ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/3 rup. 3
  • Ihimbaza riri n’ico rivuze kuri wewe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ihimbaza riri n’ico rivuze kuri wewe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba riha Imana icubahiro
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • ‘Muragire ibi mu kunyibuka’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ni Kubera Iki Dukwiye Guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zikwiye guhimbazwa gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/3 rup. 3

Ihimbaza riri n’ico rivuze kuri wewe

IGIHE Yezu Kirisitu yari ngaha kw’isi, yaratanguje ihimbaza ritera iteka Imana. Ivyo ni vyo birori vyonyene bijanye n’ugusenga ubwiwe yategetse abayoboke biwe guhimbaza. Zari Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, izitwa kandi Imfungurwa za Nyuma zo ku Mugoroba.

Dufate ko wikinze ahantu maze ukaba uri umurorerezi arorera ibiriko biraba imbere y’uko iryo himbaza rishika. Yezu yazananye n’intumwa ziwe mu cumba co hejuru i Yeruzalemu kugira ngo bahimbaze Pasika y’Abayuda. Bamaze gufungura imfungurwa za ya Pasika yari isanzwe ihimbazwa, izo na zo zikaba zaba zigizwe n’umwagazi w’intama wokeje, imboga zirura, umukate utambiwe be n’umuvinyu utukura. Ya ntumwa y’igihemu Yuda Isikariyoti yamaze gutaramurwa kandi agiye kugura Shebuja (Matayo 26:17-25; Yohana 13:21, 26-30). Yezu asigaranye n’intumwa ziwe 11 z’intahemuka. Matayo ni umwe muri izo.

Nk’uko Matayo uwavyiboneye abitwiganira, nguku uko Yezu atanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba: “Yesu yābīra umutsima [umukate utambiwe], awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, ati Ni mwābīre, murye, uyu n’umubiri wanje. Yābīra igikombe [c’umuvinyu], agishimira Imana, arakibaha, ati Ni mukinywereko mwese, kukw iki ar’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha”.—Matayo 26:26-28.

Ni kubera iki Yezu yatanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba? Igihe yazitanguza, ni kubera iki yakoresheje umukate utambiwe be n’umuvinyu utukura? Vyoba vyari ngombwa ko abayoboke ba Kirisitu bose bafata kuri ivyo bimenyetso? Izo mfungurwa zohimbajwe kangahe? Vyoba vy’ukuri biri n’ico bivuze kuri wewe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika