ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/5 rup. 29-32
  • Ubugeni Bunezereye Butera Iteka Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubugeni Bunezereye Butera Iteka Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwirinda Ibiteramo vy’Ukudandahirwa
  • Ubugeni Yezu Yatashe
  • Ni Nde Abihagarikiye?
  • Ugutegekanya Ibintu mu Buryo Bwitondewe n’Uburimbane
  • Ingene mwotegura ubugeni butera iteka Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Nimwongereze umunezero n’iteka vy’umusi wanyu w’ubugeni
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Nugaragaze ko ufise ukwizera mu buryo ubayeho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ni ibiki biba ku bugeni bw’Ivyabona vya Yehova?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/5 rup. 29-32

Ubugeni Bunezereye Butera Iteka Yehova

Welsh be na Elthea bagiriye ubugeni i Soweto muri Afirika y’epfo mu 1985. rimwe na rimwe bararaba amafoto y’ubugeni bwabo bari kumwe n’umukobwa wabo zinzi, maze bakibuka uwo musi w’akanyamuneza. Zinzi arakunda kudondora abatumire bari kuri ubwo bugeni na canecane akanezerezwa n’amafoto ya nyina yambaye mu buryo buteye igomwe.

NYA bugeni bwatangujwe n’insiguro y’ubugeni yatangiwe mu ngoro ya Leta y’i Soweto. Maze umugwi w’abaririmvyi ugizwe n’urwaruka b’Abakirisu baciye baririmba indirimbo z’ugushemeza Imana mu majwi ane ahuriza hamwe. Ubukurikira, abatumire barihereje ibifungurwa mu gihe ikaseti y’umuziki w’indirimbo z’Ubwami yariko iravuga buhorobuhoro muri ico kibanza barimwo. Nta binyobwa biboreza vyahatangiwe, kandi nta n’umuziki umena amatwi canke intambo vyari bihari. Ahubwo, abo batumire baranezererewe ugukoranira hamwe be no gukeza abo bari bubakanye. Ivyo birori vyose hamwe vyamaze amasaha atatu. Umukurambere umwe w’Umukirisu, Raymond, yibuka ibi: “Ni ubugeni buzokwama nantaryo bunyibutsa ibintu vyiza.”

Muri ico gihe c’ubugeni bwabo, Welsh na Elthea bari abakozi bakora bavyishakiye kw’ishami rya Afirika y’Epfo ry’Ivyabona vya Yehova. Nta bundi bugeni bari bashoboye kugira atari ubuciye bugufi. Abakirisu bamwebamwe bahisemwo kuva mu gikorwa c’igihe cose maze bakarondera akazi kugira ngo bashobore kuronka amahera yo gukoresha mu bugeni burimwo ibihinda. Ariko rero, Welsh na Elthea ntibigeze bicuza kuba bahisemwo kugira ubugeni buciye bugufi kubera vyabatumye bashobora kubandanya gukorera Imana ari abakozi b’igihe cose gushika kw’ivuka rya Zinzi.

Ariko none, bite iyo abashaka kwubakana bohitamwo ngo hazobe umuziki w’iyi si hamwe n’ivy’ugutamba ku bugeni bwabo? Bite ho mu gihe bafashe ingingo yo gutanga umuvinyu canke ibindi binyobwa biboreza? Tuvuge iki mu gihe bashobora kuronka uburyo bwo kugira ubugeni burimwo benshi bukabamwo n’ibihinda? Ni mu buryo ki bashobora kwiyemeza yuko urwo rubanza ruzoba igihe c’agahimbare cungura abasenga Imana? Ibibazo nk’ivyo bikeneye kwihwezwa mu buryo bwitondewe, kubera Bibiliya ibwiriza iti: “Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.”​—1 Ab’i Korinto 10:31.

Ukwirinda Ibiteramo vy’Ukudandahirwa

Biragoye kwiha ishusho y’ubugeni butagiramwo umunezero. Hari ingeramizi nini kuruta tugiye mu kundi kurenza urugero maze tukaremesha ibiteramo birengeje vy’ukudandahirwa bidacungerewe. Mu bugeni bwinshi bw’abatari Ivyabona, harabera ibintu bidatera iteka Imana. Nk’akarorero, kunywa inzoga gushika aho zikugera i mutwe ni ikintu gikwiye hose. Ikibabaje ni uko ivyo bintu vyashitse no ku bugeni bumwebumwe bw’Abakirisu.

Bibiliya ituburira ko “ibiboreza [ari] vyo ruyogoyogo.” (Imigani 20:1) Ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “uruyogoyogo” risobanura “kuvuza urwamo rwinshi.” Nimba inzoga zishobora gutuma umuntu umwe atera urwamo, niwiyumvire ico bishobora gukora igihe ari isinzi ry’abantu bakoraniye hamwe bongera banywa cane! Biragaragara ko vyoroshe yuko mwene ivyo bihe bishobora kuvamwo “[u]kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo,” bikaba bitondekanijwe muri Bibiliya nk’“ibikorwa vy’akameremere.” Ingeso nk’izo zituma uwo ari we wese atihana, adashobora kuzoragwa ubuzima budahera munsi y’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana.​—Ab’i Galatiya 5:19-21.

Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “kudandahirwa” ryakoreshwa mu kudondora urugendo rwuzuyemwo urwamo rwagirwa mw’ibarabara n’urwaruka ruri ku kaborerwe ruririmba, rutamba rwongera ruvuza n’umuziki. Iyo ibinyobwa biboreza ari nywa nawe ku bugeni, kandi iyo hariho urwamo rw’umuziki hamwe n’ugutamba kudacungerewe, hariho mu vy’ukuri ingeramizi yuko muri ico gihe ibintu vyohinduka hakaduka ibiteramo vy’ukudandahirwa. Igihe hari akayaga mwene ako, vyokworoha ko abadakomeye bagwa mu nyosha mbi hanyuma bagakora ibindi bikorwa vy’umubiri nk’“ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, [canke bagatwarwa n’]uburake.” None ni igiki gishobora gukorwa kugira ngo hirindwe ibikorwa vy’umubiri nk’ivyo ntivyonone umunezero w’ubugeni bw’Abakirisu? Kugira ngo twishure ico kibazo, nimuze turimbure ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubugeni bumwe.

Ubugeni Yezu Yatashe

Yezu hamwe n’abigishwa biwe baratumiwe mu bugeni bumwe i Kana muri Galilaya. Baremeye ubwo butumire, mbere Yezu aranagira ico aterereye ku munezero w’ico gihe. Igihe umuvinyu wari ukamye, yarakoze ku gitangaro uwundi uryoshe kuruta. Nta nkeka ko inyuma y’ubugeni, uwo mukwe akenguruka n’umuryango wiwe bamaze igihe kanaka bawukoresha iyo bawukeneye.​—Yohana 2:3-11.

Hariho ivyigwa vyinshi dushobora kwigira ku bugeni Yezu yitavye. Ubwa mbere, Yezu n’intumwa ziwe ntibitavye ubwo bukwe batatumiwe. Bibiliya ivuga mu buryo butomoye yuko bari batumiwe. (Yohana 2:1, 2) No mu migani ibiri y’ubukwe yaciye, Yezu yasubiyemwo ivy’uko abashitsi bari bahari kubera batumiwe.​—Matayo 22:2-4, 8, 9; Luka 14:8-10.

Mu bihugu bimwebimwe, ni ibimenyerewe ko umuntu uwo ari we wese wo mu kibano aza ku mazimano y’ubugeni ataco yinona, yaba yatumiwe canke atatumiwe. Mugabo, ivyo bishobora gukwega ingorane mu vy’ubutunzi. Abashaka kwubakana badatunze boshobora kwisuka mu madeni kugira ngo biyemeze ko hari ibifungurwa n’ibinyobwa bikwiye ishengero ritagira uko ringana. Ku bw’ivyo rero, iyo abashaka kwubakana b’Abakirisu bafashe ingingo y’ukugira agatutu gaciye bugufi gatumiwemwo igitigiri kanaka c’abantu, ivyo bikwiye gutahurwa kandi bikubahirizwa n’Abakirisu bagenzi babo batatumiwe. Umugabo umwe yagize ubugeni muri Cape Town, muri Afirika y’Epfo, yibuka ko yatumiye abashitsi 200 ku bugeni bwiwe. Ariko rero, haje abantu 600, hanyuma ntibatevye kumara ibifungurwa. Muri abo batari batumiwe harimwo ingenzi zari mw’ibisi ziriko ziraratira ijisho Cape Town kuri iyo mpera y’umushamvu ubwo bugeni bwabereyeko. Umushoferi w’iyo bisi yari incuti ya kure y’uwo mugeni maze yiyumvira yuko yari afise uburenganzira bw’ukuzanana n’uwo mugwi wose atanabajije uwo mugeni canke uwo mugabo yarongoye!

Atari igihe vyovugwa ko agatutu kagenewe bose, umuyoboke w’ukuri wa Yezu yokwirinda kwitaba agatutu k’ubugeni atatumiwemwo hamwe no kwihereza imfungurwa be n’ibinyobwa vyategekanirijwe abashitsi batumiwe. Abariko bamiramitwa kugenda batatumiwe bakwiye kwibaza bati: ‘Mbega ukwo kwitaba kwanje ubwo bugeni ntivyoba bigaragaza yuko ata rukundo mfitiye abo bageni? Ubwo sinotera ubuyega gutyo nkonona umunezero w’ico gihe?’ Aho kubabara ngo ni uko atatumiwe, Umukirisu atahura ibintu abigiranye urukundo yoshobora kurungikira abo babiranye ubutumwa bwo kubakeza no kubipfuriza umuhezagiro wa Yehova. Yoshobora no kurimbura ivy’ugufasha abubakanye mu kubarungikira ingabire kugira ngo yongerereze ku gahimbare k’umusi w’ubugeni bwabo.​—Umusiguzi 7:9; Abanyefeso 4:28.

Ni Nde Abihagarikiye?

Mu mihingo imwimwe ya Afirika, bimenyerewe ko incuti zihumuye ari zo zifata mu minwe ivy’ukuringaniza ubugeni. Abashaka kwubakana boshobora kwumva bakengurutse ico kintu, kubera bibaremuruye imitwaro mu vy’amafaranga. Boshobora kwumva kandi yuko batakibazwa ikintu ico ari co cose coshobora gushika. Ariko rero, imbere y’uko bemera gufashwa mu buryo ubwo ari bwo bwose n’incuti zishaka kubigirana umutima mwiza, abashaka kwubakana bakwiye kwiyemeza yuko ivyipfuzo vyabo bizokwubahirizwa.

Naho Yezu yari Umwana w’Imana “[y]amanutse [a]va mw ijuru,” nta na kimwe cerekana yuko yifatiye mu minwe canke ngo ayobore ibintu vyinshi kuri bwa bugeni bw’i kana. (Yohana 6:41) Ahubwo, iyo nkuru ya Bibiliya itubwira yuko hari uwundi muntu yagenywe kugira ngo akore nk’“umuteretsi mukuru.” (Yohana 2:8) Uwo muntu na we yari n’ico abazwa n’uwugiye kuba Serugo, ni ukuvuga umukwe.​—Yohana 2:9, 10.

Incuti z’Abakirisu zikwiye kwubahiriza serugo w’uwo muryango mushasha yashinzwe n’Imana. (Ab’i Kolosayi 3:18-20) Ni we akwiye kubazwa ibigirwa ku bugeni bwiwe. Mu bisanzwe, umukwe akwiye kuba uwugira ibitegereka, kandi nimba bishoboka agakurikiza ivyipfuzo vy’umugeni wiwe, abavyeyi biwe, hamwe n’abaryango b’umugore wiwe. Naho ari ukwo, igihe incuti zishimitse ngo ziringanize ibintu mu buryo bunyuranye n’ivy’ipfuzo vy’abo bashaka kwubakana, ico gihe abo boshobora guhakana n’ubugwaneza imfashanyo yabo hanyuma bakitunganiriza ubugeni buciye bugufi. Muri ubwo buryo nta na kimwe kizokorwa cotuma abo bashaka kwubakana basigarana ibintu bidahimbaye bazoguma bibuka. Nk’akarorero, ku bugeni bumwe bw’Umukirisu muri Afirika, hari incuti imwe itizera yakoze nk’umuhagarikizi w’urubanza, yahaye ikaze ry’ukwihereza ibinyobwa mu kuvuga amajambo yo gushemeza basokuru bapfuye!

Rimwe na rimwe usanga umugabo n’umugore babiranye bitahira mu ngeni zabo imbere y’uko urubanza rw’ubugeni ruhera. Muri ico gihe, umukwe akwiye kuringaniza ivy’uko abantu b’abizigirwa boraba neza ko ingingo ngenderwako za Bibiliya ziguma zikurikizwa n’uko urwo rubanza rurangiye ku gihe kibereye.

Ugutegekanya Ibintu mu Buryo Bwitondewe n’Uburimbane

Biboneka ko hariho imfungurwa nyinshi nziza ku bukwe Yezu yitavye, kubera yuko Bibiliya ibudondora ko yari amazimano y’ubukwe. Nk’uko twabibonye, hariho n’umuvinyu mwinshi. Nta gukeka, hariho umuziki ubereye hamwe n’intambo ziranga urupfasoni kubera ivyo vyari mu bikunda kugirwa mu buzima bw’Abayuda. Yezu ivyo yavyerekanye muri wa mugani rurangiranwa w’umwana w’igishushungwe. Wa muvyeyi w’umutunzi wo muri iyo nkuru yari ahimbajwe cane n’ukugaruka kw’umwana wiwe yihanye, ku buryo yavuze ati: “Turye tunezerwe.” Dukurikije uko Yezu yavuze, urwo rubanza rwarimwo “inanga n’imihamirizo.”​—Luka 15:23, 25.

Ariko rero, biri n’ico bivuze kuba Bibiliya iterekeza mu buryo butomoye ku muziki canke ku ntambo kuri bwa bugeni bw’i Kana. Kukaba nk’ako, ugutamba ntikwiganwa na hamwe mu nkuru za Bibiliya zivuga ivy’ubugeni. Biboneka ko mu basavyi b’Imana b’abizerwa bo mu bihe vya Bibiliya, ugutamba ntikwarinda kugirwa mu bugeni bwose kandi ntikwari ikintu nyamukuru mu bugeni bwabo. None nta kintu na kimwe dushobora kwigira kuri ivyo?

Ku bugeni bumwebumwe bw’Abakirisu bo muri Afirika, ivyuma vy’umuziki bikaze birakoreshwa. Umuziki urashobora kuba usamirana ku buryo abatumire badashobora kuganira neza. Rimwe na rimwe biboneka ko hakeha imfungurwa ariko ntihakehe intambo zidateba kuba izirenze urugero. Aho kuba ubukwe, mwene ivyo bihe vyoshobora kuba gusa icitwazo c’ukuremesha igiteramo c’intambo. Ikindi na co, umuziki umena amatwi kenshi na kenshi urakwegakwega abadurumbanya umutekano, abantu batazwi baza gusa batatumiwe.

Kubera ubugeni buvugwa muri Bibiliya budashimika ku muziki canke ku ntambo, mbega ivyo ntibikwiye kuyobora abashaka kwubakana gutegekanya ubugeni buzotera iteka Yehova? Yamara, mu myiteguro y’ubugeni butari buke buherutse kuba muri Afirika y’amaja mu bumanuko, Abakirisu bakiri bato bacaguwe ngo bagire umugwi wateramisha abageni, baramaze amasaha menshi bategura intambo zigoye. Mu kiringo c’amezi, umwanya wabo munini bawukoresheje muri ivyo. Ariko Abakirisu bakeneye ‘kugura umwanya’ ngo bawukoreshe “ibintu bihambaye kuruta,” nk’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza, kwiyigisha, hamwe no kwitaba amakoraniro ya gikirisu.​—Abanyefeso 5:16; Ab’i Filipi 1:10, NW.

Urabiye ku kuntu umuvinyu Yezu yatanze wangana, biboneka ko bwa bugeni bw’i Kana bwarimwo benshi, bwari bwitondewe cane. Ariko rero, turashobora kudakeka yuko ico gihe kitarimwo akajagari kandi yuko abashitsi batanyoye gushika zibagere i mutwe nk’uko vyari biri mu bugeni bumwebumwe bw’Abayuda. (Yohana 2:10) Ivyo tuvyemezwa n’iki? N’uko Umukama Yezu Kirisitu yari mu bari bahari. Mu bantu bose, Yezu ni we yoshoboye kwitwararika kuruta kugamburuka ibwirizwa ry’Imana ryerekeye ivy’ukwifatanya n’ababi rivuga riti: “Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino.”​—Imigani 23:20.

Ni co gituma igihe abashaka kwubakana bafashe ingingo yo gutanga umuvinyu canke ibindi binyobwa biboreza ku bugeni bwabo, bakwiye kuringaniza ivy’uko ivyo bigirwa bicungerewe cane n’abantu b’abizigirwa. Iyo kandi bafashe ingingo yo kugira umuziki, bakwiye kurobanura indirimbo zibereye kandi bakagira n’umuntu w’umwizigirwa aza arasuzuma urugero rw’ijwi. Abatumire ntibakwiye kurekwa ngo babijemwo canke ngo bashiremwo umuziki uteye amakenga, cabure baduze ijwi ku rugero rutabereye. Nimba hategerezwa kubaho intambo, zishobora kugirwa mu rupfasoni kandi mu buryo buri ku rugero. Iyo incuti zitizera canke Abakirisu badakomeye mu kwizera bakoresheje intambo ziteye isoni canke bakavyina mu buryo buvyura inambu y’umubiri, umukwe arashobora guhindura ubwo bwoko bw’umuziki canke naho agasaba abigiranye ukwigengesera, yuko ivy’ugutamba bihagarara. Ahandiho ubugeni bwoshobora gucika akajagari hanyuma bukaba igitsitaza.​—Abaroma 14:21.

Kubera ingeramizi ziri mu bwoko bumwebumwe bw’intambo za kino gihe, mu muziki umena amatwi, hamwe no mu gihe inzoga ari nywa nawe, abakwe batari bake b’Abakirisu bafashe ingingo yo kudashiramwo ivyo bintu mu bugeni bwabo. Bamwebamwe baranebaguwe kubera ico, ahubwo bari bakwiye riho gukezwa kubera icipfuzo cabo co kwirinda ikintu ico ari co cose coshobora gusiga iceyi izina ryeranda ry’Imana. Ku rundi ruhande, abakwe bamwebamwe bararinganiza ivy’uko haba umuziki ubereye, igihe co gutamba, hamwe n’inzoga zitangwa ku rugero. Muri ivyo bihe vyose, umukwe ni we abazwa ivyo arekura ngo bigirwe ku bugeni bwiwe.

Muri Afirika, abantu bamwebamwe badakuze mu vyiyumviro baranegura ubugeni bw’Abakirisu burimwo urupfasoni, maze bakavuga yuko ari nk’amaziko. Ariko rero, ukwo si ukubona ibintu ku burimbane. Ibikorwa vy’icaha vy’umubiri vyoshobora kuvyura ukuryoherwa kw’akanya gato, ariko bigasiga Abakirisu bafise ijwi ryo mutima ridatekanye kandi bigasiga iceyi izina ry’Imana. (Abaroma 2:24) Ku rundi ruhande, impwemu yera y’Imana ituma haba umunezero nyakuri. (Ab’i Galatiya 5:22) Abakirisu benshi bubakanye baribukana urweze umusi w’ubugeni bwabo, bazi yuko cari igihe gihimbaye kandi ko ‘kitabaye igitsitaza.’​—2 Ab’i Korinto 6:3.

Welsh na Elthea baracibuka amajambo menshi y’ukubavuga neza yashikirijwe n’incuti zabo zitizera zari zitavye ubugeni bwabo. Umwe yavuze ati: “Turarambiwe n’ubugeni burangwa urwamo busigaye bugirwa muri iyi misi. Vyari biryoshe cane guhindura tukarorera ubugeni bwisoneye.”

Igihambaye kuruta ni uko ubugeni bw’Abakirisu buteye umunezero kandi burimwo urupfasoni butera iteka Nyenegutanguza urugo, Yehova Imana.

[Uruzitiro ku rup. 32]

Urutonde rw’Ivyosuzumwa ku vy’Agatutu k’Ubugeni

• Nimba utumiye incuti itizera ngo avuge ijambo, woba waravye neza yuko atazoshiramwo imigenzo imwimwe itaranga ubukirisu?

• Nimba hazovuzwa umuziki, woba warobanuye gusa indirimbo zibereye?

• Umuziki wawe woba uzovuzwa n’ijwi ribereye?

• Nimba ugutamba kurekuwe, kwoba kuzogirwa mu buryo buranga urupfasoni?

• Inzoga zoba zizotangwa gusa ku rugero?

• Abantu b’abizigirwa boba bazocungera igaburwa ryazo?

• Woba warashinze umwanya ubereye agatutu k’ubugeni kazorangirirako?

• Abantu b’abizigirwa boba bazoba bahari kugira ngo bacungere umutekano gushika biheze?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika