Inkuru y’ubuzima
Kubumbwa n’ivyo Imana itanga vyaramfashije
NK’UKO VYAVUZWE NA BENJAMIN IKECHUKWU OSUEKE
Hataraca n’igihe ntanguye kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku bwa gikirisu, naragendeye abavyeyi banje iwabo. Dawe amaze kumbona, yaciye amfata kw’ishati hanyuma atangura gukoma induru avuga ngo “Igisuma!”. Yaciye atora igipanga ciwe hanyuma atangura kunkubita imbate yaco. Abandi baba muri ako kagari bamaze kwumva induru, baciye bashwabaduka baza i muhira. Nari nivye iki? Reka nsigure.
NAVUTSE mu 1930, mvukira mu kagari kitwa Umuariam ko mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Nijeriya, nkaba nari imfura mu bana indwi. Mushikanje mukuru yapfuye afise imyaka 13. Abavyeyi banje bari abangilikani. Dawe yari umurimyi, mawe na we akaba umudandaza w’utuntu dutoduto. Yaragenda ibilometero 30 avuye aho twaba akaja mu masoko yo ngaho kurangura umugereni w’amamesa hanyuma akagaruka ku mugoroba uwo musi nyene. Maze bukeye mu gatondo, yaca agenda ku gituro c’amagariyamoshi co mu gisagara cari kiri nko ku bilometero 40 kugira ngo agurishe nya mavuta. Aramutse aronse inyungu, akenshi ikaba itarenza amameya 15 y’amanyamerika (ni ukuvuga amafaranga y’amarundi arenga gatoyi 70), yaca agura imfungurwa z’umuryango hanyuma akagaruka uwo musi nyene. Ivyo ni vyo yama akora mu kiringo c’imyaka nka 15 gushika apfuye mu 1950.
Natanguye amashure mu kagari k’iwacu, kw’ishure rimwe ry’abangilikani, mugabo kugira ndangize amashure y’intango, nabwirijwe kuba mw’ihoteri yari nko ku bilometero 35 uvuye aho twaba. Kubera yuko abavyeyi banje batari bafise amahera yo kundihira kugira mbandanye amashure, naciye ntangura kurondera akazi. Natanguye gukora ndi umukozi wo mu nzu, nkaba nakorera umugabo umwe w’i Lagos mu Burengero bwa Nijeriya yacungera ibarabara ry’indarayi, hanyuma nkorera umukozi wa Leta i Kaduna, mu Buraruko bwa Nijeriya. Mu gisagara ca Benin co hagati mu Buraruko bwa Nijeriya, naraharonse akazi ko kuba umukarani w’umushingwamanza, mu nyuma na ho nkorera aho basaturira imbaho. Mvuye ngaho, naragiye muri Kameruni mu 1953 kubana na musaza wa mawe bavukana kuri se, akaba yaramfashije kurondera akazi mu murima w’ibiti vyitwa hévéas. Ku kwezi, naronka umushahara w’amadolari (y’amanyamerika) nk’icenda (amafaranga y’amarundi nka 9.000). Nakora gusa akazi k’inguvu, yamara karambumba kubera yuko naronka ivyo mfungura bihagije.
Umworo ampa ubutunzi
Uwo twakorana yitwa Silvanus Okemiri yari Icabona ca Yehova. Yarakoresha akaryo kose kabonetse kugira anshikirize ubumenyi bwa Bibiliya yari afise igihe twaba turiko turatema ivyatsi twongera tubirunda kuri vya biti vyitwa hévéas. Naho namutega ugutwi, nta kindi kintu nagira ico gihe. Ariko rero, igihe muvyaranje yamenya yuko ndiko nganira n’Ivyabona, yarakoze uko ashoboye kugira ngo ambuze. Yangabishije ati: “Benji, ntuje kwa Okemiri. Asenga Yehova kandi ni umworo. Umuntu wese yifatanya na we aca aba nka we”.
Mu ntango zo mu 1954, kubera yuko ntari ngishobora kwihanganira umuruho w’akazi muri iyo sosiyete nakorera, naciye ntaha. Muri iyo misi, abangilikani barashimika rwose ku ngingo ngenderwako z’ivy’ukwigenza runtu. Naciye ndushiriza kwanka ubushegabo. Ariko rero, bidatevye narashishwe n’uburyarya bwari mu bo dusenga hamwe. Naho bivugisha bashimika yuko bakurikira ingingo mfatirwako za Bibiliya, uburyo bari babayeho ntibwari buhuye n’ivyo bavuga (Matayo 15:8). Sinahengeshanya guhazuka na dawe, ivyo bikaba vyarononye bimwe bikomeye ubucuti bwari hagati yacu. Umusi umwe mw’ijoro, naromotse.
Naciye nja kuba i Omoba, igisagara gitoyi kirimwo ibarabara ry’indarayi. Ngaho, narasubiye kubonana n’Ivyabona vya Yehova. Priscilla Isiocha, uwo nari nzi ku gatumba iwacu, yarampaye agatabu kavuga ngo “Cette bonne nouvelle du Royaume” (Iyi nkuru nziza y’Ubwami) be n’akandi kavuga ngo Après Harmaguédon, Dieu établira un monde nouveaua (Inyuma ya Harumagedoni, Imana izoshiraho isi nshasha). Nadusomye nk’aka kanya kubera ko nari nzi neza yuko natoye ukuri. Mw’idini narimwo, ntitwiga Bibiliya; twashimika cane ku migenzo y’abantu. Ibitabu vy’Ivyabona vyovyo kenshi vyasubiramwo amajambo yo muri Bibiliya.
Hataraca n’ukwezi, narabajije umuvukanyi Isiocha n’umugore wiwe igihe bagirako gusenga. Igihe nitaba ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere, nta na kimwe natahura. Ikiganiro c’Umunara w’Inderetsi cariko cigwa cavuga ivyerekeye igitero ca ‘Gogi w’i Magogi’, umwe avugwa mu gitabu c’ubuhanuzi ca Ezekiyeli (Ezekiyeli 38:1, 2). Menshi mu majambo yakoreshwamwo nta yo nari menyereye, mugabo naratangajwe n’ukuntu nakiranywe igishika ku buryo naciye mfata ingingo yo gusubirayo ku w’iyinga ukurikira. Mu gihe c’ikoraniro rikurikira, narumvise bavuga ivyerekeye kwamamaza. Naciye mbaza Priscilla igihe baja kwamamaza. Ku w’iyinga ugira gatatu, narabaherekeje, ngenda ntwaye Bibiliya ntoyi. Nta sakoshi yo kujana mu ndimiro canke igisohokayandikiro gishingiye kuri Bibiliya na kimwe nari mfise. Naho vyari ukwo, naracitse umwamamaji w’Ubwami hanyuma ndatanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro ku mpera y’ukwo kwezi!
Nta n’umwe yanyigisha Bibiliya, mugabo igihe cose nagendera umuryango wa Isiocha, narahamenyera amajambo y’ukwizera kandi aremesha yo mu Vyanditswe nkongera nkaronka ibisohokayandikiro bimwebimwe bishingiye kuri Bibiliya. Ku wa 11 Kigarama 1954, kw’ihwaniro ry’intara rimwe ryabereye mu gisagara ca Aba, naragereranije ukwiyegurira Yehova kwanje mu kubatizwa mu mazi. Mwene datawacu twabana kandi yariko anyigisha umwuga yaciye areka kundonsa imfungurwa arareka no kumenyereza, eka mbere nta n’igiceri yampaye ku kazi nari naramukoreye. Yamara, sinamugiriye inzigo, ico nagira gusa kwari ugukenguruka ubucuti nari mfitaniye n’Imana. Ivyo vyarampumurije vyongera birandonsa amahoro yo mu muzirikanyi. Ivyabona bo ngaho baramfashije. Umuryango wa Isiocha warampaye ivyo mfungura, abandi na bo barangurana amahera kugira ntangure kudandaza utuntu dukeyi. Hagati mu mwaka wa 1955, naraguze ikinga ryakoze, hanyuma muri Ntwarante mu 1956, ndatangura igikorwa c’ubutsimvyi busanzwe. Bidatevye inyuma y’aho, nararishe amadeni nari mfise. Amahera nunguka mu two nacuruza yari make cane, mugabo ico gihe narashobora kwitunga. Ivyo Yehova yandonsa vyarambumba.
“Niba” batoyi banje
Maze kuronka iwanje, ikintu ca mbere na mbere candaza ishinga kwari ugufasha mu buryo bw’impwemu batoyi banje. Kubera ko dawe yabona nabi Ivyabona vya Yehova kandi akabinuba rwose, yarandwanije kubera nabaye Icabona. Noshoboye gute none gufasha batoyi banje kwiga ukuri kwa Bibiliya? Narasavye ko nofasha mu vy’amahera mutoyi wanje Ernest, dawe araheza aremera ko agumana nanje. Ernest ntiyatevye kwakira ukuri, maze abatizwa mu 1956. Ihinduka ryiwe ryatumye dawe arushiriza kundwanya. Naho ibintu vyari vyifashe gutyo, mushikanje yari amaze kwubaka na we nyene yaraje mu kuri be n’umugabo wiwe. Igihe naringaniza ivy’uko mushikanje Felicia agira kabiri amara uburuhuko turi kumwe, dawe yaremeye agonanwa. Bidatevye, Felicia na we nyene yarabatijwe aba Icabona ca Yehova.
Mu 1959, naragiye iwacu gutora Bernice, mushikanje agira gatatu, kugira agumane na Ernest. Ico ni ca gihe dawe yansimbirako, anyagiriza ko ndiko ndamwiba abana biwe. Ntiyatahura yuko ari bo ubwabo bari barifatiye ingingo yo gusukurira Yehova. Dawe yararahiye ararengwa ko adashobora kurekura Bernice ngo tujane. Mugabo, ukuboko kwa Yehova ntikwari kugufi kubera yuko mu mezi atandatu akurikira, Bernice yaje kumarana uburuhuko na Ernest. Nka kumwe kwa benewabo, yarakiriye ukuri hanyuma arabatizwa.
‘Niga akabanga’
Muri Nyakanga 1957, naratanguye gusukura ndi umutsimvyi adasanzwe, ku kwezi ku kwezi nkaba namara amasaha nka 150 mu gikorwa co kwamamaza. Jewe na mugenzanje Sunday Irogbelachi, twarakoreye mu cibare kinini co mu gisagara ca Akpu-na-abuo, mu ntara ya Etche. Kw’iteraniro ry’umuzunguruko rya mbere twitavye tukiri ngaho, abantu 13 bo mu mugwi wacu barabatijwe. Urazi ukuntu ubu akamwemwe kadusya kubona hari amashengero 20 muri ako karere!
Mu 1958, naramenyanye na Christiana Azuike, umutsimvyi asanzwe yari mw’ishengero rya Aba East. Narashimye umwete wiwe, maze muri Kigarama uwo mwaka nyene, duca turubakana. Mu ntango z’umwaka wa 1959, naragenywe kuba umucungezi w’ingenzi, nkaba naragendera nkongera ngakomeza amashengero agizwe n’abavukanyi bacu bo mu vy’impwemu. Kuva ico gihe gushika mu 1972, jewe n’umukenyezi wanje twaragendeye hafi amashengero yose y’Ivyabona vya Yehova yo mu Buseruko no hagati mu Burengero bwa Nijeriya.
Amashengero yari kure na kure, kandi uburyo nyamukuru twari dufise bwo kwiyunguruza bwari ikinga. Igihe twaba twagendeye amashengero yo mu bisagara bininibinini, abavukanyi bacu baraturihira itagisi kugira itujane mw’ishengero rikurikira. Rimwe na rimwe, mu vyumba twararamwo nta sima canke idari vyaba birimwo. Twaryama ku buriri bukozwe mu bibobo. Bimwebimwe mu bitanda twararako vyaba biriko imatera y’ivyatsi barengejeko ikirago; ibindi na vyo nta matera yaba iriko. Ibifungurwa twafungurirwa uko vyaba bingana kwose canke uko vyaba bimeze kwose, ntiyari ingorane kuri twebwe. Kubera yuko twari twarize kubumbwa n’ibintu bikeya, twafungura imfungurwa zose duhawe, kandi ababa baduhaye indaro barakenguruka ico kintu. Ibisagara bimwebimwe nta muyagankuba vyari bifise ico gihe, tukaba rero twama tugenda twitwaje amatara yacu ya peterori. Ariko rero, naho tutari tworohewe, twarinovoye ibihe vyinshi bihimbaye turi kumwe n’amashengero.
Muri iyo myaka, twarashitse ku gutahura agaciro k’iyi nkeburo y’intumwa Paulo: “Iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye” (1 Timoteyo 6:8). Biciye ku vyago, Paulo yarize akabanga kamufashije kuguma abumbwa n’ivyo afise. Ako kabanga kari akahe? Yasiguye ati: “Nzi gucishwa bugufi, nzi no kugira umurengera; muri cose no muri vyose nātiwe ibanga ryo mu vyo guhāga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena”. Na twebwe twarize ako kabanga. Paulo yavuze kandi ati: “Nshobozwa vyose [n’Imana i]mpa inkomezi” (Ab’i Filipi 4:12, 13). Ivyo vyari bihuye n’ivyacu pe! Twarabumbwe n’ivyo dufise, turinovora ibikorwa vya gikirisu vyubaka vyinshi bishoboka kandi turagira n’amahoro yo mu muzirikanyi.
Dufasha amashengero uko tugize umuryango
Mu mpera z’umwaka wa 1959, agahungu kacu ka mbere Joel karavutse hanyuma mu 1962, agahungu kacu kagira kabiri Samuel karakurikira. Twe na Christiana twarabandanije mu gikorwa c’ubugenduzi, tukaba twagendera amashengero turi kumwe n’utwo duhungu twacu. Mu 1967, ya ntambara y’abanyagihugu yo muri Nijeriya yaradutse. Amashure yarugawe kubera ibitero vy’indege vy’urutavanako. Umukenyezi wanje yari umwarimukazi imbere y’uko dutangura kujana mu gikorwa c’ubugenduzi, ari co gituma mu gihe c’intambara yaciye yigishiriza abana i muhira. Samuel afise imyaka itandatu, yari azi gusoma no kwandika. Igihe yaja mw’ishure intambara imaze kurangira, yaciye asimbishwa imyaka ibiri.
Ico gihe, ntitwatahura neza ingorane zo kurera abana turi mu gikorwa c’ubugenduzi. Ariko rero, kuba twarahawe gusukura turi abatsimvyi badasanzwe mu 1972 vyaratubereye ngirakamaro. Ivyo vyatumye tuguma ahantu hamwe kugira ngo dushobore kwitwararika neza mu buryo bw’impwemu umuryango wacu. Mu ntango, twarigishije abahungu bacu agaciro ko kubumbwa n’ivyo Imana itanga. Mu 1973, Samuel yarabatijwe, Joel na we aratangura gukora ubutsimvyi busanzwe muri uwo mwaka nyene. Abahungu bacu bompi bubakanye n’abakenyezi bakirisu bameze neza, ubu imiryango yabo ikaba iri mu kuri.
Amarushwa y’intambara y’abanyagihugu
Igihe intambara y’abanyagihugu yaduka, nariko mfasha ishengero rimwe ryo mu gisagara ca Onitsha ndi umucungezi w’umuzunguruko, nkaba nari naherekejwe n’umuryango wanje. Iyo ntambara yatumye dutahura yuko kwirundaniriza amatungo y’ivy’umubiri canke kuyizigira ari ubusa. Narabonye abantu bahunga kugira bakize ubuzima bwabo, bagata ibintu vyabo vy’agaciro mu mabarabara.
Intambara imaze gukwiragira, abagabo bose b’indyamunyu baranditswe ku nguvu kugira ngo baje kurwana. Abavukanyi benshi banse kwandikwa baratotejwe. Ntitwashobora gutembera ata nkomanzi. Amapfa yarabiciye biracika muri ico gihugu. Igiciro c’inusu y’ikiro c’imyumbati caraduze, kiva ku masenge y’amadolari (y’amanyamerika) 7 gishika ku madolari (y’amanyamerika) 14 [ni ukuvuga kuva ku mafaranga y’amarundi arenga 70 gushika ku mafaranga y’amarundi arenga 14.000], igiciro c’igikombe c’umunyu na co kiva ku madolari 8 gishika ku madolari (y’amanyamerika) 42 [ni ukuvuga kuva ku mafaranga y’amarundi arenga 8.000 gushika ku mafaranga y’amarundi arenga 42.000]. Amata, amavuta y’inka be n’isukari ntivyasubiye kuboneka. Kugira tubeho, twarasekura amapapayi adahiye hanyuma tukayavanga n’agafu gakeyi k’imyumbati. Twararya kandi ibihori, ibishishwa vy’imyumbati, amababi y’ibiterwa vyitwa imigusugusu, ivyatsi, emwe, amababi yose twashobora kuronka. Inyama zari imfungurwa z’abakire, ari co gituma nafata imiserebanyi kugira ibe ari yo abana bafungura. Ariko rero, naho ibintu vyaba vyifashe nabi gute, Yehova yama aturonsa ico dufungura.
Ariko rero, ingeramizi ihambaye kuruta izindi yari iy’ukubura ivy’impwemu bitumwe n’intambara. Benshi mu bavukanyi baravuye mu turere tw’intambara bahungira mu mashamba canke mu tundi tugari, kandi igihe bahunga, baratakaje hafi ibisohokayandikiro vyose bari bafise bishingiye kuri Bibiliya. N’ikigeretseko, ukuzibira imihora kwagizwe n’ingabo za Leta kwatumye ibisohokayandikiro bishasha bishingiye kuri Bibiliya bidashobora gushika mu karere ka Biafra. Naho menshi mu mashengero yagerageje kugira amakoraniro, abavukanyi baramerewe nabi mu vy’impwemu kubera ko ubuyobozi buvuye ku biro vy’ishami butashobora kubashikira.
Turwanya ikigoyi co mu vy’impwemu
Abacungezi b’ingenzi barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo babandanye indinganizo yo kugendera ishengero rimwerimwe ryose. Kubera yuko abavukanyi benshi bari barahunze igisagara, narabarondera aho bashobora kuba bari hose. Igihe kimwe, narasize umukenyezi wanje n’abana ahantu hari umutekano hanyuma mara amayinga atandatu ndi jenyene, nja mu tugari dutandukanye no mu duce twinshi tw’ishamba ndondera abavukanyi.
Igihe nariko mfasha ishengero rimwe ryo mu gisagara ca Ogbunka, narumvise inkuru ivuga yuko hari umugwi w’Ivyabona wari mu karere ka Isuochi ko mu ntara ya Okigwe. Naciye rero ntuma umuntu aja kubwira abavukanyi bari muri ako karere ko bokoranira ku murima w’ibiti bimeze nk’imizambarawi wari mu kagari ka Umuaku. Jewe n’umuvukanyi umwe yitereye mu myaka twaragenze nk’ibirometero 15 n’ikinga tuja kuri uwo murima, ahari hakoraniye Ivyabona bashika nka 200 harimwo abagore n’abana. Ndabifashijwemwo n’umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi, narashoboye kumenya ahari uwundi mugwi w’Ivyabona bashika nk’ijana bari bahungiye mw’ishamba ry’i Lomara.
Lawrence Ugwuegbu yari umwe mu bagize umugwi w’abavukanyi b’umutima rugabo baba mu gisagara ca Owerri cari caratabaguwe n’intambara. Yamenyesheje yuko mu karere ka Ohaji hariyo Ivyabona batari bake. Ntibashobora gutembera ata nkomanzi kubera yuko abasoda bari barigaruriye ako karere. Jewe n’uwundi muvukanyi twarafashe urugendo twikinze agahumbezi hanyuma turakoranira hamwe n’Ivyabona nka 120 mu rugo rw’umuvukanyi umwe. Twaciye dufatiraho ako karyo kugira ngo tugendere ibindi Vyabona aho bahungiye.
Umuvukanyi Isaac Nwagwu yaremeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga mu kumfasha gutora aho abandi bavukanyi bari barataye izabo bari. Yaranjabukanye Uruzi Otamiri n’ubwato kugira ngo tubonane n’Ivyabona barenga 150 bari batororokaniye i Egbu-Etche. Hari umuvukanyi umwe ngaho yatangaye ati: “Uyu ni umusi w’imbonekarimwe mu buzima bwanje! Sinigeze niyumvira ko nobaye nkiriho kugira nsubire kubona umucungezi w’umuzunguruko. Naho ubu nopfa muri iyi ntambara, biramaze”.
Nari mu kaga ko gufatwa hanyuma nkajanwa mu vya gisirikare ku nguvu, mugabo Yehova yagumye ankingira. Umusi umwe ku muhingamo, igihe nariko nja aho ndara mvuye kubonana n’abavukanyi bashika nka 250, hari umugwi w’abasirikare b’abakomando wampagaritse kuri bariyeri. Bambajije bati: “Ni kubera iki utagiye mu gisirikare?”. Nabasiguriye yuko ndi umumisiyonari yamamaza Ubwami bw’Imana. Narabonye yuko bari biyemeje kumfata. Maze gutura isengesho rigufi ryo mu gacerere, naciye mbwira umukuru wabo nti: “Ndakwinginze undekure”. Igitangaje, yaciye asubizayo ati: “Uvuze yuko tukureka ukagenda?”. Nca nishura nti: “Egome, nimundekure”. Yaciye avuga ati: “Urashobora kwigira”. Nta n’umwe muri abo basoda yagize ico avuga.—Zaburi 65:1, 2.
Ukubumbwa n’ivyo mfise bindonsa n’iyindi mihezagiro
Intambara imaze kurangira mu 1970, nabandanije gukora igikorwa c’ubugenduzi. Naratewe agateka ko gufasha mu gusubira kwungunganya amashengero. Mu nyuma, jewe na Christiana twaciye tuba abatsimvyi badasanzwe gushika mu 1976, igihe nasubira kugenwa ngo mbe umucungezi w’umuzunguruko. Uwo mwaka ugeze nko hagati, nashinzwe gukora igikorwa c’ubucungezi bw’intara. Hashize imyaka indwi, jewe n’umukenyezi wanje twaratumiwe gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Nijeriya, hakaba ari ho tuba ubu. Hano kw’ishami, cama ari ikintu kituzanira umunezero mwinshi iyo dusubiye kubona abavukanyi n’abavukanyikazi twahuye mu gihe c’intambara y’abanyagihugu be no mu bindi bihe kandi bagisukurira Yehova ari abizerwa.
Muri iyo myaka yose, Christiana yarambereye umufasha mwiza igitangaza yongera ambera n’umugenzi w’intahemuka. Agatima kiwe k’ukutihebura n’ugushikama naho afise ingorane z’amagara kuva 1978, karamfashije kwumira kw’ibanga. Twariboneye ko aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi ari ay’ukuri: “Uhoraho azomwiyegeka ari ku buriri ahondobereye”.—Zaburi 41:3.
Ntereje amaso inyuma nkaraba iyo myaka y’igikorwa ca gitewokarasi, nta kindi nshobora kugira atari ugukengurukira Yehova ku bw’imihezagiro myiza igitangaza yaturonkeje. Kubera yuko mbumbwa n’ivyo andonsa, ndashobora vy’ukuri kuvuga yuko naronse agahimbare ntangere. Umunezero mfise wo kubona batoyi banje, abana banje be n’imiryango yabo bose basukurira Yehova bafatanije nanje n’umukenyezi wanje ni umuhezagiro ntangere. Yehova yarampaye ubuzima burimwo vyinshi kandi buri n’ico buvuze. Nta na kimwe mu vyipfuzo vyanje kitigeze kiranguka.
[Akajambo k’epfo]
a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Ubu ntibigicapurwa.
[Uruzitiro ku rup. 27]
Hari intunganyo yaje ku gihe yafashije kubungabunga ikivukano
Hagati mu myaka ya 1960, urwanko hagati y’imigwi yo mu Buraruko n’iyo mu Buseruko bwa Nijeriya rwatumye haba umuvurungano, imigumuko, ubugarariji be n’ubukazi bushingiye ku moko. Ivyo bintu vyariko biraba vyarashize umukazo ukomeye ku Vyabona vya Yehova, abari biyemeje kuguma ata ho bahengamiye na gato muri ayo matati. Nk’abashika kuri 20 muri bo baragandaguwe. Benshi muri bo baratakaje ivyo bari batunze vyose.
Ku wa 30 Rusama 1967, Leta yo mu Buseruko ya Nijeriya yariyonkoye ku zindi Leta zunze ubumwe, ica iba Repubulika ya Biafra. Igisoda co mu maleta yunze ubumwe caciye kija kurwanya iyo Leta, ica ifatirwa ibihano ku buryo ata cinjira canke ngo gisohoke muri yo. Haciye hakurikira intambara y’abanyagihugu irangwamwo ugusesa amaraso be n’ubukazi.
Ivyabona vya Yehova b’i Biafra baratewe ibitero kubera ukutagira aho bahengamiye kwabo. Ibinyamakuru vyarasohoye amajambo yo guturira, biragumura abanyagihugu kugira ngo barwanye Ivyabona. Ariko rero, Yehova yaritwararitse ivy’uko abasavyi biwe baronka imfungurwa zo mu vy’impwemu. Uti gute?
Mu ntango zo mu 1968, hari umukozi wa Leta yashinzwe gukora muri posita y’i Buraya, uwundi na we ashingwa gukorera ku kibuga c’indege c’i Biafra. Bompi bari Ivyabona. Igikorwa bashinzwe gukora catumye baba wo muhora wonyene uhuza Biafra n’ayandi makungu. Ivyo Vyabona baritanze gukora igikorwa kirimwo akaga co gushikana imfungurwa zo mu vy’impwemu i Biafra. Barafashije kandi kuronsa abavukanyi bacu bari mu vyago imfashanyo zo kubatabara mu vy’umubiri. Abo bavukanyi babiri barashoboye gutuma iyo ndinganizo ibandanya mu gihe cose c’intambara, iyo ntambara ikaba yarangiye mu 1970. Umwe muri bo mu nyuma yavuze ati: “Iyo ndinganizo yari irengeye ikintu cose abantu boshoboye gutegura”.
[Ifoto ku rup. 23]
Mu 1956
[Ifoto ku rup. 25]
Mu 1965, turi kumwe n’abahungu bacu Joel na Samuel
[Ifoto ku rup. 26]
Ese ukuntu ari umuhezagiro gusukurira Yehova uko tugize umuryango!
[Ifoto ku rup. 27]
Muri kino gihe, jewe na Christiana dukorera kw’ishami ryo muri Nijeriya