Yezu yabona gute ivya politike?
ABANDITSI b’Injili baradondora ibintu vyabaye mu gihe c’igikorwa ca Yezu aho yabwirijwe kwerekana aho ahagaze ku bijanye na politike. Nk’akarorero, gatoyi inyuma y’aho abatirijwe amaze nk’imyaka 30, Shetani yaramubwiye ko ashobora kumugira umutware w’isi. Mu nyuma, abantu isinzi barashatse kumugira umwami wabo. No mu nyuma y’aho, abantu baragerageje gutuma agira aho ahagaze mu vya politike. None yavyifashemwo gute? Reka twihweze ivyo bintu vyabaye.
Umutware w’isi. Injili zivuga ko Shetani yabwiye Yezu ko yomuha gutwara “ubwami bwose bw’isi.” Iyumvire ivyiza Yezu yari gukorera abantu bigorewe iyo aba ari umutware w’isi! Ni nde muntu akunda ivya politike kandi arajwe ishinga vy’ukuri n’uko abantu batera imbere yari kwanka ikintu nk’ico? Ariko Yezu yaranse.—Matayo 4:8-11.
Umwami. Benshi mu bantu bo mu gihe ca Yezu bari banyotewe umutegetsi yotorera umuti ingorane bari bafise mu vy’ubutunzi no mu vya politike. Kubera ko abantu bajorezwa n’ubushobozi Yezu yari afise, barashatse ko aja mu vya politike. None yavyifashemwo gute? Umwanditsi w’Injili Yohani avuga ati: “Yezu rero, amenya ko bagira baze kumufata ngo bamugire umwami, aca asubira ku musozi wenyene.” (Yohani 6:10-15) Biribonekeza ko Yezu yanse kuja muri politike.
Kugira aho ahagaze mu vya politike. Raba ivyabaye hasigaye imisi mikeyi ngo Yezu yicwe. Abigishwa b’Abafarizayo, abashigikira ivy’ukwiganzura Inganji y’Uburoma, baraje kuvugana na Yezu bari kumwe n’abo mu mugambwe wa Herodi washigikira Uburoma. Bashaka kumuhata ngo agire aho ahagaze mu vya politike. Baramubajije nimba Abayuda bari bakwiye guha ikori Uburoma.
Mariko avuga ko Yezu yishuye ati: “‘Kubera iki mungeza? Nzanira idenariyo ndayirabe.’ Bazana imwe. Na we ababwira ati: ‘Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde?’ Bamubwira bati: ‘Ni ivya Sezari.’ Yezu aca ababwira ati: ‘Nimwishure Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.’” (Mariko 12:13-17) Igitabu Idini na Leta: Inkuru y’ubwami bubiri (mu congereza) kiragira ico kivuze ku vyatumye Yezu yishura gutyo, kikavuga giti: “Yanse kuba mesiya wo mu vya politike yongera arerekana neza akarimbi kari hagati y’ivya Sezari n’ivy’Imana.”
Si ukuvuga ko ingorane z’abantu nk’ubukene, igiturire n’akarenganyo ata co zari zimubwiye. Nakare, Bibiliya yerekana ko yababazwa cane n’imimerere iteye akagongwe abantu bo mu gihe ciwe barimwo. (Mariko 6:33, 34) Naho ari ukwo, Yezu ntiyatanguje isekeza ryo gukura kw’isi akarenganyo naho hari abagerageje kumuhata ngo yinjire mu bibazo vyari biteye impari ico gihe.
Ubwo burorero burerekana neza ko Yezu yanse kuja mu vya politike. Bite ho ku bakirisu bo muri iki gihe? Boba bakwiye kuja muri politike?