Ukutagira aho duhengamiye vyoba bitangira urukundo rwa gikirisu?
KUBA umukirisu harimwo n’ibindi turetse gusa gusoma Bibiliya, gusenga no kuririmba indirimbo zo guhayagiza Imana ku w’iyinga. Harimwo n’ukugira ivyo ukoreye Imana n’abantu. Bibiliya ivuga iti: “Ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri” (1 Yonana 3:18). Yezu yaritwararika abandi bimwe bivuye ku mutima, abakirisu na bo bakaba bashaka kumwigana. Intumwa Paulo yahimirije abo basangiye ukwizera kwama bafise ‘vyinshi bakora mu gikorwa c’Umukama’ (1 Ab’i Korinto 15:58, NW). Mugabo none ico gikorwa c’Umukama ni ikihe? Coba kirimwo ivy’ukugerageza guhindura uburyo bwo gutwara ku bw’ineza y’abakene n’impahazwa? Ivyo vyoba ari vyo Yezu yakoze?
Naho Yezu yahimirijwe kuja mu vya politike canke kugira uruhande ashigikiye, yaranse. Yaranse yivuye inyuma ivyo Shetani yamwemereye vy’ukumuha kuganza ubwami bwose bw’isi, yaranse gukwegerwa mu bihari bijanye n’ugutanga ikori, kandi yarikinjuriye igihe umugwi munini w’abantu washaka kumugira umwami (Matayo 4:8-10; 22:17-21; Yohana 6:15). Mugabo ukutagira aho ahengamiye kwiwe ntikwamubujije gukora ku bw’inyungu y’abandi.
Yezu yituniye ku kintu cozaniye ivyiza biramba abandi. Naho ukuba yaragaburiye abantu ibihumbi bitanu akongera agakiza abarwaye vyazaniye abantu bakeyi ugutabarwa kw’igihe gito, ukwigisha kwiwe kwatumye umuryango wose w’abantu ushobora kuronka imihezagiro y’ibihe bidahera. Yezu ntiyamenyekanye ko ari umuntu aringaniza ibikorwa vy’ugutabara, mugabo yamenyekanye gusa ko ari “Umwigisha” (Matayo 26:18; Mariko 5:35; Yohana 11:28). Yavuze ati: “Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri”.—Yohana 18:37.
Kwigisha ikintu ciza kuruta politike
Ukuri Yezu yigishije ntikwari ivyiyumviro bijanye na politike. Ahubwo kwari gushingiye ku Bwami yobayemwo Umwami (Luka 4:43). Ubwo Bwami ni intwaro yo mw’ijuru, bukaba buzosubirira ubutegetsi bwose bw’abantu bwongere buzanire umuryango w’abantu amahoro yamaho (Yesaya 9:6, 7; 11:9; Daniyeli 2:44). Ubwo Bwami rero ni co cizigiro nyakuri conyene ku muryango w’abantu. Si ikintu none kiranga urukundo kubwira abantu icizigiro ntakekeranywa nk’ico ca kazoza, kuruta kubaremesha kwizigira yuko abana b’abantu ari bo bazozana kazoza gatekanye? Bibiliya ivuga iti: “Ntimukishimire abahambaye, cank’umwana w’umuntu n’umwe, ata co yoshobora gukiza. Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira. Hahirwa ūfise Imana ya Yakobo k’umutabazi wiwe, akizigira Uhoraho Imana yiwe” (Zaburi 146:3-5). Ku bw’ivyo, aho kurungika abigishwa biwe kwamamaza uburyo bwiza bwo kuringaniza intwaro, Yezu yabigishije kwamamaza “ubutumwa bgiza bw’ubgami”.—Matayo 10:6, 7; 24:14.
Ico rero ni co “gikorwa c’Umukama” abamamaji bakirisu bashinzwe gukora. Kubera yuko abatwarwa b’Ubwami bw’Imana basabwa gukundana, ubwo Bwami buzoshobora gukuraho ubukene mu kugabanganya ivyo abantu bafise ku buryo buri ku burimbane (Zaburi 72:8, 12, 13). Iyo ni inkuru nziza kandi irakwiriye koko kwamamazwa.
Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova barungunganijwe ku bw’ico “gikorwa c’Umukama” mu bihugu 235. Mu buryo buhuye n’itegeko rya Yezu, baragamburukira intwaro zose (Matayo 22:21). Mugabo barakurikiza kandi aya majambo yabwiye abayoboke biwe ati: ‘Ntimuri ab’isi, ariko nabatoranije mu b’isi’.—Yohana 15:19.
Abantu bamwebamwe bahora bigisha politike, barahinduye ingendo bamaze kwiga Bibiliya bavyitondeye. Hari umunyapolitike w’Umutaliyano yari mw’ishirahamwe rimwe rigenzurwa n’abagatolika (Catholic Action) yavuze ati: “Nagiye mu vya politike niyumvira yuko umuntu akwiye kugira ico aterereye bimwe biboneka mw’iterambere ry’ikibano rijanye na politike be n’imibano”. Amaze guheba ivy’ukuba umukuru w’igisagara kugira yamamaze Ubwami bw’Imana ari Icabona ca Yehova, yarasiguye igituma utwigoro abantu b’inziraburyarya bagira muri politike ata co tuvamwo. Yavuze ati: “Isi iri uku iri, atari kubera yuko abantu bagororotse mu vy’inyifato runtu batagerageje gutuma ikibano kirushiriza kuba ciza, ariko kubera yuko utwigoro tutarimwo uburyarya twa bake twanigiwe mu menshi n’ubukozi bw’ikibi bwa benshi”.
Kuguma umuntu yitaramuye mu vya politike kugira ngo yigishe icizigiro nyakuri kimwe rudende ku muryango w’abantu, ntibibuza abakirisu b’ukuri gufasha abandi mu buryo ngirakamaro. Abo bafasha kugira bacike abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bariga guhindura inyifato zonona, kwubaha ubukuru, kuryohora umubano wabo wo mu rugo no kubona amatungo mu buryo buri ku burimbane. N’igihambaye kuruta, Ivyabona vya Yehova barafasha abantu kwinovora ubucuti bwa somambike n’Imana.
Abamamaji b’Ubwami bw’Imana baragira ico bunguye ikibano babamwo. Mugabo n’ikiruta ivyo, barafasha abantu gushira ivyizigiro mu ntwaro itari umugani kandi izozanira amahoro aramba abantu bose bakunda Imana. Bivuye ku kutagira aho bahengamiye kwabo, abo bakirisu barafise umwidegemvyo wo gutanga imfashanyo iramba kandi y’ingirakamaro iruta izindi zose iboneka muri iki gihe.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]
Yaravuye mu vya politike aja mu vy’ukwamamaza Ubwami bw’Imana
Átila akiri umuhungu mutoyi, yarize tewolojiya y’ivy’ukwikurako agakandamizo, ayigira ku bapatiri bo mw’iparuwase yarimwo y’i Belém muri Berezile. Yarakunda kwumviriza ibijanye n’igihe abantu bazoba bakuweko agahahazo hanyuma aja mu mugwi wiyamiriza ubutegetsi, aho yigiye kuringaniza imyiyerekano yo kugumuka be no kuringaniza amasekeza yo guhimiriza abanyagihugu kugarariza.
Mugabo Átila yarakunda kandi kwigisha abana b’abanywanyi b’uwo mugwi akoresheje igitabu Écoutez le grand Enseignanta yari yarahawe. Cavuga ibijanye n’inyigenzo nziza be n’ukugamburukira abategetsi. Ivyo vyatumye Átila yibaza igituma abashigikira tewolojiya y’ivy’ukwikurako agakandamizo badakurikira ingingo mfatirwako za Yezu ziri hejuru zijanye n’inyifato runtu be n’igituma abantu bamwebamwe baca bibagira impahazwa iyo bagiye ku butegetsi. Yaravuye muri uwo mugwi. Mu nyuma, Ivyabona vya Yehova baradodoye ku rugi iwe hanyuma bamubwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Bidatevye, yariko yiga Bibiliya be n’ivyerekeye umuti nyawo ku guhahazwa kw’abantu.
Muri ico gihe, Átila yaritavye inama nkarishabwenge imwe y’abagatolika ku bijanye n’idini na politike. Abaremeshabiyago basiguye bati: “Idini na Politike ni nk’impande zibiri z’ikingorongoro kimwe”. Yaritavye kandi ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Ese itandukaniro yiboneye! Nk’akarorero, nta watumura itabi, nta wari yanyoye, canke uwavuga ibiteye isoni. Yaciye afata ingingo yo kwifatanya na bo mu gikorwa cabo co kwamamaza, maze bidatevye arabatizwa. Ubu arabona igituma tewolojiya y’ivy’ukwikurako agakandamizo atari wo muti nyawo ku ngorane za banyarucari.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova
[Amafoto ku rup. 6]
Kuba abasuku bakirisu batagira aho bahengamiye ntibibabuza gufasha abandi