiliya, kandi bahavuye bakira ukuri.
Twamamaza igihe igikorwa cari kibujijwe
Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, igikorwa c’Ubwami cari kibujijwe muri Kanada. Twabwirizwa kunyegeza ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya, rya yororero-rimiro ryacu na ryo rikaba ryari rifise ahantu henshi ho kubinyegeza. Abapolisi barakunda kutugendera yamara ntibigeze batora n’ic’umuti. Igihe twaba turiko turamamaza, twakoresha Bibiliya gusa. Twikoranya mu migwi mitomito kandi twe na mukurwanje John twashinzwe igikorwa co gutwara amakete mu kinyegero.
Mu gihe c’iyo ntambara, ishengero ryacu ryaragize uruhara mw’isekeza ryabaye mu gihugu cose ryo gushikiriza agatabu La fin du nazisme. Twagenda mu gicugu. Numva mfise ubwoba igihe twaba tugiye ku muhana dusoboka maze tugasiga ako gatabu imbere y’umuryango. Ico cari co kintu giteye ubwoba kuruta ibindi vyose nari maze gukora. Ese ukuntu umutima wasubiye mu nda igihe twasiga agatabu ka nyuma! Twaciye tunyaragasa dusubira aho twari twahagaritse umuduga, turaba ko twese dukwiye maze duca turahafata mu mwiza w’ijoro.
Nkora ubutsimvyi, mpfungwa, nitaba n’amateraniro
Ku wa 1 Rusama 1943, narasezeye mawe. Nari mfise amadolari 20 (nk’amarundi arenga 20.000) mw’ikotomoni yanje be n’akavalisi gatoyi, nca mfata urugendo nja mu cibare canje ca mbere nari gukoreramwo ubutsimvyi. Umuvukanyi Tom Troop be n’umuryango wiwe urangwa urukundo bo mu gisagara ca Quill Lake mu ntara ya Saskatchewan, baranyakiriye. Umwaka wakurikiye, nagiye mu cibare kiri ukwa conyene mu gisagara ca Weyburn, i Saskatchewan. Ku wa 24 Kigarama 1944, igihe nariko ndamamaza mw’ibarabara, narafashwe. Maze kumara igihe gito mu gasho ko ngaho, naratwawe mw’ikambi y’ahitwa Jasper, mu ntara ya Alberta. Aho, nari kumwe n’ibindi Vyabona dukikujwe n’ubwiza bw’ivyo Yehova yaremye, ni ukuvuga ibitandara vy’amabuye vyo muri Kanada. Mu ntango z’umwaka wa 1945, abakuru b’iyo kambi baraduhaye uruhusha rwo kwitaba ikoraniro i Edmonton muri Alberta. Umuvukanyi Knorr yarashikirije raporo iteye umunezero y’iterambere ry’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Twaciye twumva turindiranye igishika umusi tuzorekurirwa kugira ngo dusubire kugira uruhara bimwe vyuzuye mu busuku.
Igihe narekurwa, naciye nsubira gukora ubutsimvyi. Haciye igihe gitoyi, haratangajwe ivy’uko Iteraniro ryataziriwe ngo “Iterambere mu mahanga yose” ryobereye i Los Angeles, muri Leta ya Kaliforoniya. Umuvukanyi umwe yaba mu cibare nakoreramwo ubutsimvyi yarashize mu gakamyo kiwe intebe zikwiranye n’ibibanza vy’abantu 20. Ku wa 1 Myandagaro 1947 twafashe urugendo rw’intibagirwa rw’ibirometero 7. 200 duca mu bugaragwa, mu biyaya n’imisozi biteye igomwe, be no mu bibanza bitungirwamwo ibikoko, harimwo Yellowstone na Yosemite. Urugendo rwose rwamaze imisi 27. Ico cari ikintu ciza utoraba.
Igihe c’iryo hwaniro ubwaco cari ikiringo ciza umuntu atokwigera yibagira. Kugira ngo nungukire kuri ico kiringo bimwe bishitse, ku mutaga nakora igikorwa co kwakira abantu, mw’ijoro na ho nkakora ico kuba umunyezamu. Inyuma y’inama nitavye y’abipfuza umurimo w’ubumisiyonari, narujuje urukaratasi rwo gusabirako ariko sinibaza ko nokwemerewe. Mu kurindira ico gihe, mu 1948 naremeye n’umutima ukunze kuja gukora umurimo w’ubutsimvyi mu ntara ya Québec muri Kanada.—Yesaya 6:8.
Ishure ry’i Gileyadi be n’inyuma yaryo
Mu 1949, naranezerejwe no kuronka ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 14 w’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower. Ivyo vyigwa vyarakomeje ukwizera kwanje kandi bituma ndushiriza kwiyegereza Yehova. John na Kay bari barasohotse Ishure ry’i Gileyadi mu mugwi ugira 11, kandi bariko bakora ari abamisiyonari muri Rodeziya yo mu Buraruko (ubu ikaba yitwa Zambiya). Mukurwanje John yasohotse Ishure ry’i Gileyadi mu 1956. Ari kumwe n’umugore wiwe Frieda, yarakoreye muri Berezile imyaka 32 gushika apfuye.
Ku musi naronka urupapuro rw’umutsindo muri Ruhuhuma 1950, nararemeshejwe cane n’amakete abiri, rimwe rikaba ryari ryanditswe na mawe irindi na ryo ryanditswe na wa muryango wa Troop waba mu gisagara ca Quill Lake. Rino, iryari rifise umutwe uvuga uti: “Impanuro ku munyeshure asohotse Ishure”, ryagira riti: “Uwu ni umusi udasanzwe kuri wewe. Ni umusi uzokwama uha agaciro; ese kandi wororanirwa ukongera ukagira umunezero mu buzima bwawe”.
Narungitswe gukorera mu gisagara ca Québec, ariko imbere y’uko ngenda nabanje kuguma kw’Iyororero-rimiro ry’Ubwami ryo muri Leta ya New York, aho hakaba ari ho Ishure ry’i Gileyadi ryari risigaye ribera. Umusi umwe, umuvukanyi Knorr yarambajije nimba noshima kuja mu Bubiligi. Ariko rero, haciye imisi nk’ingahe yarambajije nimba nokwemera kuja gukorera mu Buholande. Igihe naronka ikete rimenyesha aho nja gukorera, nasanze rivuga yuko nari ngiye “gutangura igikorwa co kuba umusuku w’ishami”. Numvise umengo birandengeye.
Ku wa 24 Myandagaro 1950, narafashe urugendo n’ubwato rwamaze imisi 11 nja mu Buholande, ugaca wumva rero ko naronse umwanya uhagije wo gusoma ya Bibiliya Les Écritures grecques chrétiennes—Traduction du monde nouveau mu congereza yari iherutse gusohoka. Nashitse i Rotterdam ku wa 5 Nyakanga 1950 aho nakiranywe igishika n’umuryango wa Beteli. Naho Intambara ya kabiri y’isi yose yari yarabiciye bigacika, abavukanyi bari barakoze ibishoboka mu gutuma imirimo ya gikirisu isubira kurangurwa. Igihe nariko ndumviriza amakuru yabo y’ukuntu bagumye ari intadohoka mu gihe c’uruhamo rukomeye, naciye nibaza ko ivyo gukora bisunga ubuyobozi bw’umusuku w’ishami akiri muto kandi atazi utuntu n’utundi bitokworoheye abo bavukanyi. Ariko rero, sinatevye kubona ko ata mvo n’imwe nari mfise yo guhagarika umutima.
Mu bisanzwe, hariho ibibazo bimwebimwe vyasaba ko umuntu avyitwararika. Nari nashitse gatoyi imbere y’uko haba ihwaniro, kandi naratangajwe no kubona abashitsi ibihumbi bari bacumbitse aho ryari kubera. Naratanze iciyumviro c’uko kw’ihwaniro ryokurikiye twosaba indaro mu mihana y’abantu. Abavukanyi babonye ko ico ari iciyumviro ciza, ariko ko kitari kibereye mu gihugu cabo. Tumaze kurimburira hamwe ivy’ico kibazo, twarashitse ku ciyumviro duhurizako, na co kikaba cari ic’uko igice kimwe c’abashitsi bitavye ihwaniro bocumbika aho rizobera, ikindi na co kikaja mu mazu y’abatari Ivyabona yo mu gisagara ihwaniro riberamwo. Kubera ko nibaza ko twagize ibintu vyiza, narabibwiye umuvukanyi Knorr igihe yitaba nya hwaniro. Ariko rero, ivyiyumviro vyose nari mfise vy’uko hari ivyo nashitseko ntivyatevye guhera igihe mu nyuma nasoma raporo yavuga ivy’iryo hwaniro ryacu mu Munara w’Inderetsi, iyagira iti: “Turizigiye tudakeka yuko ikindi gihe abavukanyi bazobanza kugira utwigoro babigiranye ukwizera two kuronsa uburaro abitavye ihwaniro mu kibanza ciza kuruta ibindi cobaha akaryo ko gushinga intahe, ni ukuvuga mu mazu y’abantu”. Ivyo ni vyo nyene twahavuye dukora ico “kindi gihe”.
Muri Mukakaro 1961, babiri mu baserukira ibiro vyacu vy’ishami baratumiwe kwitaba inama yabereye i Londres, bari kumwe n’abaserukira ayandi mashami. Umuvukanyi Knorr yaramenyesheje ko Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau yari igiye kuboneka mu zindi ndimi harimwo n’igiholande. Ese ukuntu iyo nkuru yari iteye akamwemwe! Igishimishije, nta ciyumviro na kimwe twari dufise ku bijanye n’ukuntu iyo poroje yobaye ingana. Haciye imyaka ibiri, ni ukuvuga mu 1963, narahimbawe no kugira uruhara muri porogarama y’ihwaniro rimwe ryabereye i New York, muri yo hakaba ari ho Bibiliya Les Écritures grecques chrétiennes—Traduction du monde nouveau mu giholande yasohoka.
Ingingo nafashe be n’ibikorwa bishasha
Muri Myandagaro 1961, narubakanye na Leida Wamelink. Umuryango wiwe wose wari warakiriye ukuri mu 1942 mu gihe c’uruhamo rw’Abanazi. Leida yatanguye gukora ubutsimvyi mu 1950 maze aza kuri Beteli mu 1953. Ukuntu yakora kuri Beteli no mw’ishengero vyaranyeretse ko yombereye umugenzi w’intahemuka mu busuku.
Hatarahera n’ikiringo c’umwaka twubakanye, naratumiwe i Brooklyn kugira nkurikirane ivyigwa bimara amezi cumi bijanye no kumenyerezwa mu buryo bwiyongereye. Nta ntunganyo zari zihari z’uko abakenyezi baherekeza abanega babo. Naho amagara yiwe atari ameze neza, Leida abigiranye urukundo yaremeye ko nokwitaba ubwo butumire. Mu nyuma, amagara yiwe yararushirije kumera nabi. Twarakoze uko dushoboye kwose kugira tubandanye umurimo wacu wo kuri Beteli, ariko amaherezo twabonye ko vyorushiriza kuba ngirakamaro tubandanije umurimo wacu w’igihe cose mu ndimiro. Twaciye rero dutangura gukora umurimo wo kugendera amashengero. Inyuma yaho gato, vyarabaye ngombwa ko umukenyezi wanje abagwa mu buryo bukomeye. Twarashoboye kuvyifatamwo neza kubera ko abavukanyi be n’abavukanyikazi bakirisu badufashe mu mugongo, kandi umwaka wakurikiye twarashoboye mbere no kwemera igikorwa c’ubucungezi bw’intara.
Twamaze imyaka indwi dukora umurimo ukomeza wo kugendera amashengero. Inyuma y’iyo myaka, vyarasubiye kuba ngombwa ko dufata ingingo ihambaye cane igihe nasabwa kuja kwigisha mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami kuri Beteli. Twaravyemeye naho nyene ukwo guhindura umurimo kwatubereye ikintu kigoye kubera ko twakunda umurimo wo kugendera amashengero. Ivyigwa vyo muri iryo Shure vyakurikiranywe n’imigwi 47, umwumwe wose ukaba wamara amayinga abiri, vyarandonkeje akaryo keza ko gusabikanya imihezagiro yo mu vy’impwemu n’abakurambere b’amashengero.
Ico gihe nariko nditegurira kuja kuraba mawe mu 1978. Yamara bidatevye, ku wa 29 Ndamukiza 1977, twararonse ikete ritumenyesha ko mawe yari yapfuye. Narababajwe cane no kubona ntazokwongera kwumva ijwi ryiwe rirangwa igishika canke ngo nongere kumubwira ukuntu nakenguruka ku vyo yari yarangiriye vyose.
Igihe ivyigwa vyo mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami vyarangira, twarasabwe kuba mu bagize umuryango wa Beteli. Mu myaka yakurikiye, narakoze imyaka cumi ndi umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami. Inama Nyobozi yahavuye igena umuhuzabikorwa mushasha, uwari ashoboye kurangura iryo banga neza kuruta. Ndakenguruka cane ico kintu.
Ubu dukora uko imyaka dufise ibidukundiye
Twe na Leida ubu dufise imyaka y’amavuka 83. Narahimbawe no kumara imyaka irenga 60 mu busuku bw’igihe cose, 45 ya nyuma nkaba ndi kumwe n’umukenyezi wanje w’intahemuka. Kunshigikira mu bikebere vyose twagiye turaronka, yabibona ko ari kimwe mu bigize umurimo arangurira Yehova ari uwamwiyeguriye. Muri iki gihe, dukora ivyo dushoboye vyose muri Beteli be no mw’ishengero.—Yesaya 46:4.
Rimwe na rimwe turibuka ibintu bihambaye vyagiye biraba mu buzima bwacu. Ntitwicuza na mba ku bijanye n’ivyo twakoze mu murimo wa Yehova, kandi turazi neza ko amahitamwo twagize hakiri kare mu buzima ari yo meza kuruta ayandi yose twari gushobora kugira. Twiyemeje kubandanya gukorera Yehova no kumutera iteka tubigiranye inkomezi zacu zose.
[Ifoto ku rup. 13]
Aha nari kumwe na mukuru wanje Bill, hamwe na Saul ya farasi yacu
[Ifoto ku rup. 15]
Ku musi w’ubugeni bwacu, muri Myandagaro 1961
[Ifoto ku rup. 15]
Ndi kumwe na Leida muri iki gihe