Uraba maso ku migabo y’umutima wawe
Bibiliya ivuga iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane.” (Yer. 17:9) Igihe umutima wacu wipfuza cane ikintu kinaka, ntiduca none turondera imvo zo gushitsa imigabo yawo?
Ivyanditswe bitugabisha biti: “Mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi, ukwiba, ugushinga intahe z’ikinyoma, ukurogota.” (Mat. 15:19) Umutima wacu w’ikigereranyo urashobora kuduhemukira ugatuma twisigura ku bijanye n’ikintu kanaka twakoze giteye kubiri n’ukugomba kw’Imana. Kandi twoshobora gukanguka dusanga twakoze mu buryo butaranga ubukerebutsi. Ni ibiki vyodufasha kumenya imigabo y’umutima wacu imbere y’uko dufata ingendo itabereye?
USHOBORA GUTE KUMENYA IMIGABO YAWE?
Gusoma Bibiliya buri musi bigira ico bikoze gute ku mutima wacu w’ikigereranyo?
Nusome Bibiliya buri musi wongere uzirikane ivyo ivuga.
Intumwa Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha rikaba kandi rikarishe kuruta inkota iyo ari yo yose y’ubugi bubiri kandi rikinjira gushika no ku gutandukanya ubuzima n’impwemu.” Ubutumwa bw’Imana buri muri Bibiliya “[bur]ashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.” (Heb. 4:12) Kwisuzuma twisunze ico Ivyanditswe bivuga birashobora vy’ukuri kudufasha bimwe bikomeye kumenya imigabo y’umutima wacu. Ese ukuntu bihambaye ko dusoma Ijambo ry’Imana buri musi tukongera tukazirikana ivyo rivuga, gutyo tukamenya ivyiyumviro vya Yehova be n’ukuntu abona ibintu!
Kwemera impanuro zo mu Vyanditswe no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bizogira ico bikoze kw’ijwi ryacu ryo mu mutima, rino rikaba ari ubushobozi buri imbere muri twebwe “[bu]shinga intahe.” (Rom. 9:1) Ijwi ryacu ryo mu mutima rirashobora kutubuza kwisigura ku bijanye n’ingendo itabereye. Vyongeye, Bibiliya irimwo uburorero bushobora ‘kutubera imburi.’ (1 Kor. 10:11) Kubwigirako birashobora kutubuza gutera intambwe itabereye. Umwumwe wese muri twebwe akwiye gukora iki?
Amasengesho dutura aradufasha kumenya ukuntu tumeze imbere muri twebwe
Nusabe Imana igufashe kumenya imigabo y’umutima wawe.
Yehova “[ara]suzuma umutima.” (1 Ngo. 29:17) ‘Araruta imitima yacu akaba kandi azi ibintu vyose.’ (1 Yoh. 3:20) Imana ntishobora guhendwa. Duseruye ibituraje ishinga, inyiyumvo zacu be n’ivyipfuzo vyacu mw’isengesho tudahisha, Yehova arashobora kudufasha gutahura imigabo y’umutima wacu. Turashobora mbere gusaba Imana ngo ‘ireme muri twebwe umutima utyoroye.’ (Zab. 51:10) Kugira ngo rero tumenye imigabo y’umutima wacu, tubwirizwa kudafata minenerwe intunganyo ijanye n’isengesho.
Amakoraniro ya gikirisu aradufasha kumenya imigabo y’umutima wacu
Nutege yompi ku makoraniro ya gikirisu.
Gutega yompi ibishikirizwa ku makoraniro ya gikirisu birashobora kudufasha gusuzuma ata buryarya umuntu wacu w’imbere, ari wo mutima wacu. Naho tutokwama turonka amakuru mashasha uko twitavye amakoraniro, igihe turi ng’aho turarushiriza gutahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya hamwe n’ivyibutsa vy’agaciro bidufasha gusuzuma imigabo y’umutima wacu. Insasanuro zitangwa n’abavukanyi be na bashiki bacu na zo nyene ziradufasha kuryohora umuntu wacu w’imbere. (Imig. 27:17) Kwigungira ukwacu aho kwama twifatanya n’abakirisu bagenzi bacu ku makoraniro birashobora kutugirira nabi. Birashobora kudushikana ku ‘kurondera icipfuzo cacu c’ubwikunzi.’ (Imig. 18:1) Vyoba vyiza rero twibajije duti: ‘Noba mfise akamenyero ko kwitaba amakoraniro yose no kuyungukirako?’—Heb. 10:24, 25.
UMUTIMA WACU UZOTUJANA HE?
Umutima wacu w’umuhemu urashobora kutuzimiza mu mice myinshi y’ubuzima. Nimuze turimbure imice ine: ukurondera ibintu vy’umubiri, inzoga, uguhitamwo abo twifatanya be n’ivyo dukora mu kwisamaza.
Ukurondera ibintu vy’umubiri.
Dusanzwe dufise icipfuzo co kwironsa ivyo dukeneye mu vy’umubiri. Ariko rero, Yezu yaratanze akarorero ko kutugabisha ku bijanye no kwitwararika mu buryo burenze urugero ibintu vy’umubiri. Muri kimwe mu bigereranyo vyiwe, aradusaba kurimbura ivyerekeye umugabo w’umutunzi yari afise ibigega vyuzuye. Ku bw’ivyo, ntiyari afise ikibanza co kubikamwo ibindi bintu vyinshi yari yimbuye. Uwo mugabo yari afise intumbero yo gusambura ivyo bigega vyiwe akubaka binini kuruta. Yiyumviriye ati: “[Aho ni ho nzokw]egeraniriza intete zanje zose be n’ibintu vyiza vyanje vyose; hanyuma nzobwira umutima wanje nti: ‘Mutima, urafise ibintu vyiza vyinshi birundanirijwe imyaka myinshi; niwiraramire, urye, unywe, uryoherwe.’” Ariko rero, uwo mugabo w’umutunzi ntiyazirikanye iki kintu c’ukuri: Ubuzima bwiwe bwari gushobora kurangira muri iryo joro nyene.—Luka 12:16-20.
Uko twiterera mu myaka, twoshobora kurazwa ishinga cane n’ivyo gutegekanya ibintu vy’umubiri bizodufasha tugeze mu zabukuru ku buryo dutangura gusigura igituma dusiba amakoraniro turiko turakora canke tugatangura gufata minenerwe mu buryo bunaka amabanga ya gikirisu tujejwe. Ntidukwiye none kwirinda ako gatima? Canke twoshobora kuba tukiri bato kandi tukaba dutahura yuko ata wundi mwuga uruta umurimo w’igihe cose. Naho ari ukwo, twoba twigiza inyuma ivyo gukora ubutsimvyi twiyumvira yuko dukwiye kubanza gutunganirwa mu vy’amahera? Ntidukwiye none gukora uko dushoboye kwose ubu kugira ngo tube abatunzi ku Mana? Ni nde azi ko ejo tuzoba turiho?
Inzoga.
Mu Migani 23:20 hagira hati: “Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane.” Mu gihe umuntu afise icipfuzo gikomeye co kunywa inzoga, hari aho yokwisigura ku bijanye n’igituma yama azinywa. Yoshobora kuvuga yuko anywa kugira ngo yiruhure, atari kugira ngo aborerwe. Nimba dukenera inzoga kugira ngo twiruhure, hoshobora kuba hageze ko dusuzuma ata buryarya imigabo y’umutima wacu.
Guhitamwo abo twifatanya.
Ni ivy’ukuri ko hariho abantu bamwebamwe batemera tudashobora kwirinda, nk’akarorero abo twigana, abo dukorana be n’abo duhura mu busuku. Ariko rero, ivyo biratandukanye rwose no kwifatanya na bo, mbere tukagiranira ubugenzi. Twoba twisigura ku bijanye n’igituma twifatanya na bo mu kuvuga yuko bafise kamere nzizanziza nyinshi? Bibiliya igabisha iti: “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Kor. 15:33) Nka kurya nyene umwanda mukeyi ushobora kwanduza amazi meza, ni ko no kugiranira ubugenzi n’abatayobokera Imana bishobora kwanduza kamere yacu y’ivy’impwemu, ivyo bigatuma dutangura kwiyumvira, kwambara, kuvuga no kwigenza nk’uko isi ibigira.
Ivyo dukora mu kwisamaza.
Ubuhinga bwa none buraturonsa bitagoranye ukwiruhura kw’ubwoko bwose, kwinshi muri kwo kukaba guteye amakenga canke kutabereye ku mukirisu. Paulo yanditse ati: ‘Ubuhumane bw’ubwoko bwose, no kuvugwa ntibukavugwe muri mwebwe.’ (Ef. 5:3) Tuvuge iki nimba umutima wacu ukwegerwa no kuraba canke kwumviriza ibintu bihumanye? Twoshobora kwiyumvira yuko umuntu wese akenera kwiruhura canke kwisamaza gatoyi be n’uko ukuntu abigira ari ikibazo kimwega. Mugabo nimuze dufate nkama iyo mpanuro ya Paulo ntiturabe canke ngo twumvirize ibintu bihumanye.
TURASHOBORA KUGIRA IVYO DUHINDUYE
Nimba twarakurikiye imigabo y’umutima wacu w’umuhemu maze tukagira akamenyero ko kuza turisigura ku bijanye n’inyifato itabereye, turashobora kugira ivyo duhinduye. (Ef. 4:22-24) Rimbura uburorero bubiri bwo mu gihe ca none.
Miguela yabwirijwe guhindura ukuntu yabona ibintu vy’umubiri. Avuga ati: “Twe n’umukenyezi wanje hamwe n’umuhungu wacu duturuka mu gihugu aho kuronka ibintu bigezweho kandi vyizavyiza vyo mu buhinga bwa none bibonwa ko bihambaye cane. Narigeze kuba nihebera ivyo kwironsa ibintu vyose nashobora kuronka muri iyi si, niyumvira yuko nari gushobora kugira ico kintu ntarinze kuba umuntu akunda amaronko. Bidatevye, naratahuye yuko kwiruka inyuma y’ibintu vy’umubiri kwari nko kujana ibarabara ritagira aho rigarukira. Narasenze Yehova ku bijanye n’ukuntu nabona ibintu no ku bijanye n’imigabo y’umutima wanje. Naramumenyesheje yuko uko tugize umuryango twipfuza kumusukurira bimwe bishitse. Twarashoboye gufata ingingo yo kworosha ubuzima bwacu no kwimukira aho vyari bikenewe kuruta ahandi. Bidatevye twarashoboye gukora ubutsimvyi. Twaratahuye yuko tudakeneye ibintu vyinshi vy’umubiri kugira ngo tugire ubuzima bumara akanyota kandi buhimbaye.”
Ivyashikiye Lee birerekana ukuntu kwisuzuma ata buryarya vyamufashije guheba ivyo kwifatanya n’abantu babi. Avuga ati: “Kubera akazi nakora, nama nifatanya n’abantu b’abanyamahanga bazana ibidandazwa. Nari nzi yuko kuri iyo mitororokano abantu bonyoye inzoga zirenze urugero, mugabo kuyijamwo vyarandyohera cane. Akatari gake narahakwa kuborerwa, mugabo mu nyuma nkicuza. Nabwirijwe gusuzuma umutima wanje ata buryarya. Impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana be n’inama nagiriwe n’abakurambere vyaramfashije gutahura yuko ico nariko ndondera vy’ukuri kwari ukwifatanya n’abantu badakunda Yehova. Ubu urudandazwa rwanje ndarugira biciye kuri telefone uko bishoboka kwose kandi ndagerageza kugabanya ivyo kubonana n’abo bazana ibidandazwa.”
Turakeneye kwisuzuma ata buryarya maze tukamenya imigabo y’umutima wacu. Uko tubigira, turakwiye kwitura Yehova kugira adufashe, twibuka yuko “[a]zi amabanga y’umutima.” (Zab. 44:21) Imana yaraturonkeje kandi Ijambo ryayo, irishobora kutubera nk’icirore. (Yak. 1:22-25) Ivyibutsa be n’impanuro turonka biciye ku bisohokayandikiro vya gikirisu no ku makoraniro yacu, na vyo nyene biradufasha. Tubifashijwemwo n’izo ntunganyo, turashobora kurinda umutima wacu no kuguma tugendera mu nzira z’ubugororotsi.
a Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.