Nimwongereze umunezero n’iteka vy’umusi wanyu w’ubugeni
“UMUSI wanje w’ubugeni wari wo musi uhambaye kandi uteye umunezero kuruta iyindi yose mu buzima bwanje”. Ukwo ni ko uwitwa Gordon, uwumaze imyaka yababa 60 yubatse, yavuze. Ni igiki gituma umusi w’ubugeni uba uwuhambaye cane ku bakirisu b’ukuri? Ni umusi baba bagiranye indagano nyeranda n’abo bakunda cane, ni ukuvuga uwo baba bagiye kwubakana hamwe na Yehova Imana (Matayo 22:37; Abanyefeso 5:22-29). Ni ivy’ukuri yuko ababa bimirije kwubakana baba bashaka kunezererwa umusi wabo w’ubugeni, ariko kandi bararondera no gutera iteka Umwe yatanguza umubano w’abubatse.—Itanguriro 2:18-24; Matayo 19:5, 6.
Umukwe ashobora gute gutuma uwo musi uhimbaye urushiriza kuba uwuteye iteka? Umugeni ashobora gukora iki kugira ngo agaragarize icubahiro umunega wiwe na Yehova? Abatumire bashobora gute gutuma umusi w’ubugeni urushiriza kuba uwuteye umunzero? Kwihweza ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya biraza kudufasha kwishura ivyo bibazo, kandi kuzishira mu ngiro bizogabanya ingorane zoshobora kwonona urwo rubanza rudasanzwe.
Ni nde afise uruhara nyamukuru?
Mu bihugu vyinshi, hari aho usanga umusuku wo mu Vyabona vya Yehova ari we araganisha ababiranye mu buryo bwemewe n’amategeko. Mbere no mu mihingo usanga uwundi aserukira Leta ari we araganisha, abagiye kurushinga boshobora gushima ko bashikirizwa insiguro ishingiye kuri Bibiliya. Muri mwene iyo nsiguro, umugabo akunze gusabwa kuzirikana cane ku ruhara Imana yamuhaye rwo kuba umutwe w’umuryango (1 Ab’i Korinto 11:3). Ku bw’ivyo, umukwe ni we ahanini ajejwe ibigirwa ku bugeni. Ariko ntiwumve, ibijanye n’ibirori vy’ubugeni ubwavyo be n’ibijanye n’agatutu gashobora kuba mu nyuma, vyama biringanizwa hakiri kare. Ni kubera iki ivyo vyoshobora kuba urugamba?
Impamvu imwe ibituma ni uko incuti z’umukwe canke z’umugeni zoshobora kugira akosho gakomeye ku bijanye n’imyiteguro y’ubugeni. Uwitwa Rodolfo, uwumaze kuraganisha abageni benshi, avuga ati: “Rimwe na rimwe, umusore arashushwa umutwe n’incuti canecane iyo ari zo zimufasha mu bijanye n’amahera yo gukoresha mu gatutu k’ubugeni. Boshobora kuba bafise ivyiyumviro ntabanduka nko ku bijanye n’ibikwiye kuba mu gihe c’ibirori vy’ubugeni no ku gatutu. Ivyo vyoshobora gutuma umukwe atarangura neza ibanga ashingwa n’Ivyanditswe ryo kuba ari we ajejwe ivy’urwo rubanza”.
Uwitwa Max, amaze imyaka irenga 35 akora igikorwa co kuraganisha abageni, avuga ati: “Ndamaze kubona ko hari ukuntu abigeme basa n’abagomba kuja imbere mu vyo gufata ingingo y’ivyoba ku bugeni no ku gatutu, umusore ugasanga ata kintu kinini afise avuga”. Uwitwa David, uwumaze na we nyene kuraganisha abageni batari bake, avuga ati: “Abasore hari aho badahabwa uruhara rwo kuyobora ibintu kandi akenshi ugasanga batajamwo bimwe bihagije mu vyo gutegura urubanza rw’ubugeni”. None umusore ashobora gute kwikorera ibanga ajejwe mu buryo bwiza?
Uguhanahana amakuru birongereza umunezero
Kugira ngo umukwe arangure neza ibanga ajejwe mu bijanye n’imyiteguro y’ubugeni, ategerezwa guhanahana amakuru n’abandi mu buryo bwiza. Bibiliya ivuga itomora iti: “Ahatagira inama imigabo irapfa” (Imigani 15:22). Ariko rero, umusore arashobora kwirinda ko imigabo yiwe ipfa, mu gihe abanje kuganira ibijanye n’imyiteguro y’ubugeni n’uwo bazokwubakana, n’abo mu muryango be n’abandi bashobora gutanga impanuro zitomoye zishingiye kuri Bibiliya.
Ego cane, birahambaye rwose yuko abareshanije babanza kuganira ku kuntu urubanza ruzogenda be no ku bishobora kuzokorwa. Kubera iki? Nutege yompi ivyo Ivan n’umukenyezi wiwe Delwyn bavuga, abamaze imyaka myishi bubakanye mu buryo buhimbaye, yamara bakaba bari bakuriye mu mico kama itandukanye. Ivan aribuka ukuntu bateguye ubugeni bwabo, akavuga ati: “Nari maze gushinga ivyo nashaka ko vyoba ku bugeni bwanje, nkaba nashaka ko habamwo agatutu kobaye karimwo abagenzi banje bose, igato y’ubugeni, umugeni wanje na we akaba yambaye ikanzu y’ubugeni yera nk’inyange. Ariko Delwyn we yishakira ubugeni butarimwo abantu benshi kandi bubayabaye, butarimwo n’igato y’ubugeni. Mbere yategekanya kwiyambarira iyindi mpuzu itari ikanzu y’ubugeni”.
None abo bari bimirije gushinga urwabo batoreye umuti gute ivyo bintu batahurizako? Bawutoye mu kuganira mu buryo buranga umutima mwiza kandi butarimwo uburyarya (Imigani 12:18). Ivan yongerako ati: “Twararimbuye ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya bivuga ivy’ubugeni, nka bimwe vyasohorwa mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1984a. Ayo mayagwa yaradufashije kubona ivy’urwo rubanza nk’uko Imana ibibona. Naho twari twakuriye mu bintu bitandukanye, umwe wese yabwirijwe kugira ivyo ahevye mu vyo yipfuza maze amaherezo duhuriza hamwe”.
Uwitwa Aret na Penny na bo nyene babigenjeje gutyo nyene. Ku biraba umusi wabo w’ubugeni, Aret avuga ati: “Twe na Penny twaraganiriye ku vyipfuzo bitandukanye twari dufise ku biraba ubugeni, kandi twarashoboye guhuriza hamwe. Twarasenze Yehova tumusaba ko yohezagira uwo musi. Narahanuje abavyeyi bacu be n’abandi bakirisu bahumuye bubakanye bo mw’ishengero. Inama batugiriye, zaratugiriye akamaro. Ico vyavuyemwo ni uko ubugeni bwacu bwabaye ubuhimbaye”.
Nimugumane urupfasoni mu bijanye n’inyambaro be n’ukwitunganya
Ni ivyumvikana ko umusore n’inkumi bipfuza kuba bambaye neza ku musi wabo w’ubugeni (Zaburi 45:8-15). Boshobora gukoresha umwanya, inguvu n’amahera kugira baronke impuzu zibereye. Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zishobora kubafasha guhitamwo impuzu ziranga urupfasoni kandi ziryoheye ijisho?
Rimbura ivyo umugeni yambara kuri uwo musi. Naho inyambaro usanga zitandukanye bivanye n’ivyo umuntu wese ashima be n’ibihugu bavamwo, inkeburo Bibiliya itanga ikora hose. Abagore bakwiye ‘kwambara imyambaro biberanye, [“babigiranye ukwifata ruto n’ukurorana kw’umuzirikanyi,” NW]. Iyo mpanuro ikora ku bagore bakirisu mu bihe vyose, ushizemwo n’umusi w’ubugeni. Ikizwi co ni uko atari ngombwa ngo bisabe “impuzu z’igiciro kinini” kugira ubugeni bube ubuhimbaye (1 Timoteyo 2:9; 1 Petero 3:3, 4). Ese ukuntu bizana agahimbare igihe iyo mpanuro ikurikijwe!
David, umwe twavuga, agira ati: “Abubakana benshi barihatira gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, kandi barabereye gukezwa. Ariko rero, vyagiye birashika aho usanga amakanzu y’abageni be n’ay’ivyabona vyabo ataranga urupfasoni, ugasanga ashira igikiriza nka cose hanze canke ugasanga arabonerana”. Umukurambere mukirisu ahumuye umwe, igihe yariko araganira n’abagiye kurushinga imbere yuko bubakana, yarabafashije kuguma babona ibintu mu buryo bw’impwemu. Uti gute? Yababajije nimba inyambaro bategekanya kwambara yoba iranga urupfasoni bihagije ku buryo bonayambara ku makoraniro ya gikirisu. Ego ni ko, impuzu umuntu yambara kuri uwo musi zishobora kuba zitandukanye n’izo ahora yambara ku makoraniro. N’ikindi kandi, izo umuntu yambara ku musi w’ubugeni zoshobora kuba zijanye n’imico y’aho aba. Yamara, urugero umukirisu akwiye kugezako mu kwambara, rukwiye kuba ruhuye n’ingingo ngenderwako ziteye iteka ziranga abakirisu. Naho abantu bamwebamwe bo mw’isi boba babona ko ingingo zigenga ivyo kwigenza runtu zo muri Bibiliya zizitira, abakirisu b’ukuri bo biyemeje kurwanya utwigoro isi igira two kubatsindagira mw’iforoma yayo.—Abaroma 12:2; 1 Petero 4:4.
Penny avuga ati: “Aho kubona ko impuzu canke agatutu vyari vyo bintu bihambaye kuruta ibindi, twe na Aret twibanze ku gice c’ivy’impwemu c’urwo rubanza. Cari co gice c’uwo musi gihambaye kuruta ibindi. Ibintu bidasanzwe nibuka si ivyo nambaye canke ivyo nariye, ahubwo ni abo twamaranye uwo musi be n’agahimbare nagize ko kwubakana n’umugabo nkunda”. Abakirisu bagomba kurushinga vyoba vyiza bagumije mwene ivyo vyiyumviro ku muzirikanyi igihe bategura ubugeni bwabo.
Ingoro y’Ubwami ni ikibanza giteye iteka
Abakirisu benshi bashinga urwabo baripfuza kugirira ibirori vyabo vy’ubugeni mu Ngoro y’Ubwami mu gihe iba ihari. Ni kubera iki bashima aho hantu? Umugabo n’umugore bubakanye barasiguye igituma bavyiyumviriye, mu kuvuga bati: “Twabona ko ukwabirana ari indinganizo nyeranda yashinzwe na Yehova. Kugirira ubugeni mu Ngoro y’Ubwami, ikibanza cacu co gusengeramwo, vyaradufashije kubona kuva mu ntango yuko vyari bikenewe ko Yehova agira uruhara mu mubano wacu. Ikindi ciza cari mu kugirira ibirori mu Ngoro y’Ubwami aho kubigirira ahandi ni uko vyeretse incuti zacu zitizera zari zaje kuri ivyo birori yuko gusenga Yehova bihambaye kuri twebwe”.
Nimba abakurambere b’ishengero bajejwe Ingoro y’Ubwami batanze uruhusha rwo kuyigiriramwo ubugeni, abagiye kwubakana bakwiye kubamenyesha hakiri kare ibiriko birategurwa. Uburyo bumwe abagiye kwubakana bokwerekana ko bubahiriza abatumiwe kuri ubwo bugeni ni mu kwiyemeza bashikamye gushika ku gihe cashinzwe c’urubanza. N’ikindi kandi, bazorondera kuraba neza yuko vyose bigirwa mu buryo buranga urupfasonib (1 Ab’i Korinto 14:40). Gutyo, bazoba birinze ibintu bitabereye biranga ubugeni bwinshi bwo mw’isi.—1 Yohana 2:15, 16.
Abitavye urubanza rw’ubugeni na bo barashobora kwerekana ko babona umubano w’abubatse nk’uko Yehova awubona. Nk’akarorero, ntibokwitega ko ubwo bugeni busumba ubundi bugeni bw’abakirisu, nk’aho umengo hari ihiganwa rinaka ryoba ririko riraba ryo kumenya uwagize ubuhanitse kuruta abandi. Abakirisu bahumuye baratahura kandi ko kuba bari ku Ngoro y’Ubwami ku bw’insiguro ishingiye kuri Bibiliya bihambaye cane kandi ari ngirakamaro cane kuruta kuba bari mu gatutu k’ubugeni canke ku mitororokano ishobora gukurikira mu nyuma. Niba umwanya canke ukuntu ibintu vyifashe biza gutuma umukirisu aja mu kiringo kimwe gusa, birumvikana ko kuja ku Ngoro y’Ubwami ari vyo vyoba vyiza. Umukurambere umwe yitwa William avuga ati: “Niba ata mvo n’imwe yatumye abashitsi bataza ku Ngoro y’Ubwami ariko ku gatutu bakaba ari ho bari, ivyo vyerekana ko badatahura yuko urwo rubanza ari rweranda. Naho tutoba twatumiwe mu gatutu, turashobora kwerekana ko dushigikiye abagiye kurushinga tukongera tugashinga intahe ikomeye ku ncuti zitizera zaje muri ubwo bugeni, mu kwitaba ibirori bibera ku Ngoro y’Ubwami”.
Umunezero ubandanya n’inyuma y’umusi w’ubugeni
Ivy’imanza z’ubugeni, isi y’ivy’ubudandaji yabihinduyemwo urudandaza rukomeye. Raporo imwe iherutse kugirwa yerekana yuko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ubugeni bubayabaye “butwara amadolari 22.000 (nk’amarundi arenga 22.000.000), akaba angana n’igice c’amahera umuryango wo muri Leta Zunze Ubumwe winjiza [ku mwaka]”. Ababa baherutse kwubakana benshi canke imiryango yabo, bohejwe na poropagande y’ivy’ubudandaji, basanga barikwegeye amadeni y’umurengera ku bw’uwo musi wonyene, bakazoyariha mu myaka n’iyindi. Wumva none ubwo ari uburyo buranga ubukerebutsi bwo gutanguza umubano? Abatazi ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya canke abatazitwararika boshobora guhitamwo ubwo buryo burimwo ukurenza urugero, mugabo ese ukuntu bitandukanye n’ibigirwa mu bakirisu b’ukuri!
Abakirisu b’imisore n’inkumi batari bake, mu gutegura ubugeni bwabo mu buryo bugereranye kandi butazimvye be no mu gushimika ku muce wo mu vy’impwemu w’urwo rubanza, barashoboye gukoresha umwanya wabo n’ubutunzi bwabo mu buryo buhuye n’ukwiyegurira Imana kwabo (Matayo 6:33). Rimbura akarorero k’uwitwa Lloyd n’uwitwa Alexandra, ababandanije mu murimo w’igihe cose inyuma y’aho bubakaniye, ubu hakaba haciye imyaka 18. Lloyd avuga ati: “Hari abashobora kuba babonye yuko ubugeni bwacu rwari urubanza rusanzwe, mugabo twe na Alexandra twari duhimbawe cane. Twabona ko umusi wacu w’ubugeni utoba umutwaro mu vy’amahera ugoye kwikorera, ariko ko woba umusi wo guhimbaza indinganizo Yehova yashizeho yo kuzanira agahimbare abantu babiri”.
Alexandra yongerako ati: “Nari umutsimvyi imbere y’uko twubakana, kandi sinashaka guheba ako gateka ndondera gusa kugira ubugeni bw’akatabonetse. Umusi wacu w’ubugeni wari umusi udasanzwe na gato. Mugabo ntiwumve, wari wo ntango y’imisi yose twomaze turi kumwe. Twarashize mu ngiro impanuro yadusaba kwirinda kwitwararika cane ivy’ukwubakana hanyuma turondera kuyoborwa na Yehova mu buzima bwacu turi abubakanye. Ivyo vyatumye koko Yehova aduhezagira”c.
Ego cane, umusi wanyu w’ubugeni ni urubanza rudasanzwe. Inyifato zigaragazwa uwo musi n’ibigirwa kuri uwo musi, birashobora kwerekana ingene ubuzima muzogira mu myaka y’inyuma y’ubugeni buzomera. Ku bw’ivyo, nimurondere kuyoborwa na Yehova (Imigani 3:5, 6). Nimugumize hafi ku muzirikanyi insobanuro yo mu vy’impwemu y’uwo musi. Nimushigikirane mu mabanga Imana yabajeje. Gutyo murashobora gushiriraho umushinge ukomeye umubano wanyu, kandi mubifashijwemwo n’umuhezagiro wa Yehova, muzogira umunezero ubandanya n’inyuma y’umusi w’ubugeni.—Imigani 18:22.
[Akajambo k’epfo]
a Ayandi mayagwa yasohowe muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma 2002, ico kinyamakuru kikaba casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Nimba abagiye kwubakana bategekanya yuko hari uwuzofata amafoto canke uwuzofata amasanamu y’ibirori ku Ngoro y’Ubwami, bakwiye kwiyemeza imbere y’igihe yuko hatokorwa ikintu na kimwe cotuma agateka k’ubugeni gatituka.
c Raba igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, urupapuro rwa 26, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 29]
Ababa bagiye kwubakana bakwiye kuyaga ata guhishanya ariko mu buryo burimwo icubahiro mu gihe co gutegura ubugeni bwabo
[Ifoto ku rup. 31]
Nimugumize hafi ku muzirikanyi insobanuro yo mu vy’impwemu y’umusi wanyu w’ubugeni