ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/1 rup. 21-25
  • Ninahaza Imana,Ntuninahaze Umuntu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ninahaza Imana,Ntuninahaze Umuntu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umutwe-shimikiro wo ku musi wa mbere wavuga ngo: ‘Birakubereye Yehova . . . guhabwa ubuninahazwa’
  • Umutwe-shimikiro wo ku musi ugira kabiri wavuga ngo: ‘Dutangaze mu mahanga ubuninahazwa bwiwe’
  • Umutwe-shimikiro w’umusi ugira gatatu wavuga ngo: ‘Dukore ibintu vyose ku bw’ukuninahaza Imana’
  • Ihwaniro Riteye Umunezero Ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Amahwaniro y’Intara be na Mpuzamakungu aratuvyurira umutima wo kuninahaza Imana!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/1 rup. 21-25

Ninahaza Imana,Ntuninahaze Umuntu

MU MEZI aheze, abakunda ukugororoka bo hirya no hino kw’isi barize uburyo boninahaza Imana igihe bahurira hamwe ku Mahwaniro y’intara y’Ivyabona vya Yehova yataziriwe ngo: “Ninahaza Imana”. Reka dusubire twihweze porogarama y’ukwigisha yahatangiwe.

Porogarama ishingiye kuri Bibiliya yamaze imisi itatu ikurikirana kuri benshi mu bitavye amahwaniro, be n’imisi ine ku bashoboye kwitaba ya mahwaniro mpuzamakungu adasanzwe. Muri rusangi, abayitavye barumvise ibihimba birenga 30 bishingiye ku Vyanditswe, ushizemwo insiguro zatumye uguha agaciro ivy’impwemu kuba ukwimbitse, ivyabonywe vyakomeje ukwizera, imyerekano yashize ahabona uburyo ngirakimazi bwo gukoresha ingingo ngenderwako za Bibiliya, be n’igikino ca Bibiliya cakinywe n’abantu bambaye nk’abo mu kinjana ca mbere cerekanye ingorane abakirisu bo mu kinjana ca mbere baciyemwo. Nimba waritavye rimwe muri ayo mahwaniro, ubona gute mu gihe usoma iki kiganiro usubiye kwihweza utwo wiyandikiye? Turazi neza yuko bizokwibutsa imfungurwa umukimba zo mu vy’impwemu winovoye be n’uko bizokwigisha.

Umutwe-shimikiro wo ku musi wa mbere wavuga ngo: ‘Birakubereye Yehova . . . guhabwa ubuninahazwa’

Inyuma y’ururirimbo n’isengesho vyugurura, umushikirizansiguro wa mbere yarahaye ikaze n’igishika cinshi abari bitavye bose ku nsiguro yashimika ku mvo nyamukuru y’iryo hwaniro. Na yo yari iyi: “Dukoraniye hamwe ngo tuninahaze Imana”. Mu gusubiramwo amajambo ari mu Vyahishuriwe 4:​11, umushikirizansiguro yarashimitse ku mutwe-shimikiro w’iryo hwaniro ryose. Yaciye ubwo nyene asigura ico kuninahaza Imana bisobanura. Akoresheje igitabu ca Zaburi, yarashimitse ku vy’uko kuninahaza Imana birimwo “gusenga”, “gushima” no “gushemeza”.—Zaburi 95:6; 100:4, 5; 111:1, 2.

Igihimba gikurikira cari gifise umutwe uvuga ngo: “Abaninahaza Imana barahezagirwa”. Umushikirizansiguro yaragize umwihwezo ushimishije. Kubera ko Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitandatu bari mu bihugu 234 hirya no hino kuri uyu mubumbe, bishobora kuvugwa yuko izuba ritigera rirenga ku baninahaza Yehova (Ivyahishuriwe 7:​15). Ikiganiro co kubaza ibibazo abavukanyi n’abavukanyikazi bakirisu batari bake bari mu murimo w’igihe cose udasanzwe, carabaye umuce ushimishije w’ico gihimba wahimbaye imitima y’abumviriza.

Insiguro ikurikira yari ifise umutwe uvuga ngo: “Ivyaremwe biratangaza ubuninahazwa bw’Imana”. Naho amajuru atavuga, arashemeza ubukuru bw’Imana kandi akadufasha gukenguruka bimwe bigera ibwina ukuntu itwitwararikana urukundo. Ivyo vyarasiguwe neza ido n’ido.—Yesaya 40:26.

Uruhamo, ukurwanywa, utwosho tw’isi n’impengamiro yo gukora icaha birabangamira ukutadohoka kw’abakirisu b’ukuri. Ku bw’ivyo, insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Nugendere mu nzira y’ukutadohoka”, yari ibereye ko abumviriza bayitega ugutwi. Hakurikiye ikiganiro c’umurongo ku wundi gishingiye kuri Zaburi ya 26, be n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo Icabona akiri ku ntebe y’ishure yagumye ashikamye mu vy’inyifato runtu be n’uwundi yahora amara umwanya munini mu vyo kwinezereza biteye amakenga mugabo akaba yarateye intambwe zo gutsinda iyo ngorane.

Ijambo nyamukuru ryari rifise umutwe uvuga ngo “Ibintu menyeshakazoza vy’ubuninahazwa vyerekanywe biraturemesha!” ni ryo ryasozereye porogarama yo mu gitondo. Umushikirizansiguro yaratanze akarorero k’umumenyeshakazoza Daniyeli be n’ak’intumwa Yohani na Petero, abo ukwizera kwabo kwakomejwe n’ibintu menyeshakazoza vy’ubuninahazwa vyerekanywe bijanye n’ishingwa be n’ikora ry’Ubwami bw’Imana butwarwa na Mesiya. Mu kwerekeza ku wo ari we wese yoba yaribagiye ikimenyamenya kiboneka cemeza yuko turi mu gihe c’iherezo, umushikirizansiguro yavuze ati: “Turizigiye bivuye ku mutima yuko abantu mwene abo bazosubira gushira umuzirikanyi ku kuhaba kwa Kirisitu ari mu buninahazwa bw’Ubwami, bakabona ko ari ukuri maze bagafashwa kugira basubire gukomera mu vy’impwemu”.

Porogarama yo ku muhingamo yatangujwe n’insiguro ifise umutwe uvuga ngo: “Abicisha bugufi barahishurirwa ubuninahazwa bwa Yehova”. Umushikirizansiguro yarerekanye ukuntu Yehova atanga akarorero mu vy’ukwicisha bugufi, naho ari Umuntu ari hejuru ya vyose mw’ijuru no kw’isi (Zaburi 18:​35). Yehova aratonesha abantu bicisha bugufi vy’ukuri, mugabo arwanya ababoneka ko bicisha bugufi igihe gusa bari kumwe n’abo bangana canke n’ababaruta ariko igihe bari kumwe n’abo bafiseko ubushobozi bakabacunaguza.—Zaburi 138:6.

Ubukurikira, ubuhanuzi bwa Bibiliya bwarashizwe ahabona mu ruhererekane rwashimika ku mice itandukanye y’umutwe-shimikiro nyamukuru wavuga ngo “Ubuhanuzi bwa Amosi​—⁠Ubutumwa burimwo bwerekeye igihe cacu”. Mu kwerekana akarorero ka Amosi, umushikirizansiguro wa mbere muri urwo ruhererekane yarakwegereye ivyiyumviro kw’ibanga dufise ryo kuburira abantu ivyerekeye urubanza rwa Yehova rwegereje. Umutwe-shimikiro w’insiguro yiwe wavuga ngo: “Tuvuge Ijambo ry’Imana dushize amanga”. Umushikirizansiguro wa kabiri yabajije iki kibazo: “Yehova yoba azokwigera akura kuri iyi si ubukozi bw’ikibi n’ugucumukura?”. Igihimba ciwe cavuga ngo “Urubanza Imana yaciriye abanyakibi”, carerekanye yuko urubanza rw’Imana rwama nantaryo rubereye, ko ata muntu aruhunga kandi ko rutajaniranya. Umushikirizansiguro wa nyuma muri urwo ruhererekane yakwegereye ivyiyumviro ku mutwe-shimikiro uvuga ngo: “Yehova arasuzuma umutima”. Abipfuza guhimbara Yehova bazokurikiza amajambo yo muri Amosi 5:15 agira ati: “Mwanke ibibi, mukunde ivyiza”.

Ibinyobwa biboreza, nk’akarorero umuvinyu unezereza umutima, birashobora gukoreshwa nabi. Mu nsiguro yiwe ivuga ngo “Twirinde umutego wo kunywa inzoga tukarenza urugero”, umushikirizansiguro yaradondaguye imbangamyi zo ku mubiri n’izo mu vy’impwemu ziva ku kutigerera mu kunywa inzoga, naho umuntu atoborerwa. Yaratanze ingingo ngenderwako yotuyobora: Kubera yuko imibiri y’abantu itamenyera inzoga cokimwe, inzoga izo ari zo zose wonywa zigatuma utakaza “ubukerebutsi ngirakimazi be n’ububasha bwo kwiyumvira”, kuri wewe ubwawe ziba zirenze urugero.—Imigani 3:21, 22, NW.

Kubera yuko tubayeho mu bihe bigoye, umutwe w’insiguro ukurikira wavuga ngo “Yehova ni we ‘buhungiro bwacu mu bihe vy’amagorwa’”, warahumurije abumviriza. Igishobora kudufasha kwihangana, ni isengesho, impwemu yera n’abakirisu bagenzi bacu.

Insiguro ya nyuma y’uwo musi yavuga ngo “‘Ca gihugu ciza’ cari imponjo y’Iparadizo”, yaherahejwe n’ikintu giteye umunezero kuri bose kitari citezwe, na co kikaba ari igisohokayandikiro kirimwo amakarata menshi ya Bibiliya! Gifise umutwe uvuga ngo ‘Raba ca gihugu ciza’.

Umutwe-shimikiro wo ku musi ugira kabiri wavuga ngo: ‘Dutangaze mu mahanga ubuninahazwa bwiwe’

Hamaze kwihwezwa icanditswe c’umusi, uruhererekane rugira kabiri rw’iryo hwaniro rwarashikirijwe, rukaba rwari rufise umutwe-shimikiro uvuga ngo: ‘Twerekane nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova’. Igihimba ca mbere c’urwo ruhererekane cari gishingiye ku mutwe uvuga ngo “Mu gukwiragiza inkuru nziza ahantu hose” kandi carimwo udukino dusubiramwo ivyabaye koko mu murimo wo mu ndimiro. Insiguro igira kabiri yaragizwemwo umwerekano w’umwamamaji asubira kugendera umuntu igihe umushikirizansiguro yariko aca irya n’ino umutwe-shimikiro uvuga ngo “Mu gukura igitwikiro ku maso y’abagizwe impumyi”. Igihimba ca nyuma cari gifise umutwe uvuga ngo “Mu kurushiriza kubikora mu busuku bwacu”, wari ugizwe ahanini n’ibiganiro bishimishije vyo kubaza ibibazo bishingiye ku vyabonywe mu ndimiro.

Igice gikurikira c’iyo porogarama cari gifise umutwe uvuga ngo: “Turankwa duhorwa ubusa”. Carimwo ibiganiro biremesha vyo kubaza ibibazo abantu b’abizigirwa, bagumye ari intadohoka bivuye ku nkomezi ziva ku Mana mu gihe c’ukurwanywa.

Ikintu cari citezwe cane muri ayo mahwaniro yari insiguro y’ibatisimu yakurikiwe n’ukwibiza mu mazi abantu bose bari biteguriye kubatizwa bakwije ibisabwa. Ibatisimu yo mu mazi ni ikimenyetso c’uko umuntu yiyeguriye wese Yehova. Ku bw’ivyo, umutwe-shimikiro wavuga ngo “Kubaho twisunga ukwiyegura kwacu biraninahaza Imana” wari ubereye rwose.

Porogarama yo ku muhingamo yatangujwe n’insiguro yaremesha kwisuzuma, yavuga ngo: “Dutsimbataze ukubona ubukuru nk’uko Kirisitu abubona”. Umushikirizansiguro yarerekanye iki kintu gishimishije: Ubukuru buva ku kwigana ukwicisha bugufi kwa Kirisitu. Ku bw’ivyo, umukirisu ntakwiye kurondera amabanga kugira ngo ashikire ivyipfuzo ahahamira. Akwiye kwibaza ati: ‘Noba mfise umutima ukunze wo gukora udukorwa dufasha, abandi badahuta babona?’.

Woba uhora wumva urushe? Nta nkeka. Insiguro ivuga ngo “Turaruha mugabo ntitudendebukirwa”, bose yarabaryoheye. Ibiganiro vyo kubaza ibibazo Ivyabona bamaze igihe kirekire vyarerekanye ko Yehova ashobora kuduha ‘ubushobozi . . . biciye ku mpwemu yiwe’.—Abanyefeso 3:16.

Ubutanzi bwa cane ni kamere tutavukana yamara dukenera kwiga. Ico ciyumviro nyamukuru carashimitsweko mu gihimba kivuga ngo ‘Tube abanyabuntu bakunda gutanga’. Haravyuwe iki kibazo gituma umuntu azirikana, kigira giti: “Twoba tugabirije gutanga iminuta mikeyi ku musi, tukayimara turi kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bageze mu zabukuru, abarwaye, abishwe n’intuntu canke abafise irungu?”.

Insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Niwiyubare ntiwumvirize ‘ijwi ry’ab’ahandi’” yarakwegereye ivyiyumviro vy’abumviriza. Iyo nsiguro yagereranije abayoboke ba Yezu n’intama zumviriza gusa ijwi ryiwe nk’“umwungere mwiza” kandi zitumviriza “ijwi ry’ab’ahandi” nk’uko ryumvikanishwa biciye ku mashirahamwe menshi akoreshwa na wa Mucokoranyi.—Yohana 10:5, 14, 27.

Umugwi w’abaririmvyi utegerezwa kuririmba uhuza amajwi kugira wumvikane. Kugira baninahaze Imana, abasenga b’ukuri bo kw’isi yose bategerezwa guhurikira hamwe. Ku bw’ivyo, insiguro ifise umutwe uvuga ngo: “Tuninahaze Imana ‘n’akanwa kamwe’”, yaratanze inyigisho ngirakimazi y’ukuntu twese twoshobora kuvuga “ururimi rutunganye” kandi tugasukurira Yehova ‘duhuje inama’.—Zefaniya 3:9.

Abavyeyi na canecane abafise abana bakiri bato, baranezerejwe rwose n’insiguro ya nyuma y’uwo musi yagira iti: “Abana bacu ni intoranwa z’agaciro”. Igitabu gishasha gifise impapuro 256 carasohowe ata wari avyiteze bituma bagira umunezero mwinshi. Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye ni igitabu kizofasha abavyeyi kumarana n’abana babo umwanya uzotuma bahungukira mu buryo bw’impwemu, na bo bakaba ari ingabire Imana yabahaye.

Umutwe-shimikiro w’umusi ugira gatatu wavuga ngo: ‘Dukore ibintu vyose ku bw’ukuninahaza Imana’

Ivyibutswa vyo mu canditswe c’umusi ni vyo vyuguruye umusi usozera iryo hwaniro bikoresheje ivyiyumviro vyo mu vy’impwemu. Igihimba ca mbere ca porogarama y’uwo musi carakwegereye ivyiyumviro bimwe bidasanzwe ku miryango. Insiguro ya mbere yavuga ngo “Bavyeyi, nimukomeze imiryango yanyu”, yarateguye imizirikanyi y’abumviriza. Umushikirizansiguro amaze gusubira guca irya n’ino amabanga abavyeyi bafise yo kuronsa umuryango wabo ivy’umubiri, yarerekanye yuko ibanga rya mbere na mbere abavyeyi bafise ari iryo kuronsa abana ivyo bakeneye mu vy’impwemu.

Umushikirizansiguro akurikira, yerekeje ku bana maze ararimbura ikiganiro kivuga ngo: “Ingene urwaruka ruriko rurashemeza Yehova”. Yavuze yuko abakiri bato bameze nk’“ikime” kubera ari benshi kandi umwete wabo w’ubuto uruhura. Abakuze baranezerwa no gukorana na bo mu murimo wa Yehova (Zaburi 110:3). Ico gihimba carimwo ibiganiro bihimbaye vyo kubaza ibibazo abakiri bato b’intangakarorero.

Ibikino bishingiye kuri Bibiliya bikinwa n’abantu bambaye nk’abo mu gihe ca Bibiliya vyama ari umuce w’amahwaniro y’intara uryohera cane abantu kandi no muri iryo hwaniro ni ko vyagenze. Igikino cavuga ngo “Dushinge intahe dushize amanga naho boba baturwanya” carerekanye abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere. Nticari ico kunezereza abantu gusa, ariko icari gihambaye kuruta ni uko cigisha. Insiguro yakurikiye ico gikino yavuga ngo “Twamamaze inkuru nziza ‘tudahorereza’”, yarashimitse ku vyiyumviro bikurubikuru vy’ico gikino.

Abari bitavye bose bari barindiranye umushasharo igihe c’agaheta ca porogarama yo ku w’Iyinga, mu nsiguro y’icese yavuga ngo: “Ni bande bariko baraninahaza Imana muri iki gihe?”. Umushikirizansiguro yarerekanye ukuntu abanyasiyansi n’abanyamadini muri rusangi bataninahaza Imana. Abitirirwa izina ryiwe gusa, bamamaza bakongera bakigisha ukuri kwerekeye Yehova, ni bo bariko baraninahaza vy’ukuri izina ryiwe muri iki gihe.

Iyo nsiguro y’icese yakurikiwe n’incamake y’icigwa c’Umunara w’Inderetsi c’iyo ndwi. Haciye haza insiguro ya nyuma yavuga ngo “‘Tubandanye kwama vyinshi’ kugira Yehova aninahazwe”. Umushikirizansiguro yarashikirije umwiyemezo urimwo ivyiyumviro cumi abitavye bose bokurikiza. Wari ushingiye ku buryo butandukanye bw’ukuntu umuntu yoninahaza Yehova, we Muremyi. “Egome” yavugiwe hamwe n’abari bitavye bose, yarasamiranye mu muhwaniro yose kw’isi yose.

Ihwaniro ryaciye risozerwa na wa mutwe-shimikiro uvuga ngo “Ninahaza Imana” wasamirana mu matwi y’uwari yitavye wese. Ese rero, dufashijwe n’impwemu ya Yehova be n’ishirahamwe ryiwe riboneka, twokwama nantaryo turondera kuninahaza Imana ntituninahaze abantu.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 23]

Amahwaniro mpuzamakungu

Haragizwe amahwaniro mpuzamakungu y’imisi ine yabereye muri Afirika, muri Amerika ya Ruguru n’iy’Epfo, muri Aziya, mu Buraya no muri Ositaraliya. Ivyabona b’abashitsi bavuye hirya no hino kw’isi baratumiwe guserukira abandi kuri iyo mitororokano. Muri ubwo buryo, harabaye ‘ukuremeshanya’ hagati y’abashitsi n’ababakiriye (Abaroma 1:12). Abaherukana kera barongeye kubonana, bongera baramenyana n’abo batari bazinanyi. Umuce udasanzwe w’ayo mahwaniro mpuzamakungu wari igihimba ca porogarama cavuga ngo: “Raporo zo mu bindi bihugu”.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 25]

Ibisohokayandikiro bishasha vyatumye Imana ininahazwa

Ibisohokayandikiro bibiri bishasha vyasohowe ku Mahwaniro y’intara yataziriwe ngo: “Ninahaza Imana”. Agatabu karimwo amakarata asigura ibihugu vyo muri Bibiliya kavuga ngo ‘Raba ca gihugu ciza’, gafise igipfukisho kigumye n’impapuro 36 ziriko amakarata be n’amafoto y’ibibanza bivugwa muri Bibiliya. Urupapuro rwose ruri mu mabara y’indobeke kandi ruriko amakarata yerekana inganji ya Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki ­n’Uburoma. Hariho amakarata atandukanye yibanda ku busuku bwa Yezu no ku gukwiragira kw’ubukirisu.

Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye ni igitabu c’impapuro 256 n’amashusho nka 230. Ibiringo vyinshi biryoshe umuntu arashobora kubimarana n’abana birabira gusa amashusho bongera bishura utubazo dusaba kuzirikana turi muri ico gitabu. Ico gisohokayandikiro gishasha kigenewe kuzibira igitero Shetani agira ku rwaruka rwacu, kikaba ari igitero gifise intumbero yo kubononera inyifato runtu.

[Ifoto ku rup. 23]

Abamisiyonari bariganye ivyabonywe bikomeza ukwizera

[Amafoto ku rup. 24]

Ibatisimu wari umuce uhambaye w’amahwaniro yataziriwe ngo “Ninahaza Imana”

[Amafoto ku rup. 24]

Ibikino bishingiye kuri Bibiliya vyaranezereje abato n’abakuze

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika