ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/5 rup. 3-5
  • Abakuru b’amadini boba bakwiye kwigisha politike?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakuru b’amadini boba bakwiye kwigisha politike?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene abakuru b’amadini batanguye kuja mu vya politike
  • Ingene politike yagize ico ikora ku bakuru b’amadini
  • Abakirisu bo mu kinjana ca mbere boba baraja muri politike?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Martin Luther uwo ari we be n’iragi yasize
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ukutagira aho duhengamiye vyoba bitangira urukundo rwa gikirisu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/5 rup. 3-5

Abakuru b’amadini boba bakwiye kwigisha politike?

“KUGIRA uruhara mu vya politike birashobora gufasha abakene, nk’uko umusenyeri umwe wo muri Kanada yabwiye abari bagendeye ibibanza vyeranda. . . . Naho uburyo bwo gutwara mu vya politike bwoba busa n’ubuteye kubiri n’ivyo Imana igomba, ‘turakeneye kugira uruhara mu vya politike kugira ngo umukene yoye kurenganywa’”.—Catholic News.

Kwumva raporo z’abakuru b’amadini bashigikira ivy’ukugira uruhara mu vya politike si ikintu tutamenyereye; eka mbere si ikintu c’imbonekarimwe kwumva abakuru b’amadini bafise ibiti mu vya politike. Bamwe baragerageje kugira ivyo bahinduye muri politike. Abandi na bo barakundwa cane kandi bakibukwa kubera amasekeza bagize ku bijanye n’ibibazo binaka, nk’ukungana kw’amoko be n’ikurwaho ry’ubuja.

Naho ari ukwo, abayoboke b’amadini benshi ntibanezerezwa no kubona abakuru babo bagira aho bahengamiye ku bijanye n’ibibazo vya politike. Ikiganiro kivuga ngo Ikinjana c’Abakirisu (mu congereza) canditswe ku bijanye na tewolojiya y’ivya politike, cavuze kiti: “Abayoboke bo mw’idini y’abaporotisanti ni bo rimwe na rimwe wasanga batabona neza ukuba abakuru babo b’amadini bagira uruhara mu bikorwa vya Leta”. Abanyamadini benshi babona yuko idini ari ikintu ceranda cane ku buryo itoja mu vya politike.

Ivyo biravyura ibibazo bimwebimwe bishimishije bikwiye kwitwararikwa n’abantu bose bipfuza kubona isi nziza kuruta. Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu boba bashobora kugira ivyo bahinduye muri politikea? Kwigisha politike bwoba ari bwo buryo bushimwa n’Imana bwo gushikira intwaro nziza kuruta be n’isi nziza kuruta? Ubukirisu bwoba bwatanguye bufise intumbero yo kuja mu vya politike?

Ingene abakuru b’amadini batanguye kuja mu vya politike

Mu gitabu Ishengero ryo mu ntango (mu congereza), umutohozakahise Henry Chadwick avuga yuko ishengero ry’abakirisu bo mu ntango ryari rizwi yuko “ritanezwe ivyo kugira ububasha muri iyi si”. Ryari rigize “ikibano kitaja mu vya politike, kidatera umudurumbanyo kandi kirangwa amahoro kuruta ibindi vyose”. Igitabu citwa Kahise k’ubukirisu (mu congereza) kivuga giti: “Hari ukwemera kwari gukwiragiye mu bakirisu kwavuga yuko ata n’umwe muri bo yari akwiye kugira igiti muri Leta. . . . Mu ntango z’ikinjana ca gatatu, Hippolyte yavuze ko umugenzo abakirisu bari bafise kuva kera wasaba ko umucamanza abanza guheba igiti ciwe kugira ngo abe umukirisu”. Ariko rero, buhorobuhoro, abagabo bahahamira ubutegetsi baratanguye kuba abakuru mu mashengero menshi, biha amazina y’icubahiro akomakomeye (Ivyakozwe 20:29, 30). Bamwebamwe bashaka kuba indongozi mu vy’idini bakongera bakaba n’abanyapolitike. Ihinduka ryabaye bukwi na bukwi mu ntwaro y’i Roma ryararonkeje abo bakuru b’amadini akaryo ko gushikira ivyo barondera.

Mu mwaka wa 312 G.C., Umwami w’abami w’umupagani w’Umuroma Konsitantino yaratanguye kuraba ryiza ubukirisu bwo kw’izina. Igitangaje, abasenyeri ba ekeleziya baremeye kwumvikana n’uwo mwami w’abami w’umupagani kubera uduteka yabateye. Henry Chadwick yanditse ati: “Idini ryaciye rirushiriza kugira uruhara mu vy’ugufata ingingo zihambaye zijanye na politike”. Kuja mu vya politike vyagize ingaruka iyihe ku bakuru b’amadini?

Ingene politike yagize ico ikora ku bakuru b’amadini

Iciyumviro c’uko ngo Imana yokoresheje abakuru b’amadini bwa banyapolitike, caratejwe imbere canecane na Augustin, umunyatewolojiya w’umugatolika akomeye wo mu kinjana ca gatanu. We yiyumvira ko idini rizoganza amahanga hanyuma rikazanira umuryango w’abantu amahoro. Mugabo, umutohozakahise Herbet George Wells yanditse ati: “Inkuru y’ivyabaye mu Buraya kuva mu kinjana ca gatanu gushika mu kinjana ca cumi na gatanu, ahanini ni inkuru yerekana yuko ico ciyumviro gihambaye c’intwaro y’Imana iganza isi yose ata co cashitseko”. Abiyita abakirisu ntibazaniye amahoro Uburaya ari Uburaya, isi yoyo ntituvuge. Ico abantu benshi bahora babona ko ari ubukirisu si ko bakikibona. Vyavuye ku ki?

Muri kahise, abantu benshi bivugisha ko bigisha ubukirisu baragiye mu vya politike bafise intumbero nziza, mugabo mu nyuma basanga bariko bagira uruhara mu bikorwa vy’ububisha. Martin Luther, umwigisha w’ivya Bibiliya akaba n’umuhinduzi wa Bibiliya, arazwi rwose kubera utwigoro yagize two gutunganya busha Ekeleziya gatolika. Ariko rero, ukuba yararwanya ashikamye inyigisho z’iyo dini vyatumye akundwa cane n’abari bafise intumbero z’ukugarariza zishingiye kuri politike. Luther ntiyabaye acubahwa na benshi igihe na we nyene yatangura guserura ico yiyumvira ku bibazo vya politike. Mu ntango, yarashigikira abanyagihugu batobato bariko bagarariza abakire babahahaza. Maze rero, igihe nya bugarariji bwakara, yaciye aremesha abakire guhagarika ubwo bugarariji, ivyo bakaba barabigize, baragandagura abantu ibihumbi n’ibihumbi. Ntibitangaje rero kubona abanyagihugu batobato baciye bamufata nk’umuguranyi. Luther kandi yarafashije abakire na bo kugarariza umwami w’abami w’umugatolika. Kukaba nkako, abaporotisanti, nk’uko abayoboke ba Luther bahavuye bitwa, barashinze umuhari w’ivya politike kuva mu ntango y’ubugarariji bwabo. Ubukuru bwagize ico bukoze gute kuri Luther? Bwaramwononye. Nk’akarorero, naho ubwa mbere yarwanya ivy’uguhindura ku nguvu abo badahuza mu vy’idini, yahavuye aremesha abagenzi biwe b’abanyapolitike kwicisha umuriro abarwanya ibatisimu y’abana.

Jean Calvin yari umukuru w’idini akomeye cane i Jeneve, mugabo na we nyene yahavuye agira akosho gakomeye mu vya politike. Igihe Michel Servet yagaragaza ko Ubutatu budashingiye ku Vyanditswe, Calvin yarakoresheje akosho yari afise mu vya politike kugira ngo ashigikire iyicwa rya Servet, uwatuririwe ku giti. Mbega ugukevya kubabaje bakava ku nyigisho za Yezu!

Kumbure abo bagabo baribagiye ico Bibiliya ivuga muri 1 Yohana 5:19 ngo: “Isi yose iri muri wa Mubi”. Boba bari bafise icipfuzo kivuye ku mutima co kugira ivyo bahinduye muri politike yo mu gihe cabo, canke boba bakwegerewe n’icizigiro co kuronka ububasha be n’ico kwironkera abagenzi bafise ibiti bikomakomeye? Uko biri kwose, bari bakwiye kwibuka aya majambo y’umwigishwa wa Yezu yitwa Yakobo agira ati: “Ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ukwankana n’Imana? Nuk’umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana” (Yakobo 4:4). Yakobo yari azi yuko Yezu yari yaravuze ku vyerekeye abayoboke biwe ati: “[Si] ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi”.—Yohana 17:14.

Ariko rero, naho abenshi bemera yuko abakirisu badakwiye kugira uruhara mu bukozi bw’ikibi bw’isi, bararwanya ivy’ukutagira aho umuntu ahengamiye mu vya politike, ni ukuvuga ‘ukutaba vy’ukuri uw’isi’. Bivugisha yuko ukwo kutagira aho umuntu ahengamiye bituma abakirisu batagaragariza abandi urukundo bimwe biboneka. Babona yuko indongozi z’amadini zikwiye guserura ivyiyumviro vyazo kandi zikagira uruhara mu vy’ukurwanya ibiturire n’akarenganyo. Mugabo none, ukutagira aho umuntu ahengamiye Yezu yigishije, kwoba vy’ukuri kutajana n’ukwitwararikana umwete abandi? Umukirisu yoba ashobora kuguma yitandukanije n’ibibazo vya politike bitera amacakubiri kandi muri ico gihe nyene akaronsa abandi imfashanyo ngirakamaro? Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ivyo bibazo.

[Akajambo k’epfo]

a Politike yasiguwe ko ari ibikorwa bijanye n’ugutwara igihugu canke akarere kanaka, canecane ibiganiro canke amahane hagati y’abantu kibure hagati y’imigwi iri ku butegetsi canke yipfuza kuja ku butegetsi.

[Ifoto ku rup. 4]

Indongozi z’amadini zaragiranye umwumvikano n’abategetsi, nk’akarorero umwami w’abami Konsitantino, kugira ngo zironke ububasha mu vya politike

[Abo dukesha ifoto]

Musée du Louvre, Paris

[Amafoto ku rup. 5]

Ni kubera iki indongozi z’amadini zari zizwi cane zagiye mu vya politike?

Augustin

Luther

Calvin

[Abo dukesha ifoto]

Augustin: ICCD Photo; Calvin: ishusho yashushanyijwe na Holbein, yakuwe mu gitabu The History of Protestantism (Imb. II)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika