Amahwaniro y’Intara be na Mpuzamakungu aratuvyurira umutima wo kuninahaza Imana!
Amahwaniro y’Intara be na Mpuzamakungu yataziriwe ngo “Ninahaza Imana” n’ubu akibandanya kugirwa, yarashinze intahe itangaje. Ivyo bintu vya gitewokarasi bihambaye vyatumye izina rya Yehova rihayagizwa kandi birongereza ubushobozi bwacu bwo ‘kwaturira Yehova ingene izina ryiwe ribereye kuninahazwa’ (Zab. 96:8). Mu vy’ukuri, arakwiriye kuninahazwa kubera ibikorwa vyiwe vy’irema bigaragaza kamere ziwe z’akaroruhore.—Yobu 37:14; Ivyah. 4:11.
Ukoresheje ibibazo bikurikira hamwe n’utwo wiyandikiye, niwitegurire kuzogira uruhara mw’isubiramwo rya porogarama y’ihwaniro rizogirwa mu ndwi yo ku wa 20 Gitugutu.
1. Ivyaremwe bitagira ubuzima bitangaza gute ubuninahazwa bw’Imana, kandi ivyo bitandukanye gute n’ukuntu abantu bamushemeza? (Zab. 19:1-3; “Ivyaremwe biratangaza ubuninahazwa bw’Imana”)
2. Kwa guhinduka ukundi kugereranya ikintu ikihe kitari umugani muri iki gihe, kandi ni mu buryo ubuhe abakirisu muri iki gihe baremeshwa n’ico kintu? (ijambo nyamukuru “Ibintu menyeshakazoza vy’ubuninahazwa vyerekanywe biraturemesha!”)
3. Twotsimbataza gute ukwicisha bugufi kwagaragajwe n’umumenyeshakazoza Daniyeli, kandi nitwabigira tuzovyungukirako gute? (Dan. 9:2, 5; 10:11, 12; “Abicisha bugufi barahishurirwa ubuninahazwa bwa Yehova”)
4. (a) Ni ibintu bitatu ibihe vyerekeye urubanza rw’Imana dushobora kwigira ku buhanuzi bwa Amosi (Am. 1:3, 11, 13; 9:2-4, 8, 14)? (b) Ni icigwa ngirakamaro ikihe Ivyabona vya Yehova bokura mu karorero ko kutuburira dusanga muri Amosi 2:12? (“Ubuhanuzi bwa Amosi—Ubutumwa burimwo bwerekeye igihe cacu”)
5. (a) Ni ingeramizi izihe ziri mu kutigerera mu vyo kunywa inzoga, naho nyene umuntu atoborerwa? (b) Ingorane yo kutigerera mu vyo kunywa inzoga ishobora gukosorwa gute? (Mrk. 9:43; Ef. 5:18; “Twirinde umutego wo kunywa inzoga tukarenza urugero”)
6. Uriko wungukira gute kuri vya bisohokayandikiro bishasha ari vyo “Raba ca gihugu ciza” (“ ‘Ca gihugu ciza’ cari imponjo y’Iparadizo”) be na Biblia Takatifu—Tafsiri ya Ulimwengu Mpya mu giswahili? (“Ikintu c’intibagirwa mu vy’impwemu!”)
7. Ni mu buryo butatu ubuhe ‘twokwerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova’? (2 Kor. 3:18; “ ‘Twerekane nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova’ ”)
8. Isoko ry’ukwankwa duhorwa ubusa ni irihe, kandi ni igiki codufasha kuguma turi intadohoka naho dushikirwa na mwene urwo rwanko? (Zab. 109:1-3; “Turankwa duhorwa ubusa”)
9. Ukubona ubukuru nk’uko Kirisitu abubona bisobanura iki, kandi umuntu yomenya gute ko akeneye kurushiriza gutsimbataza ukwo kubona ibintu? (Mat. 20:20-26; “Dutsimbataze ukubona ubukuru nk’uko Kirisitu abubona”)
10. Ni igiki codufasha kuguma dufise intege zo mu vy’impwemu naho twoba dufise intege nke ku mubiri? (“Turaruha mugabo ntitudendebukirwa”)
11. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe Shetani akoresha mu kuremesha ikinyoma, kandi ni ikintu ikihe gishingiye ku Vyanditswe twokora ku bintu vyogerageza gusambura ukwizera kwacu? (Yoh. 10:5; “Niwiyubare ntiwumvirize ‘ijwi ry’ab’ahandi’ ”)
12. (a) Abavyeyi bashobora gute gukurikiza akarorero ka Yezu kari muri Mariko 10:14, 16? (b) Ni igiki ushima ku vyerekeye ca gitabu gishasha Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye? (“Abana bacu ni intoranwa z’agaciro”)
13. Urwaruka ruriko rurashemeza Yehova gute? (1 Tim. 4:12; “Ingene urwaruka ruriko rurashemeza Yehova”)
14. Ni ibintu ibihe vyerekanywe muri ca gikino c’ivya Bibiliya cavuga ngo “Dushinge intahe dushize amanga naho boba baturwanya” vyagusigaye mu bwenge?
15. Twokwigana gute akarorero katanzwe na (a) Petero be na Yohani (Ivyak. 4:10)? (b) Sitefano (Ivyak. 7:2, 52, 53)? (c) Ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere? (Ivyak. 9:31; igikino c’ivya Bibiliya be n’insiguro ivuga ngo “Twamamaze inkuru nziza ‘tudahorereza’ ”)
16. (a) Twiyemeje kuninahaza Imana mu buryo ubuhe? (b) Dushobora guhera amazinda ku vyerekeye iki uko dushira mu ngiro ivyo twize ku Mahwaniro yataziriwe ngo “Ninahaza Imana”? (Yoh. 15:9, 10, 16; “ ‘Tubandanye kwama vyinshi’ kugira Yehova aninahazwe”)
Tuzirikanye ku macishabwenge yo mu vy’impwemu yashikirijwe kuri iryo hwaniro, tuzovyurirwa umutima wo gushira mu ngiro ibintu twize (Flp. 4:8, 9). Ivyo bizokomeza umwiyemezo twafashe wo ‘gukora vyose kugira ngo Imana ininahazwe’.—1 Kor. 10:31.