Abakirisu barerekana ubuninahazwa bwa Yehova
“Amaso yanyu arahiriwe, kukw abona, n’amatwi yanyu, kuko yumva”.—Matayo 13:16.
1. Ni ikibazo ikihe kiza mu bwenge uravye ukuntu Abisirayeli bavyifashemwo imbere ya Musa ku Musozi Sinayi?
BA BISIRAYELI bari bakoraniye hamwe ku Musozi Sinayi bari bafise imvo yumvikana yo kwiyegereza Yehova. Nakare, yari yarababohoje abakura mu Misiri akoresheje ukuboko kw’inkomezi. Yarabaronkeje ivyo bari bakeneye, arabaha imfungurwa n’amazi mu bugaragwa. Ubukurikira, yarabafashije baranesha ingabo z’Abamaleki zari zabateye (Kuvayo 14:26-31; 16:2–17:13). Igihe bari bashagaje mu bugaragwa imbere y’Umusozi Sinayi, baratewe ubwoba n’imituragaro be n’imiravyo gushika n’aho bahinda agashitsi. Mu nyuma, barabonye Musa amanuka avuye ku Musozi Sinayi, mu maso hiwe hakayangana ubuninahazwa bwa Yehova. Yamara, aho guca batangazwa n’ico kintu bakabona ko ari ubuninahazwa bwa Yehova, baciye bahinda basubira inyuma. ‘Baratinye kwegera Musa’ (Kuvayo 19:10-19; 34:30). Ni kubera iki batinye kwitegereza iyerekanwa ry’ubuninahazwa bwa Yehova, uwari yarabakoreye ibintu vyinshi gutyo?
2. Ni igiki gishobora kuba caratumye Abisirayeli bagira ubwoba aho baboneye bwa buninahazwa bw’Imana bwakayangana kuri Musa?
2 Ubwoba Abisirayeli bagize ico gihe, ahanini bushobora kuba bwari bufitaniye isano n’ivyari vyarabaye. Igihe bagambararira Yehova n’ibigirankana mu gukora imasa y’inzahabu, yarabatoje indero (Kuvayo 32:4, 35). Boba barigiye ku gutozwa indero na Yehova bakongera bakagukenguruka? Oya, benshi ntibabigize. Musa ari hafi gupfa, yarabibukije ivya ca gihe c’imasa y’inzahabu hamwe n’ibindi bihe Abisirayeli bagambarariye Yehova. Yababwiye ati: “Mwa[ra]gararije ico Uhoraho Imana yanyu yabagezeko, ntimwamwizera canke ngo mwumvire ijwi ryiwe. Mbere mwagiye mugarariza Uhoraho, uhereye ku musi natanguriyeko kubamenya”.—Gusubira mu vyagezwe 9:15-24.
3. Ni ibiki Musa yakora ku bijanye no kwitwikira mu maso?
3 Rimbura ivyo Musa yagira kubera ubwoba Abisirayeli bagize. Iyo nkuru igira iti: “Mose amaze ku[vugana na bo, yaca] yitwikira mu maso. Arikw iyo yinjiye [mw’ihema] imbere y’Uhoraho ngw abonane na we, yakūra uwo mwitwikiro gushitsa asohotse; amaze gusohoka agashikiriza Abisirayeli ivyo abariwe; Abisirayeli bakabona mu maso ha Mose haca ibibatsi; Mose akīsubizako wa mwitwikiro, gushitsa yongeye kwinjira ngw abonane n’Uhoraho” (Kuvayo 34:33-35). Ni kubera iki rimwe na rimwe Musa yashira umwitwikiro mu maso? Ivyo dushobora kuvyigirako iki? Inyishu z’ivyo bibazo zirashobora kudufasha kuraba aho ubucuti dufitaniye na Yehova bugera.
Baragishije uturyo bari bafise
4. Ni insobanuro iyihe intumwa Paulo ahishura ku bijanye na kwa kwambara umwitwikiro kwa Musa?
4 Intumwa Paulo yarasiguye yuko ukwambara umwitwikiro kwa Musa kwari gufitaniye isano n’ukuntu mu mizirikanyi y’Abisirayeli no mu mitima yabo hari hameze. Paulo yanditse ati: ‘Abisirayeli ntibashobora gutumbera mu maso ha Musa kubera ubuninahazwa bwo mu maso hiwe. Imitima yabo irakomantara’ (2 Ab’i Korinto 3:7, 14). Ese ukuntu ivyo vyari bibabaje! Abisirayeli bari ihanga Yehova yitoranirije, kandi yashaka ko bamwiyegereza (Kuvayo 19:4-6). Yamara, baratinye gutumbera canke guhanga amaso iryo yerekanwa ry’ubuninahazwa bw’Imana. Aho guhindukiriza imitima yabo n’imizirikanyi yabo kuri Yehova babigiranye ukuyoboka kurangwa urukundo, mu buryo bunaka baramuteye umugongo.
5, 6. (a) Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bafitaniye isano gute na ba Bisirayeli bo mu gihe ca Musa? (b) Ni itandukaniro irihe ryari hagati y’abumvirije Yezu n’abatamwumvirije?
5 Hari ikintu nk’ico cabaye mu kinjana ca mbere G.C. Igihe Paulo yahindukirira ubukirisu, isezerano ry’Ivyagezwe ryari ryarasubiriwe n’isezerano rishasha, umuhuza waryo akaba yari Yezu Kirisitu, umwe Musa Mukuru. Yezu yarerekanye bimwe bitagira agahaze ubuninahazwa bwa Yehova mu mvugo no mu ngiro. Ku vyerekeye Yezu uwari yarazutse, Paulo yanditse ati: ‘Uwo ni ugukayangana kw’ubuninahazwa bw’Imana, n’ishusho ya kameremere kayo’ (Abaheburayo 1:3). Ese akaryo keza igitangaza kari aho Abayuda bari bafise! Bari gushobora kwumva amajambo y’ubuzima budahera Umwana w’Imana ubwiwe yavuga! Ikibabaje, benshi mu bo Yezu yabwira inkuru nziza ntibamwumviriza. Ku biberekeye, Yezu yasubiyemwo ubuhanuzi Yehova yavuze abicishije kuri Yesaya ati: “Umutima w’ubu bgoko u[ra]curamye, amatwi yabo [ni] bihurugutwi, amaso yabo ba[r]ayahumiriza ngo ntibarabishe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima ngo bahindukire, mbakize”.—Matayo 13:15; Yesaya 6:9, 10.
6 Hariho itandukaniro rikomeye hagati y’Abayuda n’abigishwa ba Yezu, abo Yezu yavuze ku biberekeye ati: “Amaso yanyu arahiriwe, kukw abona, n’amatwi yanyu, kuko yumva” (Matayo 13:16). Abakirisu b’ukuri barashashaye kumenya Yehova no kumukorera. Barahimbarwa no gukora ivyo agomba nk’uko bihishurwa muri Bibiliya. Abakirisu basizwe baraheza bakerekana ubuninahazwa bwa Yehova mu busuku barangura bw’isezerano rishasha, kandi n’abo mu zindi ntama ni ukwo nyene bagira.—2 Ab’i Korinto 3:6, 18.
Igituma inkuru nziza itwikirwa
7. Ni kubera iki bitadutangaza kubona abantu benshi batera akagere inkuru nziza?
7 Nk’uko twabibonye, mu gihe ca Yezu no mu gihe ca Musa hose, benshi mu Bisirayeli barateye akagere akaryo kadasanzwe bari baronse. Ibintu vyifashe gutyo nyene no mu gihe cacu. Abantu benshi baratera akagere inkuru nziza tubashikiriza. Ivyo ntibidutangaza. Paulo yanditse ati: “Ariko namb’ubutumwa bgiza twahawe butwikirwa, butwikirirwa abahona, ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima” (2 Ab’i Korinto 4:3, 4). Turetse utwigoro Shetani agira two guhisha inkuru nziza, abantu benshi baritwikira mu maso kubera ko badashaka kubona.
8. Ni mu buryo ubuhe abantu benshi bahumishijwe n’ukutamenya, kandi twokwirinda gute kumera nka bo?
8 Amaso y’ikigereranyo ya benshi yarahumishijwe n’ukutamenya. Bibiliya ivuga ku vyerekeye amahanga yuko ‘ivyiyumviro vyayo biri mu mwiza, be n’uko yatandukanijwe n’ubuzima buva ku Mana ku bw’ukutamenya kuri muri yo’ (Abanyefeso 4:18). Imbere y’uko Paulo aba umukirisu, akaba yari umuntu azi cane Ivyagezwe, yari yarahumishijwe cane n’ukutamenya ku buryo yahama ishengero ry’Imana (1 Ab’i Korinto 15:9). Yamara, Yehova yaramuhishuriye ukuri. Paulo asigura ati: “Icatumye ngirirwa ikigongwe n’ukugira ngo Yesu Kristo yerekanire muri jewe gahebuza, ukwihangana kwiwe kwose, mbe icitegererezo c’abazomwizera bakaronka ubu[zima] budashira” (1 Timoteyo 1:16). Cokimwe na Paulo, abantu benshi bahora barwanya ukuri kw’Imana, ubu bariko barayikorera. Iyo ni imvo yumvikana yotuma tubandanya gushinga intahe no ku baturwanya. Muri ico gihe nyene, twize Ijambo ry’Imana tudahorereza tukongera tukaritahura, biraturinda gukora ibintu bidahimbara Yehova tubitumwe n’ukutamenya.
9, 10. (a) Abayuda bo mu kinjana ca mbere berekanye gute ko batagomba kwigishwa be n’uko bumira ku vyiyumviro vyabo? (b) Mu biyita abakirisu muri iki gihe, hoba hariho ibintu bisa n’ivyo? Sigura.
9 Abenshi ntibashobora kubona mu buryo bw’impwemu kubera yuko batagomba kwigishwa bakaba kandi bumira ku vyiyumviro vyabo. Abayuda benshi barateye akagere Yezu be n’inyigisho ziwe kubera yuko baguma bumiye rwose ku Vyagezwe vya Musa. Ariko ntiwumve, si bose bagumye bavyumiyeko. Nk’akarorero, Yezu amaze kuzurwa, ‘abaherezi b’akavuvu baratanguye kwumvira ukwizera’ (Ivyakozwe n’intumwa 6:7). Yamara rero, Paulo yanditse ku vyerekeye benshi cane mu Bayuda ati: “Gushitsa n’ubu, ivya Mose iyo bisomwa ico citwikiro kiba ku mitima yabo” (2 Ab’i Korinto 3:15). Paulo ashobora kuba yari azi ivyo Yezu yari yarabwiye indongozi z’idini y’Abayuda ati: “Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubu[zima] budashira, kand’ari vyo binshingira intahe” (Yohana 5:39). Ivyanditswe basesangura cane vyari bikwiye kubafasha kubona yuko Yezu yari we Mesiya. Ariko rero, Abayuda bari bifitiye ivyiyumviro vyabo bwite, eka mbere n’Umwana w’Imana, naho yakora ibitangaro, vyarananiranye ko abashwirura.
10 Ivyo ni ko biri no mu biyita abakirisu benshi muri iki gihe. Cokimwe na ba Bayuda bo mu kinjana ca mbere, “ba[ra]fise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge” (Abaroma 10:2). Naho bamwebamwe biga Bibiliya, ntibashaka kwemera ivyo ivuga. Baranka kwemera yuko Yehova yigisha abasavyi biwe abicishije ku mugwi wiwe w’umushumba wo kwizigirwa w’ubwenge ugizwe n’abakirisu basizwe (Matayo 24:45). Ariko tweho turatahura yuko Yehova ariko arigisha abasavyi biwe be n’uko bamye nantaryo batahura ukuri kw’Imana intambwe ku yindi (Imigani 4:18). Turetse Yehova akatwigisha, turamenya ivyo agomba be n’imigambi yiwe.
11. Ivyiyumviro abantu ubwabo bashima vyagize uruhara uruhe mu vyo guhisha ukuri?
11 Abandi bahumwa amaso n’ivyiyumviro bo ubwabo bashima. Vyari vyarabuwe ko bamwebamwe bocokoye canke botwengeye mw’ijigo abasavyi b’Imana n’ubutumwa bamamaza bwerekeye ukuhaba kwa Yezu. Intumwa Petero yanditse ati: “Biyobagiza ibigirankana [iki kintu]”, ni ukuvuga ic’uko Imana yarungitse umwuzure kw’isi yo mu gihe ca Nowa (2 Petero 3:3-6). Muri ubwo buryo nyene, benshi mu bavuga ngo ni abakirisu bariyemerera icese yuko Yehova agaragaza imbabazi, ubuntu, n’ikigongwe; yamara bariyobagiza canke bakanka kwemera ivy’uko adakura igihano ku muntu (Kuvayo 34:6, 7). Abakirisu b’ukuri baritwararika gutahura ivyo Bibiliya yigisha vy’ukuri.
12. Abantu bahumwe amaso gute n’imigenzo?
12 Abantu batari bake bama baja gusenga, barahumwe amaso n’imigenzo. Yezu yabwiye indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe ati: “Mwatītūye ijambo ry’Imana kubg’imigenzo yanyu” (Matayo 15:6). Aho Abayuda bamariye kuva mu bunyagano i Babiloni, barasubijeho babigiranye umwete ugusenga gutyoroye, yamara abaherezi ubwabo baragize ubwibone bongera bibona ubugororotsi. Imisi mikuru y’ivy’idini yahindutse ikintu c’uguheza umwuga abantu bagira batabitumwe n’icubahiro nyakuri kigera kure bafitiye Imana (Malaki 1:6-8). Mu gihe ca Yezu, abanyabwenge b’Ivyanditswe n’abafarizayo bari barongeye imigenzo itagira uko ingana ku Vyagezwe vya Musa. Yezu yarashize ku kabarore abo bagabo avuga ko ari indyarya kubera ko batari bagitahura ingingo ngenderwako zigororotse Ivyagezwe vyari bishingiyeko (Matayo 23:23, 24). Abakirisu b’ukuri bategerezwa kuba maso ntibareke ngo imigenzo y’idini yashinzwe n’abantu ibakure mu gusenga gutyoroye.
‘Kubona Umwe ataboneka’
13. Ni mu buryo bubiri ubuhe Musa yabonye agace gatoyi k’ubuninahazwa bw’Imana?
13 Igihe Musa yari ku musozi, yasavye kubona ubuninahazwa bw’Imana, kandi ni ko yarabonye udusigarira tw’ubuninahazwa bwa Yehova. Igihe yaba yinjiye mw’ihema, ntiyambara umwitwikiro. Musa yari umuntu afise ukwizera kugera kure yipfuza gukora ivyo Imana igomba. Naho yatewe agateka ko kwerekwa agace gatoyi k’ubuninahazwa bwa Yehova, mu buryo bunaka yari amaze kubona Imana n’amaso y’ukwizera. Bibiliya ivuga ko Musa ‘yashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka’ (Abaheburayo 11:27; Kuvayo 34:5-7). Vyongeye, yarerekanye ubuninahazwa bw’Imana, atari gusa muri ukwo guca ibibatsi mu maso mu kiringo kinaka, ariko kandi no mu kugira utwigoro two gufasha Abisirayeli kumenya Yehova no kumukorera.
14. Ni mu buryo ubuhe Yezu yiboneye ubuninahazwa bw’Imana, kandi yahimbarwa n’iki?
14 Mw’ijuru, Yezu yamaze ikiringo kirekire cane yibonera imbonankubone ubuninahazwa bw’Imana, akaba yatanguye kububona n’imbere y’uko ibiriho vyose biremwa (Imigani 8:22, 30). Muri ico kiringo cose, baragiraniye ubucuti burangwa urukundo n’igishika. Yehova Imana yaragaragarije iyo mfura mu vyaremwe vyose urukundo be n’igishika birimwo ikibabarwe c’agaheta. Yezu na we yaragaragarije urukundo n’igishika bigera kure Imana yamuhaye ubuzima (Yohana 14:31; 17:24). Urukundo bari bafitaniye rwari urukundo rutagira agahaze hagati ya Se n’Umwana. Nka kumwe kwa Musa, Yezu yarahimbarwa no kwerekana ubuninahazwa bwa Yehova mu vyo yigisha.
15. Ni mu buryo ubuhe abakirisu bitegereza ubuninahazwa bw’Imana?
15 Nka kumwe kwa Musa na Yezu, Ivyabona vy’Imana bo mu gihe ca none bari kw’isi barashashaye kwitegereza ubuninahazwa bwa Yehova. Ntibateye akagere inkuru nziza ininahaye. Intumwa Paulo yanditse ati: “Iy’umuntu ahindukiriye Umwami [Yehova agakora ivyo agomba], ico citwikiro gica gikūrwaho” (2 Ab’i Korinto 3:16). Twiga Ivyanditswe kubera ko dushaka gukora ivyo Imana igomba. Turatamarira ubuninahazwa bukayangana mu maso h’Umwana wa Yehova akaba n’Umwami yasizwe ari we Yezu Kirisitu, tukongera tukigana akarorero kiwe. Cokimwe na Musa be na Yezu, twarashinzwe ubusuku bujanye no kwigisha abandi ivya ya Mana ininahaye dusenga.
16. Ni kubera iki kuba tuzi ukuri ari umuhezagiro?
16 Yezu yasenze ati: “Ndaguhimbaza, Data, . . . kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya” (Matayo 11:25). Yehova aratuma abantu b’inziraburyarya kandi bicisha bugufi mu mutima batahura imigambi yiwe na kamere yiwe (1 Ab’i Korinto 1:26-28). Ubu turakingirwa na we kandi aratwigisha ibitugirira ikimazi, kugira nto twungukire ku buzima bimwe bishitse. Nimuze ntitugishe akaryo na kamwe turonka ko kwiyegereza Yehova, dukenguruke intunganyo nyinshi yashizeho kugira ngo turushirize kumumenya neza.
17. Dushobora gute kurushiriza kumenya kamere za Yehova mu buryo bushitse?
17 Paulo yandikiye abakirisu basizwe ati: ‘Ata gitwikiro mu maso, turerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova kandi turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu buninahazwa tukaja mu bundi’ (2 Ab’i Korinto 3:18). Icizigiro cacu caba ic’ukuba mw’ijuru canke ic’ukuba kw’isi, uko turushiriza kumenya Yehova, ni ukuvuga kamere ziwe n’ukuntu ameze nk’uko vyerekanwa muri Bibiliya, ni ko turushiriza kumera nka we. Nitwazirikana ku buzima bwa Yezu Kirisitu, ku busuku bwiwe no ku nyigisho ziwe tubigiranye ugukenguruka, tuzorushiriza kugaragaza kamere za Yehova mu buryo bushitse. Ese ukuntu ari umunezero kumenya yuko dushemeza Imana yacu, imwe turondera kwerekana ubuninahazwa bwayo!
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki Abisirayeli batinye
kuraba ubuninahazwa bw’Imana Musa yerekanye?
• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe inkuru nziza “yatwikiriwe” mu kinjana ca mbere no mu gihe cacu?
• Twerekana gute ubuninahazwa bw’Imana?
[Ifoto ku rup. 19]
Abisirayeli ntibashoboye gutumbera mu maso ha Musa
[Ifoto ku rup. 21]
Cokimwe na Paulo, abantu benshi bahora barwanya ukuri kw’Imana, ubu bariko barayikorera
[Amafoto ku rup. 23]
Abasavyi ba Yehova barahimbarwa no kwerekana ubuninahazwa bwiwe