Inkuru y’ubuzima
Maze imyaka 70 mfashe impuzu y’Umuyuda
Nk’uko vyavuzwe na Lenoard Smith
Igihe nari mfise imyaka nka 13, hari inkuru zibiri zo muri Bibiliya zankoze ku mutima. Ndacibuka igihe natahura ibivugwa muri Zekariya 8:23, ubu hakaba haciye imyaka irenga 70. Ico canditswe kiravuga ibijanye n’“abantu cumi” bafata “impuzu y’Umuyuda.” Babwira uwo Muyuda bati: “Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.”
UWO Muyuda agereranya abakirisu barobanuwe, abo “bantu cumi” na bo bakagereranya “izindi ntama,” ni ukuvuga ‘Abayonadabu,’ nk’uko bitwa ico gihe.a (Yoh. 10:16) Igihe namenya ukwo kuri, naratahuye yuko kugira ngo nungukire ku cizigiro mfise co kubaho ibihe bidahera kw’isi, ntegerezwa gushigikira ntahemuka umugwi w’abarobanuwe.
Ca kigereranyo Yezu yatanga cerekeye “intama” n’“impene” kiri muri Matayo 25:31-46, na co nyene carankoze ku mutima cane. Izo “ntama” zigereranya abantu bacirirwa urubanza rwiza mu gihe c’iherezo kubera ko bakorera ivyiza bene wabo na Kristu borobanuwe bakiri kw’isi. Kubera ko nari Umuyonadabu akiri muto, nibwiye nti: ‘Leonard, nimba wipfuza ko Kristu abona yuko uri intama, utegerezwa gushigikira bene wabo barobanuwe, ukemera ubuyobozi batanga kubera ko Imana iri kumwe na bo.’ Gutahura ico kintu vyaranyoboye mu myaka irenga 70.
‘IKIBANZA CANJE KIRI HEHE?’
Mawe yabatirijwe mu ngoro y’amakoraniro yo kuri Beteli mu 1925. Iyo ngoro yitwa Itaberenakulo y’i Londres, ikaba yakoreshwa n’abavukanyi bo muri ako karere. Navutse ku wa 15 Gitugutu 1926. Muri Ntwarante 1940, narabatijwe mu gihe c’iteraniro rimwe ryari ryabereye i Dover ku nkengera y’Ubwongereza. Nararushirije gukunda ukuri kwo muri Bibiliya. Kubera ko Mawe yari umukirisu yarobanuwe, “impuzu y’Umuyuda” ya mbere nafashe, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, yabaye rwiwe. Ico gihe, dawe na mushikanje mukuru ntibakorera Yehova. Twari mw’ishengero rya Gillingham ryari mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubwongereza, rikaba ryari rigizwe ahanini n’abakirisu barobanuwe. Mawe yaratanze akarorero keza mu bijanye no kugira umwete mu gikorwa co kwamamaza.
Muri Nyakanga 1941, kw’ihwaniro rimwe ryabereye mu gisagara ca Leicester, insiguro imwe yari ifise umutwe uvuga ngo “Ugutungana” yaraciye irya n’ino ikibazo kijanye n’uwukwiye kuganza ibiriho vyose. Iyo nsiguro yaramfanshije gutahura ari bwo bwa mbere yuko ikibazo kiri hagati ya Yehova na Shetani, natwe kitwerekeye, tukaba rero dukeneye gushigikira Yehova no kugumana ugutungana kwacu kuri we, we Segaba w’ibiriho vyose.
Kuri iryo hwaniro, umurimo w’ubutsimvyi warashimitsweko cane, kandi abakiri bato bararemeshejwe kwishingira umugambi wo kuwukora. Insiguro yari ifise umutwe uvuga ngo “Ikibanza umutsimvyi afise mw’ishirahamwe” yatumye nibaza nti: ‘Ikibanza canje kiri hehe?’ Iryo hwaniro ryaranjijuye yuko jewe Umuyonadabu ntegerezwa gufasha uko nshoboye kwose umugwi w’abarobanuwe mu gikorwa co kwamamaza. Nkiri ng’aho nyene i Leicester, narujuje urukaratasi rwo gusabirako ubutsimvyi.
UMURIMO W’UBUTSIMVYI MU GIHE C’INTAMBARA
Ku wa 1 Kigarama 1941 naragenywe ngo mbe umutsimvyi adasanzwe, nkaba nari mfise imyaka 15. Mawe ni we twatanguye gukorana ubutsimvyi, mugabo haciye nk’umwaka, yabwirijwe kubuhagarika ku bw’imvo z’amagara. Ishami ry’i Londres ryaciye rindonsa uwundi dukorana yitwa Ron Parkin, ubu akaba ari muri komite y’ishami muri Porto Rico.
Twarungitswe mu bisagara vya Broadstairs na Ramsgate biri ku nkengera y’amazi mu ntara ya Kent, aho twakose icumba co kubamwo. Ku kwezi, umutsimvyi adasanzwe yaronka agafashanyo k’amashilingi 40 (ico gihe akaba yangana n’amadolari y’Abanyamerika 8, ni ukuvuga nk’amarundi 10.300 y’iki gihe). Ni co gituma igihe twaba turishe inzu, twaca dusigarana uduhera duke cane two kugura ibifungurwa kandi vyarashika tugafungura mugabo ntitubone neza iyo turi bukure ivyo hanyuma. Ariko Yehova yama aturonsa ivyo dukeneye mu buryo bumwe canke mu bundi.
Twaragendera ku makinga cane, tukayakanyaga n’inguvu nyinshi ariko imizigo myinshi, duca mu muyaga mwinshi uva mu Kiyaga co mu Buraruko. Twabwirizwa kandi kwihanganira ibitero vy’indege be n’indege z’intambara z’Abadagi (izo bita V-1) zaca hejuru y’intara ya Kent zigendera hafi, zigiye gutera amabombe i Londres. Igihe kimwe nabwirijwe gusimba mva kw’ikinga nariko maze niterera mu mufurege igihe ikibombe kimwe caca hejuru yanje hanyuma kigaturikira mu murima wari hafi. Naho vyari ukwo, imyaka twamaze i Kent dukora ubutsimvyi yari iy’agahimbare.
NKORERA KURI BETELI NKIRI MUTO
Mawe yama na ntaryo ahayagiza Beteli. Yaravuga ati: “Nta kindi kintu ciza nokwipfuriza atari uko wokorera kuri Beteli ukiri muto.” Iyumvire rero umunezero nagize be n’ukuntu nakangutse igihe muri Nzero 1946 nasabwa kuja kuri Beteli i Londres kugira mfashe mu bikorwa mu kiringo c’indwi zitatu. Ico kiringo kirangiye, umuvukanyi Pryce Hughes, akaba yari umusuku w’ishami, yaransavye kuguma kuri Beteli. Ukumenyerezwa naharonkeye kwaramfashije mu buzima bwanje bwose.
Ico gihe umuryango wa Beteli w’i Londres wari ugizwe n’abantu nka 30, benshi bakaba bari abavukanyi bakiri bato batarubaka izabo mugabo kandi hariyo n’abavukanyi batari bake barobanuwe, nka Pryce Hughes, Edgar Clay na Jack Barr uwahavuye aba uwo mu bagize Inama Nyobozi. Ese ukuntu kari agateka gushigikira bene wabo na Kristu mu gukora ndi uwukiri muto mpagarikiwe mu vy’impwemu n’izo “nkingi”!—Gal. 2:9.
Umusi umwe ndi kuri Beteli, umuvukanyi umwe yarambwiye ko hari mushiki wacu ari ku muryango mukuru yipfuza ko tubonana. Naratangaye nsanze ari mawe, akaba yari afise mu kwaha ikintu gitekeye. Yavuze ko atinjira kugira ngo ntahave antesha igikorwa, mugabo aca ampa ico kintu hanyuma arigira. Cari gitekeyemwo ikoti y’imbeho. Ico kintu kiranga urukundo yakoze canyibukije igihe Hana yazanira agahungu kiwe Samweli umwitero hamwe kakorera kw’itaberenakulo.—1 Sam. 2:18, 19.
SINZOKWIGERA NIBAGIRA GILEYADI
Mu 1947, batanu muri twebwe twakorera kuri Beteli twaratumiwe kwitaba rya Shure rya Gileyadi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, tukaba twaryitavye mu mwaka wakurikiye, mu mugwi ugira 11. Igihe twashikayo, mu gice ca ruguru ca New York, aho iryo shure ryari riri, hari imbeho izura inzara. Ese ukuntu nanezerewe kuba nari mfise rya koti ry’imbeho mawe yari yaranzaniye!
Sinzokwigera nibagira amezi atandatu namaze mw’Ishure rya Gileyadi. Kwifatanya n’abanyeshure bagenzanje bava mu bihugu 16 vyaratumye ndushiriza kubona ibintu mu buryo bwagutse. Uretse ko iryo shure ryangiriye akamaro cane mu vy’impwemu, narungukiye kandi ku kwifatanya n’abakirisu bahumuye. Uwitwa Lloyd Barry akaba yari umwe mu bo twigana, n’uwitwa Albert Schroeder akaba yari mu batwigisha, be n’uwitwa John Booth akaba yari umuhagarikizi w’Iyororero-rimiro ry’Ubwami (aho Ishure rya Gileyadi ryari), bahavuye baba abo mu bagize Inama Nyobozi. Ndaha agaciro cane impanuro ziranga urukundo abo bavukanyi bampaye be n’akarorero keza batanze mu bijanye no kuba intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe.
KUGENDERA AMASHENGERO NO GUSUBIRA KURI BETELI
Maze kuva mw’Ishure rya Gileyadi, nashinzwe igikorwa co kugendera amashengero muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Nari mfise imyaka 21 gusa, mugabo abavukanyi barihanganira ubushwashwanutsi bwanje buranga abakiri bato. Muri uwo muzunguruko, narigiye vyinshi ku bagabo banduta bari bazi utuntu n’utundi.
Haciye amezi makeyi, narasabwe gusubira kuri Beteli y’i Brooklyn kugira ngo ndonswe ukumenyerezwa kwiyongereye. Ico gihe, naramenyanye n’abantu b’inkingi nka Milton Henschel, Karl Klein, Nathan Knorr, T. J. Sullivan (batazira Bud) hamwe na Lyman Swingle, bose bakaba barigeze kuba mu bagize Inama Nyobozi. Kubabona bari ku gikorwa no kwihweza ukuntu babaho rukirisu, cari ikintu cigisha cane. Ivyo vyatumye ndushiriza kwizigira ishirahamwe rya Yehova. Mu nyuma narasubiye kurungikwa i Buraya kugira ngo mbandanirizeyo ubusuku bwanje.
Mawe yapfuye muri Ruhuhuma 1950. Inyuma y’amaziko, naraganiriye na dawe hamwe na mushikanje Dora ntarya umunwa. Narababajije ico biyumvira gukora ku bijanye n’ukuri ico gihe mawe atari akiriho, nanje nkaba nari naravuye i muhira. Bari bazi umuvukanyi yitereye mu myaka yarobanuwe yitwa Harry Browning kandi baramwubaha, maze baremera kuyaga na we ku vyerekeye ukuri. Mu mwaka umwe, dawe na Dora barabatijwe. Mu nyuma dawe yaragenywe kuba umusuku mw’ishengero rya Gillingham. Dawe amaze gupfa, Dora yarubakanye n’umukurambere w’umwizigirwa yitwa Roy Moreton, kandi yarakoreye Yehova adahemuka gushika apfuye mu 2010.
MFASHA MU BUFARANSA
Igihe nari nkiri ku ntebe y’ishure, narize igifaransa, ikidagi n’ikilatini, kandi muri izo ndimi uko ari zitatu, igifaransa ni co cangora cane. Ku bw’ivyo, igihe nasabwa kuja gufasha kuri Beteli y’i Paris mu Bufaransa, ku ruhande rumwe naranezerewe ku rundi ndahagarika umutima. Ng’aho, naratewe agateka ko gukorana n’umusuku w’ishami yitwa Henri Geiger, akaba yari umuvukanyi ageze mu zabukuru yarobanuwe. Ico gikorwa nticama coroshe kandi nta gukeka ko nakora amakosa menshi, mugabo narahigiye vyinshi mu bijanye no kubana n’abandi.
Vyongeye, harategekanijwe ihwaniro mpuzamakungu rya mbere ry’inyuma y’intambara, rikaba ryari kubera i Paris mu 1951, kandi ni je nashinzwe kuritegura. Umucungezi w’ingenzi akiri muto yitwa Léopold Jontès yaraje kuri Beteli kumfasha. Mu nyuma Léopold yaragenywe ngo abe umuhagarikizi w’ishami. Iryo hwaniro ryabereye mu nyubakwa yitwa Palais des sports, hafi ya Tour Eiffel. Haraje abashitsi bavuye mu bihugu 28. Ku musi wa nyuma, Ivyabona b’Abafaransa 6.000 barahimbawe cane no kwibonera abantu 10.456 bari bitavye iryo hwaniro!
Igihe nashika mu Bufaransa ari bwo bwa mbere, igifaransa canje cari gike cane. N’icavyunyuye, naragize ikosa rikomeye ryo kuvuga igihe gusa naba nzi neza yuko igifaransa ngira mvuge ari co. Mugabo umuntu atavuze amakosa, ntiyigera akosorwa kandi ntatera imbere.
Narafashe ingingo yo gutorera umuti iyo ngorane mu kwiyandikisha mw’ishure ryigisha abanyamahanga igifaransa. Naja mu vyigwa ku mugoroba igihe ata makoraniro yaba ahari. Naratanguye gukunda igifaransa, kandi uko imyaka yahaca ni ko narushiriza kugikunda. Ivyo vyaragize akamaro kubera ko nashoboye gufasha ishami ryo mu Bufaransa mu gikorwa c’ubuhinduzi. Mu nyuma, ubwanje narabaye umuhinduzi, nkaba nahindura icongereza mu gifaransa. Kari agateka gufasha mu bijanye no gushikiriza abavukanyi bavuga igifaransa bo hirya no hino kw’isi imfungurwa z’ivy’impwemu nziza zitangwa na wa mugwi w’umushumba.—Mat. 24:45-47.
NUBAKA URWANJE NKONGERA NGATERWA UTUNDI DUTEKA
Mu 1956, narubakanye na Esther, akaba yari umutsimvyi w’umuswisikazi twari twaramenyanye imyaka mikeyi imbere y’aho. Twagiriye ubugeni mu Ngoro y’Ubwami yari hafi ya Beteli y’i Londres (imwe yahora yitwa Itaberenakulo y’i Londres, hamwe mawe yabatiririzwa). Umuvukanyi Hughes ni we yatanze insiguro y’ubugeni bwacu. Nyina wa Esther ni ho yari ari, kandi na we nyene yari afise icizigiro co kuzoja kuba mw’ijuru. Uretse ko kwubaka urwanje vyatumye ndonka umugenzi w’igikundiro kandi w’intahemuka, vyaranatumye ndonka amasaha menshi yo kugiranira ubugenzi bw’agaciro na mabukwe ameze neza kandi yitwararika ivy’impwemu, gushika arangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 2000.
Inyuma y’ubugeni bwacu, twe na Esther twagiye kuba hanze ya Beteli. Mu gihe nabandanije gukora muri Beteli ndi umuhinduzi, Esther we yari umutsimvyi adasanzwe mu turere two mu micungararo ya Paris. Yarashoboye gufasha abantu batari bake baraba abasavyi ba Yehova. Mu 1964, twarasabwe kuja kuba kuri Beteli. Mu nyuma mu 1976, igihe komite z’amashami zatangura gushingwa, naragenywe ngo mbe mu bagize komite. Mu myaka n’iyindi yahaciye, Esther yagumye anshigikira abigiranye urukundo.
“NTIMUZONYAMANA”
Naratewe agateka ko kuza ndaja ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i New York. Muri ivyo biringo, nararonka impanuro nziza zivuye ku bantu batandukanye bo mu Nama Nyobozi. Nk’akarorero, narigeze kuvuga ko mpagaritswe umutima n’uko ntazohava ndangiza igikorwa kinaka ku gihe, maze umuvukanyi Knorr aca aramwenyura hanyuma avuga ati: “Ntugire ubwoba. Wewe kora gusa!” Kuva ico gihe, akenshi iyo ibikorwa bibaye vyinshi, aho guta umutwe nca ndabijako ngatangura gukora kimwekimwe kandi muri rusangi birangira ku gihe.
Imbere gato y’uko Yezu apfa, yabwiye abigishwa biwe ati: “Ntimuzonyamana.” (Mat. 26:11) Na twebwe abo mu zindi ntama turazi yuko tutazokwamana ng’aha kw’isi bene wabo na Kristu barobanuwe. Mbona rero ko ari agateka ntangere kuba maze imyaka irenga 70 nkorana hafi na hafi na benshi mu barobanuwe, ni ukuvuga mfashe impuzu y’Umuyuda ndabigiranye ugukenguruka.
[Akajambo k’epfo]
a Ku bijanye n’imvugo ‘Umuyonadabu,’ raba igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu, urupapuro rwa 83, 165, 166 canke Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2010, urupapuro rwa 15-17, ingingo ya 8 n’iya 10.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]
Umuvukanyi Knorr yaramwenyuye hanyuma avuga ati: “Ntugire ubwoba. Wewe kora gusa!”
[Amafoto ku rup. 19]
(Ibubamfu) Mawe na dawe
(Iburyo) Ndi kw’Ishure rya Gileyadi mu 1948, nambaye ya koti y’imbeho mawe yampa
[Ifoto ku rup. 20]
Aha nariko ndasobanura insiguro y’umuvukanyi Lloyd Barry, igihe ishami ryo mu Bufaransa ryegurirwa Yehova mu 1997
[Amafoto ku rup. 21]
(Ibubamfu) Ndi kumwe na Esther ku musi wacu w’ubugeni
(Iburyo) Turi kumwe mu gikorwa co gushinga intahe