Ibibazo vy’abasomyi
Mu mihingo myinshi yo kw’isi, usanga hari umugenzo wo gutanga ingabirano z’ubugeni. Ni ingingo ngenderwako izihe zo mu Vyanditswe dukwiye kurimbura igihe dutanga canke duhabwa mwene izo ngabirano?
Bibiliya irashigikira ivyo gutanga ingabirano igihe bigiranywe imvo nziza kandi bigizwe mu gihe kibereye. Mu bijanye no gutanga, Bibiliya iremesha abakirisu b’ukuri kwigana wa Mutanzi wabo Yehova atanga atitangiriye itama (Yakobo 1:17). Intumwa Paulo yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana”. Kubera ico, abakirisu baremeshwa gutanga batitangiriye itama.—Abaheburayo 13:16; Luka 6:38.
Mu bihugu bimwebimwe, umugenzo wezeyo ni uw’uko abagiye kwubakana basuzuma udutabu turimwo urutonde rw’ibintu abimirije kugira ubugeni bakenera, bakaraba ibidandazwa biri mu mangazini maze bakagira urutonde rw’ibintu boshima guhabwa bwa ngabirano. Incuti n’abagenzi b’abo bagiye gushinga urwabo, barasabwa kuja mu mangazini kanaka kuguramwo ikintu kiri muri rwa rutonde rwagizwe n’abagiye gushinga urwabo. Turavye akamaro bifise, usanga urutonde ruriko ivyotangwako ingabirano rutuma nyene gutanga atamara umwanya munini arondera ingabirano, na bene kuyihabwa bakaba bakingiwe ivy’uko bohava basubiza ku mangazini ingabirano batashimye.
Abagiye gushinga urwabo ni bo bifatira ingingo niba bokoresha canke batokoresha urutonde ruriko ivyotangwako ingabirano. Ariko rero, umukirisu yoshima kuba maso kugira ngo yirinde imigenzo iyo ari yo yose yohava irenga ku ngingo ngenderwako za Bibiliya. Nk’akarorero, vyogenda gute mu gihe abo bagiye gushinga urwabo bagize urutonde rurimwo ibintu bizimvye cane? Mu gihe nk’ico, abafise uburyo buke ntiboshobora gutanga ingabirano, canke boshobora kwiyumvira ko vyoba vyiza banse ubwo butumire bwo kwitaba ubugeni kugira ngo birinde kumaramara bazanye ingabirano itazimvye. Umukirisukazi umwe yanditse ati: “Gutanga ingabirano z’ubugeni biriko birarushiriza kuba umuzigo. Naragerageje gutanga ntitangiriye itama, mugabo sinkironka umunezero nahora ndonka mu gutanga”. Ese ukuntu vyoba bibabaje mu gihe ubugeni bwoba isoko ryo gucika intege!
Mu vy’ukuri, abantu ntibakwiye gutuma abatanga bumva yuko kugira ngo ingabirano yabo ishimwe, itegerezwa kugurirwa mu mangazini kanaka canke itegerezwa kugurwa amahera kanaka. Nakare, Yezu Kirisitu yerekanye yuko ikintu gifise agaciro kanini mu nyonga z’Imana ari agatima ka nyene gutanga, atari agaciro k’iyo ngabirano (Luka 21:1-4). Muri ubwo buryo nyene, ku bijanye no guha abari mu nkenero ingabirano z’ubuntu, intumwa Paulo yanditse ati: “Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe”.—2 Ab’i Korinto 9:7.
Dufatiye kuri Bibiliya, nta kibi kiri mu kwimenyekanisha ko ari wewe watanze ingabirano, kumbure mu gushira agakete muri iyo ngabirano. Ariko rero, mu mihingo imwimwe, usanga bafise umugenzo wo kumenyesha abantu bose bahari uwatanze ingabirano. Uwo mugenzo ushobora gutuma haba ingorane. Abatanga ingabirano boshobora kwipfuza kuguma batazwi kugira ngo birinde gukwegera ivyiyumviro vy’abantu kuri bo bidakenewe. Abantu nk’abo bakora mu buryo buhuje n’ingingo ngenderwako dusanga muri Matayo 6:3, aho Yezu yavuze ati: “Ariko weho ni wagira ubuntu, ntumenyeshe ukubamfu kwawe ico ukuryo kwawe gukora”. Abandi boshobora kubona yuko ugutanga ingabirano ari ikibazo kiraba umuntu ubwiwe gikwiye kuguma ari ibanga rya nyene gutanga na nyene guhabwa. Vyongeye, kumenyekanisha abatanze vyoshobora gutuma haba ivyo kugereranya ingabirano, ‘bigatuma haba ivyo guhiganwa’ (Ab’i Galatiya 5:26, NW). Nta mazinda yuko abakirisu bipfuza kwirinda ivyo gutuma hagira umuntu yumva amaramaye kubera ugutangaza ku mugaragaro amazina y’abatanze.—1 Petero 3:8.
Vyemere, nitwakora mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana, ugutanga ingabirano kuzoguma ari isoko ry’agahimbare.—Ivyakozwe 20:35.