ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/7 rup. 22-25
  • Ni kubera iki Yezu atinjiye mu vya POLITIKE?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni kubera iki Yezu atinjiye mu vya POLITIKE?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki Yezu yahisemwo kutagira aho ahengamiye?
  • Yezu yarubaha ubutegetsi
  • Ingene Yezu ‘ivy’Imana yabihaye Imana’
  • Abakirisu b’ukuri barababara abantu
  • “S’Ab’Isi”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • “Si Ab’Isi”
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Yezu yabona gute ivya politike?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ubwami bw’Imana ni iki? Twokwerekana gute ko tubushaka?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/7 rup. 22-25

Ni kubera iki Yezu atinjiye mu vya POLITIKE?

NUMERE nk’uwubona mu bwenge iki kintu kiba mu mwaka wa 32 G.C. Amazi yazindutse ageze kure. Yezu, ari na we Mesiya yari yarasezeranywe, aramaze kumenyekana cane yuko akiza abarwaye, akanazura abapfuye. Uno musi yumije isinzi ry’abantu ibihumbi mu gukora ibimenyetso vy’ububasha no mu gushikiriza abantu inyigisho z’Imana. Ubu na ho aragabura abantu mu migwi mitomito, agatura isengesho Yehova maze akabagaburira bose ku gitangaro. Hanyuma y’ivyo, aregeranya utwasigaye kugira ngo ntihagire ibipfa ubusa. None abantu ivyo bavyakira gute?​—Yohani 6:1-13.

Emwe, aho abantu bamariye kubona ibitangaro Yezu akora be n’ingene avyifatamwo neza mu kuyobora amasinzi y’abantu no mu kubaronsa ivyo bakeneye, baca babona yuko Yezu yoba umwami nyawe. (Yohani 6:14) Ivyo ntibitangaje. Wibuke ko bari banyotewe cane umutegetsi mwiza, abishoboye; igihugu cabo c’amavukiro bikundira cari munsi y’intwaro y’agahotoro y’abanyamahanga. Abantu baciye rero bagerageza guhata Yezu ngo abiyungeko mu vya politike. Ufise ivyo ku muzirikanyi, raba ingene Yezu yaciye avyifatamwo.

Muri Yohani 6:15 havuga hati: “Yezu . . . amenya ko bagira baze kumufata ngo bamugire umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.” Yezu yarerekanye mu buryo butomoye aho ahagaze. Yaranse yivuye inyuma kwinjira muri politike y’igihugu ciwe c’amavukiro. Kandi iyo mpagararo yiwe ntiyigeze ihinduka. Mbere yavuze yuko abayoboke biwe babwirizwa gufata iyo mpagararo nyene. (Yohani 17:16) Uti ni kubera iki none yafashe iyo mpagararo?

Ni kubera iki Yezu yahisemwo kutagira aho ahengamiye?

Kuba Yezu yaranse kugira aho ahengamiye muri politike y’iyi si, yari afise imvo zishingiye vy’ukuri ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Rimbura zibiri gusa muri izo.

“Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Ukwo ni ko Bibiliya ivuga muri make ukuntu abantu bagiye barategeka. Uribuka ko Yezu yabayeho mw’ijuru kera cane ari ikiremwa c’impwemu imbere y’uko aza kw’isi ari umuntu. (Yohani 17:5) Yari azi neza yuko umuntu naho yoba afise umutima mwiza, adafise ubushobozi bwo kuronsa neza abantu amamiliyaridi ivyo bakeneye; eka mbere Imana ntiyamuremeye gukora ico gikorwa. (Yeremiya 10:23) Yezu yari azi yuko umuti w’ingorane z’abantu wari ahandi atari mu ntwaro z’abantu.

“Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubi,” ari we Shetani. (1 Yohani 5:19) Ayo majambo yoba agutangaza? Benshi arabatangaza. Bariyumvira abantu b’inziraburyarya baja mu vy’intwaro kubera ko bipfuza guhindura isi ngo irushirize kumera neza no kuba iyitagiramwo inkomanzi. Ariko naho abategetsi barusha abandi bose kuba inziraburyarya bogerageza gute, ntibashobora kunanira akosho k’uwo Yezu yise “umutware w’iyi si.” (Yohani 12:31; 14:30) Ni co gituma Yezu yabwiye umunyapolitike umwe ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yohani 18:36) Yezu ni we yohavuye aba Umwami w’intwaro y’Imana yo mw’ijuru. Iyo Yezu aza kwivanga mu vya politike, yari kuba yemeye guhemuka ku ntwaro ya Se.

Uti Yezu yoba rero yarigishije abayoboke biwe yuko ata kintu na kimwe basabwa gushitsa ku bijanye n’intwaro zo mw’isi? Oya, ahubwo yarabigishije ukuntu boshitsa ivyo basabwa n’Imana n’ivyo basabwa n’intwaro z’abantu, bakabigira ku rugero rubereye.

Yezu yarubaha ubutegetsi

Igihe kimwe Yezu ariko arigisha mu rusengero, abamurwanya baragerageje kumutega umutego mu kumubaza nimba abantu bari bakwiye kuriha amakori. Aramutse yishuye ngo oya, inyishu yiwe yari kubonwa ko irimwo ubugarariji kandi yari no gushobora gukokeza agatima k’ubugumutsi mu bantu bakandamizwa bari bashashaye kwikura ku gakanu intwaro y’agahotoro y’Uburoma. Aramutse yishuye na ho ngo egome, benshi bari guca batahura yuko ashigikiye akarenganyo kari kabarembeje. Inyishu yabahaye yari inyishu irimwo uburimbane koko. Yavuze ati: “Nimwishure Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.” (Luka 20:21-25) Abayoboke biwe rero bari n’ivyo basabwa n’Imana be n’ivyo basabwa na Sezari, ni ukuvuga intwaro z’abantu.

Intwaro ziratuma haguma hari urutonde ku rugero kanaka. Birabereye rero kuba zisaba abenegihugu kuba inzirabugunge n’imvugakuri, kuriha amakori no kwubahiriza amategeko. None ni akarorero keza akahe Yezu yatanze mu bijanye no kwishura “Sezari ivya Sezari”? Yezu yari yarezwe n’abavyeyi bubahiriza amategeko n’igihe vyaba bitaborohereza. Nk’akarorero, Yozefu n’umukenyezi wiwe Mariya yari yibungenze, baragize urugendo rw’ibilometero nka 150 baja i Betelehemu igihe itegeko rijanye na rusansuma ryasohowe n’intwaro y’Uburoma ryabisaba. (Luka 2:1-5) Nk’ukwo kw’abavyeyi biwe, Yezu yari umuntu yubahiriza amategeko, akaba yaranariha amakori mu bisanzwe atari akwiye kuriha. (Matayo 17:24-27) N’ikindi kandi, mu bintu bitajanye n’ivy’Imana, yariyubara cane akirinda kwita mu vyo atari afisemwo ubukuru. (Luka 12:13, 14) Twovuga rero yuko yubahiriza intwaro, ariko akanka kuyigiramwo uruhara. Mugabo none, Yezu yashatse kuvuga iki mu kuvuga ngo “ivy’Imana muvyishure Imana”?

Ingene Yezu ‘ivy’Imana yabihaye Imana’

Igihe kimwe Yezu baramubajije itegeko riruta ayandi yose Imana yahaye umuntu. Kristu yishuye ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose’. Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda’.” (Matayo 22:37-39) Yezu yigishije yuko mu vyo kwishura ‘Imana ivy’Imana,’ ikintu ca mbere dusabwa kuyiha ari urukundo, aho hakaba harimwo ukuyiyobokera n’umutima wacu wose, ata kwiziganya.

None urukundo nk’urwo rwoba rushobora kuba urubangikanije? Ukudahemuka kwacu kwoba gushobora kuba ukubangikanije, ku ruhande rumwe tukaba intahemuka kuri Yehova Imana no ku ntwaro yiwe yo mw’ijuru, ku rundi ruhande tukaba intahemuka ku ntwaro kanaka yo kw’isi? Yezu ubwiwe yaratanze ingingo ngenderwako ivuga iti: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azomata kuri umwe asuzugure uwundi.” (Matayo 6:24) Ego ni ko Yezu ng’aho yariko avuga ibijanye no kugerageza kwumira ku Mana ukongera ukumira ku butunzi. Ariko biribonekeza yuko yabona ko iyo ngingo ngenderwako ikora no ku bijanye n’ukwinjira mu vya politike, kandi n’abayoboke biwe bo mu kinjana ca mbere ni ko babibona.

Inkuru za kera rwose ziriho zirerekana yuko abayoboke ba Yezu b’aho hambere ata ruhara na rutoyi bagira mu vya politike. Kubera ko ata wundi basenga atari Umwe na Kristu yasenga, baranka kurahira icese ko batazopfa bahemukiye Uburoma be n’uwuburamutswa, bakanka kuja mu gisoda no guhabwa igiti mu vy’intwaro. Ivyo vyatumye babarwanya mu buryo bwose. Abansi babo hari igihe babagiriza ngo baranka abantu. Ariko ico cagirizo coba cari co?

Abakirisu b’ukuri barababara abantu

Niwibuke rya tegeko Yezu yavuga rigira kabiri mu yahambaye kuruta ayandi mategeko yose Imana yatanze, rikaba rigira riti: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” Biratomoye yuko ata muyoboke nyawe wa Kristu arekuriwe kwanka abantu. Yezu yarakunda abantu, akabitangira, akanabafasha mu ngorane basanzwe bahura na zo mu buzima bwa misi yose.​—Mariko 5:25-34; Yohani 2:1-10.

Ariko none ni igiki canecane Yezu bari bamuziko? Ntibamwita Uwukiza abantu, canke Uwugaburira amasinzi, canke ngo bamwite Uwuzura abapfuye, naho tuzi ko yakoze ivyo bintu bidasanzwe vyose. Ahubwo riho abantu bamwita Mwigisha, kandi vyari bibereye. (Yohani 1:38; 13:13) Yezu yarasiguye yuko imwe mu mpamvu nyamukuru zatumye aza kw’isi kwari ukugira ngo yigishe abantu ibijanye n’Ubwami bw’Imana.​—Luka 4:43.

Ni co gituma abayoboke b’uburi ba Kristu usanga bihebera ca gikorwa nyene cafatira Shebuja wabo igihe yari ng’aha kw’isi, na co kikaba ari ico kubwira abantu inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Yezu Kristu yashinze abakirisu b’ukuri bose igikorwa co kwigisha abantu ibijanye n’ubwo Bwami. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Iyo ntwaro yo mw’ijuru idashobora gutituka ni yo izotegeka ivyo Imana yaremye vyose, ibikore mu rukundo. Izoshitsa ivyo Imana igomba, inakureho imibabaro n’urupfu. (Matayo 6:9, 10; Ivyahishuwe 21:3, 4) Ntibitangaje rero kuba Bibiliya ivuga ko ubutumwa bwa Kristu ari “inkuru nziza”!​—Luka 8:1.

Nimba rero uriko urarondera abayoboke nyabo ba Yezu Kristu ng’aha kw’isi muri iki gihe, wobamenya gute? Woba uzosanga bivanga muri politike y’iyi si? Canke usanga bashira imbere ca gikorwa nyene Yezu yashira imbere co kwamamaza no kwigisha ibijanye n’Ubwami bw’Imana?

Woba woshima kumenya vyinshi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana be n’ingene bushobora kugira ico buhinduye ku buzima bwawe ubu? Turakuremesheje wegere Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu canke uje ku muhora wabo wo kuri Internet wemewe, na wo ukaba ari www.watchtower.org.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 24, 25]

Hoba hari ico Ivyabona vya Yehova bafasha mu kibano?

Ivyabona vya Yehova ntibagira aho bahengamiye mu vya politike. Ariko rero, baragira ikintu kinini bakoze mu gufasha abantu b’amabara yose y’urukoba kandi bava mu mice yose y’ubuzima bo mu kibano. Raba bimwebimwe mu vyo bakora:

◼ Ivyabona vya Yehova bagizwe n’abantu barenga imiliyoni indwi bitanga bakamara buri mwaka amasaha arenga umuliyaridi umwe n’igice bigisha abantu ibiri muri Bibiliya be n’ingene yobafasha gutsinda ingeso mbimbi, ikabafasha kwubaka ingo zihimbawe ikongera ikaryohora ubuzima bwabo mu bundi buryo.

◼ Baracapura ibitabu bakongera bakabitanga ku buntu mu ndimi zirenga 500, zimwezimwe muri izo ndimi ugasanga ata kindi gitabu kirazicapurwamwo.

◼ Barahagarikira ivyigwa bifasha umuntu akamenya ingene yofata ijambo imbere y’abantu, bikaba vyarafashije abantu amamiliyoni baramenya kuvuga mu buryo butomoye kandi burimwo ubugenge.

◼ Baratunganya ivyigwa vyo kwigisha gusoma no kwandika vyafashije abantu ibihumbi mirongo kw’isi yose.

◼ Barashinze Komite z’ubwubatsi z’akarere zirenga 400 kw’isi yose zigisha abitanze bakamenya ubuhinga bwo kwubaka kugira ngo bubake ibibanza vyo kwigishirizamwo ivya Bibiliya. Mu myaka cumi iheze, harubatswe inzu zirenga 20.000 zo gusengeramwo, ari zo Ngoro z’Ubwami.

◼ Baraseruka ku mbabare zishikiwe n’ivyago hirya no hino kw’isi, bagafasha Ivyabona n’abatari Ivyabona. Mu kiringo c’imyaka ibiri cakurikiye ibivumbuzi vy’urukurikirane vyateye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ivyabona baritanze barubaka Ingoro z’Ubwami zirenga 90 be n’amazu 5.500.

[Ifoto ku rup. 23]

Igihe abantu bagerageza guhata Yezu ngo yinjire mu vya politike, yaciye aja “ku musozi ari wenyene”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika