Vyose nibimenyekanishe ubuninahazwa bwa Yehova
“Mwaturire Uhoraho ingen’afise [ubuninahazwa] n’inkomezi. Mwaturire Uhoraho ingen’izina ryiwe ribereye [kuninahazwa]”.—ZABURI 96:7, 8.
1, 2. Ugushemeza Yehova kuva ku biki, kandi ni bande bahimirizwa kukugiramwo uruhara?
DAWIDI, umuhungu wa Isayi, yakuze ari umwungere mu micungararo ya Betelehemu. Ese ukuntu ategerezwa kuba yaratamariye akatari gake ubwaguke bw’ijuru ryuzuye inyenyeri mu gahwekere k’ijoro, igihe yaba araririye umukuku wa se muri ubwo buragiro bw’intama bwo mu gahinga! Nta gukeka ko mwene ivyo bintu bitangaje yari yarabonye vyamuje mu muzirikanyi igihe, ahumekewe n’impwemu yera y’Imana, yatunganya akongera akaririmba amajambo aryoheye ugutwi yo mw’Izaburi ya 19, agira ati: “Ijuru ritāngāza [ubuninahazwa bw]’Imana, itāzānure ryaryo rimenyekanisha igikorwa c’intoke zayo. Umugozi ubigera ushika mw isi yose, bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi”.—Zaburi 19:1, 4.
2 Amajuru ateye akoba Yehova yaremye aramenyekanisha ubuninahazwa bwiwe umusi ku wundi, ijoro ku rindi ata rurimi, ata majambo, canke ijwi asohoye. Ivyaremwe ntibihengeshanya kumenyekanisha ubuninahazwa bw’Imana, kandi kwihweza ico kimenyamenya kitavuga cigaragaza “kw’isi yose” kugira ngo abayibako bose bakibone, bituma umuntu abona ko ata co amaze. Ariko rero, intahe ishingwa n’ivyaremwe ata jambo rivuzwe, ntihagije. Abantu b’abizerwa bahimirizwa kujamwo n’amajwi yumvikana. Umwanditsi wa Zaburi atavugwa izina yabwiye abasavyi b’Imana b’abizerwa aya majambo yahumetswe agira ati: “Mwaturire Uhoraho ingen’afise [ubuninahazwa] n’inkomezi. Mwaturire Uhoraho ingen’izina ryiwe ribereye [kuninahazwa]” (Zaburi 96:7, 8). Abafitaniye ubucuti bwa hafi na Yehova barahimbarwa n’ugushira mu ngiro iyo nkeburo. Kuninahaza Imana none birimwo iki?
3. Ni kubera iki abantu baninahaza Imana?
3 Hari n’ikindi gisabwa uretse amajambo yonyene. Abisirayeli bo mu gihe ca Yesaya baraninahaje Imana n’iminwa yabo, ariko ahanini ntivyava ku mutima. Yehova yavuze abicishije kuri Yesaya ati: “Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje” (Yesaya 29:13). Ugushemeza ukwo ari kwo kwose kwagirwa n’abantu nk’abo nta co kwari kuvuze. Kugira ngo ugushemeza kugire ico kuvuze, gutegerezwa kuva ku mutima wuzuye urukundo umuntu akunda Yehova n’ukwemera ata buryarya ubuninahazwa bwiwe yisangije. Yehova wenyene ni we Muremyi. Ni we Mushoboravyose, umwe atunganye, umwe karorero ntangere k’urukundo. Ni we soko ry’ubukiriro bwacu akaba na Segaba abikwiriye uwuri mw’ijuru no kw’isi wese ategerezwa kugamburukira (Ivyahishuriwe 4:11; 19:1). Nimba vy’ukuri twemera ivyo bintu, nimuze tumuninahaze n’umutima wacu wose.
4. Ni amacishabwenge ayahe Yezu yaduhaye ku bijanye n’ukuntu twoninahaza Imana, kandi twoyashira mu ngiro gute?
4 Yezu Kirisitu yaratubwiye ukuntu twoninahaza Imana. Yavuze ati: “Mur’ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje” (Yohana 15:8). Ni gute twama cane? Ubwa mbere, ni mu kugira uruhara n’umutima wacu wose mu kwamamaza “[u]butumwa bgiza bg’ubgami”, gutyo tukaba twiyunze ku vyaremwe vyose mu ‘kuvuga’ ivyerekeye ‘kamere zitaboneka’ z’Imana (Matayo 24:14; Abaroma 1:20). Bisubiye, muri ubwo buryo twese tuba tugize uruhara, haba ari mu buryo bugaragara canke butagaragara, mu guhindura abantu abigishwa bashasha basamiriza icitabirizo c’ugushemeza Yehova Imana. Ubwa kabiri, turatsimbataza ivyamwa impwemu yera yama muri twebwe hanyuma tukihatira kwigana kamere ntangere za Yehova Imana (Ab’i Galatiya 5:22, 23; Abanyefeso 5:1; Ab’i Kolosayi 3:10). Ico bivamwo, ni uko inyifato yacu ya misi yose iheza ikaninahaza Imana.
“Mw isi yose”
5. Sigura ukuntu Paulo yashimitse kw’ibanga abakirisu bafise ryo kuninahaza Imana mu kubwira abandi ukwizera kwabo.
5 Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yarashimitse kw’ibanga abakirisu bafise ryo kuninahaza Imana mu kubwira abandi ukwizera kwabo. Iciyumviro nyamukuru giserurwa mu gitabu c’Abaroma, ni ic’uko abizera Yezu Kirisitu bonyene ari bo bashobora gukizwa. Mu kigabane ca 10 c’iryo kete, Paulo yerekanye ko Isirayeli yo ku mubiri yo mu gihe ciwe yari ikibandanya kugerageza gushikira ukugororoka mu gukurikira Ivyagezwe vya Musa kandi “Kristo ari we [yari iherezo ry’]ivyagezwe”. Ku bw’ivyo, Paulo avuga ati: “Ni wāturisha akanwa yuko Yesu ar’Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukūye mu bapfuye, uzokizwa”. Kuva ico gihe kubandanya, “nta tandukaniro ry[abaye hagati y’]Umuyuda n’Umugiriki: kuk’Umwami umwe ar’Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose; kuko, Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa”.—Abaroma 10:4, 9-13.
6. Paulo yakoresheje gute Zaburi 19:4?
6 Maze Paulo abaza mu buryo bwumvikana ati: “Bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?” (Abaroma 10:14). Ku vyerekeye Isirayeli, Paulo avuga ati: “Abumviye ubutumwa bgiza si bose”. Ni kubera iki Isirayeli itumviye? Ukutumvira kwabo kwatewe n’uko babuze ukwizera, ntikwatewe n’uko babuze akaryo. Ivyo Paulo avyerekana mu gusubiramwo amajambo ari muri Zaburi 19:4 be no mu kuyerekeza ku gikorwa c’ukwamamaza ca gikirisu aho kuyerekeza ku ntahe ishingwa n’ivyaremwe ata jambo rivuzwe . Avuga ati: “Ijwi ryavyo ryumvikanye mw isi yose, bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi” (Abaroma 10:16, 18). Vyemere, nk’uko n’ivyaremwe bidafise ubuzima bininahaza Yehova, ni ko n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bamamaje hose inkuru nziza y’ubukiriro, gutyo bakaba barashemeje Imana mw’“isi yose”. Mw’ikete Paulo yandikiye Abakolosayi, yaradondoye kandi urugero inkuru nziza yari yarashikanyeko mu gukwiragira. Yavuze yuko inkuru nziza yari yaramamajwe “mu bāremwe bose bo musi y’ijuru”.—Ab’i Kolosayi 1:23.
Ivyabona b’abanyamwete
7. Nk’uko Yezu yabivuze, ni ibanga irihe abakirisu bafise?
7 Paulo ashobora kuba yandikiye ikete ryiwe Abakolosayi haheze nk’imyaka 27 Yezu Kirisitu apfuye. Igikorwa c’ukwamamaza none cashoboye gute gukwiragira gushika i Kolosayi muri ico gihe gisa n’uko cari gito? Vyashobotse kubera yuko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari abanyamwete kandi Yehova akaba yarahezagiye umwete wabo. Yezu yari yarabuye yuko abayoboke biwe bobaye abamamaji bashirutse ubute, igihe yavuga ati: “Ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose” (Mariko 13:10). Kuri ubwo buhanuzi, Yezu yarongeyeko itegeko ryanditse mu mirongo ya nyuma y’Injili ya Matayo: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 28:19, 20). Gatoyi inyuma y’aho Yezu adugiye mw’ijuru, abayoboke biwe baratanguye gushitsa ayo majambo.
8, 9. Nk’uko mu Vyakozwe havyerekana, abakirisu bakiriye gute amategeko ya Yezu?
8 Impwemu yera imaze gusukwa kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., ikintu ca mbere abayoboke ba Yezu badahemuka bakoze kwari ukugenda kwamamaza, babwira amasinzi y’abantu i Yeruzalemu “ibitangaza vy’Imana”. Ukwamamaza kwabo kwarabaye ngirakamaro cane, maze “nk’ibihumbi bitatu” barabatizwa. Abigishwa barabandanije gushemeza Imana ku mugaragaro kandi babigiranye umwete, maze bivamwo ingaruka nziza.—Ivyakozwe 2:4, 11, 41, 46, 47.
9 Ibikorwa vy’abo bakirisu ntivyatevye gukwega amaso y’indongozi z’idini. Kubera yuko zababajwe n’ugushira amanga kwa Petero na Yohani, zategetse izo ntumwa zibiri guhagarika kwamamaza. Izo ntumwa zishuye ziti: “[Nti]dushobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise”. Petero na Yohani bamaze guhahirizwa hanyuma bakarekurwa, baciye basubira mu bavukanyi babo, maze bose baca batura Yehova isengesho bari hamwe. Barasavye Yehova babigiranye uburindutsi bati: “Uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose”.—Ivyakozwe 4:13, 20, 29.
10. Ni ukurwanywa ukuhe kwatanguye kwigaragaza, kandi abakirisu b’ukuri bavyifashemwo gute?
10 Iryo sengesho ryari rihuje n’ivyo Yehova agomba, nk’uko vyagaragaye haheze igihe gitoyi inyuma y’aho. Intumwa zarafashwe hanyuma zirabohorwa ku gitangaro n’umumarayika. Nya mumarayika yazibwiye ati: “Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bga Bu[zima]” (Ivyakozwe 5:18-20). Kubera ko intumwa zagamburutse, Yehova yarabandanije kuzihezagira. Ku bw’ivyo, “imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo” (Ivyakozwe 5:42). Biratomoye yuko ukurwanywa gukaze kutashoboye na gato kubuza abayoboke ba Yezu kuninahaza Imana ku mugaragaro.
11. Ni inyifato iyihe abakirisu bo mu ntango bagize ku bijanye n’igikorwa c’ukwamamaza?
11 Bidatevye, Sitefano yarafashwe hanyuma yicishwa amabuye. Igandagurwa ryiwe ryatumye haba uruhamo rukaze i Yeruzalemu, hanyuma abigishwa bose ukuyemwo intumwa babwirizwa gushwiragira mu yindi mihingo. Uruhamo rwoba rwarabaciye intege? Habe namba. Dusoma duti: “Abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana” (Ivyakozwe 8:1, 4). Uwo mwete wo gutangaza ubuninahazwa bw’Imana waguma uboneka. Mu Vyakozwe ikigabane ca 9, dusoma yuko wa Mufarizayo Sauli w’i Taruso, igihe yariko agenda i Damasiko kugira ngo atanguze uguhama abigishwa ba Yezu baho, yabonekewe na Yezu hanyuma aca afatwa n’uruhumyi. Aho i Damasiko, Ananiya yarahumuye Sauli ku gitangaro. Ni ikintu ca mbere ikihe Sauli, uwahavuye yitwa intumwa Paulo, yakoze? Iyo nkuru ivuga iti: “Aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’Umwana w’Imana”.—Ivyakozwe 9:20, ni twe tubihiritse.
Umwe wese yaragira uruhara mu kwamamaza
12, 13. (a) Nk’uko abatohozakahise babivuga, ni ikintu ikihe cigaragaza ku bijanye n’ishengero ry’abakirisu bo mu ntango? (b) Igitabu c’Ivyakozwe be n’amajambo ya Paulo bihuza gute n’ivyo abatohozakahise bavuze?
12 Birazwi cane ko umuntu wese wo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango yagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Ku vyerekeye abakirisu bo muri ico gihe, uwitwa Philip Schaff, yandika ati: “Ishengero ryose ryari sosiyete y’ubumisiyonari, kandi umukirisu wese yizera yari umumisiyonari” (Kahise k’ishengero ry’abakirisu [mu congereza]). W. Samuel Williams avuga ati: “Ikimenyamenya ntahinyuzwa, ni ic’uko abakirisu bose bo mw’ishengero ryo mu ntango, canecane abari bafise ingabirano yo gukora ibitangaro [ingabirano z’impwemu], bamamaza injili” (Ubusuku buninahaye bw’abayobokamana [mu congereza]). Avuga kandi ashimitse ati: “Yezu Kirisitu ntiyigeze avuga ko ukwamamaza ari agateka gahariwe gusa abantu bo mu rwego kanaka rw’idini”. Mbere na Celse, uwahora yanka ubukirisu, yanditse ati: “Abahingura ubwoya bw’ibikoko, abashonyi b’ibirato, abahazi b’insato, abantu batize na gato kandi basanzwe, bari abamamaji b’injili b’abanyamwete”.
13 Ivy’uko ayo majambo ari ay’ukuri bibonekera mu nkuru y’ivya kahise yanditswe mu Vyakozwe. Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., impwemu yera imaze gusukwa, abigishwa bose, abagabo n’abagore, baramenyekanishije icese ibitangaza vy’Imana. Inyuma y’uruhamo rwakurikiye iyicwa rya Sitefano, abakirisu bose basabagiriye mu yindi mihingo barakwiragije inkuru nziza gushika kure. Haciye nk’imyaka 28, igihe Paulo yavuga ati: “Nuko na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo”, yariko yandikira abakirisu bose b’Abaheburayo, atari gusa umugwi mutoyi w’abakuru b’idini (Abaheburayo 13:15). Mu kudondora ukuntu ubwiwe yabona igikorwa co kwamamaza, Paulo yavuze ati: “Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara” (1 Ab’i Korinto 9:16). Biribonekeza ko abakirisu bose b’abizerwa bo mu kinjana ca mbere babona ibintu nk’ukwo nyene.
14. Ni isano irihe riri hagati y’ukwizera be n’ukwamamaza?
14 Si ivy’imbeshere, umukirisu nyakuri ategerezwa kugira uruhara mu gikorwa c’ukwamamaza kubera ko gifitaniye isano rwose n’ukwizera. Paulo yavuze ati: “Umutima [ni] wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza” (Abaroma 10:10). Umugwi mutoyi mw’ishengero, nk’akarorero umugwi w’abakuru b’idini, woba ari wo gusa ugaragaza ukwizera, gutyo rero ukaba ufise ibanga ryo kwamamaza? Birumvikana ko atari wo wonyene! Abakirisu b’ukuri bose baratsimbataza ukwizera gukomeye mu Mukama Yezu Kirisitu kandi baravyurirwa umutima wo kubwira abandi ku mugaragaro ukwo kwizera. Ahandi ho, ukwizera kwabo kwoba gupfuye (Yakobo 2:26). Kubera yuko abakirisu bose b’intahemuka bo mu kinjana ca mbere co mu Gihe Cacu bagaragaje ukwizera kwabo muri ubwo buryo, akamo gakomeye ko gushemeza izina rya Yehova karumvikanye.
15, 16. Tanga uburorero bwerekana ko igikorwa co kwamamaza cateye imbere naho hari ingorane.
15 Mu kinjana ca mbere, Yehova yarahezagiye abasavyi biwe mu gutuma bongerekana naho hariho ingorane zituruka mw’ishengero no hanze yaryo. Nk’akarorero, mu Vyakozwe ikigabane ca 6 haravuga ukutumvikana kwabaye hagati y’abahindukiriye ubukirisu bavuga igiheburayo be n’abavuga ikigiriki. Iyo ngorane yaratorewe umuti n’intumwa. Ku co vyavuyemwo, dusoma duti: “Ijambo [“rya Yehova ryabandanije gukura,” NW]; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera”.—Ivyakozwe 6:7.
16 Mu nyuma, uruhagarara rwo mu vya politike rwaradutse hagati y’Umwami Herode Agiripa w’Ubuyuda be n’abanyagihugu b’i Tiro n’i Sidoni. Ababa muri ivyo bisagara baragize icokwitwa ngo ni ukurondera amahoro catumye Herode aryoherwa cane maze bituma ashikiriza ijambo abantu. Ishengero ryari rikoranye ryaciye ritangura kwiha akamo riti: “N’ijwi ry’imana, s’iry’umuntu”. Ako kanya nyene, umumarayika wa Yehova yarakubise Herode Agiripa, aca arapfa “kukw’[ataninahaje] Imana Rurema” (Ivyakozwe 12:20-23). Ese ukuntu vyabaye agacavutu ku bari bizigiye abategetsi b’abantu (Zaburi 146:3, 4)! Ariko rero, abakirisu babandanije kuninahaza Yehova. Ku bw’ivyo, ‘Ijambo rya Yehova ryarabandanije gukura no gukwiragira, naho hari uguhungabana kw’ivya politike.—Ivyakozwe 12:24, NW.
Ico gihe be n’ubu
17. Mu kinjana ca mbere, igitigiri kirushiriza kwongerekana c’abantu bagiyemwo mu gukora iki?
17 Vyemere, ishengero rya gikirisu ryari rikwiye hose ryo mu kinjana ca mbere ryari rigizwe n’abashemeza Yehova Imana b’abanyamwete kandi bakora cane. Abakirisu b’intahemuka bose baragira uruhara mu gukwiragiza inkuru nziza. Bamwebamwe barahuye n’abantu bavyakira neza, maze nk’uko Yezu yabivuze, barabigisha kugamburuka ibintu vyose yategetse (Matayo 28:19, 20). Ivyo vyatumye ishengero rikura, maze abantu barushirije kuba benshi barifatanya n’Umwami Dawidi wa kera mu gushemeza Yehova. Bose barasamirije aya majambo yahumetswe agira ati: “Mwami, Mana yanje, nzogushimisha umutima wanje wose; nzohimbaza izina ryawe ibihe bidashira. Kukw imbabazi umfitiye ari nyinshi”.—Zaburi 86:12, 13.
18. (a) Ni itandukaniro irihe riboneka hagati y’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere be n’abiyita abakirisu bo muri kino gihe? (b) Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
18 Turavye ivyo, amajambo ya porofeseri mu vya tewolojiya Allison A. Trites atuma umuntu yiyumvira. Mu kugereranya abiyita abakirisu ba kino gihe be n’ubukirisu bwo mu kinjana ca mbere, yavuze ati: “Amadini muri kino gihe akura mu bisanzwe bivuye ku bayakuriramwo (igihe abana bo mu muryango uri mw’idini yinaka bigirira indagano y’ukwizera) canke bivuye ku kwongerekana kw’abayimukiramwo (igihe umushasha aba yavuye mw’idini yarimwo akimukira mu rindi). Ariko rero, mu Vyakozwe, ikura ryava kw’iyongerekana ry’abahindukirira ubukirisu, kubera ko ishengero ari ho ryari rigitangura igikorwa caryo”. Ivyo vyoba bisobanura none ko ubukirisu bw’ukuri butagikura nk’uko Yezu yavuze ko bukwiye gukura? Birumvikana ko atari ukwo. Abakirisu b’ukuri muri iki gihe baragira umwete mu buryo bwose mu gushemeza ku mugaragaro Imana nk’uko n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bawugira. Ivyo ni vyo tubona mu kiganiro gikurikira.
Woshobora kubisigura?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe tuninahaza Imana?
• Paulo yakoresheje gute Zaburi 19:4
• Ni isano irihe riri hagati y’ukwizera n’ukwamamaza?
• Ni ikintu ikihe cibonekeza kw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere?
[Ifoto ku rup. 8, 9]
Amajuru aguma ashingira intahe ubuninahazwa bwa Yehova
[Abo dukesha ifoto]
Tuyikesha Anglo-Australian Observatory, ifoto yafashwe na David Malin
[Amafoto ku rup. 10]
Igikorwa co kwamamaza n’isengesho birafitaniye isano cane