Woba uzokwerekana ubuninahazwa bw’Imana?
‘Turerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova’.—2 AB’I KORINTO 3:18, NW.
1. Musa yabonye iki, kandi ni ibiki vyabaye mu nyuma?
CARI kimwe mu bintu biteye akoba kuruta ibindi vyose ata wundi muntu n’umwe yari bwigere acerekwa. Musa ari wenyene ku Musozi Sinayi, yaremerewe kugirirwa ikintu kidasanzwe yari yasavye. Yemerewe kubona ikintu ata wundi muntu n’umwe yari bwigere abona, ni ukuvuga ubuninahazwa bwa Yehova. Ariko ntiwumve, Musa ntiyabonye Yehova amaso mu yandi. Imana irakayangana cane ku buryo ata muntu yoshobora kuyiraba ngo abeho. Ahubwo riho, Yehova yarakingirije Musa “urushi” rwiwe gushika arenganye, bikaba biboneka ko yakoresheje umumarayika aba ari we amuserukira. Yehova yaciye areka Musa arabona udusigarira tw’ubwo buninahazwa bwiwe bwari buhejeje kwerekanwa. Yehova yaravuganye kandi na Musa abicishije ku mumarayika. Bibiliya idondora ivyabaye mu nyuma iti: ‘Igihe Musa yamanuka umusozi Sinayi, mu maso hiwe haraca ibibatsi kubera yari yavuganye na Yehova’.—Kuvayo 33:18–34:7, 29, NW.
2. Intumwa Paulo yanditse iki ku bijanye n’ubuninahazwa abakirisu berekana?
2 Iyumvire uri kumwe na Musa kuri uwo musozi. Ese ingene vyari kuba biteye akamwemwe kubona ubwiza bukayangana bw’Imana Mushoboravyose ukongera ukumviriza amajambo yiwe! Ese ingene kari kuba agateka kumanuka Umusozi Sinayi uri kumwe na Musa, wa muhuza w’isezerano ry’Ivyagezwe! Wari uzi none ko abakirisu b’ukuri berekana ubuninahazwa bw’Imana mu buryo bunaka, mbere bakabwerekana mu buryo burengeye ubwo Musa yabwerekanyemwo? Ico kintu gihambaye tugisanga mw’ikete ryanditswe n’intumwa Paulo. Yanditse yuko abakirisu basizwe ‘berekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova’ (2 Ab’ i Korinto 3:7, 8, 18, NW). Abakirisu bafise icizigiro co kuzoba kw’isi na bo nyene hari ukuntu berekana ubuninahazwa bw’Imana.
Ingene abakirisu berekana ubuninahazwa bw’Imana
3. Twashitse gute ku kumenya Yehova ku rugero Musa atashikanyeko?
3 Twoshobora gute none kwerekana ubuninahazwa bw’Imana? Ntitwabonye Yehova nk’uko Musa yamubonye canke ngo tumwumve nk’uko Musa yamwumvise. Ariko rero, twarashitse ku kumenya Yehova ku rugero Musa atashikanyeko. Yezu yagiye kuboneka ari Mesiya haheze nk’imyaka 1.500 Musa apfuye. Ku bw’ivyo, Musa ntiyashobora kumenya ingene Ivyagezwe vyorangukiye kuri Yezu, uwapfuye kugira ngo akure abantu mu gahahazo gakomeye k’icaha n’urupfu (Abaroma 5:20, 21; Ab’i Galatiya 3:19). Vyongeye, Musa yabona mu buryo buri n’aho bugarukira gusa ubwiza buhebuje bw’umugambi wa Yehova ushingiye ku Bwami burongowe na Mesiya be n’Iparadizo yo kw’isi buzozana. Rero, ntitubona ubuninahazwa bwa Yehova n’aya maso turabisha, ariko tububona dukoresheje amaso y’ukwizera gushingiye ku nyigisho za Bibiliya. N’ikigeretseko, twarumvise ijwi rya Yehova, bidaciye ku mumarayika, ariko biciye kuri Bibiliya, na canecane biciye ku Njili, izidondora mu buryo bwiza cane inyigisho za Yezu be n’ubusuku bwiwe.
4. (a) Abakirisu basizwe berekana gute ubuninahazwa bw’Imana? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe abafise icizigiro co kuzoba kw’isi berekana ubuninahazwa bw’Imana?
4 Naho abakirisu baterekana ubuninahazwa bw’Imana biciye ku mishwarara irasa ivuye mu maso habo, hari ukuntu mu maso habo hakayangana igihe babwira abandi ivyerekeye kamere ininahaye ya Yehova be n’imigambi yiwe. Ku biraba igihe cacu, umuhanuzi Yesaya yabuye yuko abasavyi b’Imana “[bokwiganiye] amahanga icubahiro [canke, “ubuninahazwa”, NW]” bwa Yehova (Yesaya 66:19). Vyongeye, mu 2 Ab’i Korinto 4:1, 2 tuhasoma aya majambo agira ati: “Kuko dufise ubgo busuku, . . . [t]wanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese”. Paulo yariko avuga canecane abakirisu basizwe ari bo “bakozi b’isezerano risha” (2 Ab’i Korinto 3:6). Mugabo ubusuku bwabo bwaragize ico buhinduye ku bantu amasinzi baronse icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera. Ubusuku abakirisu basizwe be n’abo mu zindi ntama barangura burimwo ukwerekana ubuninahazwa bwa Yehova atari gusa mu vyo bigisha, ariko kandi no mu kuntu babayeho. Turafise rero ibanga be n’agateka vyo kwerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa ya Mana Musumbavyose.
5. Ugusagamba kwacu kwo mu vy’impwemu gutanga ikimenyamenya c’iki?
5 Muri iki gihe, inkuru nziza ininahaye y’Ubwami iriko iramamazwa kw’isi yose nk’uko Yezu yabivuze (Matayo 24:14). Abantu bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose barakiranye akanyamuneza inkuru nziza bongera barahindura ubuzima bwabo kugira bakore ivyo Imana igomba (Abaroma 12:2; Ivyahishuriwe 7:9). Cokimwe n’abakirisu bo mu ntango, ntibashobora kureka kuvuga ivyo babonye n’ivyo bumvise (Ivyakozwe n’intumwa 4:20). Abantu barenga imiliyoni zitandatu bariko barerekana ubuninahazwa bw’Imana muri iki gihe kuruta ikindi gihe ico ari co cose cigeze kubaho. Woba uri muri bo? Ugusagamba kwo mu vy’impwemu kw’abasavyi b’Imana kuratanga ikimenyamenya kijijura c’uko Yehova ariko abahezagira kandi akabakingira. Ivy’uko impwemu ya Yehova iri kuri twebwe birarushiriza kwibonekeza uravye inguvu zikomeye cane ziturwanya. Reka ubu na ho turabe igituma dukeneye impwemu y’Imana.
Nta wuzonumya abasavyi b’Imana
6. Ni kubera iki bisaba ukwizera n’uburindutsi kugira ngo dushigikire Yehova?
6 Dufate ko uhamagawe muri sentare kuba isura yagiriza umwicanyi ruburakigongwe. Urazi ko uwo mwicanyi afise ishirahamwe rikomeye kandi ko azokoresha uburyo bwose afise kugira akubuze gushira ahabona ivyaha yakoze. Kwagiriza umwicanyi nk’uwo vyogusaba kugira uburindutsi no kwizigira yuko abategetsi bogukingira ngo ntakugirire nabi. Ivyacu vyifashe nk’ukwo nyene. Mu gushingira intahe Yehova n’imigambi yiwe, tuba tubaye isura yagiriza Shetani wa Mucokoranyi, tugashira ahabona ivy’uko ari umwicanyi n’umubeshi ariko azimiza abari kw’isi yose (Yohana 8:44; Ivyahishuriwe 12:9). Kugira ngo ushigikire Yehova maze urwanye Shetani, bisaba ukwizera n’uburindutsi.
7. Shetani afise ububasha bushika hehe, kandi ni ibiki agerageza gukora?
7 Ni vyo, Yehova ni we Musumbavyose. Ububasha afise burarengeye kure n’iyo ubwo Shetani afise. Turashobora kwizigira tudakeka yuko Yehova adashoboye gusa kudukingira uko tumukorera tudahemuka, ariko kandi ko ashashaye no kubigira (2 Ngoma 16:9). Naho bimeze gutyo, Shetani ni we mutware w’amadayimoni akongera akaba umutware w’iyi si y’abantu bonkowe ku Mana (Matayo 12:24, 26; Yohana 14:30). Shetani, ari aho yagumijwe mu micungararo y’isi kandi akaba afise “inzigo nyinshi”, ararwanya bimwe bikomeye abasavyi ba Yehova akongera agakoresha iyi si iri mu bubasha bwiwe kugira agerageze kunumya abamamaza inkuru nziza bose (Ivyahishuriwe 12:7-9, 12, 17). Ivyo abikora gute? Abikora n’imiburiburi mu buryo butatu.
8, 9. Shetani akoresha gute urukundo rutabereye, kandi ni kubera iki dukwiye kwitonda igihe duhitamwo abagenzi?
8 Uburyo bwa mbere Shetani akoresha mu kugerageza kudusamaza ni imyitwarariko y’ubuzima. Abantu bo muri iyi misi y’iherezo ni inkunzi z’amahera, abikunda be n’abakunda ibibahimbara. Ntibakunda ivy’Imana (2 Timoteyo 3:1-4). Abantu benshi bishinga kwitwararika ibintu vyo mu buzima bwa misi yose, ivyo bigatuma ‘batagira ico bamenya’ ku bijanye n’inkuru nziza tubashira. Ivy’ukwiga ukuri kwo muri Bibiliya ntubabaze (Matayo 24:37-39). Agatima nk’ako karashobora kutwandukira, kagatuma tuba goyigoyi mu vy’impwemu. Turetse ugukunda ibintu vy’umubiri n’ibinezereza vyo mu buzima kukadutsimbataramwo, urukundo dukunda Imana ruzotimba.—Matayo 24:12.
9 Ku bw’ivyo, abakirisu baritonda igihe bahitamwo abagenzi. Wa Mwami Salomo yanditse ati: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka” (Imigani 13:20). Nimuze ‘tugendane’ n’aberekana ubuninahazwa bw’Imana. Urazi ukuntu ivyo biryoshe! Twifatanije n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bo mu buryo bw’impwemu ku makoraniro yacu be no mu bindi bihe, turaremeshwa n’urukundo rwabo, ukwizera kwabo, umunezero wabo be n’ubukerebutsi bwabo. Ukwifatanya n’abandi kwiza nk’ukwo kurakomeza umwiyemezo twagize wo kubandanya kurangura ubusuku bwacu.
10. Shetani atuma aberekana ubuninahazwa bw’Imana batyekezwa gute?
10 Uburyo bugira kabiri Shetani akoresha mu kugerageza gutuma abakirisu bose bahagarika kwerekana ubuninahazwa bw’Imana, ni ugutyekezwa. Ubwo buryo akoresha ntibukwiye kudutangaza. Yezu Kirisitu mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi, yaratyekejwe: baramutwenze, baramuhema, baramushinyagurira, baramutetereza, baranamuvuma amate (Mariko 5:40; Luka 16:14; 18:32). N’abakirisu bo mu ntango barabatwengeye mw’ijigo (Ivyakozwe n’intumwa 2:13; 17:32). Abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe barabatwengera mw’ijigo mu buryo nk’ubwo. Nakare, dufatiye ku vyo intumwa Petero yavuze, bokwiswe ngo ni abahanuzi b’ikinyoma. Petero yavuze ati: “Mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo, babaza, bat’Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk[o] . . . vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi” (2 Petero 3:3, 4). Hari abatyekeza abasavyi b’Imana mu kuvuga yuko ngo batabona ibintu nk’uko biri koko. Ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zijanye n’ivy’ukwigenza runtu zibonwa nk’izataye igihe. Abatari bake babona ko ubutumwa twamamaza ari ubupfu (1 Ab’i Korinto 1:18, 19). Kubera ko turi abakirisu, twoshobora gutyekezwa kw’ishure, ku kazi, eka mbere rimwe na rimwe no mu muryango. Aho guteshwa ngo dute, turabandanya kwerekana ubuninahazwa bw’Imana mu kwamamaza, tuzi yuko Ijambo ry’Imana ari ryo kuri nk’uko Yezu yari abizi.—Yohana 17:17.
11. Shetani yakoresheje gute uruhamo kugira agerageze kunumya abakirisu?
11 Uburyo bugira gatatu Shetani akoresha mu kugerageza kutunumya ni ukurwanywa canke uguhamwa. Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje” (Matayo 24:9). Tuvugishije ukuri, twarahamwe bimwe bikomeye mu mihingo myinshi yo kw’isi kubera ko turi Ivyabona vya Yehova. Turazi yuko Yehova yabuye kuva kera na rindi ko hobaye urwanko canke inyankane hagati y’abakorera Imana n’abakorera Shetani wa Mucokoranyi (Itanguriro 3:15). Turazi kandi yuko tugumye turi intadohoka mu bigeragezo, tuba twemeje ko Yehova ari we afise uburenganzira bwo kugaba no kuganza ibiriho vyose. Kumenya ivyo birashobora kudukomeza naho twoba turi mu bintu bigoye cane gute. Nta ruhamo ruzokwigera rutunumya ubutagisubira kuvuga nitwaguma twiyemeje kwerekana ubuninahazwa bw’Imana.
12. Ni kubera iki dukwiye kunezerwa igihe Shetani aturwanije ariko tukaguma turi intahemuka?
12 Woba unanira ibintu bikwegakwega vy’isi kandi ukagaragaza ko uri intahemuka naho boba bagutyekeza canke bakurwanya? Muri ico gihe, urafise imvo yo kunezerwa. Yezu yasubirije umutima mu nda abobaye abayoboke biwe ati: “Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye. Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere” (Matayo 5:11, 12). Ukwihangana kwawe kuratanga ikimenyamenya c’uko impwemu yera ikomeye ya Yehova iri kuri wewe, ikagukomeza kugira werekane ubuninahazwa bwiwe.—2 Ab’i Korinto 12:9.
Ukwihangana tugukesha Yehova
13. Ni imvo nyamukuru iyihe ituma twihangana mu busuku bwacu bwa gikirisu?
13 Imvo nyamukuru ituma twihangana mu busuku ni uko dukunda Yehova kandi tugahimbarwa no kwerekana ubuninahazwa bwiwe. Abantu usanga bagomba kwigana abo bakunda kandi bubaha, bisubiye, nta n’umwe abereye kwiganwa kuruta Yehova Imana. Kubera urukundo rwinshi afise, yararungitse Umwana wiwe kw’isi gushingira intahe ukuri no gucungura abantu bagamburuka (Yohana 3:16; 18:37). Cokimwe n’Imana, turipfuza yuko abantu b’uburyo bwose bashika ku kwigaya maze bagakizwa. Iyo ni yo mvo ituma tubabwira inkuru nziza (2 Petero 3:9). Ico cipfuzo, gifatanije n’umwiyemezo wacu wo kwigana Imana, kiratuvyurira umutima wo gushishikara kwerekana ubuninahazwa bwayo biciye ku busuku turangura.
14. Yehova adukomeza gute kugira ngo twihangane mu busuku bwacu?
14 Ariko ahanini, inkomezi zidufasha kwihangana mu busuku bwacu bwa gikirisu tuzihabwa na Yehova. Aratubungabunga akongera akadukomeza biciye ku mpwemu yiwe, kw’ishirahamwe ryiwe no kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Yehova ‘araha ukwihangana’ abafise umutima ukunze wo kwerekana ubuninahazwa bwiwe. Arishura amasengesho tumutura akongera akaduha ubukerebutsi budufasha kumenya ingene tuvyifatamwo mu bigeragezo (Abaroma 15:5; Yakobo 1:5). N’ikindi kandi, Yehova ntareka ngo tugeragezwe n’ikigeragezo na kimwe tutoshobora kwihanganira. Nimba tumwizigira, azoducira icanzo kugira ngo tubandanye kwerekana ubuninahazwa bwiwe.—1 Ab’i Korinto 10:13.
15. Ni igiki kidufasha kwihangana?
15 Kwihangana mu busuku bwacu biratanga ikimenyamenya c’uko impwemu y’Imana iri kuri twebwe. Tubitangire akarorero: Dufate ko hari uwagusavye kugenda uratanga ubwoko bunaka bw’imikate inzu ku nzu, ukayitanga ku buntu. Wabwiwe kubigira ukoresheje amahera yawe n’umwanya wawe. Ikindi kandi, bidatevye umenye yuko abantu bake cane gusa ari bo bashaka iyo mikate yawe; mbere hari n’abazorwanya utwigoro ugira two kugenda urayitanga. Wibaza ko wobandanya gukora ico gikorwa amezi n’amezi, imyaka n’imyaka? Kumbure hari aho utobandanya. Yamara, hari aho woba waragize akigoro gakomeye uramamaza inkuru nziza mu kiringo c’imyaka itari mike canke mbere mirongo, ukoresheje umwanya wawe n’amahera yawe. Ni kubera iki wabigize? Si uko none ukunda Yehova be n’uko akoresheje impwemu yiwe yahezagiye utwigoro wagize mu kugufasha kwihangana? Me!
Igikorwa c’intibagirwa
16. Kwihangana mu busuku bwacu bimaze iki kuri twebwe no ku batwumviriza?
16 Ubusuku bw’isezerano rishasha ni ingabirano ntangere (2 Ab’i Korinto 4:7). Ubusuku bwa gikirisu abo mu zindi ntama barangurira hirya no hino kw’isi na bwo nyene ni ubutunzi. Uko ubandanya kwihangana mu busuku bwawe, urashobora “kwikizanya n’abakwumva”, nk’uko Paulo yabivuze igihe yandikira Timoteyo (1 Timoteyo 4:16). Iyumvire ico ivyo bisobanura. Inkuru nziza wamamaza iraronsa abandi akaryo ko gushobora kubaho ibihe bidahera. Urashobora kugiranira ubugenzi bukomeye n’abo ufasha mu vy’impwemu. Iyumvire nawe ingene bizoba binezereye kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo uri kumwe n’abo wafashije kwiga ivyerekeye Imana! Vy’ukuri, ntibazokwigera bibagira utwigoro wagize two kubafasha. Ese ukuntu ico kizoba ari ikintu gituma uhera akanyota!
17. Ni kubera iki igihe cacu ari igihe kidasanzwe kuva abantu babayeho?
17 Ubayeho mu kiringo kidasanzwe kuva abantu babayeho. Inkuru nziza ntizokwigera isubira kwamamazwa mw’isi yonkowe ku Mana. Nowa yaba mw’isi nk’iyo, kandi yariboneye ingene ikurwaho. Ese ingene ategerezwa kuba yarahimbawe no kuba azi ko yakoze ivyo Imana igomba adahemuka mu kwubaka ubwato, ubwo we n’umuryango wiwe bahavuye bakirizwamwo (Abaheburayo 11:7)! Na wewe urashobora kugira umunezero nk’uwo. Iyumvire hewe ukuntu uzokwumva umerewe mw’isi nshasha niwatereza amaso inyuma ku bikorwa uzoba wararanguye muri iyi misi y’iherezo, uzi yuko wakoze uko ushoboye kugira uteze imbere ivy’Ubwami!
18. Yehova akura amazinda gute kandi aremesha gute abasavyi biwe?
18 Nimuze rero tubandanye kwerekana ubuninahazwa bw’Imana. Nitwabandanya kubwerekana, kizoba ikintu c’intibagirwa gushitsa ibihe vyose. Ibikorwa vyacu na vyo nyene Yehova aravyibuka. Bibiliya itanga iyi ndemesho igira iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze. Kandi turagomba cane yuk’umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene w’ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo: kugira ngo ntimube ibinebge, ariko mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe”.—Abaheburayo 6:10-12.
Woshobora kubisigura?
• Abakirisu berekana gute ubuninahazwa bw’Imana?
• Ni uburyo bumwebumwe ubuhe Shetani akoresha mu kugerageza kunumya abasavyi b’Imana?
• Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko impwemu y’Imana iri kuri twebwe?
[Ifoto ku rup. 15]
Mu maso ha Musa harerekanye ubuninahazwa
[Amafoto ku rup. 16, 17]
Turerekana ubuninahazwa bw’Imana mu busuku bwacu