Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Mu gihe abagiye kwubaka urwabo bipfuje gukoresha Ingoro y’Ubwami ku bw’ubugeni bwabo, ni ibiki baba bakeneye kuganirako n’abakurambere?
Ubugeni butunganijwe hisunzwe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, buratera iteka Yehova. Ivyo ni ko biri canecane ku vyerekeye ubugeni bugirirwa mu Ngoro y’Ubwami, kubera ko abantu bo mu kibano babona yuko porogarama zihabera zerekana ukuntu ishirahamwe ryacu rimeze. Kugira ngo “ibintu vyose bibe mu buryo bubereye no mu rutonde,” vyoba vyiza abakurambere bo ngaho babigiyemwo igihe Ingoro y’Ubwami isabwe kugira ikoreshwe ku bw’ubugeni.—1 Kor. 14:40.
Abagiye kwubaka urwabo bipfuje gukoresha Ingoro y’Ubwami ku bw’ubugeni bwabo, bakwiye kwandika ikete ryo kubisaba komite y’umurimo y’ishengero ryikoraniriza muri iyo ngoro. Ikete ryabo rikwiye gutangwa imbere y’igihe kandi rikwiye kuba ririmwo igenekerezo be n’isaha bipfuza gukoresherezako iyo ngoro. Bakwiye kwamiza mu muzirikanyi yuko abakurambere batazohindura urutonde rw’amakoraniro kugira ngo bababise ku bw’ubugeni bwabo. Vyongeye, umukwe n’umugeni bategerezwa kuba bafise impagararo nziza, babayeho bahuza n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’ingingo mfatirwako zigororotse za Yehova.
Kugira ngo abo bagiye kwubaka urwabo biyemeze neza ko ubwo bugeni buzotuma ya Mana yacu ininahaye ibonwa neza, bakwiye kuganira na komite y’umurimo ku bijanye n’ukuntu ubugeni bwabo butunganijwe imbere y’uko barangiza gushinga indinganizo zijanye n’ukuntu buzogenda. Naho abo bakurambere batazogerageza kubahatira ku kuntu bo ubwabo bipfuza ko ibintu vyogenda, mu gihe hari ikintu na kimwe kitabereye coba kiriko kirategurwa, abo bagiye kurushinga barakwiye guca bagira ivyo bahinduye. Imiziki y’Ubwami (Mélodies du Royaume) canke iyishingiye kuri ca gitabu cacu c’indirimbo, ni yo gusa yoshobora gukoreshwa ngaho. Ugushariza Ingoro y’Ubwami ukwo ari kwo kwose canke ivy’ugupanga intebe ukundi, na vyo nyene bitegerezwa kubanza kwemezwa. Nimba hafatwa amafoto canke hakoreshwa n’ibindi vyuma bifata amasanamu, bikwiye kugirwa ku buryo bidatesha agaciro ico kiringo giteye iteka. Abakurambere boshobora kureka Ingoro y’Ubwami igakoreshwa mu kugira imyimenyerezo y’ukuntu ibintu bizogenda mu gihe kubigira bitoba biciramwo izindi ndinganizo z’ishengero. Nta butumire bukwiye gushirwa ku kibaho c’amatangazo. Ariko rero, abakurambere boshobora gushikiriza itangazo rigufi mu gihe c’Ikoraniro ry’umurimo kugira ngo bamenyeshe ishengero ibijanye n’ubugeni bwimirije kubera muri iyo Ngoro y’Ubwami.
Naho atari igisabwa ko ivyabona vy’abageni n’abandi babagendanira hafi, bose baba ari abantu babatijwe, ntivyoba bibereye gushiramwo abantu usanga ukuntu babayeho guteye kubiri bimwe biboneka n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya canke abafise inyifato ishobora kuvyura ibibazo mu mizirikanyi y’abitavye urwo rubanza. Insiguro y’ubugeni ikwiye gushikirizwa n’umukurambere yagenywe nimba ahari. Abakurambere ni abigisha babishoboye b’Ijambo ry’Imana, ku buryo ari bo bashoboye kuruta abandi kwerekana ingingo ngenderwako zishingiye ku Vyanditswe zokoreshwa muri ico kiringo gihambaye. (1 Tim. 3:2) Ivyo kuraganisha vyovyo, akenshi bigirwa n’umuntu yemerewe mu buryo buhuye n’amategeko kuba uwuraganisha.
Kubera ko ubwo bugeni bwerekeye kandi umukurambere azobuhagarikira, na we nyene arakwiye kuguma azi ibijanye n’indinganizo zibwerekeye. Azobonana n’abo bagiye kurushinga kugira ngo amenye ibijanye n’inyifato runtu bagaragaje mu gihe c’ukureshanya kwabo kandi vyoba vyiza bamubwije ukuri. Nimba umukwe canke umugeni yari yarigeze kwubaka, ategerezwa kwerekana ko Ivyanditswe be n’amategeko bimurekurira gusubira kwubaka. (Mat. 19:9) Ivyo vyoshobora kuba birimwo kwereka nya mukurambere ikopi y’icete cemeza ko yahukanye imbere y’amategeko.
Mu gihe abagiye kwubaka urwabo baganiriye n’abakurambere ata kwitinya bakongera bagasenyera ku mugozi umwe na bo bimwe vyuzuye, ubugeni buraheza bukaba ikiringo giteye umunezero kuri bose.—Imig. 15:22; Heb. 13:17.