Garagaza ko witeguriye wa musi wa Yehova
“Mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye”. —MATAYO 24:44.
1. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika umusi wa Yehova?
UZOBA ari umusi w’intambara n’uburake, umusi w’amarushwa n’amagorwa, umusi w’umwiza n’imisaka. ‘Wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba’ wa Yehova nta gukeka ko ugiye gushika kuri uru runkwekwe rubi rw’ibintu, nk’uko nyene Umwuzure watwaye isi mbi yo mu gihe ca Nowa. Nta wuzowuhunga. Yamara, “umuntu wese azokwambaza izina [rya Yehova] azokizwa” (Yoweli 2:30-32; Amosi 5:18-20). Imana izosangangura abansi bayo maze ikize abasavyi bayo. Mu kubona yuko ibintu vyihutirwa, umumenyeshakazoza Zefaniya avuga ati: “Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’urihuta” (Zefaniya 1:14). Urwo rubanza rw’Imana none ruzoshitswa ryari?
2, 3. Ni kubera iki bihambaye ko twitegurira umusi wa Yehova?
2 Yezu yavuze ati: “Arik’uwo musi cank’iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’Umwana w’Imana, atari Data gusa” (Matayo 24:36). Kubera yuko tutazi igihe nyezina, birahambaye yuko dushira ku mutima aya majambo yo mu canditswe cacu c’umwaka wa 2004: “Mwame mugavye . . . mwame mwiteguye”.—Matayo 24:42, 44.
3 Mu kwerekana ukuntu abiteguye bazokorakoranirizwa ahatagira inkomanzi batari bavyiteze mu gihe abandi bo bazorekwa, Yezu yavuze ati: “Abagabo babiri bazoba mu murima, umwe azojanwa, uwundi arekwe. Abagore babiri bazoba bariko basēra hamwe ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi arekwe” (Matayo 24:40, 41). Muri ico gihe kitoroshe, ivyacu bizoba vyifashe gute? Twoba tuzoba twiteguye, canke uwo musi uzoduhwikira? Ahanini bivana n’ingingo dufata ubu. Kugira ngo tugaragaze ko twiteguriye wa musi wa Yehova, bisaba yuko twirinda agatima kanaka kiganje muri iki gihe, tukirinda kuja mu ngorane yinaka mu vy’impwemu be n’uko duca kure uburyo kanaka bwo kubaho.
Niwirinde inyifato yo kutagira ico winona
4. Ni inyifato iyihe abantu bo mu gihe ca Nowa bari bafise?
4 Rimbura ivy’igihe ca Nowa. Bibiliya ivuga iti: “Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe” (Abaheburayo 11:7). Ubwo bwato butegerezwa kuba butari busanzwe kandi bwaraboneka rwose. Vyongeye, Nowa yari “umwigisha w’ivyo kugororoka” (2 Petero 2:5). Yaba iporoje ya Nowa yo kwubaka canke ukwamamaza kwiwe, nta na kimwe catumye abantu bo mu gihe ciwe bagira ico bakoze. Kubera iki? Kubera yuko ‘barya, bakanywa, bakarongora kandi bagashingira’. Abo Nowa yigisha bari baratwawe n’ivyabo be n’ibibahimbara ku buryo bw’uko “[batagize] ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose”.—Matayo 24:38, 39.
5. Ababa i Sodomu mu gihe ca Loti babona ibintu gute?
5 Ni ko vyari biri no mu gihe ca Loti. Ivyanditswe bitubwira biti: “Bārarya, bāranywa, bāradandaza, bāragura, bāratera, bārubaka; maz’umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku biratibuka bivuye mw ijuru, birabahonnya bose” (Luka 17:28, 29). Inyuma y’aho abamarayika baburiye Loti ivy’isangangurwa ryari ryimirije, yarabwiye abakwe biwe ivyari bigiye gushika. Ariko rero, mu maso yabo, “yari ameze nk’uwizāgira”.—Itanguriro 19:14.
6. Ni inyifato iyihe dutegerezwa kwirinda?
6 Nk’uko vyari biri mu gihe ca Nowa no mu gihe ca Loti, Yezu yavuze yuko ari ko vyobaye “ku kuza kw’Umwana w’umuntu” (Matayo 24:39; Luka 17:30). Nkako, inyifato yiganje y’abantu benshi muri iki gihe ni iy’ukutagira ico binona. Dutegerezwa kuba maso kugira ngo ntitwoshwe na mwene ukwo kubona ibintu. Nta kibi kiri mu kwinovora imfungurwa ziryoshe no kunywa ku rugero. N’ukwabirana ni indinganizo y’Imana. Ariko rero, hamwe ibintu nk’ivyo vyoba vyacitse ibihambaye gusumba ibindi mu buzima bwacu maze ivy’impwemu bigashirwa ku ruhande, twoba none twiteguriye wa musi uteye ubwoba wa Yehova?
7. Ni ikibazo ikihe gihambaye dukwiye kwibaza imbere yo gutangura kugira ico dukurikirana, kandi kubera iki?
7 Intumwa Paulo yavuze ati: ‘Igihe gisigaye ni kigufi. Uhereye none abari n’abagore bamere nk’abatabagira’ (1 Ab’i Korinto 7:29-31). Dusigaranye gusa umwanya muto wo kurangiza igikorwa twashinzwe n’Imana co kwamamaza Ubwami (Matayo 24:14). Paulo yakebuye mbere n’abubatse kutitwararika birenze abo bubakanye ku buryo ivy’Ubwami babiha ikibanza ca kabiri mu buzima bwabo. Biratomoye yuko impengamiro yo mu muzirikanyi Paulo yariko asaba ko umuntu yogira ihushanye n’ukutagira ico yinona. Yezu yavuze ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo” (Matayo 6:33). Igihe dufata ingingo iyo ari yo yose canke imbere y’ugutangura kugira ico dukurikirana, ikibazo gihambaye dukwiye kwibaza ni iki, ‘Ivyo bizogira ico bikoze gute ku kuntu ngumiza ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwanje’?
8. Nimba ibintu vyo mu buzima bwa misi yose vyacitse co kintu nyamukuru kituraje ishinga, ni igiki dukwiye gukora?
8 Bite ho nimba tubona yuko tumaze gutwarwa n’ibintu bisanzwe vyo mu buzima bwa misi yose ku buryo ivy’impwemu bikumirwa? Hoba hari itandukaniro na ritoyi hagati y’ukuntu tubayeho be n’ukuntu ababanyi bacu badafise ubumenyi ntagakosa bw’Ivyanditswe kandi batari abamamaji b’Ubwami babayeho? Nimba ari ukwo biri, turakeneye rero kubishira mw’isengesho. Yehova arashobora gutuma tugira inyifato yo mu muzirikanyi ibereye (Abaroma 15:5; Ab’i Filipi 3:15). Arashobora kudufasha kugumiza ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere, gukora ibigororotse no kurangura ivyo adusaba.—Abaroma 12:2; 2 Ab’i Korinto 13:7.
Niwirinde guhunikira mu vy’impwemu
9. Nk’uko bivugwa mu Vyahishuriwe 16:14-16, ni kubera iki bihambaye kwirinda guhunikira mu vy’impwemu?
9 Ubwo buhanuzi nyene buvuga ivy’“intambara [yimirije] yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose” yo kuri Harumagedoni, bubura yuko bamwebamwe bashobora kutaguma bari maso. Umukama Yezu Kirisitu avuga ati: “Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe” (Ivyahishuriwe 16:14-16). Izo mpuzu zivugwa hano zerekeza ku bituranga bwa Vyabona vya Yehova bakirisu. Aho harimwo igikorwa turangura turi abamamaji b’Ubwami be n’inyifato yacu ya gikirisu. Turamutse dutwawe n’uguhororokerwa kumeze nk’itiro, twoshobora kwamburwa akaranga kacu ka gikirisu. Ivyo birateye isoni kandi birimwo ingeramizi. Dutegerezwa kwirinda kugwa mu vy’uguhunikira canke mu vy’ukugoyagoya kwo mu vy’impwemu. Dushobora gute kunanira impengamiro nk’iyo?
10. Ni kubera iki gusoma Bibiliya ku musi ku musi bidufasha kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu?
10 Bibiliya iguma iza irashimika ku vy’uko dukeneye kuguma turi maso no kuguma turikanuye. Nk’akarorero, inkuru zo mu Njili zitwibutsa ibi: “Mwame mugavye” (Matayo 24:42; 25:13; Mariko 13:35, 37), “mwame mwiteguye” (Matayo 24:44); “mwiyubare, mube maso” (Mariko 13:33); “mugume mwiteguye” (Luka 12:40, NW). Amaze kuvuga yuko umusi wa Yehova ugiye gushikira gitumburuka iyi si, intumwa Paulo ahimiriza abo basangiye ukwizera ati: “Nuko rero ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, [tugume turikanuye]” (1 Ab’i Tesalonike 5:6). Mu gitabu ca nyuma ca Bibiliya, Kirisitu Yezu uwaninahajwe arashimika ku kuza kwiwe giturumbuka, mu kuvuga ati: “Ndaza vuba” (Ivyahishuriwe 3:11; 22:7, 12, 20). Benshi mu bamenyeshakazoza b’Abaheburayo na bo nyene baradondoye bongera barabura ivy’umusi w’urubanza uhambaye wa Yehova (Yesaya 2:12, 17; Yeremiya 30:7; Yoweli 2:11; Zefaniya 3:8). Gusoma Ijambo ry’Imana, ari ryo Bibiliya ku musi ku musi no kuzirikana ku vyo dusoma, ni imfashanyo nziza idufasha kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu.
11. Ni kubera iki ukwiyigisha Bibiliya ari ntahara kugira ngo umuntu agume ari maso mu vy’impwemu?
11 Emwe, ese ukuntu ukwiyigisha n’ubwira Ivyanditswe dukoresheje ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bitangwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” ari ikintu gituma tuguma turi maso mu vy’impwemu (Matayo 24:45-47, NW)! Ariko rero, kugira ngo ukwiyigisha kuvemwo ivyiza, gutegerezwa kuba ukubandanya kandi guhozako (Abaheburayo 5:14–6:3). Dutegerezwa kwihereza imfungurwa zigumye z’ivy’impwemu ubudahorereza. Kuronka umwanya wo kwiyigisha muri iki gihe bishobora kuba urugamba (Abanyefeso 5:15, 16). Naho ari ukwo, gusoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye ku Vyanditswe igihe gusa woba ubona ko ari ho bibereye, ntibihagije. Ukwiyigisha ubudahorereza ni ntahara nimba tugomba kuguma ‘duhangaye mu kwizera’ kandi turi maso.—Tito 1:13.
12. Amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro ya gikirisu adufasha gute kurwanya ivyo guhunikira mu vy’impwemu?
12 Amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro ya gikirisu na yo nyene aradufasha kurwanya ivyo guhunikira mu vy’impwemu. Uti gute? Biciye ku nyigisho turonka. Kuri iyo mitororokano, ntitwama none twibutswa ivy’uko umusi wa Yehova wegereje? Amakoraniro ya gikirisu agirwa ku ndwi ku ndwi na yo nyene aratanga uturyo two ‘kwohererezanya ku rukundo no ku bikorwa vyiza’. Mwene ukwo kwohererezanya canke gukaburana gutuma umuntu aguma ari maso mu vy’impwemu. Ntibitangaje kubona dutegekwa gukoranira hamwe ubudahorereza uko ‘tubona wa musi wegereza’.—Abaheburayo 10:24, 25.
13. Ubusuku bwa gikirisu budufasha gute kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu?
13 Turafashwa kandi kuguma turi maso igihe tugira uruhara n’umutima wacu wose mu busuku bwa gikirisu. Hari ubundi buryo none bwiza bwo kugumiza mu muzirikanyi ibimenyetso vy’ibihe be n’ico bisobanura bwoza buruta ukubibwira abandi? Vyongeye, igihe tubona ukuntu abo twigana Bibiliya batera imbere hanyuma bagatangura gushira mu ngiro ivyo bariko bariga, ukubona ubwacu ko ibintu vyihutirwa kurarushiriza kwongerekana. Intumwa Petero yavuze ati: ‘Mwamane ubwenge bubangutse n’umutima ugavye’ (1 Petro 1:13, UB) ‘Kwama dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama’ ni umuti mwiza uvura ukudakakaza mu vy’impwemu.—1 Ab’i Korinto 15:58, NW.
Niwirinde uburyo bwo kubaho bwonona mu vy’impwemu
14. Nk’uko bidondorwa muri Luka 21:34-36, ni uburyo bwo kubaho ubuhe Yezu atugabishako?
14 Mu buhanuzi buhambaye bwa Yezu bwerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe, yaratanze iyindi ngabisho. Yavuze ati: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntiremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bu[zima], ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose. Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu” (Luka 21:34-36). Yezu yaradondoye ata kwihenda uburyo bwo kubaho abantu muri rusangi bakurikirana: ukurenza urugero mu vyo kurya, kuborerwa be n’uburyo bwo kubaho butera amaganya.
15. Ni kubera iki dukwiye kwirinda ukurenza urugero mu vyo kurya no kunywa?
15 Kurira agahokero no kunywa cane birateye kubiri n’ingingo ngenderwako za Bibiliya kandi umuntu akwiye kuvyirinda. Bibiliya ivuga iti: “Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino, no mu c’abanyameru y’inyama” (Imigani 23:20). Ariko rero, kugira ngo kurya no kunywa bibemwo akaga, si ngombwa ngo birinde gushika kuri urwo rugero. Birashobora gutuma umuntu ahunikira kandi akaba umunebwe imbere y’uko ashika ku kurenza urugero. Umugani wa Bibiliya uvuga uti: “Umutima w’umunyabute urifuza, ariko nta co uronka” (Imigani 13:4). Umuntu nk’uyo yoshobora kuba yipfuza gukora ivyo Imana igomba, mugabo icipfuzo ciwe ntashobora kugishikako kubera afata ibintu minenegwe.
16. Dushobora gute kwirinda kurengerwa n’amaganya yerekeye umuryango wacu?
16 Amaganya yo mu buzima Yezu yatugabishijeko ni ayahe? Ni amaganya arimwo imyitwarariko umuntu ubwiwe agira, ukuronsa umuryango ivyo ukeneye n’ibindi bene ivyo. Mbega ukuntu bitoba biranga ubukerebutsi kureka ivyo bintu bikaturengera! Yezu yabajije ati: “Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe?” Yakebuye abamwumviriza ati: “Ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? Canke Tuzonywa iki? Canke Tuzokwambara iki? Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena”. Ugushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu no kwizigira tudakeka ko Yehova azoturonsa ivyo dukeneye, bizotuma tudatwarwa n’amaganya vyongere bidufashe kuguma turi maso.—Matayo 6:25-34.
17. Gukurikirana amaronko bishobora gute gutera amaganya?
17 Amaganya yoshobora kandi guterwa n’ugukurikirana amaronko. Nk’akarorero, bamwe barigora mu buzima bwabo mu kurondera kubaho mu buryo burengeye ubushobozi bafise. Abandi barakwegakwezwe n’imigambi yotuma batunga ningoga be n’ivyo gushinga imitahe birimwo ingeramizi. Ku bandi, kwiga amashure kugira ngo bashikire ugutunganirwa mu vy’amahera birababera umutego. Ego ni ko, kwiga amashure ku rugero runaka vyoshobora kuba ngirakamaro kugira ngo uronke akazi. Ariko rero, ikizwi coco ni uko bamwebamwe bigiriye nabi mu buryo bw’impwemu mu gukurikirana amashure ahanitse amara umwanya muremure cane. Ese ukuntu iyo bimeze ukwo umuntu aba ari mu kaga uko umusi wa Yehova wegereza! Bibiliya igabisha iti: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura”.—1 Timoteyo 6:9.
18. Kugira ngo twirinde kwisuka mu buryo bwo kubaho buranga ugukurikirana amaronko, ni ubushobozi ubuhe dutegerezwa gutsimbataza?
18 Ikintu ca nkenerwa kugira ngo umuntu ntiyisuke mu buryo bwo kubaho buranga ugukurikirana amaronko, ni ugutsimbataza ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi igihe afata ingingo. Ubwo bushobozi butsimbatazwa mu kwihereza ubudahorereza ‘ivyo kurya bigumye vyo mu vy’impwemu vy’abakuze’ be no mu kugira ububasha bwo gutegera bumenyerezwa mu kubukoresha’ (Abaheburayo 5:13, 14, NW). Kumenya neza “ibintu bihambaye kuruta” igihe dushinga ibija imbere y’ibindi bizoturinda kandi kugira amahitamwo mabi.—Ab’i Filipi 1:10, NW.
19. Nimba tubonye yuko dufise umwanya mutoyi cane wo gukurikirana ivy’impwemu, ni igiki dukwiye gukora?
19 Uburyo bwo kubaho buranga ugukurikirana amaronko burashobora kuduhuma amaso, bukadusigira umwanya muto wo gukurikirana ivy’impwemu canke ntibunawudusigire. Dushobora gute kwisuzuma no kwirinda kugwa mu mutego wa mwene ubwo buryo bwo kubaho? Turakeneye kurimbura tubijanisha n’isengesho ukuntu twokworosha ubuzima bwacu be n’urugero twoshikanako mu kubworosha. Wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yavuze ati: “Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira” (Umusiguzi 5:12). Kwitwararika amatungo y’ivy’umubiri adakenewe vyoba bidutwara umwanya wacu mwinshi n’inguvu zacu nyinshi? Uko dutunga vyinshi, ni ko turushiriza kubibungabunga, kubirihira soransi no kubikingira. Vyoba vyoshobora kutugirira akamaro tworoheje ubuzima mu kwikurako ibintu bimwebimwe dutunze?
Uko bishoboka kwose, garagaza ko witeguye
20, 21. (a) Intumwa Petero adukura amazinda gute ku bijanye n’umusi wa Yehova? (b) Ni ibikorwa ibihe dutegerezwa kubandanya gukora uko tugaragaza ko twiteguriye umusi wa Yehova?
20 Harageze aho isi yo mu gihe ca Nowa irangira, kandi hazogera aho n’uru runkwekwe rw’ibintu rurangira. Intumwa Petero adukura amazinda ati: “Umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze”. Yaba amajuru y’ikigereranyo ari zo ntwaro z’ububisha, canke isi y’ikigereranyo ari bo bantu biyonkoye ku Mana, nta na kimwe kizokira ubushuhe bw’uburake buturira bw’Imana. Mu kwerekana ukuntu dushobora kugaragaza ko twiteguriye uwo musi, Petero abaza ati: “None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu [bikorwa biranga i]ngeso zera no mu [bikorwa biranga u]kwubaha Imana, no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye?”.—2 Petero 3:10-12.
21 Kwama twitaba amakoraniro ya gikirisu no kwama tugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza birimwo muri izo ngeso be no muri ivyo bikorwa biranga ukwubaha Imana. Ese twobikora dufise ukwubaha Imana kuvuye ku mutima mu gihe tukirindiriye twihanganye umusi uhambaye wa Yehova! Nimuze ‘dukore uko dushoboye kugira ngo Imana izodusange mu mahoro, tutagira ikirabagu, tutariko umugayo.—2 Petero 3:14.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki dukwiye kugaragaza ko twiteguriye umusi wa Yehova?
• Nimba gukurikirana ibintu bisanzwe vyo mu buzima vyacitse co kintu nyamukuru kituraje ishinga, ni igiki dukwiye gukora?
• Ni igiki kizodufasha kwirinda guhunikira mu vy’impwemu?
• Ni uburyo bwo kubaho bwonona ubuhe dukwiye kwirinda, kandi twobwirinda gute?
[Amafoto ku rup. 20, 21]
Abantu bo mu gihe ca Nowa ntibagize ico bamenya ku bijanye n’urubanza rwari rwimirije, vyoba ari uko bimeze no kuri wewe?
[Ifoto ku rup. 23]
Woba ushobora kworosha ubuzima bwawe kugira ngo uronke umwanya wiyongereye wo gukurikirana ivy’impwemu?