Ntihagire ikikubuza gucakira ubuninahazwa
“Uwuciye bugufi mu mutima azocakira ubuninahazwa.”—IMIG. 29:23.
1, 2. (a) Amajambo yo mu rurimi rw’intango ahindurwa ngo “ubuninahazwa” asobanura iki? (b) Ni ibibazo ibihe turimbura muri iki kiganiro?
IYO wumvise ijambo “ubuninahazwa,” uca ubona iki mu bwenge? Woba uca ubona ubwiza buca ibibatsi bw’ivyaremwe? (Zab. 19:1) Woba uca ubona ugushemezwa n’ukuninahazwa bihabwa abantu bafise itunga ridasanzwe, ubukerebutsi budasanzwe canke bashitse ku bintu bidasanzwe? Mu Vyanditswe, amajambo yo mu rurimi rw’intango yahinduwe ngo “ubuninahazwa” aserura iciyumviro c’uburemere. Mu bihe vya kera, aho wasanga amahera akozwe mu butare bw’agaciro, uko igiceri carushiriza kuremera, ni ko carushiriza kugira agaciro. Amajambo yakoreshwa mu guserura iciyumviro c’uburemere yahavuye atahurwa mu buryo bw’ikigereranyo ko asobanura ikintu c’agaciro, c’akaroruhore canke ciza igitangaza.
2 Mu gihe twebwe twoshobora gutangazwa n’ububasha uwundi muntu afise, igiti afise canke ukuntu azwi, Imana yoyo irondera iki mu bantu? Ivyanditswe biravuga koko ibijanye n’ubuninahazwa Imana iha abantu. Nk’akarorero mu Migani 22:4 hagira hati: “Ikiva mu kwicisha bugufi be n’ugutinya Yehova, ni ubutunzi n’ubuninahazwa n’ubuzima.” Vyongeye, umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Mwicishe bugufi mu maso ya Yehova, na we azobashira hejuru.” (Yak. 4:10) None ubuninahazwa Yehova aha abantu ni iki? Ni igiki cotubuza kubucakira? Kandi dushobora gute gufasha abandi gucakira ubwo buninahazwa?
3-5. Ni ubuninahazwa ubuhe Yehova yoshobora kutujanako?
3 Umwanditsi w’amazaburi yaravuze yuko yizigira ko Yehova yomufashe ukuboko kw’iburyo akamujana ku buninahazwa nyakuri. (Soma Zaburi 73:23, 24.) None Yehova abira gute? Yehova ajana abasavyi biwe bicisha bugufi ku buninahazwa mu kubatera iteka mu buryo butandukanye. Arabahezagira mu gutuma batahura ukugomba kwiwe. (1 Kor. 2:7) Abumviriza ijambo ryiwe bakongera bakamugamburukira arabatera iteka ryo kugiriranira na we ubucuti somambike.—Yak. 4:8.
4 Yehova arazeza kandi abasavyi biwe itunga rininahaye ry’ubusuku bwa gikirisu. (2 Kor. 4:1, 7) Kandi ubwo busuku bushikana ku buninahazwa. Abakoresha agateka k’umurimo batewe ku bw’ishemezo ryiwe no ku bw’ineza y’abandi, Yehova abasezeranira ati: “Abantera iteka nzobatera iteka.” (1 Sam. 2:30) Mwene abo bantu baraterwa iteka mu kugira izina ryiza kuri Yehova, kandi barashobora kuvugwa neza n’abandi basavyi biwe.—Imig. 11:16; 22:1.
5 Tuvuge iki ku bijanye na kazoza k’‘abizigira Yehova, bakagumya inzira yiwe’? Basezeranirwa ibi: “[Yehova] azogushira hejuru wigarurire isi. Ababisha nibarandurwa, uzobibona.” (Zab. 37:34) Bararindiranye igishika guterwa iteka ntangere ryo kwironkera ubuzima budahera.—Zab. 37:29.
“SINEMERA UBUNINAHAZWA BUVA KU BANTU”
6, 7. Ni kubera iki benshi batari biteguriye kwizera Yezu?
6 Ni ibiki vyoshobora kutubuza kuronka ubuninahazwa Yehova yiteguriye kuduha? Kimwe muri ivyo ni uguha agaciro cane ivyiyumviro vy’abantu badashimwa n’Imana. Rimbura ivyo intumwa Yohani yanditse ku bijanye n’abantu bamwebamwe bari bafise ubukuru mu gihe ca Yezu. Yanditse ati: “No mu batware, benshi baramwizeye [Yezu] vy’ukuri, mugabo ntibamwemera icese kubera Abafarizayo, kugira ngo ntibirukanwe mw’isinagogi; kuko bakunda ubuninahazwa bw’abantu gusumba mbere ubuninahazwa bw’Imana.” (Yoh. 12:42, 43) Ese ukuntu vyari kurushiriza kuba vyiza iyo abo batware badaha agaciro cane ivyo Abafarizayo biyumvira!
7 Mu ntango y’ubusuku bwa Yezu, yari yarerekanye neza igituma benshi batomwakiriye ngo bamwizere. (Soma Yohani 5:39-44.) Ihanga rya Isirayeli ryari rimaze imyaka amajana ryiteze Mesiya. Igihe Yezu yatangura kwigisha, abantu bamwebamwe boshobora kuba baratahuye bafatiye ku buhanuzi bwa Daniyeli yuko igihe cashinzwe c’uko Kristu aseruka cari cashitse. Amezi makeyi imbere y’aho, igihe Yohani Umubatizi yaza yamamaza, benshi baguma bavuga bati: “Ubwo ntiyoba ari we Kristu?” (Luka 3:15) Ico gihe, uwo Mesiya bari bamaze igihe kirekire barindiriye yari hagati muri bo, yigisha. Mugabo abo bahanga mu vy’Itegeko ntibamwemeye. Mu kwerekana igituma, Yezu yababajije ati: “Mwokwizera mute kandi mwemera ubuninahazwa muhana, ntimurondere ubuninahazwa buva kuri ya Mana imwe nsa?”
8, 9. Ukoresheje ca kigereranyo cerekeye umuco, niwerekane ukuntu ubuninahazwa bw’abantu bushobora gupfukiranya ubuninahazwa bw’Imana.
8 Ukuntu ubuninahazwa bw’abantu bushobora gupfukiranya ubuninahazwa bw’Imana birashobora gutangirwa akarorero mu kugereranya ubuninahazwa n’umuco. Ikirere cacu gikayangana kiraninahaye rwose. Woba wibuka igihe uherukira kuraba mu kirere gikeye mw’ijoro ukabona inyenyeri ibihumbi n’ibihumbi? “Ubuninahazwa bw’inyenyeri” burateye akoba. (1 Kor. 15:40, 41) Ariko none, igihe uravye muri ico kirere nyene uri mw’ibarabara ryo mu gisagara kirimwo amatara menshi cane, ukibona gute? Emwe, umuco w’amatara y’igisagara utuma bisa n’ibidashoboka ko tubona umuco uturuka ku nyenyeri ziri kure cane. Ivyo none vyoba bitumwa n’uko umuco w’amatara yo ku mabarabara, ku bibuga vy’inkino no ku nyubakwa ubonesha cane canke ukayangana kuruta uw’inyenyeri? Oya! Ivyo bitumwa n’uko umuco w’igisagara utwegereye kuruta, ugatuma tutabona neza ivyo Yehova yaremye. Kugira ngo twibonere ibitangaza vyo mu kirere mw’ijoro, dutegerezwa kumera nk’abazibira canke nk’abirinda umuco uva ku matara.
9 Muri ubwo buryo nyene, hamwe ubuninahazwa butari bwo bwokwegera cane imitima yacu, bwoshobora kutubuza guha agaciro no kurondera ubuninahazwa budahera Yehova yiteguriye kuduha. Abantu benshi baranka kwakira ubutumwa bw’Ubwami kubera ko batinya ukuntu abo bazinanyi canke incuti bobabona. Ariko none, icipfuzo co guhabwa ubuninahazwa n’abantu coba coshobora kugira ico gikoze no ku basavyi b’Imana biyeguye? Dufate yuko umusore kanaka ashinzwe kwamamaza ahantu bamuzi cane mugabo bakaba bataramenya ko ari Icabona ca Yehova. Yoba azovyanka kubera atinya? Canke tuvuge iki mu gihe hari umuntu atyekejwe kubera ko akurikirana imigambi ya gitewokarasi? Yoba azoreka abatabona neza mu buryo bw’impwemu bakagira akosho ku mahitamwo agira mu buzima? Canke umukirisu ashobora kuba yakoze igicumuro gikomeye. Yoba azogihisha kubera ko atinya kuboneka nabi mw’ishengero canke kubera ko atipfuza guhemukira abiwe? Ku bijanye n’ico kintu duhejeje kuvuga, nimba kunagura imigenderanire yari afitaniye na Yehova ari co kintu nyamukuru yiyumvira, “[azohamagara] abagabo b’inararibonye b’ishengero,” abasabe bamufashe.—Soma Yakobo 5:14-16.
10. (a) Kurazwa ishinga birenze urugero n’ukuntu abandi batubona vyoshobora gute gutuma tutabona ibintu mu buryo bubereye? (b) Dukurwa amazinda gute nimba dukorana ukwicisha bugufi?
10 Twoshobora kuba turiko turatera imbere tugana ku kuba abakirisu bahumuye mugabo uwo dusangiye ukwemera akaduhanura. Ivyo bintu aba atubwiye abikuye ku mutima vyoshobora kudufasha mu gihe tudaciye twisigura tubitumwe n’ubwibone, icipfuzo co kutaboneka nabi canke kurondera gusigura ingendo yacu. Canke dufate yuko uriko urakorana n’uwo musangiye ukwemera. Kurazwa ishinga n’uwuzokwitirirwa ivyiyumviro vyiza muzoshikako be n’igikorwa kitoroshe muzokora, vyoba bizogira ico bikoze ku kuntu muzokorana? Niwashikirwa na kimwe muri ivyo bintu, urahera amazinda yuko “uwuciye bugufi mu mutima azocakira ubuninahazwa.”—Imig. 29:23.
11. Dukwiye kuvyakira gute mu mutima igihe hari uwudukeje, kandi kubera iki?
11 Abacungezi be n’“a[ba]rondera gushikira” iryo banga, na bo nyene barakwiye ku- ba maso ku bijanye no kurondera gushemezwa n’abantu. (1 Tim. 3:1; 1 Tes. 2:6) Umuvukanyi akwiye kuvyakira gute igihe hari uwumukeje abikuye ku mutima ku bw’igikorwa kinaka yakoze neza? Birashoboka yuko atazokwishingira icibutso nk’uko Umwami Sauli yabigize. (1 Sam. 15:12) Ariko none, yoba aca atahura yuko ico kintu yashitseko cashobotse gusa biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova be n’uko icizigiro ico ari co cose co kuroranirwa muri kazoza kigihagaze ku kuba Imana izomuhezagira ikongera ikamufasha? (1 Pet. 4:11) Ukuntu tuvyakira mu mutima igihe hari uwudushemagije kurahishura ubuninahazwa turondera ubwo ari bwo.—Imig. 27:21.
“MUSHAKA GUSHITSA IVYIPFUZO VYA SO”
12. Ni igiki cabuza Abayuda bamwebamwe kwumviriza Yezu?
12 Ikindi kintu gishobora kutubuza gucakira ubuninahazwa buva ku Mana ni ivyipfuzo vyacu. Ivyipfuzo bitabereye birashobora kutubuza rwose kwumva ukuri. (Soma Yohani 8:43-47.) Yezu yabwiye Abayuda bamwebamwe yuko batumviriza ubutumwa bwiwe kubera ko ‘bashaka gushitsa ivyipfuzo vya se wabo Shetani.’
13, 14. (a) Abashakashatsi bavuga iki ku bijanye n’ukuntu ubwonko bwacu budufasha kwumva ivyo abantu bavuga? (b) Ni igiki kidufasha guhitamwo uwo twumviriza?
13 Ivyo twipfuza biragira ico bikoze ku kuntu twumva. (2 Pet. 3:5) Yehova yaturemanye ubushobozi budasanzwe bwo kutumviriza amajwi tutipfuza. Nufate akanya wumvirize witonze amajwi atandukanye ushobora kwumva ubu nyene ukuntu angana. Menshi muri yo ushobora kuba utayitaho mu kanya gatoyi gaheze. Ubwonko bwawe bwariko buragufasha kwitwararika ikintu kimwe, muri ico gihe nyene bugatuma ushobora kubandanya wumva ayandi majwi atandukanye. Mugabo abashakashatsi basanze igikorwa co gutandukanya amajwi menshi mu mwanya umwe kirushiriza kugora igihe kiba kijanye no kwumviriza ivyo abantu bavuga. Ivyo bisobanura yuko igihe wumvise amajwi abiri mu mwanya umwe, ubwirizwa guhitamwo iryo witwararika. Uguhitamwo kwawe kuzovana n’ijwi wipfuza kwumviriza. Abayuda bipfuza gushitsa ivyipfuzo vya se wabo Shetani, ntibumviriza Yezu.
14 Turaronka ubutumwa buvuye ku ‘nzu y’ubukerebutsi’ no ku ‘nzu y’ubujuju.’ (Imig. 9:1-5, 13-17) Ni nk’aho ubukerebutsi n’ubujuju biguma bidutera akamo, ivyo bikaba bituma turonka akaryo ko guhitamwo. None tuzokwitabira akamo ka nde? Inyishu ivana n’uwo twipfuza gukora ukugomba kwiwe. Intama za Yezu zirumviriza ijwi ryiwe zikamukurikira. (Yoh. 10:16, 27) Ziri “ku ruhande rw’ukuri.” (Yoh. 18:37) “[Ntizi]zi ijwi ry’ab’ahandi.” (Yoh. 10:5) Abo bantu bicisha bugufi baracakira ubuninahazwa.—Imig. 3:13, 16; 8:1, 18.
“AYA ASOBANURA UBUNINAHAZWA KURI MWEBWE”
15. Ni mu buryo ubuhe amakuba Paulo yarimwo ‘yasobanura ubuninahazwa’ ku bandi?
15 Ukwumira kw’ibanga kwacu mu bijanye no gukora ukugomba kwa Yehova kurafasha abandi gucakira ubuninahazwa. Paulo yandikiye ishengero ry’i Efeso ati: “Ndabasaba kudateshwa ngo mute bitumwe n’aya makuba ndimwo ku bwanyu, kuko aya asobanura ubuninahazwa kuri mwebwe.” (Ef. 3:13) Ni mu buryo ubuhe amakuba Paulo yarimwo ‘yasobanura ubuninahazwa’ ku Banyefeso? Kuba Paulo yari yiteguriye kubandanya kubasukurira naho yashikirwa n’ibigeragezo, vyareretse Abanyefeso yuko uduteka bari bafise ari abakirisu twari duhambaye cane kandi dufise agaciro ntangere. Iyo Paulo ateshwa agata mu makuba, ivyo none ntivyari kwerekana yuko ubucuti bari bafitaniye na Yehova, ubusuku barangura be n’icizigiro bari bafise ata gaciro vyari bifise? Ukwihangana kwa Paulo kwarashize hejuru ubukirisu kwongera kurerekana yuko igikorwa co guhindura abantu abigishwa kibereye kwiheberwa.
16. Ni amakuba ayahe yashikiye Paulo i Lusitira?
16 Zirikana ivyavuye ku mwete n’ukwihangana vya Paulo. Mu Vyakozwe 14:19, 20 hagira hati: “Hashika Abayuda bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo maze bosha amasinzi, hanyuma batera amabuye Paulo, bamuburutira inyuma y’igisagara [ca Lusitira], biyumvira ko yapfuye. Ariko aho abigishwa bamukikurije, arahaguruka yinjira mu gisagara. Bukeye avayo ajana na Barunaba i Derube.” Iyumvire gusigwa umeze nk’uwapfuye maze bukeye ugaca ugira urugendo rw’ibilometero 100, ivyo ukabigira udakoresheje uburyo bwo kwiyunguruza bwo muri iki gihe!
17, 18. (a) Ni mu buryo ubuhe Timoteyo yakurikiraniye hafi imibabaro ya Paulo i Lusitira? (b) Ukwihangana kwa Paulo kwagize ico gukoze gute kuri Timoteyo?
17 Timoteyo yoba yari muri abo “bigishwa” bagiye hamwe kugira bafashe Paulo? Inkuru yo mu gitabu c’Ivyakozwe ntibitomora, mugabo birashoboka. Rimbura ivyo Paulo yanditse mw’ikete rigira kabiri yandikiye Timoteyo. Yagize ati: “Wewe warakurikiraniye hafi inyigisho yanje, ingendo yanje y’ubuzima, . . . mwene vya bintu vyanshikira i Antiyokiya [igihe yirukanwa muri ico gisagara], muri Ikoniyo [igihe barondera kumutera amabuye], i Lusitira [igihe bamutera amabuye], mwene rwa ruhamo nihanganira; yamara vyose Umukama yarandokoye abinkuramwo.”—2 Tim. 3:10, 11; Ivyak. 13:50; 14:5, 19.
18 Timoteyo “[y]arakurikiraniye hafi” ivyo bintu kandi yari azi neza ukwihangana kwa Paulo. Timoteyo ntiyigeze yibagira ivyo bintu. Igihe Paulo yaja i Lusitira, yasanze Timoteyo ari umukirisu w’intangakarorero, “yavugwa neza n’abavukanyi b’i Lusitira no muri Ikoniyo.” (Ivyak. 16:1, 2) Mu nyuma, Timoteyo yarakwije ibisabwa arazezwa amabanga ahambaye.—Flp. 2:19, 20; 1 Tim. 1:3.
19. Ukwihangana kwacu gushobora kugira ico gukoze gute ku bandi?
19 Ukwumira kw’ibanga kwacu mu bijanye no gukora ukugomba kw’Imana kurashobora kugira ico gukoze ku bandi muri ubwo buryo, na canecane ku bakiri bato, benshi muri bo bakazokura bakaba abasavyi b’Imana kirumara. Abigishwa bakiri bato, uretse ko batwihweza maze bakatwigirako kamere n’ubuhanga vyo kuvuga igihe turi mu busuku bwo mu ndimiro, baranungukira ku kwihweza ukuntu twihanganira ingorane zo mu buzima. Paulo “[yara]bandanya kwihanganira ibintu vyose” kugira ngo abo bose baguma ari abizigirwa “baronke ubukiriro . . . hamwe n’ubuninahazwa budahera.”—2 Tim. 2:10.
Abakiri bato barakenguruka ukwumira kw’ibanga kw’abakirisu bageze mu zabukuru
20. Ni kubera iki dukwiye kubandanya kurondera ubuninahazwa buva ku Mana?
20 Ntidukwiye none kubandanya “[kurondera] ubuninahazwa buva kuri ya Mana imwe nsa”? (Yoh. 5:44; 7:18) Cane nyene! (Soma Abaroma 2:6, 7.) Yehova araha “ubuzima budahera [a]bariko barondera ubuninahazwa.” Vyongeye, ‘ukwihangana kwacu mu gikorwa ciza’ kuravyurira abandi umutima wo kuguma bashikamye ku bw’ineza yabo y’ibihe bidahera. Ku bw’ivyo rero, ntihagire ikintu na kimwe kikubuza gucakira ubuninahazwa Imana itanga.