ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/11 rup. 19-25
  • Nigishijwe na Yehova kuva mu buto bwanje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nigishijwe na Yehova kuva mu buto bwanje
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nakuze hakiri kare mu vyerekeye ukuri kwa Bibiliya
  • Ntangura ubusuku bw’igihe cose
  • Nja gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn
  • Amahinduka akomeye mu buzima bwanje
  • Nkorera mu kindi gihugu
  • Nsubira i Brooklyn
  • Umurimo natanguye nkiri muto no kubandanya
  • Aho umurimo w’igihe cose wanshikanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Naratewe agateka ko gukorana n’abagabo bakomeye mu kwizera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Woba Ushobora Kwitanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Kuba nahisemwo neza vyatumye ngira imihezagiro mu buzima bwanje bwose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/11 rup. 19-25

Inkuru y’ubuzima

Nigishijwe na Yehova kuva mu buto bwanje

NK’UKO VYAVUZWE NA RICHARD ABRAHAMSON

“Mana, ni wewe wanyigishije, uhereye mu buto bganje, kugeza n’ubu ndacavuga ibikorwa vyawe bitangaje”. Reka nsigure igituma ayo majambo yo muri Zaburi 71:17 afise insobanuro idasanzwe kuri jewe.

MAWE, ari we Fannie Abrahamson, yaraganiriye n’Abatohoji ba Bibiliya mu 1924, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Nari maze umwaka umwe gusa. Igihe cose mawe yigishijwe ukuri kwa Bibiliya, yaca yiruka mu babanyi akababwira ivyo yaba yize, vyongeye na jewe yaranyigisha akongera akigisha na mukuru wanje be na mushikanje ankurira. Imbere y’uko menya gusoma, yari yaramfashije gufata ku mutwe ivyanditswe vyinshi vyerekeye imihezagiro izozanwa n’Ubwami bw’Imana.

Mu mpera z’imyaka ya 1920, umugwi wacu w’Abatohoji ba Bibiliya wo muri La Grande, muri Leta ya Oregon iri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ari ho navukiye nkongera ngakurira, wari ugizwe n’abagore bakeyi be n’abana bakeyi. Naho twari mu karere ka twenyene, twaragenderwa rimwe canke kabiri mu mwaka n’abasuku b’ingenzi. Izo ngenzi baradushikiriza insiguro ziremesha, bakaduherekeza mu busuku bw’inzu ku nzu, bakerekana ko bitwararika n’umutima mwiza abana. Muri abo bakundwa, harimwo Shield Toutjian, Gene Orrell be na John Booth.

Mu 1931, nta n’umwe wo mu mugwi wacu yashoboye kwitaba ihwaniro ryabereye i Columbus muri Ohio, aho Abatohoji ba Bibiliya bafashe izina ry’Ivyabona vya Yehova. Mugabo amakompanyi, nk’uko amashengero yitwa ico gihe, be n’imigwi iri ukwa yonyene bitaronse ababiserukira kuri iryo hwaniro, vyaciye bihurira mu turere tw’aho biri muri ukwo kwezi kwa Myandagaro kugira ngo bigire umwiyemezo wo kwemera iryo zina. Umugwi wacu mutoyi wo muri La Grande warafashe uwo mwiyemezo. Mu nyuma, mw’isekeza ryagizwe mu 1933 ryo gukwiragiza agatabu La Crise, narafashe ku mutwe uburyo bwo gutanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya, maze ari bwo bwa mbere, ndashinga intahe ndi jenyene ku nzu ku nzu.

Mu myaka ya 1930, igikorwa cacu cariko kirushiriza kurwanywa. Kugira ngo duhangane n’ukwo kurwanywa, nya makompanyi yagiye arashirwa hamwe mu vyiswe imigwimigwi, iyo migwimigwi ikaba yaragira amateraniro matomato, ikaja no mu bikorwa vyo kwamamaza vyitwa amasekeza y’imigwimigwi, rimwe canke kabiri mu mwaka. Muri ayo materaniro twarigishwa uburyo bwo kwamamaza bakongera bakatwereka ukuntu twoganira mu buryo buranga icubahiro n’abapolisi baduhagaritse. Kubera yuko Ivyabona akenshi bama bashengejwe imbere y’abacamanza b’abapolisi canke muri sentare, twarimenyereza kuvuga ivyaba vyanditse ku gapapuro k’amacishabwenge kavuga ngo Ingene ivy’urubanza bigenda. Ivyo vyaraturonsa ivyangombwa kugira ngo duhangane n’ukurwanywa.

Nakuze hakiri kare mu vyerekeye ukuri kwa Bibiliya

Nariko nkura mu bijanye no gutahura ukuri kwa Bibiliya be n’icizigiro gishingiye kuri Bibiliya co kubaho ibihe bidahera kw’isi izoba irongowe n’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Ico gihe, kubatizwa ntivyashimikwako cane ku badafise icizigiro co kuganza mw’ijuru bari kumwe na Kirisitu (Ivyahishuriwe 5:10; 14:1, 3). Naho ari ukwo, narabwiwe yuko niba nariyemeje mu mutima wanje gukora ivyo Yehova agomba, vyobaye bibereye ko mbatizwa. Ivyo nabigize muri Myandagaro 1933.

Maze imyaka 12, umwigisha wanje yarabona ko ivy’ukuvugira imbere y’abantu ndabigira neza, ari co gituma yaciye asaba mawe kuringaniza ivy’uko ndonka ukundi kumenyerezwa. Mawe yiyumviriye yuko ivyo vyoshoboye kumfasha gusukurira neza Yehova. Yaciye rero andihira ivyo vyigwa mu kuza aramesurira impuzu umwigisha wanje mu kiringo c’umwaka. Nya kumenyerezwa kwarambereye kirumara mu busuku bwanje. Igihe nari mfise imyaka 14, narafashwe na ya ndwara iryana mw’ifatanirizo ry’amagufa (Rhumatisme articulaire aigu), iyatumye mara umwaka wose nicaye i muhira.

Mu 1939, hari umusuku w’igihe cose yitwa Warren Henschel yaje mu karere kacua. Mu vy’impwemu, yari umuvukanyi akomeye kundusha, akaba yarantwara mu busuku bwo mu ndimiro tukamarayo amasaha menshi. Bidatevye, yaramfashije gutangura umurimo w’ubutsimvyi bwo gufasha, bukaba bwari ubusuku bw’igihe cose bumara igihe gitoyi. Muri iryo ci, umugwi wacu warungunganijwe uba ikompanyi. Warren yaragenywe aba umusuku w’iyo kompanyi, nanje ngenwa kuba umurongozi w’Inyigisho y’Umunara w’inderetsi. Igihe Warren yimuka akaja gukorera kuri Beteli, ku cicaro gikuru mpuzamakungu c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn muri New York, naciye mba umusuku w’ikompanyi.

Ntangura ubusuku bw’igihe cose

Ibanga ryiyongereye ryo kuba umusuku w’ikompanyi ryarakomeje kandi icipfuzo canje co kwinjira mu busuku busanzwe bw’igihe cose, ubwo nakoze mfise imyaka 17 maze kurangiza umwaka ugira gatatu w’amashure yisumbuye. Dawe ntiyizera ivyo twemera mw’idini yacu, mugabo yari umuntu yitaho umuryango akaba n’umugabo agendera ingingo. Yashaka ko nja mw’ishure rintegurira kwinjira muri kaminuza. Ariko rero, yavuze yuko noshoboye kwihitiramwo bugingo atari we yari akimenya. Naciye rero ntangura ubutsimvyi ku wa 1 Nyakanga 1940.

Igihe nava i muhira, mawe yansavye gusoma Imigani 3:5, 6, ahavuga hati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe”. Kwama ndekera ibintu mu maboko ya Yehova vyamye bimfasha cane.

Bidatevye, naciye mpamvya Joe Hart na Margaret Hart mu busuku bakorera mu Buraruko bwo hagati bwa Leta ya Washington. Ico cibare cari kigizwe n’uturere dutandukanye, aho twovuga nk’amararo y’inka, amararo y’intama, ibice bibamwo Abahindi be n’udusagara twinshi hamwe n’utugwati tutari duke. Mu mpenshi yo mu 1941, nashinzwe kuba umusuku w’ikompanyi mw’ishengero ryo mu gisagara ca Wenatchee muri Leta ya Washington.

Kuri rimwe mu materaniro twagiriye i Walla Walla muri Leta ya Washington, nakora bwa wakira abantu, ngaha ikaze abantu bose binjira mu nyubakwa iryo teraniro ryaberamwo. Sinzi ingene mbonye umuvukanyi akiri muto ariko anyinyana kugira ivyuma biduza amajwi bikore, ariko bikaguma vyanka. Naciye rero ndamusaba ko yoza gukora ivyo nariko ndakora, nanje ngakora ivyo yariko akora. Igihe umusuku w’intara Albert Hoffman yagaruka hanyuma akabona yuko nari navuye aho bari banshize, yaciye ansigurira amwenyura, akamaro ko kuguma aho bagushize gushika bakwimuriye ahandi. Nagumye nibuka iyo mpanuro yiwe kuva ico gihe.

Muri Myandagaro 1941, Ivyabona vya Yehova barateguye ihwaniro rinini i St. Louis muri Leta ya Missouri. Joe Hart be n’umugore wiwe Margaret barashize ihema ku gikamyo cabo, baca bashiramwo intebe. Icenda muri twebwe abatsimvyi twaragize urugendo rw’ibilometero 2.400 tuja i St. Louis turi muri iyo kamyo. Haba kugenda canke kugaruka vyafata nk’indwi imwe. Kw’ihwaniro, hari umupolisi yagereranije ko abari baryitavye bagera nko ku bantu 115.000. Naho abari kuri iryo hwaniro bashobora kuba bari munsi y’abo, nta gukeka ko baruta Ivyabona bababa 65.000 bari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ico gihe. Iryo hwaniro ryari iryubaka mu buryo bw’impwemu koko.

Nja gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn

Maze gusubira i Wenatchee, nararonse ikete rinsaba kuja gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn. Aho nshikiye, hakaba hari ku wa 27 Gitugutu 1941, baciye banjana mu biro vya Nathan H. Knorr, akaba yari umucungezi w’icapuriro. Yaransiguriye n’umutima mwiza ukuntu Beteli imeze, yongera arashimika ambwira ko kuguma niyegereje cane Yehova vyari nkenerwa kugira ngo nererwe mu buzima bwaho. Baciye banjana mu rwego ruraba ivyo kurungika ibisohokayandikiro, banshinga igikorwa co kubohera hamwe amakarato y’ibisohokayandikiro birungikwa.

Ku wa 8 Nzero 1942, Joseph Rutherford, uwari amaze igihe ahagarikiye Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose, yarapfuye. Haciye imisi itanu, abayobozi b’ishirahamwe baratoye umuvukanyi Knorr ngo amusubirire. Igihe W. E. Van Amburgh, uwari amaze igihe kinini ari umunyamabanga mushingwabigega w’ishirahamwe, yabitangariza umuryango wa Beteli, yavuze ati: “Ndibuka igihe C. T. Russell yapfa [mu 1916], hanyuma agasubirirwa na J. F. Rutherford. Umukama yarabandanije kuyobora no guteza imbere igikorwa ciwe. Ubu na ho nyene niteze rwose yuko igikorwa kizobandanya gitera imbere Nathan H. Knorr ari perezida, kubera yuko ico ari igikorwa c’Umukama, atari igikorwa c’umuntu”.

Muri Ruhuhuma 1942, vyaratangajwe yuko hotangujwe “Ivyigwa bihanitse vy’ubusuku bwa gitewokarasi”. Vyari bigenewe kumenyereza abari kuri Beteli kugira ngo baryohore ubushobozi bwabo bwo kugira ubushakashatsi ku biganiro bishingiye kuri Bibiliya, gutunganya neza amayagwa yabo no kuyashikiriza mu buryo ngirakimazi. Ndabifashijwemwo n’ukumenyerezwa nari nararonse mu vy’ukuvugira imbere y’abantu, narashoboye kugira iterambere rinyaruka muri iyo porogarama.

Hataraca n’igihe, nashinzwe gukorera mu Rwego rujejwe umurimo, rukaba rwacungera ubusuku bw’Ivyabona muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu mpera z’uwo mwaka, hafashwe ingingo yo gusubizaho porogarama igenewe abasuku kugira ngo bagendere amakompanyi y’Ivyabona. Mu nyuma, abo basuku b’ingenzi, abitwa abasuku basukurira abavukanyi, bahavuye bitwa abacungezi b’imizunguruko. Mu ci ryo mu 1942, haratunganijwe kuri Beteli ivyigwa vyo kumenyereza abavukanyi muri uwo muce w’ubusuku, nkaba naratewe agateka ko kuba mu baronse ukwo kumenyerezwa. Ndibuka canecane yuko umuvukanyi Knorr, umwe mu bigisha, yatubwiye ashimika ati: “Ntimugerageze guhimbara abantu. Muzosanga uburuhiro ata n’umwe muriko murahimbara. Himbare Yehova, ni ho muzobona guhimbara abakunda Yehova bose”.

Igikorwa c’ubugenduzi catanguye muri Gitugutu 1942. Bamwebamwe muri twebwe kuri Beteli barakijamwo ku mpera z’imishamvu zimwezimwe, bakagendera amashengero ari ku bilometero 400 mu gisagara ca New York. Twarasuzuma ivy’igikorwa co kwamamaza c’ishengero be n’ibitigiri vy’abitaba amakoraniro, tukagirana inama n’abajejwe amabanga mw’ishengero, tugatanga insiguro imwe canke zibiri tukongera tugakorana mu busuku n’Ivyabona baho.

Mu 1944, nari mu bo mu Rwego rujejwe umurimo barungitswe mu gikorwa c’ubugenduzi mu kiringo c’amezi atandatu, tukaba twakoreye i Delaware, i Maryland, i Pennsylvania be n’i Virginia. Mu nyuma, naragendeye mu mezi makeyi amashengero y’i Connecticut, i Massachusetts be n’i Rhode Island. Maze gusubira kuri Beteli, amasaha makeyi nayamara nkorana mu biro n’umuvukanyi Knorr be n’umunyamabanga wiwe Milton Henschel, aho hakaba ari ho namenyerereye igikorwa cacu kirangurirwa kw’isi yose. Naramara kandi amasaha makeyi nkorera mu Biro vy’Umushingwabigega mpagarikiwe na W. E. Van Amburgh n’umufasha wiwe Grant Suiter. Maze mu 1946, nagizwe umucungezi w’ibiro bitari bike kuri Beteli.

Amahinduka akomeye mu buzima bwanje

Igihe nafasha amashengero mu 1945, naramenyanye na Julia Charnauskas mu gisagara ca Providence muri Rhode Island. Hagati mu 1947 twariyumviriye ivyo kwubakana. Narakunda cane umurimo wo kuri Beteli, yamara ico gihe, nta ntunganyo yari ihari yo kuzana uwo mwubakanye kuhakorera. Ni co gituma muri Nzero 1948, navuye muri Beteli, hanyuma jewe na Julia (Julie) duca turubakana. Nararonse akazi k’amasaha makeyi ku musi mu mangazini imwe yo mu gisagara ca Providence, maze twempi duca turatangura gukora ubutsimvyi bwacu.

Muri Nyakanga 1949, naratumiwe gukora igikorwa c’umuzunguruko mu Buraruko bushira Uburengero bwa Wisconsin. Ryari ihinduka rikomeye kuri jewe na Julie kwamamaza mu dusagara ahanini wasanga ari dutoduto no mu turere two mu misozi two mu ntara zivamwo amata menshi. Urushana wasanga rumara igihe kirekire kandi hakanye cane, hakaba haca indwi zitari nke ubushuhe buri munsi ya dogere 0 (munsi ya 0°C) kandi hakaba na shelegi nyinshi. Nta muduga twari dufise. Ariko rero, hama hari umuntu yama adutwara mu muduga akadushikana mu rindi shengero.

Gatoyi inyuma y’aho ntanguriye igikorwa c’umuzunguruko, twaragize iteraniro ry’umuzunguruko. Ndibuka ndiko nsuzuma nitonze kugira ndabe yuko ibintu vyose biriko birakorwa, ivyo bikaba vyatumye bamwebamwe basa n’abababara. Ku bw’ivyo, umucungezi w’intara Nicholas Kovalak, yaransiguriye abigiranye ubwitonzi yuko abavukanyi bo ngaho bari bamenyereye gukora ibintu mu buryo bwabo bwite kandi yuko bitari bikenewe ko ngerageza gutunganya ibintu bigeze iyo hose. Iyo mpanuro yarangiriye akamaro mu bijanye no kurangura ibikebere vyinshi nashinzwe kuva ico gihe.

Mu 1950, narahawe igikebere c’igihe gito, kikaba cari ico guhagarikira ivyo kuronderera uburaro abashitsi kw’ihwaniro rya mbere mu mahwaniro yacu menshi twagiriye ku kibuga c’inkino citwa Yankee Stadium mu gisagara ca New York. Iryo hwaniro ryari iriteye akamwemwe kuva rigitangura gushika rirangiye, rikaba ryarimwo abashitsi bavuye mu bihugu 67 kandi ryitabwe n’igitigiri c’agaheta c’abantu 123.707! Inyuma y’iryo hwaniro, twe na Julie twaciye dusubira mu gikorwa cacu c’ubugenduzi. Twari duhimbawe cane mu gikorwa c’umuzunguruko. Ariko rero, twumva dukwiye kubandanya kwitanga. Ku bw’ivyo, uko umwaka utashe, twama twuzuza ifomu yo gusaba gukorera kuri Beteli be n’iyo gusaba kuja mu murimo w’ubumisiyonari. Mu 1952, twarahimbawe no kuronka ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 20 w’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, aho twaronkeye ukumenyerezwa ku bw’igikorwa c’ubumisiyonari.

Nkorera mu kindi gihugu

Tumaze kuronka impapuro z’umutsindo mu 1953, twaciye turungikwa gukorera mu Bwongereza, aho nakoreye igikorwa c’ukuba umucungezi w’intara mu Bumanuko bw’ico gihugu. Tutaramara n’umwaka muri ico gikorwa, ico twe na Julie twanezererwa cane, twaratangaye kubona turungikwa gukorera mu gihugu ca Danemarike. Muri Danemarike, hari hakenewe umucungezi mushasha w’ibiro vy’ishami. Kubera ko nari ndahegereye kandi nkaba nari nararonse ukumenyerezwa ku bw’ico gikorwa i Brooklyn, nararungitswe gufasha. Twarafashe ubwato butujana mu Buholande, maze tuvuye aho dufata igariyamoshi itujana i Copenhague muri Danemarike. Twashitse ku wa 9 Myandagaro 1954.

Imwe mu ngorane twategerejwe guhangana yari iy’uko hari abavukanyi bakeyi bafise amabanga bananiwe kwemera ubuyobozi buvuye ku cicaro gikuru i Brooklyn. Ikindi kandi, batatu muri bane bahindura ibisohokayandikiro vyacu mu rurimi rw’ikidanemarike baravuye kuri Beteli, amaherezo baraheba kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Mugabo Yehova yarishuye amasengesho yacu. Abatsimvyi babiri, ari bo Jørgen Larsen na Anna Larsen, abahora bakora igikorwa c’ubuhinduzi mu gihe gitogito, baritanze kugira ngo bagikore igihe cose. Ubuhinduzi bw’ibinyamakuru vyacu mu rurimi rw’ikidanemarike rero bwarabandanije ata nomero n’imwe ihaze. Jørgen Larsen na Anna Larsen baracari kuri Beteli yo muri Danemarike, kandi Jørgen akaba ari umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami.

Ukwama twagendewe n’umuvukanyi Knorr ryari isoko nyaryo ry’indemesho muri iyo myaka yo mu ntango. Yarafata umwanya wo kwicara akaganiriza umuntu wese, akamwiganira ivyabonywe vyamufasha kubona ukuntu yokwifata mu ngorane. Igihe kimwe yatugendeye mu 1955, hafashwe ingingo yuko dukwiye kwubaka ishami rishasha rifise amazu y’icapuriro kugira ngo dushobore gucapura ibinyamakuru bikoreshwa muri Danemarike. Harabonetse ubwatsi mu gace k’igisagara ko mu Buraruko bwa Copenhague, maze mu ci ryo mu 1957, duca twimukira mu nyubakwa zari ziherutse kwubakwa. Harry Johnson, uwari aherutse gushika i Danemarike ari kumwe n’umugore wiwe Karin inyuma y’aho basohokeye ivyigwa vy’umugwi ugira 26 w’ishure ry’i Gileyadi, barafashije mu vyo gushira ibikoresho mw’icapuriro ryacu no gutuma ritangura gukora.

Twararyohoye uburyo bwacu bwo kwungunganya amahwaniro maninimanini muri Danemarike, ubuhanga nari nararonse igihe nafasha ku mahwaniro yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bukaba bwarambereye kirumara. Mu 1961, ihwaniro ryacu mpuzamakungu rinini ry’i Copenhague ryarakiriye abashitsi bava mu bihugu birenga 30. Ryitabwe n’igitigiri c’agaheta c’abantu 33.513. Mu 1969, twaragize ihwaniro ryabaye rininiya mu mahwaniro yose yabereye muri Scandinavie, rikaba ryitabwe n’igitigiri c’agaheta c’abantu 42.073!

Mu 1963, naratumiwe kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 38 w’ishure ry’i Gileyadi. Ivyo vyari ivyigwa vy’amezi icumi vyatunganijwe bundi busha vyari bigenewe canecane kumenyereza abahagarikira ishami. Wari umunezero gusubira kuba turi kumwe n’abagize umuryango wa Beteli y’i Brooklyn no kwungukira ku buhanga bw’abari bamaze imyaka myinshi bitwararika ibikorwa vyo ku cicaro gikuru.

Ivyo vyigwa vy’ukumenyerezwa bimaze kurangira, naciye nsubira muri Danemarike kubandanya kwitwararika amabanga nari njejwe. Vyongeye, naragize agateka ko gusukura ndi umucungezi wa zone, nkaba nagendera amashami yo mu Burengero no mu Buraruko bwa Buraya kugira ngo ndonse abayahagarikiye indemesho nongere ndabafashe kurangura amabanga bajejwe. Ubu bwa vuba, mperutse kurangura ico gikorwa nyene muri Afirika yo mu Burengero no mu mazinga ya Karayibe.

Mu mpera z’imyaka ya 1970, abavukanyi bo muri Danemarike baratanguye kurondera ikibanza cokwubatswemwo inyubakwa nini ku bw’ibikorwa vy’ubuhindutsi be n’ivy’ugucapura vyarushiriza kwongerekana. Ubwatsi bwiza bwarabonetse nko ku bilometero 60 mu Burengero bwa Copenhague. Ndi kumwe n’abandi, narakoze mu vy’ugutegura no gucapa imigero y’iyo nyubakwa nshasha, twe na Julie tukaba twari twiteganye umushasharo kubana n’umuryango wa Beteli mu buraro bwawo bushasha bwiza. Ariko rero, si ukwo vyagenze.

Nsubira i Brooklyn

Muri Munyonyo 1980, jewe na Julie twaratumiwe gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn, tukaba twahashitse mu ntango z’ukwezi kwa Nzero 1981. Ico gihe twari mu gushikana imyaka 60, vyongeye kubera ko twari tumaze hafi igice c’ubuzima bwacu dukorana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bakundwa bo muri Danemarike, ntivyatworoheye gusubira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Naho tutabaye aho twipfuza kuba, ariko twaragerageje gushira imbere ibikebere vyacu bishasha, naho vyoteje ingorane zimeze gute.

Twarashitse i Brooklyn hanyuma aba ari ho tuba. Julie yaciye ashingwa gukora mu biro biraba ivy’amakonte, akaba yakora igikorwa nk’ico yahora akora muri Danemarike. Nashinzwe gukora mu Rwego nshingwayandika kugira ngo mfashe mu vyo gushira ku rutonde itegurwa ry’ibisohokayandikiro vyacu. Intango z’imyaka ya 1980 cari igihe c’ihinduka mu buryo ibikorwa vyacu vyakorwa i Brooklyn, kubera ko twavuye ku gukoresha imashini zo kwandika be n’ubuhinga bwo gucapura bw’ukuza baracisha impapuro ku ndome zapanzwe zigasigwa irangi, tukaja ku buhinga bwo gukoresha orodinateri be n’ubwo gucapura bwitwa offset, buza burashira ku mpapuro ivyandiko vyateguriwe ku mizingo y’akamwanya. Nta na kimwe nari nzi ku vyerekeye orodinateri mugabo naratahura gatoyi uburyo bwo gutunganya ibintu kandi nkaba nari nzi gukorana n’abantu.

Gatoyi inyuma y’aho, vyarabaye nkenerwa ko uburyo Urwego rujejwe gushushanya rwari rutunganijwe bukomezwa, kubera yuko twari tugiye mu vy’ugukoresha bwa buhinga bwitwa offset bwo gucapura mu mabara y’indobeke be n’ugukoresha amashusho be n’amafoto y’amabara. Naho ntari umuhinga mu vy’ugushushanya, narashoboye gufasha mu vyo kwungunganya ibintu. Ku bw’ivyo, naragize agateka ko guhagarikira urwo rwego mu myaka icenda.

Mu 1992, nashinzwe gusahiriza Komite nshingwasohora y’Inama Nyobozi, hanyuma nimurirwa mu Biro vy’Umushingwabigega. Aho akaba ari ho nkibandanya gukorera mu vyerekeye ibikorwa bijanye n’amahera y’Ivyabona vya Yehova.

Umurimo natanguye nkiri muto no kubandanya

Kuva nkiri muto cane no mu gihe c’imyaka 70 maze ndi mu murimo ndangura nariyeguye, Yehova yagumye anyigisha abigiranye ukwihangana abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya no ku bavukanyi kirumara bo mw’ishirahamwe ryiwe ryiza igitangaza. Narinovoye imyaka irenga 63 ndi mu busuku bw’igihe cose, iyirenga 55 muri iyo nkaba ndayimaranye n’umukenyezi wanje w’intahemuka Julie. Vy’ukuri, ndabona ko Yehova ampezagira cane.

Tugarutse mu mwaka wa 1940, igihe nava i muhira kugira ngo ninjire mu murimo w’ubutsimvyi, dawe yaratwenze ingingo nafashe avuga ati: “Mwana, niwava mu rugo ngo ugiye gukora ivyo, ntiwiyumvire yuko uzoza wirukanga iwanje ngo ndagufashe”. Muri iyi myaka yose, nta vyo nigeze ngira. Yehova yarandonkeje ivyo nari nkeneye atitangiriye itama, akenshi agakoresha abakirisu bagenzanje b’ingirakamaro. Mu nyuma, dawe yahavuye yubaha igikorwa cacu, mbere aragira n’iterambere ritoyi mu kwiga ukuri kwa Bibiliya imbere y’uko apfa mu 1972. Mawe, uwari afise icizigiro c’ubuzima bwo mw’ijuru, yarabandanije gusukurira Yehova ari umwizerwa gushika ku rupfu rwiwe rwashitse mu 1985, afise imyaka 102 y’amavuka.

Naho hatabura gushika ingorane mu busuku bw’igihe cose, twe na Julie ntiturigera twiyumvira kuva mu gikebere cacu. Yehova yamye nantaryo adushigikira muri uwo mwiyemezo. N’igihe nyene abavyeyi banje bariko barasaza bakaba bari bakeneye imfashanyo, mushikanje mukuru Victoria Marlin yarabafashije yongera arabitaho n’umutima mwiza. Turamukengurukira cane ku bw’iyo ntererano yiwe iranga urukundo, iyadufashije kubandanya mu busuku bw’igihe cose.

Julie yaranshigikiye adahemuka mu bikebere vyacu vyose, akabibona nk’uko ari umuce w’ukwiyegurira Yehova kwiwe. Naho ubu maze imyaka 80 y’amavuka, kandi nkaba mfise ingorane z’amagara, ndabona ko Yehova ampezagira cane. Ndaronkera indemesho nyinshi ku mwanditsi wa Zaburi, we amaze kuvuga yuko Imana yari yaramwigishije kuva mu buto bwiwe no kubandanya, yatakamvye ati: ‘Mana, ntumpebe, kugeza no mu butama bwanje; ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe’.​—Zaburi 71:17, 18.

[Akajambo k’epfo]

a Warren yari mukuru wa Milton Henschel, uwakoze imyaka myinshi ari mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 20]

Ndi kumwe na mawe mu 1940, igihe natangura ubutsimvyi

[Ifoto ku rup. 21]

Ndi kumwe n’abo twakoranye ubutsimvyi ari bo Joe Hart na Margaret Hart

[Ifoto ku rup. 23]

Ku musi wacu w’ubugeni muri Nzero 1948

[Ifoto ku rup. 23]

Mu 1953, turi kumwe n’abo twiganye mw’ishure ry’i Gileyadi. Uvuye ibubamfu uja iburyo: Don Ward na Virginia Ward, Geertruida Stegenga, Julie na jewe

[Ifoto ku rup. 23]

Turi kumwe na Frederick W. Franz na Nathan H. Knorr i Copenhague muri Danemarike mu 1961

[Ifoto ku rup. 25]

Ndi kumwe na Julie muri iki gihe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika