Inkuru y’ubuzima
Twaza twunga ubumwe uko tugize umuryango!
NK’UKO VYAVUZWE NA SUMIKO HIRANO
Nari nubuye uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kubaho, nkaba nipfuza ko tubusangira n’umunega wanje. Hociye imyaka 42 ngo ivyo biranguke.
TWE n’umunega wanje twubakanye mu 1951, nkaba nari mfise imyaka 21. Mu myaka ine, twari tumaze kugira abahungu babiri, kandi ubuzima bwanje bwasa n’ubumeze neza muri vyose.
Umusi umwe mu 1957, mukuru wanje yarambwiye yuko hari umukenyezi w’umumisiyonari w’Icabona ca Yehova yari amaze imisi amugendera. Naho uwo mukuru wanje yari mw’idini ry’ababuda, yaratanguye kwigana Bibiliya n’uwo mumisiyonari, hanyuma nanje andemesha kwiga Bibiliya, ivyo nkaba naravyemeye. Nari mw’idini ry’abaporotisanti, kandi nibwira yuko noshoboye gushira ahabona ibinyoma Ivyabona vya Yehova bigisha.
Erega nahavuye nsanga ari je nari nzi bike ku vyerekeye Bibiliya. Umuntu narinze no kubaza uwo mumisiyonari nti: “Yehova ni nde?”! Mw’idini narimwo, sinari bwigere numva iryo zina. Uwo mumisiyonari, uwitwa Daphne Cooke (akaba yahavuye yitwa Pettitt), yaciye ambwira ngo ndabe muri Yesaya 42:8, aherekana neza na neza (uravye muri Bibiliya twakoresha) yuko Yehova ari ryo zina ry’Imana Mushoboravyose. Daphne yarishuye ibibazo vyanje vyose akoresheje Bibiliya.
Narabajije umupasitori wacu ivyo bibazo nyene. Yambwiye ati: “Kubaza ibibazo ni icaha. Niwemere gusa ivyo ubwirwa”. Naho nabona yuko kubaza ibibazo atari bibi, naramaze amezi atandatu nja gusenga mw’idini narimwo imisi yose ku w’iyinga mu gitondo, hanyuma nkaja ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova ku muhingamo.
Ingaruka vyagize ku mubano wacu
Ivyo nariko ndiga muri Bibiliya vyarandyohera cane, kandi narabibwira umunega wanje Kazuhiko. Igihe cose naba nize be n’igihe naba mvuye ku makoraniro, naramubwira ivyo nize. Ivyo vyatumye hatangura kuba “icuka kibi” hagati yacu. Ntiyashaka ko mba Icabona ca Yehova. Yamara, kwiga Bibiliya mpejeje kwiga vyarandyohera rwose ku buryo nabandanije kwiga no kwifatanya n’Ivyabona.
Imbere y’uko mva i muhira ngiye ku makoraniro yagirwa ku mugoroba, nasiga nteguriye Kazuhiko udufungurwa yakunda cane, ariko nticabujije ko aca atangura kuza araja gufungurira kuri resitora. Nshitse i muhira mvuye ku makoraniro, nasanga yiraburaniwe kandi akanka kuvuga. Hashize imisi ibiri canke itatu, agashavu karatangura kugabanuka, mugabo aho haba hageze ko nsubira kuja ku makoraniro.
Muri ico gihe, nararwaye igituntu, iyo ndwara ikaba yari imaze guhitana abantu abatari bake mu b’iwabo w’umunega wanje. Kazuhiko yarahagaritse umutima cane maze ambwira yuko ntoye mitende noshoboye gukora ikintu ico ari co cose nipfuza. Ikintu kimwe gusa namusavye, ni uko yonyorohereza nkaza ndaja ku makoraniro yagirwa ku ndwi ku ndwi. Ivyo yaravyemeye.
Vyasavye amezi atandatu kugira ngo nkire, kandi muri ico kiringo nariga Bibiliya nivuye inyuma. Nararondera aho Ivyabona boba bivuguruza mu nyigisho zabo, nibaza yuko nociye ndeka kwiga ndamutse ndonse kimwe gusa. Uwokubesha ngo hari ico naronse. Ahubwo nyabuna, nabonye amakosa yo mw’idini ry’abaporotisanti. Nahavuye ntahura urukundo rwa Yehova be n’ubutungane bwiwe nongera ndabona ivyiza biri mu kubaho umuntu ahuza n’amategeko yiwe.
Maze gukira, umunega wanje ntiyihindukije mw’ijambo ngo ambuze kuja ku makoraniro. Nagumye nkura mu vy’impwemu, maze mu 1958 ndabatizwa mba Icabona ca Yehova. Naripfuza rwose ko umuryango wanje wokwifatanya nanje mu gusenga Imana y’ukuri.
Mfasha abana banje mu vy’impwemu
Uduhungu twanje twama turi kumwe nanje ku makoraniro no mu gikorwa co kwamamaza, ariko hari ibintu vyashitse vyanyeretse yuko twariko turakura mu bijanye n’ubumenyi bwo muri Bibiliya. Umusi umwe, agahungu kanje k’imyaka itandatu kitwa Masahiko kariko karakinira hanze y’inzu. Nagiye numva ikintu kivugije urwamo nca numva n’umuntu avugije akaruru. Umubanyi umwe yaciye yiterera mu nzu asemerera avuga yuko ako gahungu kanje kagonzwe n’umuduga. Naribajije niba kari kapfuye. Naciye ntarukira hanze, ngerageza kwigumya. Nkubise ijisho agakinga kiwe kavunaguritse, naciye njugumira, mugabo nja mbona nya gahungu kariko karaza iyo ndi, kababaye ariko atari cane. Kambwiye kangumbiriye gati: “Ma, Yehova yamfashije, si vyo none?”. Kukabona ari kazima no kwumva ayo majambo meza cane kavuze vyatumye nca nkorora amosozi.
Uwundi musi, turi mu busuku, twarahuye n’umutama umwe yasemereye ati: “Ariko ga ntuze wibaza iki kugenda urayerereza ako kana gutyo? Karanteye ikigongwe yemwe!”. Ntaranakurako umunwa, akandi gahungu kanje k’imyaka umunani kitwa Tomoyoshi kaciye kavuga kati: “Erega sogoku, mawe si we antegeka kuja kwamamaza. Namamaza kubera ko nshaka gukorera Yehova”. Uwo mutama yarumiwe.
Abo bahungu banje ni nk’aho bari badafise se mu vy’impwemu. Ni je nari mfise ibanga ryo kubigisha ukuri kwo muri Bibiliya, naho na jewe nyene nari ngifise vyinshi vyo kwiga. Naratsimbataje urukundo, ukwizera be n’umwete nongera ndagerageza gutanga akarorero keza. Ku musi ku musi, narashimira Yehova ndi kumwe na bo. Narababwira ivyanshikiye mu gikorwa co kwamamaza, kandi ivyo vyarabaremesha. Igihe mu nyuma babazwa igituma babaye abatsimvyi, ari bo basuku b’igihe cose b’Ivyabona vya Yehova, bishuye bati: “Twarabona yuko mawe ahimbawe no gukora ubutsimvyi, tukaba natwe twipfuza guhimbarwa nka we”.
Naririnda cane kuvuga nabi se wabo canke umuntu kanaka wo mw’ishengero. Narabona yuko ivyo kuvuga nabi abandi vyari gushobora kugira ikintu kibi bikoze ku bana banje. Uwuvugwa nabi si we batokwubashe gusa, ariko kandi nyene kumuvuga nabi ntibomwubashe.
Ntsinda intambamyi zari kumbuza gutera imbere
Mu 1963, akazi umunega wanje yakora karatumye umuryango wacu wimukira muri Tayiwani. Yambwiye yuko mu gihe nokwamamaje mu kibano c’Abayapani babayo vyoteje ingorane. Yavuze kandi ko twociye turungikwa mu Buyapani kandi ko vyoteje ingorane ikompanyi yakoramwo. Ico yashaka, kwari ukudutandukanya n’Ivyabona.
Muri Tayiwani, aho amakoraniro yose yagirwa mu rurimi rw’igishinwa, Ivyabona baraduhaye ikaze n’igishika cinshi. Naciye mfata ingingo yo kwiga igishinwa kugira ngo nshobore gushinga intahe ku bantu b’imvukira zo ng’aho, data wanje ndeke abo Bayapani. Muri ubwo buryo, nari gushobora kwirinda izo ngorane umunega wanje yari yavuze.
Ubucuti twagiraniye n’Ivyabona bo muri Tayiwani bwaradukomeje. Abamisiyonari bubakanye babiri, ari bo Harvey Logan n’umukenyezi wiwe Kathy baradufashije cane rwose. Umuvukanyi Logan yarabaye se wo mu vy’impwemu w’abo bahungu banje. Yatumye babona yuko gukorera Yehova bidasobanura kugira ubuzima bugoye kandi butarimwo umunezero. Novuga ko aho muri Tayiwani ari ho abahungu banje bafatiye ingingo yo gukorera Yehova.
Tomoyoshi na Masahiko baciye baja mw’ishure ry’Abanyamerika ryo ng’aho i Tayiwani, bakaba barahigiye icongereza n’igishinwa. Iyo nyigisho yarabaronkeje ubumenyi bwobafashije muri kazoza gukorera Imana y’ukuri Yehova. Ndakengurukira rwose Yehova kuba yarahinduye ico kiringo cari gushobora kutubera igihe c’ingorane, akakigira igihe c’imihezagiro iramba. Hashize imyaka itatu n’igice y’intibagirwa turi muri Tayiwani, uko tugize umuryango twarasubiye mu Buyapani.
Ico gihe, kubera ko abo bahungu bari imiyabaga, baratanguye kurondera kugira umwidegemvyo. Naramarana na bo amasaha menshi turiko tuzirikana ku ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe, kandi Yehova yarabafashije muri ico kiringo kitoroshe. Tomoyoshi arangije amashure yisumbuye, yaratanguye gukora ubutsimvyi. Mu myaka mikeyi ya mbere yamaze akora ubutsimvyi, yarashoboye gufasha abantu bane bariyegurira Imana bongera barabatizwa. Masahiko yarakurikije akarorero k’uwo mwenewabo, aratangura gukora ubutsimvyi arangije amashure yisumbuye. Mu myaka ine ya mbere y’ubutsimvyi, yarafashije abakiri bato bane baraba Ivyabona.
Ubukurikira, Yehova yarahezagiye abo bana mbere kuruta. Tomoyoshi yariganye Bibiliya n’umunega w’umukenyezi nari narafashije kumenya ukuri kwo muri Bibiliya. Abakobwa babo babiri na bo nyene bahavuye baba Ivyabona. Mu nyuma, Tomoyoshi yarubakanye n’umukobwa wabo mukuru yitwa Nobuko, Masahiko na we yubakana na mutoyi wiwe yitwa Masako. Ubu Tomoyoshi na Nobuko bakorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn muri New York. Masahiko na Masako na bo ni abamisiyonari mu gihugu ca Paraguay.
Umunega wanje atangura guhinduka buhorobuhoro
Muri iyo myaka yose umunega wanje yasa n’uwutanezwe ukwizera kwacu, ariko twarabona ibimenyetso bitwereka ko yariko arahinduka. Igihe abandi baba bandwanije, yaravugira ukwizera kwanje, gutyo ugasanga arashigikiye ukuri kwa Bibiliya ata kubica n’ikanda. Yarafasha mu buryo bw’umubiri Ivyabona baba bari n’ivyo bakeneye. Mw’ijambo rigufi yashikirije ku musi w’ubugeni bw’umwe muri abo bahungu bacu, yavuze ati: “Kwigisha abantu uburyo bwiza bwo kubaho ni co gikorwa ciza cane kuruta ibindi vyose, kandi ni co kigoye cane kuruta ibindi vyose. Abahungu banje be n’abakenyezi babo bahisemwo iyo nzira itoroshe ngo ibe wo mwuga wabo. Ndabingize muze mubafashe”. Ivyo vyose vyatuma nibaza yuko impera n’imperuka yokwifatanije natwe mu gukorera Yehova.
Narategekanya ivy’uko Kazuhiko ahurira hamwe n’Ivyabona bagenzi bacu i muhira. Naramutumira ku makoraniro ya gikirisu, ku materaniro be no ku Cibutso c’urupfu rwa Kirisitu. Igihe akazi kiwe kaba kabimukundiye, yaritaba ubwo butumire, naho nyene yaza adashaka. Akatari gake nariyumvira yuko yoshobora kwemera kwiga Bibiliya, ku bw’ivyo naca nza ndatumira abakurambere bakirisu i muhira. Ariko yaranse kwiga. Naribaza ikitagenda neza nkakibura.
Naributse amajambo y’intumwa Petero agira ati: “Namwe bagore . . . mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya” (1 Petero 3:1, 2). Narabonye ko iyo mpanuro ntama nayikurikije. Kugira ngo ndayikurikize neza, nari nkeneye kugira ivyo ndyohoye mu vy’impwemu.
Mu 1970 rero, naratanguye gukora ubutsimvyi mfise intumbero yo kurushiriza kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu. Haraheze imyaka cumi, hanyuma 20, yamara, nta kintu na kimwe canyereka yuko umunega wanje hoba hari ico yahinduye ku bijanye n’ivy’impwemu. Igihe kimwe, hari umutohoji wa Bibiliya umwe yavuze ati: “Emwe, bitegerezwa kuba bitoroshe gufasha abandi bantu mu gihe utanashoboye gufasha umugabo wawe bwite!”. Ivyo vyaranciye intege, yamara sinaciye nta hasi.
Mu mpera z’imyaka ya 1980, ubusaza bwari burembeje abavyeyi bacu. Kubitwararika no kurangura iyindi mirimo nari njejwe vyaranduhisha kandi bikantesha umutwe. Mu myaka itari mike yari iheze, bose bari bararwanije ukwizera kwanje, mugabo naragerageje uko nshoboye kwose kubereka ko ndabakunda. Imbere y’uko mawe acikana, amaze imyaka 96, yambwiye ati: “Sumiko, ninazuka, nzoja mw’idini ryanyu”. Naciye mbona yuko utwigoro nagize tutabaye impfagusa.
Umunega wanje yarazirikanye kuri ivyo bintu vyose nakoreye abavyeyi bacu. Kugira ngo anshimire, yaciye atangura kwitaba amakoraniro adahorereza. Haraciye imyaka n’iyindi ayitaba, ariko nta terambere nyaryo yagize mu vy’impwemu. Narabandanije kugerageza kumunezereza. Naratumira abagenzi biwe mbere na ba kavantara bari bafatanije ivy’urudandaza ngo baze dusangire akajumbu. Twarajana kwisamaza. Igihe amasaha umutsimvyi asabwa gushitsa yagabanywa akaja kuri 70 ku kwezi, uwo mwanya wose wiyongereye naronka nawumara turi kumwe.
Ugukukuruka gutuma haba igihinduka
Umunega wanje yakukurutse mu 1993. Ico gihe nibajije nti ngira ubu hoho agira aze yaronka akanya ko kwiga Bibiliya yemwe. Ariko yavuze yuko gusenga Imana kubera gusa yari afise umwanya kwobaye ari agatukisha ku Mana. Ahubwo riho, yavuze yuko yosenze Imana umutima wiwe ubishatse kandi ko ntakwiye kumugobera.
Igihe kimwe Kazuhiko yarambajije niba ngiye kumara igihe nsigaje kubaho ndi uwiwe. Ivyo vyarambabaje kuko nari narakoze ivyo nshoboye vyose ku bwiwe kuva tucubakana na we. Nta ko ntari naragize ngo ndamunezereze, mugabo we yabona ko nari maze iyo myaka yose ndi uwa Yehova aho kuba uwiwe. Maze kubizirikanako gatoyi, namubwiye yuko ata kindi mbona noshobora kurenza ku vyo nsanzwe ndamukorera, ariko ko hamwe yokwifatanya nanje mu vyo ndiko ndakora, twoshoboye gutangura ubuzima bushasha bwiza utoraba, atari ubw’iyindi myaka mikeyi gusa, ariko bw’ibihe bidahera. Haraciye imisi itari mike umunega wanje ata co yishuye. Amaherezo, nagiye numva ambajije ati: “Woshobora kwigana nanje Bibiliya?”. Igihe cose nibutse ayo majambo, akamwemwe karansya.
Ubwa mbere, naratunganije ivy’uko umukurambere mukirisu yigana na we, ariko yambwiye ati: “Nta wundi tuzokwigana atari wewe”. Twaciye rero dutangura kwiga Bibiliya ku musi ku musi. Kubera ko nari mw’ishengero rikoresha igishinwa, umunega wanje na we akaba yari akizi neza, twigana muri urwo rurimi. N’ikindi kandi, twarasomye Bibiliya yose mu kiringo kiri munsi y’umwaka.
Ico gihe, hari umukurambere wo muri iryo shengero be n’umukenyezi wiwe batwitwararitse cane. Naho bari bakiri bato ubagereranije n’abana bacu, barabaye abagenzi bacu nyakuri. Ibindi Vyabona benshi baritwararitse umunega wanje mu buryo budasanzwe. Baratugaragarije ubwakiranyi kandi bayaga na Kazuhiko nk’aho yoba ari se wabo. Ivyo vyatumye ahimbarwa cane.
Umusi umwe, mw’ishengero baraturungikiye ubutumire bwo kwitaba ubugeni, baburungikira umunega wanje. Ukwo kuntu berekanye ko bubahiriza ukuba ari we mutwe w’umuryango vyaramukoze ku mutima, maze aca aremera kuzobwitaba. Ntiyatevye kumenyerana n’Ivyabona, hanyuma aca aratangura kwigana Bibiliya n’umukurambere mukirisu umwe. Ukuba yariga Bibiliya, akitaba amakoraniro akongera agakunda ishengero, vyaramufashije kugira iterambere ryiza mu vy’impwemu.
Twaza twaba umuryango wunze ubumwe
Muri Kigarama 2000, umunega wanje yarabatijwe mu kwerekana ko yiyeguriye Yehova. Abahungu banje bari kumwe n’abakenyezi babo baraje bavuye kure cane kwirabira ico kintu twokwita igitangaro co muri iki gihe. Vyasavye imyaka 42, mugabo twari tugiye twaba umuryango wunze ubumwe!
Ubu, buri gitondo uko turi babiri turasuzumira hamwe icanditswe c’umusi tukongera tugasomera hamwe Bibiliya. Imisi yose, turaryoherwa no kuyaga ivy’impwemu tukongera tugahimbarwa no kugira uruhara mu mirimo yo mu vy’impwemu. Ubu umunega wanje ni umukozi w’ishengero kandi araherutse gutanga insiguro y’icese ishingiye kuri Bibiliya mu gishinwa. Ndakengurukira Yehova kuba yaratumye twunga ubumwe. Twe n’abanje be n’abagenzi bashika ku mutima, turipfuza cane kuburanira izina ryiwe n’ubusegaba bwiwe ibihe bidahera.
[Ikarata ku rup. 13]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
UBUSHINWA
REPUBULIKA Y’ABANYAGIHUGU IHARANIRA DEMOKARASI YA KOREYA
REPUBULIKA YA KOREYA
Ikiyaga c’Ubuyapani
UBUYAPANI
Tokyo
Ikiyaga c’Ubushinwa co mu Buseruko
TAYIWANI
Taipei
[Ifoto ku rup. 12]
Aha nari kumwe n’umuryango wanje mu 1958, umwaka nabatizwa
[Ifoto ku rup. 13]
Twarakomejwe mu buryo bw’impwemu n’abagenzi nka Harvey Logan n’umukenyezi wiwe Kathy igihe twimukira i Taipei tuvuye i Tokyo
[Ifoto ku rup. 15]
Ubu umuryango wacu urunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri