ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/10 rup. 23-27
  • Nugaragaze ko ufise ukwizera mu buryo ubayeho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugaragaze ko ufise ukwizera mu buryo ubayeho
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imitororokano mitomito yo kwinezereza
  • Uwo mutororokano uzoba umeze gute?
  • Ibirori vy’ubugeni be n’agatutu bijana
  • “Umuteretsi”
  • Ingabirano zitangwa ku musi mukuru w’ubugeni
  • Ubugeni Bunezereye Butera Iteka Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Nimwongereze umunezero n’iteka vy’umusi wanyu w’ubugeni
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ingene mwotegura ubugeni butera iteka Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ni ibiki biba ku bugeni bw’Ivyabona vya Yehova?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/10 rup. 23-27

Nugaragaze ko ufise ukwizera mu buryo ubayeho

“Ukwizera kutari n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye”.​—YAKOBO 2:17.

1. Ni kubera iki abakirisu bo mu ntango bitwararika ukwizera kwabo hamwe n’ibikorwa vyabo?

ABAKIRISU bo mu ntango muri rusangi, baragaragaza ko bafise ukwizera mu buryo bari babayeho. Umwigishwa Yakobo yahimirije abakirisu bose ati: “Mube abakora ivy’iryo jambo, ntimube abaryumva gusa”. Yongeyeko ati: “Nk’uk’umubiri utarimw’impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye” (Yakobo 1:22; 2:26). Haciye imyaka nka 35 yanditse ayo majambo, abakirisu benshi bari bakibandanya kugaragaza ko bafise ukwizera mu gukora ibikorwa bibereye. Ariko ikibabaje, kuri bamwebamwe si ko vyari biri. Yezu yarakeje ishengero ry’i Simuruna. Ariko yabwiye benshi mu bari bagize ishengero ry’i Sarudi ati: ‘Ndazi ibikorwa vyanyu, ko muvugwa ko muri bazima, ariko muri abapfuye’.​—Ivyahishuriwe 2:8-11; 3:1.

2. Ni ibibazo ibihe abakirisu bakwiye kwibaza ku bijanye n’ukwizera kwabo?

2 Ku bw’ivyo rero, Yezu yaremesheje abo bakirisu b’i Sarudi, hamwe n’abo bose mu nyuma bosomye ayo majambo, ngo basubire kugaragaza urukundo bari bafitiye ukuri kwa gikirisu mu ntango, bongere babe maso mu vy’impwemu (Ivyahishuriwe 3:2, 3). Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Ibikorwa vyanje vyifashe gute? Vyoba vyerekana ko ndiko nkora uko nshoboye kwose kugira ngo ngaragaze ukwizera kwanje mu vyo nkora vyose, eka mbere no mu mice itajanye neza na neza n’igikorwa co kwamamaza canke itajanye n’amakoraniro y’ishengero?’ (Luka 16:10). Hari imice myinshi y’ubuzima twoshobora guca irya n’ino, ariko reka turabe umuce umwe gusa, uwo na wo ukaba ari uwujanye n’imitororokano yo kwinezereza turi kumwe n’abandi, dushizemwo n’iyikunda kugirwa mu bugeni bw’abakirisu.

Imitororokano mitomito yo kwinezereza

3. Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukwifatanya n’abandi ku bwo kwinezereza?

3 Benshi muri twebwe turahimbarwa igihe dutumiwe kuja kwifatanya n’abandi bakirisu bahimbawe. Yehova ni “Imana ihimbawe” ishaka ko abasavyi bayo bahimbarwa (1 Timote 1:11, UB). Ni we yatumye Salomo yandika muri Bibiliya aya majambo y’ukuri agira ati: “[Nashimye] ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe” (Umusiguzi 3:1, 4, 13; 8:15). Umuntu arashobora kunezerwa igihe ariko asangira udufungurwa n’abo mu muryango canke igihe aba yifatanije n’abasenga Imana b’ukuri mu mutororokano mutoyi wo kwinezereza.​—Yobu 1:4, 5, 18; Luka 10:38-42; 14:12-14.

4. Ni ibiki umuntu akwiye kwitwararika igihe ategura umutororokano wo kwinezereza?

4 Mu gihe woba uriko utegura mwene uwo mutororokano wo kwinezereza akaba kandi ari na wewe uwuhagarikiye, urakwiye kuzirikana witonze ku bitegekanijwe kuzogirwa, naho woba uzotumira abantu bakeyi gusa musangiye ukwizera kugira ngo musangire akajumbu mwongere muyage kigenzi (Abaroma 12:13). Uzoshima kuraba yuko “vyose bitungan[a] neza”, uyobowe n’“ubgenge”, canke ubukerebutsi, “buva mw ijuru” (1 Ab’i Korinto 14:40; Yakobo 3:17). Intumwa Paulo yanditse ati: “Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana. Ntimubere [abandi] igitsitaza” (1 Ab’i Korinto 10:31, 32). Ni imice imwimwe iyihe ukeneye kwitwararika bimwe bidasanzwe? Kuzirikana kuri ivyo hakiri kare birashobora kugufasha kwiyemeza neza yuko ivyo wewe hamwe n’abatumire bawe muzokora bizogaragaza ko mushira mu ngiro ivyo mwemera.​—Abaroma 12:2.

Uwo mutororokano uzoba umeze gute?

5. Ni kubera iki nyene gutumira abandi akwiye kuzirikana yitonze ku vy’uko yoba azotanga inzoga canke atazozitanga be n’uko hoba hazovuzwa umuziki canke utazovuzwa?

5 Vyarashitse abenshi baribaza nimba boha canke batoha inzoga abatumire babo. Mu bisanzwe mu gihe hadatanzwe inzoga ntibibuza ko umutororokano munaka uba uwubaka. Niwibuke ko Yezu yagaburiye isinzi ry’abantu ryari ryaje kuri we mu kugwiza imikate n’amafi. Iyo nkuru ntivuga yuko yahaye abantu umuvinyu ku gitangaro, naho tuzi yuko yari ashoboye kubigira (Matayo 14:14-21). Uramutse ufashe ingingo yo kuzotanga inzoga mu mutororokano munaka, nugire uburimbane ku bijanye n’izizotangwa uko zizoba zingana, kandi wiyemeze yuko hazoba hari ibindi binyobwa ku badashima kunywa inzoga (1 Timoteyo 3:2, 3, 8; 5:23; 1 Petero 4:3). Niwirinde rwose gutuma hagira umuntu n’umwe yumva ko agoberewe kunywa ikinyobwa coshobora kumurya “nk’inzoka” (Imigani 23:29-32). Tuvuge iki ku bijanye n’ukuvuza umuziki canke ukuririmba? Nimba muri uwo mutororokano hazobamwo ivyo kuvuza umuziki, nta gukeka ko uzohitamwo witonze indirimbo zizovuzwa, ukarimbura ukuntu umugumirizo wazo umeze be n’amajambo avugwamwo (Ab’i Kolosayi 3:8; Yakobo 1:21). Hari abakirisu benshi basanze kuvuza imiziki y’Ubwami (Mélodies du Royaume) canke kuririmbira hamwe mwene izo ndirimbo z’Ubwami bituma abahari bumva bamerewe neza (Abanyefeso 5:19, 20). N’ikindi tutokwibagira, nuze urasuzuma urugero rw’ijwi ry’umuziki kugira ngo umuziki ntubuze abantu kwiganirira canke ngo ugore ababanyi.​—Matayo 7:12.

6. Nyene gutegura umutororokano munaka ashobora gute kwerekana ko afise ukwizera kuzima ku bijanye n’ibiyago bihabera be n’ibindi bintu bihagirirwa?

6 Mu mitororokano yo kwinezereza, abakirisu boshobora kuganira ku bintu bitandukanye, bakagira ivyo basomye n’ijwi ryumvikana, canke bakigana ibintu bishimishije vyabonywe. Mu gihe ikiyago kibaye nk’igita umurongo, nyene gutumira abandi arashobora guca akigarura abigiranye ubugenge. Akwiye kandi kuraba ko umuntu umwe gusa atari we yihariza ikiyago. Mu gihe abonye ko bitanguye kugenda gutyo, arashobora guca afata ijambo akagira ico avuze abigiranye ubugenge kugira ngo n’abandi bagire uruhara muri ico kiyago, kumbure mu gutuma abakiri bato na bo nyene bakigiramwo uruhara canke mu guhindura ikiganiro ku buryo benshi bagira ico bavuze. Baba abakiri bato canke abakuze, bose bazohimbarwa n’uwo muce w’ukwifatanya hamwe n’abandi. Mu gihe wewe wateguye uwo mutororokano uyoboye ibintu neza kandi ubigiranye ubugenge, ‘ukugira ibitegereka kwawe kuzomenywa’ n’abazoba bahari (Ab’i Filipi 4:5, NW). Bazokwibonera vy’ukuri ko ufise ukwizera kuzima, ukwizera kugira ico gukoze ku mice yose y’ubuzima bwawe.

Ibirori vy’ubugeni be n’agatutu bijana

7. Ni kubera iki bibereye ko twitwararika ibijanye n’ivy’ugutegura ubugeni hamwe n’umusi mukuru bijana?

7 Ubugeni bw’abakirisu ni kimwe mu bihe bidasanzwe bitera umunezero. Abasavyi b’Imana ba kera, ushizemwo na Yezu be n’abigishwa biwe, baraja mu manza ziteye umunezero nk’izo no mu mazimano vyajana (Itanguriro 29:21, 22; Yohana 2:1, 2). Ariko rero, ivyagiye biraba vyarerekanye neza ko gutegura umusi mukuru ujanye n’ubugeni bisaba akigoro kadasanzwe kugira ngo ivy’uwo musi mukuru bigirwe mu buryo bubereye vyongere bigaragaze uburimbane buranga abakirisu. Yamara, uwo muce usanzwe ugirwa mu buzima uraha umukirisu akaryo ko kugaragaza ukwizera afise.

8, 9. Ibintu bigirwa mu bugeni bwinshi bigaragaza gute ivyo dusoma muri 1 Yohana 2:16, 17?

8 Abantu benshi batazi ingingo ngenderwako z’Imana kandi batazinezwe usanga babona ko ubugeni ari akaryo ko kurenza urugero mu vyo bakora, canke kumbure ko ari igihe aho umuntu ashobora kurenza urugero kandi bakamutahura. Mu kinyamakuru kimwe c’i Buraya, umukenyezi umwe yari aherutse kwubaka urwiwe yavuze ku bijanye n’ubugeni bwiwe bwitwa yuko bwari nk’ubw’umwamikazi, ati: ‘Twagiriye mu mukogote wo gutembereramwo ukwegwa n’amafarasi ane uherekejwe n’iyindi mikogote 12, be n’uwundi umwe warimwo abantu bagenda baracuraranga umuziki. Mu nyuma twarinovoye ibifungurwa binoboye be n’umuziki uryoshe cane; emwe, ntiworaba ingene vyari agahore! Uwo musi nari umwamikazi, kandi ivyo ni vyo nyene nipfuza’.

9 Naho ibigirwa mu bugeni vyoshobora kugenda biratandukana bivanye n’igihugu, ukwo kubona ibintu kuragaragaza neza ivyo intumwa Yohani yanditse ati: ‘Ikiri mw’isi cose, vyaba ivyipfuzo vy’umubiri, ivyifuzo vy’amaso, n’ubwibone bw’ubu buzima, ntivyanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw’isi’. Mbega woshobora kwiha ishusho abakirisu bahumuye mu vy’impwemu borondera kugira ubugeni mwene ubwo bwateguwemwo agatutu aho biterekanga ibintu vyinshi birenze urugero? Ahubwo riho, uburyo babona ibintu bukwiye kwerekana ko batahura yuko “ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira”.​—1 Yohana 2:16, 17.

10. (a) Ni kubera iki gutegura ibintu imbere y’igihe bihambaye cane kugira ngo ubugeni ntibuze bubemwo ukurenza urugero? (b) Ababa bimirije kugira ubugeni bakwiye guhitamwo gute abo bazotumira?

10 Abageni bakirisu baripfuza kuba abantu babona ibintu mu buryo bubereye kandi butarimwo ukurenza urugero, kandi Bibiliya irashobora kubafasha. Naho umusi w’ubugeni ari umusi uhambaye, barazi ko iyo ari intango gusa y’ubuzima bw’abakirisu babiri bubakanye bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. Si ngombwa ngo bagire urubanza rurimwo abantu benshi canke ibintu vyinshi. Bahisemwo kugira umusi mukuru urimwo ivy’agatutu, bazoshima kurimbura uburyo ako gatutu kazosaba be n’ukuntu kazoba kameze (Luka 14:28). Mu buzima bwabo bwa gikirisu, umunega ni we azoba umutwe, nk’uko Ivyanditswe bivyerekana (1 Ab’i Korinto 11:3; Abanyefeso 5:22, 23). Ni co gituma rero umukwe ari we canecane ajejwe ibijanye n’umusi mukuru w’ubugeni. Ariko naho ari ukwo, abigiranye urukundo, azogisha inama uwuzomubera umukenyezi ku bintu bimwebimwe nk’ibijanye n’abo bipfuza canke bashoboye kuzotumira kuri uwo musi mukuru w’ubugeni. Hari aho wosanga bidashoboka ko batumira abagenzi babo bose canke incuti zabo zose, kibure ugasanga ntivyoba bitaranga ubukerebutsi. Ku bw’ivyo rero, vyoshobora kuba ngombwa ko hakoreshwa uburimbane hagafatwa ingingo zimwezimwe. Abo bakirisu bimirije gushinga urwabo bakwiye kwizigira yuko abakirisu bagenzi babo batazoba bashoboye gutumira, bazobitahura kandi bitazobababaza.​—Umusiguzi 7:9.

“Umuteretsi”

11. Umuhagarikizi w’urubanza ashobora kugira uruhara uruhe mu bugeni?

11 Mu gihe abimirije kwubaka urwabo bahisemwo kuzogira umusi mukuru w’ubugeni, bashobora gukora iki kugira ngo urwo rubanza rwabo ruze rugume ari uruteye iteka? Haraheze imyaka myinshi Ivyabona vya Yehova biboneye yuko biranga ubukerebutsi gushira mu musi mukuru w’ubugeni umuce umwe uvugwa mu bijanye na rwa rubanza Yezu yitaba i Kana. Muri urwo rubanza, hariho “umuteretsi”, ari we muhagarikizi warwo, akaba ata gukeka ko yari umuntu yitaho ivyo ajejwe kandi yari asangiye ukwizera na nyene urubanza (Yohana 2:9, 10). Umukwe akorana ubukerebutsi na we nyene azohitamwo umuvukanyi mukirisu ahumuye mu vy’impwemu ngo arangure urwo ruhara ruhambaye. Uwo muhagarikizi w’urubanza amaze kumenya neza ivyo uwo mukwe yipfuza be n’ivyo ashima, arashobora kwitwararika ibintu vy’ido n’ido imbere y’uko urubanza ruba be no mu gihe nya rubanza ruzoba ruriko ruraba.

12. Umukwe akwiye kwitwararika ibiki ku bijanye n’inzoga?

12 Mu buryo buhuye n’ivyavuzwe mu ngingo ya 5, hari abageni bashima ko ku musi mukuru w’ubugeni bwabo hatotangwa inzoga kugira ngo ukurenza urugero mu kunywa ntiguhave gutoba akanyamuneza ko kuri uwo musi mukuru be n’urwo rubanza ubwarwo (Abaroma 13:13; 1 Ab’i Korinto 5:11). Yamara rero, mu gihe bashimye ko hotangwa inzoga, umukwe akwiye kuraba neza ko zitangwa ku rugero. Mu bugeni Yezu yitavye i Kana hariho umuvinyu, kandi na we yararonkeje abantu umuvinyu uryoshe. Biri n’ico bivuze kubona umuhagarikizi w’urwo rubanza yavuze ati: “Umuntu wese ahora abanza gutereka vino ziryoshe, maze bāhimba akabaha izitaryoshe: ariko weho iziryoshe ni zo wabītse gushitsa ubu” (Yohana 2:10). Nta gukeka, Yezu ntiyatumye abantu baborerwa, narirya yabona ko kuborerwa ari ikintu kitabereye (Luka 12:45, 46). Amajambo uwo muhagarikizi w’urubanza yavuze igihe yatangazwa n’ukuntu uwo muvinyu Yezu yari abaronkeje uryoshe, yarerekanye neza yuko yari yaramaze kubona aho vyashika mu bugeni abatumire bamwebamwe banywa bakaborerwa (Ivyakozwe n’intumwa 2:15; 1 Ab’i Tesalonike 5:7). Ku bw’ivyo rero, umukwe be n’umukirisu w’umwizigirwa ahitamwo ngo amubere umuhagarikizi w’urubanza, bakwiye kwiyemeza neza yuko abatumire bose bakurikiza iyi mpanuro itomoye igira iti: “Ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu”.​—Abanyefeso 5:18; Imigani 20:1; Hoseya 4:11.

13. Ni igiki abimirije kwubaka urwabo bakwiye kurimbura mu gihe bategekanije yuko hazovuzwa umuziki ku musi mukuru w’ubugeni bwabo, kandi kubera iki?

13 Nk’uko nyene bigenda no ku yindi mitororokano, mu gihe havugijwe umuziki, urugero rw’ijwi rw’uwo muziki rukwiye kwitwararikwa neza kugira ngo abatumiwe biborohere kuyaga. Umukurambere mukirisu umwe yavuze ati: “Buriko buriterera, harya ibiyago vyashushe n’ugutamba kugatangura, rimwe na rimwe usanga urugero rw’ijwi ry’umuziki ruca rwongerekana. Akajwi k’umuziki kari katanguye ari gatoyi koshobora kugenda karongerekana gushika n’aho gacika ijwi rimena amatwi ribuza abatumiwe kuyaga. Agatutu k’ubugeni ni akaryo keza ko kwifatanya n’abandi mu buryo buhimbaye. Ese ukuntu vyoba bibabaje mu gihe umuziki umena amatwi wokwonona ako karyo!”. N’ico gihe nyene, umukwe be n’umuhagarikizi w’urubanza barakwiye kwitwararika ivyo bajejwe ntibareke abajejwe ivy’umuziki, baba ari abakoteshejwe canke atari abakoteshejwe, ngo babe ari bo bahitamwo ubwoko bw’umuziki wovuzwa be n’urugero rw’ijwi wovuzwako. Paulo yanditse ati: “Ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu” (Ab’i Kolosayi 3:17). Abatumiwe kuri urwo rubanza rw’ubugeni batashe, boba bazokwibuka ko kuri ubwo bugeni umuziki wagaragaza ko abageni bariko bakora vyose mw’izina rya Yezu? Ukwo ni ko bikwiye kumera.

14. Ni igiki abakirisu bakwiye guhimbarwa no kwibuka ku bijanye n’ubugeni bunaka baba baritavye?

14 Vy’ukuri, ubugeni buba bwarateguwe neza abantu barashobora guhimbarwa no kubwibuka. Uwitwa Adam hamwe na Edyta, abamaze imyaka 30 bubakanye, bavuze ibikurikira ku bijanye n’ubugeni bumwe bitavye: “Warumva vy’ukuri ko hamota ubukirisu. Haravugijwe indirimbo zishemeza Yehova hongera haraba n’ibindi bintu vyiza vyo kwinezereza. Ugutamba be n’umuziki si vyo vyashirwa imbere. Uwo musi wari uhimbaye kandi warubaka, vyongeye ikintu cose cagirwa cari gihuje n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya”. Biratomoye yuko hari vyinshi umukwe n’umugeni bashobora gukora kugira ngo berekane ko bariko bagaragaza ukwizera kwabo mu bikorwa.

Ingabirano zitangwa ku musi mukuru w’ubugeni

15. Ni impanuro izihe Bibiliya itanga zishobora kwisungwa mu bijanye n‘ugutanga ingabirano z’ubugeni?

15 Mu bihugu vyinshi usanga incuti n’abagenzi bakunda guha ingabirano abageni. Hamwe nawe woshima kubigira, ni igiki woshobora kwamiza ku muzirikanyi? Ibuka ya majambo intumwa Yohani yavuga yerekeye ‘ubwibone bw’ubu buzima’. Ntiyerekanye yuko ubwo bwibone, ari kwo kwerekana ivyo umuntu atunze, bujanye n’abakirisu bagaragaza mu bikorwa ko bafise ukwizera, ahubwo riho yerekanye ko bujanye n’iyi ‘si iriko irashira’ (1 Yohana 2:16, 17). Uzirikanye kuri ayo majambo Yohani yavuze ahumekewe, ubona vyoba bibereye ko abageni bamenyesha abitavye ubwo bugeni amazina y’abagenda baratanga ingabirano? Abakirisu b’i Makedoniya be n’ab’i Akaya baragize ivyo batanze ku bw’abavukanyi b’i Yeruzalemu, ariko nta kintu na kimwe cerekana yuko amazina y’abatanze izo ntererano yoba yaratangajwe (Abaroma 15:26). Abakirisu benshi batanga ingabirano z’ubugeni boshima ko abandi batamenya yuko ari bo bazitanze, aho kurondera kwimenyekanisha kandi bidakenewe. Mu bijanye n’ivyo, nusubire urabe ya mpanuro Yezu yatanga dusanga muri Matayo 6:1-4.

16. Abageni bashobora gute kwirinda kubabaza abandi ku bijanye n’ingabirano z’ubugeni zitangwa?

16 Kuvuga amazina y’abatanze ingabirano vyoshobora ‘kuvyura uguhiganwa’, hakagira abarondera gutanga ingabirano nziza canke izimvye kuruta izindi zose. Ni co gituma rero abakirisu birinda gutangaza amazina y’abatanze ingabirano. Gutangaza amazina y’abatanze ingabirano vyoshobora kubabaza abandi kumbure abatashoboye kuronka uburyo bwo kugira ico batanze (Ab’i Galatiya 5:26, NW; 6:10). Ariko ivyo ntibisobanura yuko ari bibi ko umukwe n’umugeni bamenya uwatanze ingabirano yinaka uwo ari we. Boshobora kubimenya kumbure biciye ku gakete canke agakarata kabereye gaherekeje nya ngabirano mugabo ntigasomerwe abatumire. Igihe tugura ingabirano z’ubugeni, tuzitanga canke tuzihabwa, twese turaronka akaryo ko kugaragaza yuko no muri ico kintu c’akabanga ukwizera kwacu kuriko kuragira ico gukoze ku vyo dukoraa.

17. Abakirisu bakwiye kugira intumbero iyihe ku bijanye n’ukwizera kwabo be n’ivyo bakora?

17 Kugaragaza ukwizera kwacu ntibisobanura gusa kubaho twigenza runtu, kwitaba amakoraniro ya gikirisu be no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Ese umwe wese muri twebwe yogira ukwizera kuzima kugira ico gukoze ku vyo akora vyose! Vy’ukuri, turashobora kugaragaza ukwizera kwacu mu bikorwa “bisozerewe”, ushizemwo n’ibikorwa bijanye n’imice y’ubuzima twaciye irya n’ino muri iki kiganiro.​—Ivyahishuriwe 3:2.

18. Amajambo dusanga muri Yohana 13:17 yoranguka gute ku bijanye n’ubugeni bw’abakirisu be n’imitororokano bagira yo kwinezereza?

18 Igihe Yezu yari ahejeje guha akarorero keza intumwa ziwe z’intahemuka mu gukora igikorwa giciye bugufi co kuboza ibirenge, yavuze ati: “Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora” (Yohana 13:4-17). Mu karere tubayemwo muri iki gihe, kwoza ibirenge uwundi muntu, nk’akarorero umushitsi yatugendeye i muhira, hari aho coba ari ikintu tudakenera kugira canke tudasanzwe tugira. Ariko rero, nk’uko twabibonye muri iki kiganiro, hariho iyindi mice y’ubuzima dushobora kugaragarizamwo ukwizera kwacu mu bikorwa biranga urukundo kandi vyerekana ko twitwararika abandi, muri ivyo hakaba harimwo ibijanye n’imitororokano yo kwinezereza tugira be n’ibijanye n’ubugeni bw’abakirisu. Ukwo ni ko bikwiye kumera, twaba turi abageni canke turi mu batumiwe kuri uwo musi mukuru w’ubugeni uhimbaye watumiwemwo abakirisu bipfuza kwerekana ukwizera kwabo mu vyo bakora.

[Akajambo k’epfo]

a Ibindi bintu bijanye n’ubugeni hamwe n’agatutu k’ubugeni biraganirwako mu kiganiro gikurikira, kivuga ngo “Nimwongereze umunezero n’iteka vy’umusi wanyu w’ubugeni”.

Wokwishura gute?

Ushobora gute kugaragaza ko ufise ukwizera

• igihe utegura umutororokano wo kwinezereza?

• igihe utegura ubugeni canke agatutu?

• igihe utanga canke uhabwa ingabirano z’ubugeni?

[Ifoto ku rup. 24]

N’igihe utumira abantu bakeyi gusa, nuyoborwe n’“ubgenge buva mw ijuru”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika