Inkuru y’ubuzima
Kurerera abana umunani mu nzira za Yehova vyabaye urugamba n’umunezero
NK’UKO VYAVUZWE NA JOYCELYN VALENTINE
Mu 1989, umunega wanje yaragiye gukora mu mahanga. Yansezeraniye yuko azoza ararungika amahera i muhira kugira nshobore gutunga abana banje umunani. Haraciye amayinga ntazi n’iyambu yiwe, harahera n’amezi ata n’agakuru kiwe turonse. Naguma niremesha nti: ‘Ibintu nivyagenda neza, azogaruka’.
KUBERA yuko ata mahera yo gutunga umuryango nari mfise, naciye ntangura kwihebura. Naramaze amajoro menshi ntatora n’ak’imbwa, nguma nibaza ntabitegera nti: ‘Yoshobora ate kugirira ikintu nk’ico umuryango wiwe?’. Naho vyari bibabaje, nahavuye nemera ko umunega wanje yari yadutaye. Ubu haraciye nk’imyaka 16 adutaye, kandi ntaragaruka. Ivyo vyatumye nirerana abana. Ntivyabaye ivyoroshe, ariko kubona abana banje bagendera mu nzira za Yehova vyaratumye ngira umunezero mwinshi cane. Ariko rero, imbere y’uko ndabagira ku muriri ukuntu twe n’abana twavyifashemwo, reka mbanze ndababwire ukuntu nakuze.
Ndondera ubuyobozi bwo muri Bibiliya
Navutse mu 1938, mvukira mw’izinga Jamayike ryo mu mazinga yitwa Karayibe. Naho ata dini dawe yigeze ajamwo, yifata ko ari umuntu atinya Imana. Akenshi mw’ijoro yaransaba ngo ndamusomere imirongo kanaka yo mu gitabu ca Zaburi co muri Bibiliya. Hataraca n’igihe, nari nsigaye nshoboye gusubiramwo ku mutwe amazaburi menshi. Mawe yari mw’idini rimwe ryo ng’aho, kandi rimwe na rimwe yaranjana gusengayo.
Turi mu rusengero, twigishwa yuko Imana ifata abeza ikabajana mw’ijuru, ababi na bo ikabaturirira ibihe vyose mu muriro udahera. Twigishwa kandi yuko Yezu ari Imana be n’uko akunda abana. Nahavuye mvurunganirwa rwose mu bwenge ntangura no gutinya cane Imana. Nibaza nti: ‘Bishoboka bite ngo Imana idukunda ibabarize abantu mu muriro?’.
Kwiyumvira ivy’umuriro udahera vyatuma ndara ndarazirana ibintu biteye ubwoba. Nahavuye nkurikirana ivyigwa vya Bibiliya biciye mu kwandika amakete, bikaba vyari bihagarikiwe n’ishengero ry’abadivantisite b’umusi w’indwi. Bigisha yuko ababi batobabajwe ibihe bidahera, ahubwo ko botuririwe mu rubeya bagacika umunyota. Ivyo vyasa n’ivyumvikana kuruta, nkaba rero naciye ntangura kuja ndagenda gusengayo. Mugabo nasanze inyigisho zabo zivuruga ubwenge, kandi ivyo nize muri iryo dini ntivyakosoye ivyiyumviro bitari vyo nari mfise ku bijanye n’inyifato runtu.
Ico gihe, abantu muri rusangi baremera yuko ubusambanyi ari bubi. Yamara, twe n’abandi benshi twemera yuko abahuza ibitsina n’abantu barenze umwe ari bo gusa baba ari abasambanyi. Ku bw’ivyo, abantu babiri batubakanye bahuza ibitsina hagati yabo gusa babonwa ko ata caha baba bakoze (1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Abaheburayo 13:4). Ivyo vyatumye mvyara abana batandatu ntagira umugabo twabiranye mu buryo buzwi n’amategeko.
Ntera imbere mu vy’impwemu
Mu 1965, uwitwa Vaslyn Goodison be n’uwitwa Ethel Chambers baraje kuba mu kagari ko hafi yacu kitwa Bath. Bari abatsimvyi, ni ukuvuga abasuku b’igihe cose bo mu Vyabona vya Yehova. Umusi umwe barayaze na dawe. Yaremeye ko bamugirira inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Baramutse baje bagasanga ndi i muhira, na je baranganiriza. Naho Ivyabona vya Yehova nabinuba rwose, narafashe ingingo yo kwigana Bibiliya na bo nshaka gusa kubereka ko ari ababeshi.
Turiko turigana n’ivyo Vyabona, narababaza ibibazo vyinshi kandi barabinyishura vyose bakoresheje Bibiliya. Ndabifashijwemwo na bo, naramenye yuko abapfuye ata co baba bakizi be n’uko batababarira mu muriro (Umusiguzi 9:5, 10). Naramenye kandi ibijanye n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi izoba yabaye Iparadizo (Zaburi 37:11, 29; Ivyahishuriwe 21:3, 4). Naho dawe atabandanije kwiga Bibiliya, naratanguye kwitaba amakoraniro yagirwa n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo ng’aho. Kuba ayo makoraniro yagirwa mu mahoro no mu rutonde vyatumye niga n’ibindi vyinshi ku vyerekeye Yehova. Naritavye kandi amateraniro y’imizunguruko be n’amahwaniro y’intara, iyo ikaba ari imitororokano mininiminini kuruta yaringanizwa n’Ivyabona. Ukwo kuguma numva ivyerekeye Bibiliya kwatumye ngira icipfuzo gikomeye co gusenga Yehova mu buryo yemera. Ariko rero, hari intambamyi nari mfise.
Ico gihe nabana mu buryo butemewe n’amategeko na se wa batatu mu bana batandatu nari mfise. Narize muri Bibiliya yuko Imana yiyamiriza ivyo guhuza ibitsina n’umuntu mutabiranye, maze ijwi ryanje ryo mu mutima rica riratangura kumbuza amahoro (Imigani 5:15-20; Ab’i Galatiya 5:19). Kubera yuko urukundo nakunda ukuri rwaguma rwongerekana, naripfuje rwose guhuza ubuzima bwanje n’itegeko ry’Imana. Nahavuye mfata ingingo. Nabwiye uwo mugabo twabana yuko twokwubakana mu buryo bwemewe n’amategeko canke na ho tukavana. Naho uwo mugabo twabana tutari dusangiye ukwemera, twahavuye twubakana mu buryo bwemewe n’amategeko ku wa 15 Myandagaro 1970, hakaba hari haciye imyaka itanu tuyaze n’Ivyabona ari bwo bwa mbere. Muri Kigarama 1970, naragereranije ukwiyegurira Yehova kwanje mu kubatizwa mu mazi.
Ku bijanye n’ubusuku, sinzokwigera nibagira umusi naja mu gikorwa co kwamamaza ari bwo bwa mbere. Nari mfise ubwoba. Sinari nzi ingene batanguza ikiyago gishingiye kuri Bibiliya. Mvugishije ukuri, nariruhukije igihe umuntu wa mbere naganirije yaca ahagarika ikiyago bukwi na bukwi. Ariko rero, ubwoba ntibwatevye guhera. Uwo musi urangiye, nararyohewe cane kubera nari nagiraniye n’abantu batari bake ibiyago bigufi vyerekeye Bibiliya, nkaba kandi nari nasigiye bamwebamwe ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya.
Mfasha umuryango wanje kuguma ukomeye mu vy’impwemu
Mu 1977, umuryango wacu wari warongerekanye, ukaba wari usigaye urimwo abana umunani. Nari niyemeje gukora uko nshoboye kwose kugira mfashe abo mu rugo rwanje gukorera Yehova (Yosuwa 24:15). Ku bw’ivyo, narita ku rutare kugira ngo ndongore inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza. Vyarashika nkisinzirako kubera uburuhe mu gihe umwe mu bana banje yaba ariko arasoma ingingo n’ijwi ryumvikana, maze abana akaba ari bo babwirizwa kunkangura. Mugabo uburuhe ntibwigeze butubuza kwiga Bibiliya turi umuryango.
N’ikindi kandi, narasenga kenshi cane ndi kumwe n’abana banje. Bamaze kwigira haruguru, narabigishije gutura Yehova amasengesho yabo bwite. Naritwararika kuraba yuko umwe wese muri bo atura isengesho ryiwe bwite mu gihe co kuja kuryama. Narasenga ndi kumwe n’umwana umwumwe wese mu bana bato cane batashobora gutura isengesho.
Mu ntango, umunega wanje ntiyashimye ko njana abo bana mu makoraniro y’ishengero. Ariko rero, kubera ko ari we yociye abwirizwa kubitwararika ndi ku makoraniro, yahavuye atezura. Mw’ijoro, yarakunda kuja gutemberera abagenzi biwe, ariko ntiyashima kujana n’abana umunani. Mbere mu nyuma yahavuye atangura kuza aramfasha gutegura abana kugira baje ku Ngoro y’Ubwami.
Abo bana ntibatevye kumenyera kwitaba amakoraniro yose y’ishengero no kugira uruhara mu busuku bwo ku mugaragaro. Mu buruhuko bwo mu ci, akenshi baraja mu gikorwa co kwamamaza bari kumwe n’abatsimvyi bo mw’ishengero, abatsimvyi bakaba ari abasuku b’igihe cose. Ivyo vyarafashije abana banje kurushiriza gukunda bimwe bivuye ku mutima ishengero be n’igikorwa co kwamamaza.—Matayo 24:14.
Ibihe vy’ibigeragezo
Kugira ngo umuryango wisununure mu vy’amahera, umunega wanje yaratanguye kuja gukorera mu mahanga. Yaramara ibiringo birebire ari kure y’umuryango, mugabo akaza araza uko haciye igihe. Ariko rero, mu 1989 yaragiye hera ndaheze. Nk’uko nabivuze mu ntango, gutabwa n’umunega wanje vyaranciye inkokora koko. Naramaze amajoro menshi ndara ndarira nongera nsengana ubwira Yehova ndamusaba ngo ampumurize yongere amfashe kwihangana, kandi nariyumvamwo yuko yishura amasengesho yanje. Ivyanditswe nka Yesaya 54:4 be na 1 Ab’i Korinto 7:15, vyaratuma ngira amahoro yo mu muzirikanyi be n’inkomezi zo kubandanya ubuzima bwanje. Incuti n’abagenzi bo mw’ishengero rya gikirisu na bo nyene barampumurije bongera baramfasha mu vy’umubiri. Ndakenguruka cane kubona Yehova n’abasavyi biwe baramfashije.
Hari n’ayandi mageragezwa yadushikiye. Igihe kimwe, umwe mu bakobwa banje yaraciwe mw’ishengero bivuye ku nyifato iteye kubiri n’Ivyanditswe. Ndakunda rwose abana banje bose, yamara kutadohoka kuri Yehova ni vyo biza imbere. Ku bw’ico, twe n’abandi bana basigaye, ico gihe twarakurikije ata guca ku ruhande ubuyobozi Bibiliya itanga ku kuntu dukwiye gufata abaciwe (1 Ab’i Korinto 5:11, 13). Abantu batatahura impagararo yacu baratunebaguye rwose. Ariko rero, uwo mukobwa wanje amaze kugarukanwa mw’ishengero, umugabo wiwe yambwiye yuko impagararo yacu yo kwumira ku ngingo ngenderwako za Bibiliya yamukoze ku mutima. Ubu, arakorera Yehova ari kumwe n’umuryango wiwe.
Tugira ingorane z’ivy’amahera
Igihe umugabo wanje yaduta, nta gitigiri nyezina c’amahera nari nsanzwe ninjiza, kandi ntiyabaye agifasha umuryango mu vy’amahera. Ivyo vyaratwigishije kubumbwa n’uburyo bwo kubaho bubayabaye no guha agaciro ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu, aho gukurikirana ivy’amaronko. Uko abo bana banje biga gukundana no gufashanya, ni ko barushiriza gufatana mu nda. Abana bakuze bamaze gutangura gukora, barafashije n’umutima ukunze batoyi babo. Umukobwa wanje mukuru yitwa Marseree yarafashije murumunawe mutoyi Nicole gushika arangize amashure yisumbuye. Vyongeye, narashoboye gushinga akabutike ko gucururizamwo ibintu vy’ibifungurwa. Udufaranga naronka muri ako kabutike twaramfasha kwironsa bimwebimwe mu bintu vy’umubiri twaba dukeneye.
Yehova ntiyigeze aduheba. Igihe kimwe, narabwiye umuvukanyikazi mukirisu umwe yuko bitoshobotse ko twitaba ihwaniro ry’intara kubera ko ata buryo twari dufise. Yanyishuye ati: “Muvukanyikazi Valentine, igihe wumvise ko hagiye kuba ihwaniro, ca utangura kwitegura! Ibisigaye Yehova azobikuronsa”. Narakurikije iyo mpanuro yampaye. Yehova yarabindonkeje, kandi yarabandanije kubindonsa. Umuryango wacu ntiwigeze usiba iteraniro canke ihwaniro na rimwe ngo ni uko wabuze amahera.
Mu 1988, igihuhusi cataziriwe Gilbert carononye ibintu muri Jamayike, bituma tuva mu nzu yacu duhungira ahatagira inkomanzi. Igihe haboneka agahengwe, twe n’umuhungu wanje twaravuye aho twari twahungiye tuja kuraba ingene inzu yacu yari yasambutse. Turiko turasūra mu bihomvagurike, nagize ntya mbona ikintu kimwe nashaka gukiza. Reka rero tuze tubona umuyaga urasubiye guhuhuta cane. Naho wahuhuta cane, nagumye mfashe ico kintu nari nakijije. Nya muhungu wanje twari kumwe yaciye ambwira ati: “Ma, shira hasi ico giteleviziyo. Uri muka Loti?” (Luka 17:31, 32). Ayo majambo uwo muhungu wanje yambwiye yatumye nigarura. Naciye nta hasi nya giteleviziyo cari canyagiwe, maze twempi turayanyaga.
Ubu, iyo nibutse ukuntu nahatswe gutakaza ubuzima nzira televiziyo, nca nsusumira. Yamara nca numva ndyohewe mu mutima iyo nzirikanye ku majambo umwana wanje yambwiye ico gihe yanyeretse ko yari maso mu vy’impwemu. Bivuye ku nyigisho ishingiye kuri Bibiliya yari yararonkeye mw’ishengero rya gikirisu, yarashoboye kumfasha kwirinda kumererwa nabi cane ku mubiri, kumbure no mu vy’impwemu.
Ico gihuhusi casize inzu yacu be n’ivyo twari dutunze ari umusaka, congera kidusiga tuvunitse umutima. Mu nyuma, abavukanyi bacu bakirisu barahaserutse. Baraturemesheje kwizigira Yehova naho twari twatakaje ivyacu, baraturemesha no kubandanya kugira uruhara mu busuku, bongera kandi baradufasha gusanura inzu yacu. Ico gikorwa co kwitanga kiranga urukundo cakozwe n’Ivyabona bo muri Jamayike n’abo mu bindi bihugu bitanze bavyishakiye, caradukoze ku mutima rwose.
Dushira Yehova mu kibanza ca mbere
Umukobwa wanje agira kabiri yitwa Melaine amaze kurangiza amashuri, yaciye akora igikorwa c’ubutsimvyi. Mu nyuma, yaremeye ubutumire bwo gukorera ubutsimvyi mu rindi shengero, ivyo bikaba vyasobanura ko yobwirijwe guheba akazi yakora. Naho ako kazi katuma afasha cane umuryango wacu mu vy’amahera, twarizigiye ko Yehova yotwitwararitse, umwe wese muri twebwe aramutse ashize imbere ivy’Ubwami (Matayo 6:33). Mu nyuma, umuhungu wanje yitwa Ewan na we nyene yararonse ubutumire bwo kuja gukora ubutsimvyi. Yarafasha umuryango mu vy’amahera, ariko twamuhimirije kwemera ubwo butumire twongera tumwipfuriza ko Yehova yomuhezagira. Sinigeze nca inkokora abana banje ngo ndababuze kwagura umurimo wabo w’Ubwami, kandi twebwe abasigaye i muhira, ntitwigeze tubura ivya nkenerwa. Ahubwo riho, umunezero wacu warongerekanye, kandi rimwe na rimwe twarashoboye gufasha abandi bari n’ivyo bakenye.
Ubu, ndahimbarwa cane no kubona abana banje “bagendera mu kuri” (3 Yohana 4). Umwe mu bakobwa banje, umwe yitwa Melaine, ubu araherekeza umunega wiwe mu gikorwa ciwe co kugendera amashengero ari umucungezi w’umuzunguruko. Umukobwa wanje Andrea be n’umunega wiwe ni abatsimvyi badasanzwe, uwo mukobwa wanje akaba kandi aherekeza umugabo wiwe igihe agendeye amashengero bwa mucungezi w’umuzunguruko musubirizi. Umuhungu wanje Ewan be n’umukenyezi wiwe ni abatsimvyi badasanzwe, kandi uwo muhungu wanje ni umukurambere mw’ishengero. Uwundi mukobwa wanje yitwa Ava-Gay be n’umunega wiwe bakorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Jamayike. Jennifer, Genieve be na Nicole barakorana umwete bari kumwe n’abanega babo be n’abana babo mu mashengero bakukira. Marseree na we turabana, twempi tukaba turi mw’ishengero rya Port Morant. Imihezagiro naronse ni myinshi, kubera ko abana banje umunani bose babandanya gusenga Yehova.
Kubera ukwiterera mu myaka, nahavuye ngira ingorane y’amagara. Ubu mbwirizwa kwihanganira ya ndwara bita rumatizime ifatira mu ngingo z’amagufa. Naho ari ukwo, ndacahimbarwa no gukora ubutsimvyi. Ariko rero, vyahavuye bingora cane kugendagendera mu karere nabamwo kagizwe n’uturambi twinshi. Ntivyanyoroheye kuza ndaja mu busuku. Naragerageje kunyonga ikinga, kandi nasanze ari vyo vyoroshe kuruta kugenda n’amaguru. Naciye rero ngura ikinga ryakoze riba ari ryo ntangura kuza ndakoresha. Mu ntango abana banje barababazwa no kwitegereza umuvyeyi wabo arwaye rumatizime anyonga ikinga. Yamara, bararyohewe rwose no kubona mbandanya kwamamaza nk’uko umutima wanje uvyipfuza.
Ndanezerwa cane no kubona abantu nigishije bakira ukuri kwo muri Bibiliya. Nama nsega nsaba ko Yehova yofasha abo mu muryango wanje bose bakaguma ari intahemuka kuri we muri iki gihe c’iherezo, eka mbere no gushika ibihe bidahera. Ndashemeza nkongera ngakengurukira Yehova, Umwe ahambaye ‘yumva ivyo asabwa’, kubona yaramfashije kurwana urugamba rukomeye rwo kurerera abana banje umunani mu nzira ziwe.—Zaburi 65:2.
[Ifoto ku rup. 10]
Aha nari kumwe n’abana banje, abo bubakanye, be n’abuzukuru banje
[Ifoto ku rup. 12]
Ubu nkoresha ikinga kugira ndangure ubusuku bwanje